Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwimbu w’umuyagankuba ngo woba ugiye kwiyongera mu mwaka w’2016

DSC 0075Muri rusangi ingomero z’ umuyagankuba ngo zifashe neza muri iki gihe imvura igwa ari nyinshi, akaba ari naco gituma umwimbu w’umuyagankuba ugiye kwongerekana. Ivyo vyashikirijwe na Wilson Itangishaka ajejwe igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba Regideso mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.

Yamenyesheje ko muri kino gihe ingomero zimwe zimwe z’umuyagankuba zifashe neza izindi nazo zifise utugorane duto duto bifatiye ku vyuma vya kera bishaje. Ngo bimwe bimwe birakenewe gusanurwa no gusubirizwa. Wilson Itangishaka yarongeye amenyesha ko imvura ibandanije igwa nk’uko biri   ubu, ingomero zizoba zifise amazi akwiye, ivyo bikazotuma hakaboneka umuyagankuba ukwiye nk’uko bari babitegekanije bakizubaka. Ariko rero ngo ikizobatwara uburyo muri kino gihe c’imvura nyinshi ngo ni uko ibishanga biba vyinshi cane muri izo ngomero uwutabizi akibaza ko ari amazi menshi kandi atari vyo. Yabandanije amenyesha ko mw’ itangwa ry’umuyagankuba naho hariho abo bidashimisha ,ngo biterwa n’uko umuyagankuba uba ari muke. Ivyo navyo ngo baravye urugomero rwa nyuma rwubatswe mu 1988 gushika ubu akaba ata rundi rurubakwa,ngo kandi ibisagara vyagiye biraguka,amashirahamwe akaba menshi i Bujumbura canke mu gihugu hagati, ngo ntacari categekanijwe kugira umwimbu w’umuyagankuba wongerezwe.Ico bivako rero ngo ni uko abashaka amatara baguma ari benshi kandi ata kindi bategekanije kugira umwimbu wongerekane.

Ariko rero ngo mu gisagara ca Bujumbura umwimbu umaze kurwizwa na 3 ngo ariko nko mu ntara za Ngozi,Gitega na Ruyigi ibisagara vyaragutse n’amahinguriro nayo nyene yarongerejwe. Ngo nico gituma bagerageza gusabikanya umwimbu baba bafise.Yamenyesheje ko naho umwimbu wokwongerekana, ivyo bizokwamaho kuko ivyuma bishaje kandi bitegerezwa gusubirizwa, ariko ngo mu migambi bafise mu mwaka w’2016 ngo ni uko bazokora igishoboka cose kugira barwize umwimbu w’umuyagankuba banezereze abanywanyi.

Evelyne Niyonzima

 

Umwimbu w’umuyagankuba ngo woba ugiye kwiyongera mu mwaka w’2016

DSC 0075Muri rusangi ingomero z’ umuyagankuba ngo zifashe neza muri iki gihe imvura igwa ari nyinshi, akaba ari naco gituma umwimbu w’umuyagankuba ugiye kwongerekana. Ivyo vyashikirijwe na Wilson Itangishaka ajejwe igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba Regideso mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.

Yamenyesheje ko muri kino gihe ingomero zimwe zimwe z’umuyagankuba zifashe neza izindi nazo zifise utugorane duto duto bifatiye ku vyuma vya kera bishaje. Ngo bimwe bimwe birakenewe gusanurwa no gusubirizwa. Wilson Itangishaka yarongeye amenyesha ko imvura ibandanije igwa nk’uko biri   ubu, ingomero zizoba zifise amazi akwiye, ivyo bikazotuma hakaboneka umuyagankuba ukwiye nk’uko bari babitegekanije bakizubaka. Ariko rero ngo ikizobatwara uburyo muri kino gihe c’imvura nyinshi ngo ni uko ibishanga biba vyinshi cane muri izo ngomero uwutabizi akibaza ko ari amazi menshi kandi atari vyo. Yabandanije amenyesha ko mw’ itangwa ry’umuyagankuba naho hariho abo bidashimisha ,ngo biterwa n’uko umuyagankuba uba ari muke. Ivyo navyo ngo baravye urugomero rwa nyuma rwubatswe mu 1988 gushika ubu akaba ata rundi rurubakwa,ngo kandi ibisagara vyagiye biraguka,amashirahamwe akaba menshi i Bujumbura canke mu gihugu hagati, ngo ntacari categekanijwe kugira umwimbu w’umuyagankuba wongerezwe.Ico bivako rero ngo ni uko abashaka amatara baguma ari benshi kandi ata kindi bategekanije kugira umwimbu wongerekane.

Ariko rero ngo mu gisagara ca Bujumbura umwimbu umaze kurwizwa na 3 ngo ariko nko mu ntara za Ngozi,Gitega na Ruyigi ibisagara vyaragutse n’amahinguriro nayo nyene yarongerejwe. Ngo nico gituma bagerageza gusabikanya umwimbu baba bafise.Yamenyesheje ko naho umwimbu wokwongerekana, ivyo bizokwamaho kuko ivyuma bishaje kandi bitegerezwa gusubirizwa, ariko ngo mu migambi bafise mu mwaka w’2016 ngo ni uko bazokora igishoboka cose kugira barwize umwimbu w’umuyagankuba banezereze abanywanyi.

Evelyne Niyonzima

 

Mu mafaranga Reta izokoresha mu 2016 hashizwe imbere ibisata vy’imibano n’ibituma amafaranga yinjira mu Gihugu

DSC 0872Ngo naho amafaranga Reta izokoresha uwu mwaka w’ 2016 yagabanutse ku rugero rw’ amafaranga y’amarundi angana imiriyaridi 1300 ku yari yarateguwe gukoreshwa mu 2015, amafaranga azoja mu gisata c’imibano ntiyagabanutse cane, hagiye harakurwako amafaranga make make. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji w’ikigega ca Reta, Désiré Musharitse mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Yabandanije amenyesha ko hariho umwizero ko abadufasha bazohava hagira ico bafasha mu gihe hari abemeye gufasha mu bisata bimwe bimwe nko mu gisata c’amagara y’abantu babicishije mu mashirahamwe atandukanye. Ngo Muri ayo mafaranga Reta izokoresha bashize imbere ibisata vy’imibano n’ibisata bituma amafaranga yinjira mu kigega ca Reta, aho twovuga nko mu gisata c’ amagara y’abantu, indero, uburimyi n’igisata c’umuyagankuba aho Reta yategekanije amafaranga azogura igitoro kizoja mu mamoteri yatsa umuyagankuba mw’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO mu gihe c’ici, amazi yagabanutse mu rugomero rwo mu Rwegura. Musharitse yamenyesheje ko muri kwa Mukakaro 2016 hazoba isubirwamwo ry’amafaranga Reta izokoresha. Ngo birashoboka ko Reta izoduza amafaranga izokoresha.Yabandanije amenyesha ko mu mwaka w’2015, abanyabujumbura bamaze amezi ashika 4 badakora kubera imyiyerekano, ikigo kijejwe gutororokanya no kwegeranya amakori OBR carashoboye gutoza amafaranga angana amamiriyaridi 600. Ngo kuri ivyo hariho umwizero ko amafaranga angana imiriyaridi 630 Reta yasavye ikigo OBR azoboneka kubera ubu abadandaza basubiriye gukora.

Ku vyerekeye ingingo yo kutaronka uturusho tujanye n’amanota umukozi ahabwa uko umwaka utashe, ngo abahinga barabonye neza ko abakozi vyitwa ko bahembwa menshi bamaze imyaka 4 bataronka utwo turusho, iyo myaka yohera poritike yo kunganisha imishahara yagiye mu ngiro. Abakozi barenga 90% bazoduzwa imishahara mu kiringo c’imyaka 4.

Aline Kanyana

 

Ishingwa ry’amashure kaminuza y’imyunga rifitiye akamaro kanini urwaruka

Amashure yigisha ibijanye n’imyuga muri Kaminuza zo mu Burundi arafasha urwaruka ruba rutashikanye amanota asabwa kugira rwinjire muri za kaminuza zisanzwe. Umuyobozi ajejwe igisata kijewe amashure kaminuza y’imyuga, Donatien Muryango yamenyesheje ko ayo mashure yuguruwe mu gihugu c’Uburundi kandi yakira abanyeshure batari bake, baba bayobewe ca kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri za kaminuza nabo bakaba bashika ku bice 60%. Yabandanije amenyesha Ko ayo mashure Kaminuza yigisha imyuga ari kubiri, hari ayashikana abantu ku bumenyi buciye ku  myuga n’ayashikana ku buhinga bivanye na bene gutanguza ivyigwa intumbero baba bihaye. Ngo hariho imigambi yo kureka abize imyuga bari mu badakora ikibazo ca Reta ko bokwemererwa kwiga ishure kaminuza y’imyuga. Ishure ririko rirasaba kwugurura, ngo ubushikiranganji bujejwe inyigisho za kaminuza buraraba ko rikwije ibituma ibisata biba bihari bikora neza  kugira hatangwe inyigisho z’akanovera. Izo za kaminuza z’imyuga abanyeshure bazigamwo  imyaka 2 canke 3 bivanye n’ivyo baba bakurikiranye. Muryango yamenyesheje ko bitegekanijwe ko  muri kaminuza z’imyuga  zose biga imyaka 2, ivy’ukwiga imyaka 3 bikavaho kuko benshi basigara bavyitwaza bagashaka kufatwa nk’abize za kaminuza zisanzwe bimwe bita bachalauréat.

Muryango aremeza ko kuva kaminuza zigisha imyuga zuguruwe ubumenyi bwongerekanye ariko ingorane zihari ari uko   abazigamwo ari benshi. Ngo hari ishure usanga rifise abanyeshure barenga  150 kandi   ata vyuma  bishikana amajwi kure bihari.  Ngo hari imigambi yo gutanguza amashure kaminuza y’imyuga ane mu burere bwatorokanijwe akaba ari mu Cibitoke, Muyinga, Cankuzo na Rutana. Ngo hariho kandi umugambi wo gushiraho igice kigira kabiri ca kaminuza bita «Master professionnel». Amashure yigisha ibijanye n’imyuga muri Kaminuza zo mu Burundi arafasha urwaruka ruba rutashikanye amanota asabwa kugira rwinjire muri za kaminuza zisanzwe. Umuyobozi ajejwe igisata kijewe amashure kaminuza y’imyuga, Donatien Muryango yamenyesheje ko ayo mashure yuguruwe mu gihugu c’Uburundi kandi yakira abanyeshure batari bake, baba bayobewe ca kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri za kaminuza nabo bakaba bashika ku bice 60%. Yabandanije amenyesha Ko ayo mashure Kaminuza yigisha imyuga ari kubiri, hari ayashikana abantu ku bumenyi buciye ku  myuga n’ayashikana ku buhinga bivanye na bene gutanguza ivyigwa intumbero baba bihaye. Ngo hariho imigambi yo kureka abize imyuga bari mu badakora ikibazo ca Reta ko bokwemererwa kwiga ishure kaminuza y’imyuga. Ishure ririko rirasaba kwugurura, ngo ubushikiranganji bujejwe inyigisho za kaminuza buraraba ko rikwije ibituma ibisata biba bihari bikora neza  kugira hatangwe inyigisho z’akanovera. Izo za kaminuza z’imyuga abanyeshure bazigamwo  imyaka 2 canke 3 bivanye n’ivyo baba bakurikiranye. Muryango yamenyesheje ko bitegekanijwe ko  muri kaminuza z’imyuga  zose biga imyaka 2, ivy’ukwiga imyaka 3 bikavaho kuko benshi basigara bavyitwaza bagashaka kufatwa nk’abize za kaminuza zisanzwe bimwe bita bachalauréat. Muryango aremeza ko kuva kaminuza zigisha imyuga zuguruwe ubumenyi bwongerekanye ariko ingorane zihari ari uko   abazigamwo ari benshi. Ngo hari ishure usanga rifise abanyeshure barenga  150 kandi   ata vyuma  bishikana amajwi kure bihari.  Ngo hari imigambi yo gutanguza amashure kaminuza y’imyuga ane mu burere bwatorokanijwe akaba ari mu Cibitoke, Muyinga, Cankuzo na Rutana. Ngo hariho kandi umugambi wo gushiraho igice kigira kabiri ca kaminuza bita «Master professionnel». Ku kibazo c’uko hari igihe umunyeshure agira ingorane iyo agiye gusaba ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza ko bwemeza impamyabushobozi « conformité » aba yaronse, Muryango yamenyesheje ko umunyeshure agira ingorane iyo  ubushikiranganji butemeje  ko inyigisho zitangwa kuri iyo kaminuza  zitomoye. Donatien Muryango akaba yarateye akamo  abanyeshure bose ngo iyo bagiye kwiyandikisha kw’ishure bakabanza kubaza hirya no hino ko igisata agomba aje kwigamwo cemewe n’amategeko mu gusaba urupapuro rutanga uruhusha rwo kwugurura iryo shure hamwe n’urupapuro rwemeza ko inyigisho zatanzwe zikurikije ibisabwa n’amategeko n’uko ivyo uwasavye kuryugurura yiyemeje ko yabikurikije. Ngo ubushikiranganji butegerezwa kuba maso kugira ntihagire uwuzana impamyamushobozi atakoreye yakuye ahantu hatazwi. Ubu ngo hariho umugambi wo gushira mu mashini abanyeshure bose baba bahejeje ivyigwa ku mashure akwije ibisabwa kugira hageze kwemeza impamyabushobozi zabo babirabe muri izo mashine. 

Aline Kanyana

 

Assemblée nationale> Séance plénière

Le projet de  loi régissant le marché  des capitaux du Burundi, adopté à l’unanimité

Sous la présidence du président de l’Assemblée nationale du Burundi, Pascal Nyabenda, les députés se sont réunis, le mercredi 3 octobre 2018, dans leur séance plénière. C’était pour analyser et adopter le projet de loi  régissant le marché des capitaux du Burundi. Et, après plusieurs éclaircissements de la part du ministre Domitien Ndihokubwayo ayant les finances dans  ses attributions, sur les différentes questions des députés,   ces derniers l’ont adopté à l’unanimité.


DSC 0181Dans son exposé des motifs, Domitien Ndihokubwayo, ministre des Finances, du budget et de la coopération au développement économique, a d’abord informé qu’au moment où le Burundi et le Soudan du sud sont les  seuls pays de la Communauté est-africaine (CEA) qui ne disposent pas actuellement d’un marché boursier, la création d’un marché des capitaux pour le gouvernement du Burundi prendra le chemin d’une harmonisation des règles  de fonctionnement des marchés des capitaux nationaux et s’appuiera sur l’existence du marché boursier  au sein de chaque pays membre de la CEA. M. Ndihokubwayo a ajouté que, de plus le gouvernement du  Burundi, dans sa politique  visant la réduction de la pauvreté à travers le Cadre stratégique de lutte contre la pauvreté I et II ainsi que la vision Burundi 2025, est conscient des imperfections en matière de financement des activités économiques et a développé la stratégie nationale du développement du secteur financier 2011-2017. « Et l’une des réformes les plus phares est la création d’un marché des capitaux pour faire face à un besoin criant des ressources longues pouvant servir à financer l’investissement et la croissance au  Burundi », a-t-il précisé. S’agissant de l’état du  secteur financier au Burundi, M. Ndihokubwayo a signalé que ce secteur est globalement réduit et présente  un degré  de diversification peu développé parce que leur activité se concentre le plus souvent sur le marché monétaire.  « Donc, les établissements bancaires burundais pâtissent dans leur activité de financement de l’économie caractérisée par un manque de ressources longues, qui ne leur permet pas d’ajuster leur offre de crédit à la rentabilité prévisionnelle des investisseurs industriels », a-t-il expliqué.

« Le marché des capitaux, un moyen efficace d’augmenter le volume de l’épargne à long terme »

M. Ndihokubwayo a  également  rappelé que  la croissance  économique dans une économie moderne repose sur un secteur financier intégré, efficient et efficace, qui mobilise convenablement les ressources intérieures et extérieures  pour le financement, à long terme pour les projets porteurs de croissance. Et c’est dans cette même perspective que le gouvernement du Burundi  avec l’appui de la CEA, a voulu initier ce projet de loi par la mise en place  du boursier en vue d’emboîter le pas aux autres pays de la sous région. Quant aux avantages de ce projet de loi pour les investisseurs  nationaux et pour le pays, il a  affirmé que le marché des capitaux  joue un rôle important dans le processus de privatisation des entreprises publiques, de recapitalisation des banques en besoin de capitaux et fournit aussi aux diverses collectivités locales, entreprises publiques et privées en plateforme pour lever  des fonds stables et diversifier les sources de financement. « De même, le marché des capitaux offre beaucoup d’avantages à l’économie nationale en facilitant les échanges entre les agents économiques et l’intermédiation du système financier », a mentionné M. Ndihokubwayo. 

Avit Ndayiragije

 

Igisagara ca Bujumbura ngo gikwiye guhindura ishusho kikaba igisagara giteye igomwe

DSC 0ccc075Imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura zaratunganije umunsi w’umwiherero ku civugo kivuga ngo « Mvukira , twiyumvire kazoza kacu, twiyumvire kazoza k’igisagara cacu ». Intumbero y’uwo mwiherero ngo kwari ukugirango abavuka mu gisagara ca Bujumbura bamenyenane, bamenye ico umwe umwe wese akora hamwe no kwiyumvira uruhara bogira mw’iterambere ry’igisagara bavukiyemwo. Ico gikorwa c’umwiherero kikaba cuguruwe n’Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gaston Sindimwo, ku wa 13 Ndamukiza 2018.Imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura zaratunganije umunsi w’umwiherero ku civugo kivuga ngo « Mvukira , twiyumvire kazoza kacu, twiyumvire kazoza k’igisagara cacu ». Intumbero y’uwo mwiherero ngo kwari ukugirango abavuka mu gisagara ca Bujumbura bamenyenane, bamenye ico umwe umwe wese akora hamwe no kwiyumvira uruhara bogira mw’iterambere ry’igisagara bavukiyemwo.

Ico gikorwa c’umwiherero kikaba cuguruwe n’Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gaston Sindimwo, ku wa 13 Ndamukiza 2018.Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura uwo mwiherero, Gaston Sindimwo yabanje gushimira abantu bose bagize ico baterera kugirango ico gikorwa c’uwo munsi kigende neza.  Yahamagariye abanyagisagara kuja hamwe kugirango bubake igisagara bavukamwo, bagire imigambi myiza y’iterambere bagiteze imbere. Ngo mu gisagara havuka incabwenge nyinshi kandi ngo bafise ubuhinga butandukanye, ku bw’ivyo rero ngo nibarabire hamwe ico bokora kugirango igisagara cabo gitere imbere. Ari ibibazo bijanye n’ubushomeri ngo barabe ingene vyotorerwa umuti babicishije mu gushinga ibanki,  ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana (microfinance) canke ibindi gutyo abanyagisagara bakaronka akazi, canke bakagira iyindi migambi itandukanye y’iterambere. Ariko kandi ngo iyo migambi yose ishoboka mu gihe abanyagihugu bagumye babumbatiye amahoro n’umutekano, agasaba abanyagisagara kwama barikanuye kugirango igiti cabakoze mu maso mu mwaka w’2015 ngo ntigisubire. Ikindi naco yabasavye kuvavanura n’inzigo kuko ngo inzigo ntiba umutahe uretse urukundo gusa. Uwubonye mugenzi we ateye imbere ngo ntace avyura inzigo ahubwo ngo nawe n’akore ngo nta nkeka ko azoheza agashikirwa ikindi gihe. Gaston Sindimwo yamenyesheje ko ico gikorwa ngo ari ic’imvukira zo mu gisagara ca Bujumbura zose ata n’umwe avuyemwo, aca abasaba kutakivanga n’imigambwe kuko ngo n’uwutagira umugambwe ari umunyagisagara ahamagariwe kwifadikanya n’abandi mu nzira nziza y’iterambere ry’aho bavuka.  Mw’ijambo ry’ikaze, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko kuva igisagara ca Bujumbura kibaho ngo camye cakira abantu bavuye mu mihingo yose y’igihugu c’Uburundi baje kurondera ubuzi canke ico cose cotuma bamererwa neza mbere harimwo n’abanyamahanga baje nk’ingenzi canke baje nk’abarwizatunga. Abo rero ngo nibo baheza bakavyarira mu gisagara.Ngo abo bibarutse rero ngo nibo bariko barabakorera mu ngata mu gutunganya umwiherero wo kurabira hamwe ingene boshira hamwe ivyiyumviro bishobora guteza imbere igisagara ca Bujumbura. Ico ciyumviro ngo kikaba cavuye mu kamo Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yama atera abanyagihugu, abahimiriza ngo bakunde intara canke ibisagara bavukamwo gutyo ngo baheze bahateze imbere. Freddy Mbonimpa akaba yamenyesheje ko ubugirigiri bugira babiri. Arico gituma ngo havutse amashirahamwe mu ma zone yose agize igisagara ca Bujumbura aja hamwe bagira urunani arirwo bise « CANBM ». Igisagara ca Bujumbura rero ngo ntaco kitazokora kugira gishigikire imigambi myiza ry’iterambere y’abakivukamwo. 

Estella Niyongere               

 

 
Ouvrir