Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abavyeyi basabwa gusuzumisha amagara yabo inyuma yo kwibaruka

DDDDAbavyeyi inyuma yo kwibaruka basabwa gusubira kwa muganga kugira babarabire ko amagara yabo ameze neza kuko hari indwara n’impfu nyinshi zishobora gushika inyuma yo kwibaruka. Abavyeyi inyuma yo kwibaruka basabwa gusubira kwa muganga kugira babarabire ko amagara yabo ameze neza kuko hari indwara n’impfu nyinshi zishobora gushika inyuma yo kwibaruka. Ivyo vyamenyeshejwe na Régine Mbonindavyi yanonosoye gukurikirana abavyeyi bafise imbanyi n’abibarutse mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko yabimenyesheje, ngo gupima abavyeyi igihe bahejeje kwibaruka ni ntangere kubera hari ibintu bibi bishobora kubashikira igihe badakurikiranywe.  Yaramenyesheje ko imbere yuko umuvyeyi ataha ahejeje kwibaruka bamupima kugira barabe ko atakibazo yagize inyuma yo kwibaruka, kandi ko bategerezwa gusubirayo mundwi 2 hamwe no mu kwezi n’inusu, ariko rero ngo igihe babonye ibimenyetso bitameze neza ico kiringo kitarashika bategerezwa guca basubirayo hakiri kare. Niko guca amenyesha ko iyo babwiye abavyeyi kugaruka bisabwa ko bagarukana n’umwana bibarutse kuko bikenewe ko baraba ko aba ariko arakura neza, bagaca basubira bakamupima ubushuhe, bakaraba n’umukondo w’umwana ko umeze neza, bakabwira n’umuvyeyi ko ategerezwa kumwonsa neza, kumugirira isuku, no gukurikiza ikirangaminsi c’incanco. 

Abavyeyi nabo ngo barabarabira ko batagize ibibazo vy’indwara ziterwa n’imicafu (infection), bakabapima n’indwara yo mu kigo, kubura amaraso, bakongera bakaraba ibihimba bitari bike vy’umubiri aho baraba ko yoba afise amaberebere akwiye n’uko yoba atatabaguritse kumabere hamwe n’uko atabihute biba biriko. Ikindi naco ngo bararaba ko batababara munda kuko bikunda gushikira umuvyeyi iyo yibarutse biciye mukumukora kandi ivyo vyerekana ikimenyetso c’indwara ya infection bakanamupima n’ubushuhe kuko buba bwatumwe n’indwara nyinshi gutyo bagaca barondera n’icabitumye. Ngo baragira n’igipimo c’umuvuduko w’amaraso, bakumviriza n’amaguru yabo ko adatonekara kuko ivyo gutonekara amaguru bikunda gushikira abo babaze bariko baribaruka vyatumwe n’ukuryama cane kandi ngo birica cane abakenyezi, bakongera bakaraba ko batavyimvye amaguru hamwe n’ibindi.  Yarongeye aranamenyesha ko babaha n’impanuro zijanye n’ingene umuvyeyi yibarutse yofungura cokimwe n’ingene akurikirana umwana wiwe mukumwonsa gushika ku mezi atandatu atanakimwe avanze. Umuvyeyi rero ngo yofata imfungurwa ndemamubiri zikwiye, akarya imboga akongera akanywa amazi bishobotse n’amata kugira aronke amaberebere yongere agire nawe amagara meza.  Yaheraheje amenyesha ko abavyeyi bose babitura iyo bahejeje kwibaruka babibabwira ndetse n’iminsi yose imbere yo gutangura akazi bafise umwanya wo gutanga ivyirwa kubarwayi imbere yo kubavura ari naho bababwira akamaro ko kugaruka kwisuzumisha inyuma yo kwibaruka, ariko ngo benshi ntibabikurikiza kuko abakenyezi b’abarundi badakunda kwivuza batumvise ikibazo.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir