Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ugucagura uwo mwubakana bisaba kwitonda

Amategeko y’Uburundi ategekanya ko umuhungu n’umwigeme babana biciye mumategeko habanje kuba indagano hagati yabo. Ico kiringo bagishikako aruko habaye kuvugana hagati yabo mbere bakanemeranya ko iryo hangiro ryo kubana bagiye kurishikako. Ninaho baca baja kubibwira imiryango yabo hagaca hakurikira umugirwa wo gusaba no gusabwa. Kuruwo munsi, akenshi umuryango w’umuhungu n’uw’ umukobwa iba yakoranye hakavugwa n’amajambo ajanye n’uwo mugirwa. Aho akaba ari muntumbero yo kwerekana ko iyo miryango uko ari ibiri yunze ubucuti kumugaragaro mbere ko bagiye guhana umugeni. Vyerekana kandi ko uwo mukobwa agiye kwubaka adaciye mu kinywabi. Munyuma haca haba gusezerana kwabo bagiye kwubakana imbere y’uwuserukira Reta.

Turavye ukuntu umuhungu n’umukobwa bacagurana, akenshi n’umuhungu ahitamwo umwigeme kuko mu migenzo y’ikirundi iyo umwigeme ariwe ahisemwo umuhungu bica bifatwa nk’uko uwo mwigeme ari inshirasoni. Aha mwomenya ko amategeko y’Uburundi atabuza umwigeme kubwira umuhungu ko ashaka ko bubakana. Bikorwa gusa muntumbero yo gukurikiza umugenzo w’ikirundi wuko umuhungu ariwe aresha umwigeme. Twokwibutsa ko aho hambere hahise abavyeyi b’umuhungu aribo bamucagurira umugeni atabizi. Yamubona ku munsi w’ubugeni. Aha rero umuntu yo kwibaza igituma umukobwa adatinyuka kubaza umuhungu ko bokwubakana kandi amategeko atabimubuza. Mbega umwigeme abwiye umuhungu ko yipfuza ko babana yoba abaye inshirasoni koko?Amategeko y’Uburundi ategekanya ko umuhungu n’umwigeme babana biciye mumategeko habanje kuba indagano hagati yabo. Ico kiringo bagishikako aruko habaye kuvugana hagati yabo mbere bakanemeranya ko iryo hangiro ryo kubana bagiye kurishikako. Ninaho baca baja kubibwira imiryango yabo hagaca hakurikira umugirwa wo gusaba no gusabwa. Kuruwo munsi, akenshi umuryango w’umuhungu n’uw’ umukobwa iba yakoranye hakavugwa n’amajambo ajanye n’uwo mugirwa. Aho akaba ari muntumbero yo kwerekana ko iyo miryango uko ari ibiri yunze ubucuti kumugaragaro mbere ko bagiye guhana umugeni. Vyerekana kandi ko uwo mukobwa agiye kwubaka adaciye mu kinywabi.

Munyuma haca haba gusezerana kwabo bagiye kwubakana imbere y’uwuserukira Reta. Turavye ukuntu umuhungu n’umukobwa bacagurana, akenshi n’umuhungu ahitamwo umwigeme kuko mu migenzo y’ikirundi iyo umwigeme ariwe ahisemwo umuhungu bica bifatwa nk’uko uwo mwigeme ari inshirasoni. Aha mwomenya ko amategeko y’Uburundi atabuza umwigeme kubwira umuhungu ko ashaka ko bubakana. Bikorwa gusa muntumbero yo gukurikiza umugenzo w’ikirundi wuko umuhungu ariwe aresha umwigeme. Twokwibutsa ko aho hambere hahise abavyeyi b’umuhungu aribo bamucagurira umugeni atabizi. Yamubona ku munsi w’ubugeni. Aha rero umuntu yo kwibaza igituma umukobwa adatinyuka kubaza umuhungu ko bokwubakana kandi amategeko atabimubuza. Mbega umwigeme abwiye umuhungu ko yipfuza ko babana yoba abaye inshirasoni koko?Haba hano mu Burundi canke mu bindi bihugu , imico n’akaranga bigenda birakurikizwa uko urunganwe rugenda rukurikirana  . Muri iyo mico n’imigenzo harimwo umugenzo w’uko umwigeme aja kwubaka ari uko habonetse umuhungu aza kumuresha. Ivyo bigaterwa n’uko, na cane cane mu Burundi, bitabonwa neza iyo umukobwa ari we abwiye umuhungu ko amukunda. Biranashika kenshi ko muri ukwo kurindira umuhungu, umukobwa ateba akabura uwuza kumuresha agaca aguma muhira ubuzima bwiwe bwose. Abo twaganiriye bavuga ko hari n’aho bishika umukobwa akaja kwubaka atabishaka canke akubakana n’uwo adakunda, kuko atinya ko yohava ataronka uwundi aza kumuresha canke abitewe n’uko umuryango wamuremereye.  Abigeme twaganiriye biga muri kaminuza, bavuga ko muri iki gihe batoroherwa kuko mu muryango no mu kibano bivugwa ko umukobwa ageze muri kaminuza atarubaka aba akunda kubenga canke ko aba yabuze uwumuresha. Uwurinze aheza kaminuza we ngo ni gake aronka uwo bubakana mu gihe batari basanganywe ngo babe biyumvikaniye kurindira guheza amashure no kuronka uburyo bwo kwibeshaho. Abo bigeme baremeye ko tuvuga amatazirano yabo mugabo ngo ntidushire ahabona amazina y’ikirundi. Bavuga ko hariho bagenzi babo bagiye kwubaka izabo ariho bagiheza amashure yisumbuye, kandi bakabona ko bigenze neza bashobora kuzokwiga kaminuza bari mu ngo zabo. Uwo bishobokeye ngo bimubera vyiza cane, narirya aba afise benshi bamutera intege bigatuma yiga neza. Aruko babona ko bitama vyoroha kuko hari igihe umukenyezi ahura n’ibimugora mu rugo, akagira ubuzima bubi canke abana bakagwara, bigatuma ataronka umwanya ukwiye wokwitaho ivyigwa.Nta mukobwa akigwa mu gahundweUmwana w’umwigeme kuva akivuka bavuga ko ari umukobwa kuko baba biteze ko ari uwuzokobwa akaja mu wundi muryango. Kera bahora bavyina ngo “umukobwa iyo agumye iwabo aratera nyina agahinda agatera se uruhagarara”. Yamara bose ntibaronkera rimwe. Vyongeye ntibaronka bose, kuko hari abaguma iwabo ntibigere bubaka izabo.  Ikinezereje ni uko n’umukobwa ataronse umugabo atagikumirwa ngo ashirwe mu kazu ka wenyene (ari ko bita agahundwe) aho yateba akicirwa n’agahinda, akaribwa n’ibikoko vyitwa ngeni. Ako gahundwe yakibanamwo wenyene nta n’uwaja kumuraba. N’iyo apfuye  ntibamuhamba, ari naco gituma yaribwa n’ibikoko. Ntaworeka gushima ko ata mukobwa akigwa mu gahundwe nk’uko vyagenda kera azize ko ataronse umugabo, kuko muri ico ntiyaba agifatwa nk’umuntu.Birabujijwe ko umukobwa aresha umuhungu ?Mu migenzo y’ikirundi bavuga ko ata mukobwa yubahuka kuresha umuhungu, ngo aba ashize isoni. N’aho umukobwa yoba akunda umuhungu, ngo aragumya ibanga mpaka uwo musore akaba ari we aserura ko amukunda kandi ashaka ko bubakana. Bitabaye uko naho, umukobwa ararindira uwundi. Ariko muri ukwo kurindira birashika umukobwa agasanga imyaka yamubanye myinshi, na we nyene ntabe acizera kuronka uwo bubakana.Délicia agira ati: “Twakuze twumva bavuga ko umuhungu ari we aresha, umukobwa na we akareshwa. Ni ukuvuga ko umukobwa adafise uburenganzira bwo kuba ari we ahitamwo uwo bazokwubakana ngo abe ari we agira intambwe ya mbere yo guserura akari ku mutima. Ahubwo ategerezwa guhitamwo mu baje bamugana bagaserura n’icifuzo cabo. Bishitse hakaza uwo akunda, aba ari amata avyaye amavuta”.  Ariko bose ntibabibona kumwe. Umwigeme yitwa Gladis C.yatubwiye ko mu gihe yakunze umuhungu, n’aho yoreka kubimubwira mu majambo yoheza akamwereka ko amwitayeho, nko mu kumwandikira canke kumuterefona, mu kumuha utuganuke nko mu gihe c’isabukuru y’amavuka. Ngo nawe vyoteba bikamukora ku mutima akabona ko akwiye kumusubiriza mu ndumane. Imigenderanire yabo ngo yoteba igakomera. Mu gihe uwo muhungu yifuza kwubaka ntiyorengana uwo amwitaho ngo aje kurondera uwundi, kiretse yamusanganye ingeso zitari nziza.Abigeme ntibihutira gushinga urugoIbishobora gutuma umwigeme atihutira kuja kwubaka urwiwe ngo si amashure gusa canke kutaronka uwumuresha. Bamwe abo twaganiriye bavuga ko ivyo babonamungo zimwe zimwe canke ibishikira urunganwe rw’abo rumaze kwubaka bitabahumuriza. Ngo mu bagenzi babo bamaze kwubaka izabo harimwo abatamerewe neza bitumwe n’uko abagabo babobatitaho ingo zabo. Ivyo ngo bigatuma abatarubaka baca batinya kuko bibaza ko nabo vyobashikira. Abandi nabo barashima ko hari abubaka rukaguma, mugabo ngo si bose bagira ayo mahirwe. Ivyo vyo kutizera kubaho neza ngo bituma abigeme babanza gutenyenya, n’aho boronka ababaresha ntibemere kwubaka hakiri kare,bakavuga ko bashikiwe n’ingorane vyohava bibagora kuzihanganira kuko boba bakiri bato.Ciella B. avuga ko bitoroshe kwemera kwubaka urwiwe mu gihe abona abagenzi biwe bameze nk’abibana. Aha atanga akarorera k’abakenyezi bateramira muhira bonyene bakabona abagabo babo ari uko batashe kuryama biborerewe. Ngo hari n’abagabo bataborerwacane mugabo ugasanga bashima guteramana n’abagenzi mu bunywero no mu butambiro gushika mugicugu. Muri ico gihe, ngo serugo ntiyigera abazwa ivyo muhira, ugasanga umukenyezi ni we yitaho abana akamenya n’ibiranga urugo wenyene. Uwo mwigeme abona ko abo bagabo basa n’abahunga amabanga bajejwe bakiberaho nk’abatarubaka. Arongera akagira ati: “Kubona umukobwa ava iwabo akaja ku  mugabo, budakeye na kabiri wa mugabo akisubirira mu bo bahora bateramana ntiyibuke ko afise umugore, ntiyibaze ko uwo bubakanye hari ico ashobora gukenera ntakironke kuko umugabo atahari, umukobwa akaguma mu nzu wenyene kandi iwabo  yahora ateramana n’abavyeyi n’abavukanyi, ni ibintu bibabaje cane kandi bica intege”.Daniela K. we agira ati: “Hako nja kubana n’umuntu agaca ansiga jenyene akigira mu bagenzi biwe canke mu bahabara, nopfuma nguma iwacu.Sinoshima kuja kwisembereza uwutambabaye, abona ko ikibanza mfise kiza inyuma y’abagenzi biwe,akansiga mu nzu jenyene”. Ariko aragwa akagaruka ati:“Bishitse umuntu akumva ko ashaka kwubaka urwiwe aragenda, mugabo kenshi tubona ko ari nk’uguhitishamwo kuko ataba azi ko bizorama”.Umubano mwiza hagati yabubatse Wa wundi ati “Vyoroheye kuguma”!Ukwubaka si umukino kandi si ibirori. Ibirori bimara umusi umwe canke ibiri, mugabo ubuzima bw’abubatse buba butanguye. Haracamwo ibigumye n’ivyoroshe, ariko kubashize hamwe nta kibahungabanya kuko baba bazi icatumye biyemeza kubana.Daniela K. arongera akavuga ati: “Igikuru ni umutima w’umuntu kandi ivyiza ni uko uwubatse yokwirinda kubera akarorero kabi abari inyuma yiwe. Yaba umukobwa canke umuhungu agira intambwe ya mbere yo kurondera kwubaka urwiwes, ku bwanje ni co kimwe. Igihambaye ni uko bogendera ivyo biyemeje, kandi urukundo bari bafitaniye ntirutituke, hagize ikibagora bakagitorera umuti bashize hamwe. Kukaba nkako, ukubwira umuntu ko umukunda si kwo gushira isoni kandi noneho nta kibi kirimwo. Ikibi ni uguhemukira uwo mwasezeranye gusangira akabisin’agahiye. Si ugusangira agahiye ko ku misi mikuru y’ubukwe, ubugeni n’ugutwikurura gusa. Ni urugendo rusangi rw’ubuzima bwabo bwose.Ni naho abubatse boba bariko bacira inzira nziza barumuna babo hamwe n’abana bibaruka mbere bigatuma bavugwa neza mukibano no mu miryango yabo. 

Emérentienne Ndaruzaniye

Igisata co kwandika amakuru Documentation

Ouvrir