Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abasaseredoti basabwa kwitwararika guteza imbere umuntu uko ari kwose

DSC01432Abasaseredoti n’ababafasha muri iryo banga basabwa kwitwararika guteza imbere umuntu uko ari n’uko ameze. Ivyo vyashikirijwe kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2020 n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije  ari kumwe n’umutambukanyi igihe yari yateye iteka ibirori vyo kwatira mw’ibanga ry’ubusaseredoti, ubudiyakoni, ubukorezi, n’ubusomyi muri Paruwasi Shombo, Diyoseze Gitega, intara ya Karusi. Umukuru w’igihugu yarashimiye  Imana yo yabagabiye abaherezankuka bashasha. Vyongeye  urukundo Imana yakunze Uburundi n’Abarundi kuva kera nirwo rwatumye Abarundi begurira Imana igihugu cabo, bayiha ikibanza ca mbere muri vyose na hose kandi ngo uwuyiyegetseko ntimutetereza. Yarashimiye  kandi Ekleziya Katorika yo yatumiye umuryango wiwe  ngo basangire ivyiza, kuko  iyo havutse umuntu igihe cose haba akanyamuneza. Yamenyesheje kandi ko bihimbaye iyo umuntu yatiwe mw’ibanga ry’ubusaserdoti kuko rihuza abantu n’Imana. Yarakeje imikangara yari ihejeje kwatirwa kuko ubuherezankuka ari ingabirano Imana iha abiikunda bakayikundira kandi kunguka umuvyeyi ari ibintu biryoshe cane.

Yaciye akeza Diyoseze ya Gitega yagabanye abasaserdoti n’abandi bamenyeshamana bagiye gufasha kumenyesha inkuru nziza aboro, kwunga imitima yavunitse, kumenyesha ababoshwe ko babohowe, abahumye ko bahumutse, abacinyijwe ko babohowe no kumenyesha umwaka w’ubuntu bw’umukama muri Diyoseze ya Gitega, mu Burundi no kw’isi yose. Yarongeye arabakeza kuko bari bahejje kwatirwa mu mabanga mashasha y’ubusaseredoti nawe amaze iminsi 16 yatiwe mu mabanga yo kurongora igihugu, yabibukije ko baje kumenyesha inkuru nziza aboro nawe aje gukura aboro mu bukene. Yaciye amenyesha ko bose bafise ubutumwa bw’Imana, bisigura ko ari magiriranire kuko mu gihe bazorazwa ishinga no kurondera gukiza imitima y’abantu ngo baronke ubuzima budahera mw’ijuru, nawe azokwitwararika ko Abarundi babaho neza, bagira amahoro n’umutekano. baronke  ivyo barya n’aho baryama, baronke  amagara meza, bashobora kwiga bagaca ubwenge, bashobora  gutunganirwa bakongera bakagira iteka n’itekane, gutyo ngo umwe wese akoze ico ajejwe bazohurira ku kintu kimwe ariyo neza y’umuntu. Ikindi yamenyesheje n’uko  ashima ingene Ekleziya Katorika yitwararika mu kwubaka amashure, amavuriro no mu gutunganya ibikorwa vy’iterambere irangura biciye mu bisata bijejwe iterambere bikukira amadiyoseze. Ngo Reta yipfuza  ko amaparuwasi yoba amayogi y’iterambere ry’abanyagihugu, aca abasaba gukoresha ububasha bafise ku bene Paruwasi babigishe ibibateza imbere kuko bateye imbere n’ama paruwasi ahatorera akoyoko. Yaranabasavye ko boza bafise ingoga zo gukora vyose nka Pawulo mweranda kandi ngo bigishe nkawe, abasaba no gutanga ubutumwa bigisha Abarundi gukunda Imana n’igihugu cabibarutse, ngo bazamure ubutunzi bw’igihugu, basenyere ku mugozi umwe bongere buzuzanye. Yaheraheje ababwira ko hatangujwe isekeza ryo kurwanya ikiza «Coronavirus».  Yabasavye kugihagurukira bose ngo uwibonyeko ibimenyetso vya mbere ace abimenyesha abaganga bamwegereye, bakirinda kwandura mu kwama bafise isuku mu ntoki kuko ico kiza gica mu maso, mu mazuru no mu kanwa, gutyo ngo mu gihe boba bafise isuku ntibokwanduza abandi. Umwepisikopi wa Diyoseze ya Gitega Musenyeri Simon Ntamwana nawe, yashimikiye ku nkurunziza y’umukama yanditswe na Luka, yamenyesheje ko isi ironka umuhezagiro iwuhawe n’abasaserdoti  nabo bawukuye kuri Yezu Kristu nk’uko basirwa amavuta meranda ya kristu. Yamenyesheje ko umusaseredoti mweranda ariwe aja imbere mu rutonde rw’abakristu nabo babonye ubutore bw’umutima wiwe bakamuja inyuma mu bugamburutsi butagabanije bwibaza iyo ariko araja. Yarongeye abamenyesha ko ubwitonzi bwa data aribwo buzobarinda, ko atari amayeri y’abantu azobafasha kuba mw’isi . Rero ngo ni mutima mweranda azobabera inkomoko y’ingendo y’aba kristu mw’isi, kandi ngo ingemu ija imbere y’izindi umusaseredoti ajana mu bantu ni urukundo n’ubweranda. Yaciye abahamagarira kuzokorera Imana n’abantu bafise akanyamuneza, bisunga Mutima mweranda gutyo ngo bazoronka urukundo n’ubweranda kuko ngo Imana irabakunda urutagira agahemo. Mw’ijambo ryiwe ryo gukenguruka, yarakengurukiye Umukuru w’igihugu yari yaje   kubatera iteka muri ivyo birori ashima n’impanuro yabahaye ibereye umukristu. Yaheraheje aremesha ingo z’abakristu azisaba ngo zibe iza mbere mu gukomera mu majambere bagiye gukomezwamwo n’imigambi y’Umukuru w’igihugu, bisubiye ngo imigambi y’Imana n’ugukiza umuntu ikamukiza wese ku mutima no ku mubiri. Twobamenyesha ko muri ivyo birori  hatiwe abasaserdoti 12, abadiyakoni 8, hamwe na 13 bahawe ubutumwa bw’ubukorezi n’abasomyi 17. Abasaseredoti n’ababafasha muri iryo banga basabwa kwitwararika guteza imbere umuntu uko ari n’uko ameze. Ivyo vyashikirijwe kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2020 n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije  ari kumwe n’umutambukanyi igihe yari yateye iteka ibirori vyo kwatira mw’ibanga ry’ubusaseredoti, ubudiyakoni, ubukorezi, n’ubusomyi muri Paruwasi Shombo, Diyoseze Gitega, intara ya Karusi. Umukuru w’igihugu yarashimiye  Imana yo yabagabiye abaherezankuka bashasha. Vyongeye  urukundo Imana yakunze Uburundi n’Abarundi kuva kera nirwo rwatumye Abarundi begurira Imana igihugu cabo, bayiha ikibanza ca mbere muri vyose na hose kandi ngo uwuyiyegetseko ntimutetereza. Yarashimiye  kandi Ekleziya Katorika yo yatumiye umuryango wiwe  ngo basangire ivyiza, kuko  iyo havutse umuntu igihe cose haba akanyamuneza. Yamenyesheje kandi ko bihimbaye iyo umuntu yatiwe mw’ibanga ry’ubusaserdoti kuko rihuza abantu n’Imana. Yarakeje imikangara yari ihejeje kwatirwa kuko ubuherezankuka ari ingabirano Imana iha abiikunda bakayikundira kandi kunguka umuvyeyi ari ibintu biryoshe cane.

Yaciye akeza Diyoseze ya Gitega yagabanye abasaserdoti n’abandi bamenyeshamana bagiye gufasha kumenyesha inkuru nziza aboro, kwunga imitima yavunitse, kumenyesha ababoshwe ko babohowe, abahumye ko bahumutse, abacinyijwe ko babohowe no kumenyesha umwaka w’ubuntu bw’umukama muri Diyoseze ya Gitega, mu Burundi no kw’isi yose. Yarongeye arabakeza kuko bari bahejje kwatirwa mu mabanga mashasha y’ubusaseredoti nawe amaze iminsi 16 yatiwe mu mabanga yo kurongora igihugu, yabibukije ko baje kumenyesha inkuru nziza aboro nawe aje gukura aboro mu bukene. Yaciye amenyesha ko bose bafise ubutumwa bw’Imana, bisigura ko ari magiriranire kuko mu gihe bazorazwa ishinga no kurondera gukiza imitima y’abantu ngo baronke ubuzima budahera mw’ijuru, nawe azokwitwararika ko Abarundi babaho neza, bagira amahoro n’umutekano. baronke  ivyo barya n’aho baryama, baronke  amagara meza, bashobora kwiga bagaca ubwenge, bashobora  gutunganirwa bakongera bakagira iteka n’itekane, gutyo ngo umwe wese akoze ico ajejwe bazohurira ku kintu kimwe ariyo neza y’umuntu. Ikindi yamenyesheje n’uko  ashima ingene Ekleziya Katorika yitwararika mu kwubaka amashure, amavuriro no mu gutunganya ibikorwa vy’iterambere irangura biciye mu bisata bijejwe iterambere bikukira amadiyoseze. Ngo Reta yipfuza  ko amaparuwasi yoba amayogi y’iterambere ry’abanyagihugu, aca abasaba gukoresha ububasha bafise ku bene Paruwasi babigishe ibibateza imbere kuko bateye imbere n’ama paruwasi ahatorera akoyoko. Yaranabasavye ko boza bafise ingoga zo gukora vyose nka Pawulo mweranda kandi ngo bigishe nkawe, abasaba no gutanga ubutumwa bigisha Abarundi gukunda Imana n’igihugu cabibarutse, ngo bazamure ubutunzi bw’igihugu, basenyere ku mugozi umwe bongere buzuzanye. Yaheraheje ababwira ko hatangujwe isekeza ryo kurwanya ikiza «Coronavirus».  Yabasavye kugihagurukira bose ngo uwibonyeko ibimenyetso vya mbere ace abimenyesha abaganga bamwegereye, bakirinda kwandura mu kwama bafise isuku mu ntoki kuko ico kiza gica mu maso, mu mazuru no mu kanwa, gutyo ngo mu gihe boba bafise isuku ntibokwanduza abandi. Umwepisikopi wa Diyoseze ya Gitega Musenyeri Simon Ntamwana nawe, yashimikiye ku nkurunziza y’umukama yanditswe na Luka, yamenyesheje ko isi ironka umuhezagiro iwuhawe n’abasaserdoti  nabo bawukuye kuri Yezu Kristu nk’uko basirwa amavuta meranda ya kristu. Yamenyesheje ko umusaseredoti mweranda ariwe aja imbere mu rutonde rw’abakristu nabo babonye ubutore bw’umutima wiwe bakamuja inyuma mu bugamburutsi butagabanije bwibaza iyo ariko araja. Yarongeye abamenyesha ko ubwitonzi bwa data aribwo buzobarinda, ko atari amayeri y’abantu azobafasha kuba mw’isi . Rero ngo ni mutima mweranda azobabera inkomoko y’ingendo y’aba kristu mw’isi, kandi ngo ingemu ija imbere y’izindi umusaseredoti ajana mu bantu ni urukundo n’ubweranda. Yaciye abahamagarira kuzokorera Imana n’abantu bafise akanyamuneza, bisunga Mutima mweranda gutyo ngo bazoronka urukundo n’ubweranda kuko ngo Imana irabakunda urutagira agahemo. Mw’ijambo ryiwe ryo gukenguruka, yarakengurukiye Umukuru w’igihugu yari yaje   kubatera iteka muri ivyo birori ashima n’impanuro yabahaye ibereye umukristu. Yaheraheje aremesha ingo z’abakristu azisaba ngo zibe iza mbere mu gukomera mu majambere bagiye gukomezwamwo n’imigambi y’Umukuru w’igihugu, bisubiye ngo imigambi y’Imana n’ugukiza umuntu ikamukiza wese ku mutima no ku mubiri. Twobamenyesha ko muri ivyo birori  hatiwe abasaserdoti 12, abadiyakoni 8, hamwe na 13 bahawe ubutumwa bw’ubukorezi n’abasomyi 17. 

Evelyne Niyonzima

Ouvrir