Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

ku wa 1 Mukakaro n’umusi wo kwirimbura ku Barundi

Kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2020, Abarundi barahimbaje imyaka 58 bamaze bikukiye ku civugo «Shinga icumu mu mashinga, gaba intahe y’ubugabo k’ubugingo ». Mu gisagara ca Bujumbura, ibirori vyo guhimbaze intahe y’ukwikukira vyari birongowe n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Ivyo birori vyatanguriye ku musozi Vugizo aho Umukuru w’igihugu n’Umutambukanyi wiwe bashira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa y’umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, baca basubira bashira urundi rugori rw’amashurwe ku kibanza citiriwe ukwikukira. Ibirori nyamukuru vyabereye kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira aho vyatangujwe n’idefire ndende y’abakozi ba Reta, abikorera ivyabo, abasoda n’abaporisi. Ivyo birori vyasozerewe n’ijambo ryashikirijwe n’Umukuru w’igihugu aho yamenyesheje ko ku wa 1 Mukakaro ari umunsi w’akanyamuneza kuko Abarundi birimbura iyo bavuye niyo bageze. Ngo birahimbaye kuko biboneka ko Abarundi bamaze gukanura bakubaka neza igihugu cabo. Ngo kuva mu mwaka w’2015 nico gihe cakujije Abarundi kuko bibeshejeho, baritunganiriza amatora mu buryo bwabo. Ngo ayo matora yagenze neza, Abarundi baremera ivyayavuyemwo. PrezidaNdayishimiye yamenyesheje ko intambwe Abarundi bagezeko mu gutsimbataza imigambi iteye igomwe. Yabandanije atera akamo abanyamahanga ko boza gukorana n’abarundi mu ntumbero yo kubandanya bateza imbere igihugu. Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta igiye kwitaho urwaruka n’abageze mu zabukuru. Yamenyesheje ko yipfuza ko Abarundi boba akarorero mu gusubiza mu buryo ivyasambaguritse kubera ihindagurika ry’ibihe. Ngo aripfuza ko Abarundi bogira amagara meza mu kurwana urugamba rwo kurwanya ibiza vyo kw’isi batibagiye ikiza korona. Ngo Abarundi bagiye kwerekana akarorero ko bashobora kurwanya ikiza korona bakongera bakagitsinda. Ni muri iyo ntumbero batanguye isekeza ryitiriwe

: « ndakira, sinandura, sinanduza. »  Umukuru w’igihugu ahamagarira uwibonyeko ibimenyetso vy’ikiza korona ko yokwihutira kwa muganga bamupime, hanyuma basanze arwaye bakamuvura atarasinzikara, ace akira. Uwutarafatwa nawe, ngo yokwirinda kwandura mu gukurikiza amategeko yose ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatanze. Ngo abantu bokwirinda kwandukizanya mu kwama basukura intoke,  arico gituma Reta yagabanije igiciro c’isabuni ku bice 50%. Ngo ibiharuro biriko birakorwa kugira ku mirwa mikuru y’intara bashobore kugabanya igiciro c’amazi mu gihe cose uwo mugera uzoba utaratuzwa. Umukuru w’igihugu yarashimiye ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR ku kungene cakoze kitiziganya muri uwu mwaka, bigatuma ikigega ca Reta kibomboka. Muri uwu mwaka ngo hari hategekanijwe ko hazotozwa amafaranga angana n’908 840 000 000 hakaba hatojwe ayangana n’1 021 710 000 000  n’ukuvuga ko harenzeko amafaranga angana 112 710 000 000. Prezida Ndayishimiye yamenyesheje ko ibice 40% vy’ayo mahera yarenzeko agiye kujanywa mu makomine kugira afashe urwaruka rutagira akazi mu migambi y’iterambere ruzokwitunganiriza. Umukuru w’igihugu yarangije ijambo ryiwe ashimira abitanze kurusha abandi mu kubaha imidari n’akabahasha k’inzamuzo kari hagati y’amafaranga angana n’2 000 000 n’1 000 000. Muri abo harimwo Pierre Claver Ndayicariye arongoye umurwi wo kumenya ukuri kunywanisha Abarundi no kurekuriranira CVR yaronse umudari w’iteka w’ugukorera neza igihugu n’ibahasha ry’amafaranga 2 000 000, Albert Nasasagare yahora akora mu bagendaniraUmukuru  w’igihugu yaronse umudari  w’iteka n’ibahasha  ry’amafaranga angana 1 500 000  na riyetena Kelly Nkurunziza umuhungu w’uwahoze ari Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaronse ikidari c’intwari n’ibahasha ry’amafaranga angana 1 500 000. Umukuru w’igihugu yarahaye agashimwe abakoze idefile  neza kurusha abandi. Aba mbere bakaba ari abakenyezi bo mw’ihuriro ry’abakenyezi bakaba baronse amafaranga angana n’4 000 000, abakozi bo mugisata kijejwe gucungera uruja n’uruza mu kiyaga baronse amafaranga angana n’3 000 000, abakozi bo mw’ihinguriro rikora umwavu FOMI baronse amafaranga angana n’2 000 000 n’abakenyezi bari mw’ishirahamwe ry’abakenyezi b’intwari bararonse amafaranga angana n’1 000 000. Mu bafashije kuryosha ibirori, abasoda n’abaporisi bararonkejwe amafaranga angana n’3 000 000, abagize umurwi witwa Bene Ntare baronse amafaranga angana n’2 000 000, abamajorete baronse amafaranga angana n’2 000 000, abari mw’ishengero ry’aba «adventiste» baronse amafaranga angana n’2 000 000 n’abari mu muhari wa scout  na guide baronse amafaranga angana n’1 000 000.
Aline Kanyana

Ouvrir