Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikimenyetso tsitso kiranga umuryango w’ibihugu vya EAC ngo kigiye guhinduka

rigiIkimenyetso tsitso kiranga umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC n’ibindi  bimenyetso biranga inzego n’amashirahamwe y’uwo muryango ngo bigiye guhinduka. Umuryango wa EAC ugizwe n’urwego rw’abashingamateka EALA n’urwego  rw’abacamanza EACJ. Uwo muryango ugizwe n’amashirahamwe 8 : ikigo kijejwe amagara y’abantu, ikigo kijejwe ubuhinga bwa none, ikigo kijejwe gukingira ikiyaga Vigitoriya, ikigo kijejwe inyigisho za kaminuza, ikigo kijejwe amafi ya Victoriya, ikigo kiraba indege na cane cane umutekano n’ingenzi, ikigo kijejwe guteza imbere igiswahiri n’ikigo kijejwe urudandazwa.  Ivyo vyavuzwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa EAC, Jean Rigi, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Yabandanije asigura ko uwo mugambi wo guhindura ibimenyetso biranga umuryango wa EAC hamwe n’inzego n’amashirahamwe biwukomokako wafunditswe n’inama nshikiranganji aho yasavye ko hoba ikimenyetso tsitso n’ibindi bimenyetso biranga inzego n’amashirahamwe y’uwo muryango ntabanduka, bitaza birahinduka uko igihugu kinaka gisavye kwinjira. Ngo vyarabonetse ko ikimenyetso tsitso c’umuryango wa EAC n’ibimenyetso biranga  inzego n’amashirahamwe bikomoka kuri uwo muryango ata sano bifitaniye, birakenewe rero ko hoba ibimenyetso bisangiye itsitso n’ikimenyetso nyamukuru c’ishirahamwe. Rigi yamenyesheje ko ihiganwa ryo gucapa ikimenyetso tsitso kiranga umuryango wa EAC n’ibindi bimenyetso biranga inzego n’amashirahamwe y’uwo muryango ryatanguye mu bihugu vyose bihurikiye mw’ishirahamwe uko ari bitandatu : Uburundi, Kenya, Rwanda, Sudani y’epfo, Tanzaniya n’Ubuganda. Yabandanije amenyesha ko iryo higanwa ryugururiwe abakiri bato bafise imyaka iri hagati ya 18 na 35. Ngo mu Burundi iryo higanwa ryatanguye kw’igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017 kw’ishure ry’imyuga mu gisata  co gucapa ry’i Gitega ETESA.  Ngo hazoba umurwi w’abahinga uzotanga amanuta ku batunganije ibicapo, ibicapo vyabo bizorungikwa i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, hanyuma abacafye bazoja gusigura no gushikiriza ivyo bashushanije. Uwozoba uwa mbere azoronka amadorari 25000, uwa kabiri azoronka amadorari 5000, awa gatatu azoronka amadorari 2500. Mwomenya ko  bitegekanijwe ko iryo higanywa rizoba ryaheze inyuma y’amezi atatu.

Aline Kanyana

 

 

Incanco ngo zifise akamaro ntangere ku magara y’abavyeyi n’ibibondo

457000Kw’igenekerezo rya 19 Ruheshi 2017, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA bufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ineza y’abana  bwaratanguje icese isekeza ry’indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo. Hari kuva  kw’igenekerezo rya 19 gushika ku rya 22 Ruheshi 2017,  ku civugo « Twese hamwe duharanire amagara y’abavyeyi n’ibibondo ». Ivyo birori bikaba vyabereye mu ntara ya Rumonge bitewe iteka n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Denise NKURUNZIZA. Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iryo sekeza, Denise NKURUNZIZA yamenyesheje ko yashimiye  ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya SIDA bwatunganije indwi yahariwe amagara y’ibibondo n’ay’abavyeyi, mu ntumbero yo gushigikira Reta y’Uburundi mu migambi yose iraba iterambere rirama. Ngo nta terambere rirama rishoboka mu gihe abanyagihugu badafise amagara meza.  Denise NKURUNZIZA akaba yaciye aha impanuro abanyagihugu ngo bame bitaho amagara yabo mu gukirikiza impanuro bahabwa n’abajejwe amagara y’abantu. Muri zo ngo ni uko abanyagihugu bogerageza bakagaburira abana babo ivyamwa, imboga, inyama n’amagi kuko kenshi usanga babiremye isoko bakibagira ko abana babo babikeneye kandi ko biheza bikabakingira uruhumyi igihe babifungura. Ku bw’ivyo ngo bokwijukira kakarima k’urugo. Ngo bokwama bakaraba amazi meza n’isabuni imbere yo gufungura, gufungurira abana no gutegura imfungurwa, kuryama iminsi yose mu musegetera urimwo umuti wica imibu, kudacira hagati ikirangaminsi c’incanco no kwihutira kwa muganga igihe amagara abakitse. Yarongeye ararika abanyagihugu ngo bitabire akamo ka Reta ibahamagarira kugabanya imvyaro kuko ngo irwirirana ry’abantu ari intambamyi y’umutekano n’iterambere. Yahavuye hanura  urwaruka kwirinda ubushurashuzi kuko umugera utera indwara y’urwinjiriro rw’igitereko uca mu busambanyi. Yarasavye kandi abajejwe intwaro n’ubutungane ngo baze barahana kandi bahashe abafata ku nguvu abana n’abakenyezi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Ruhonyanganda SIDA, Josiane Nijimbere nawe yamenyesheje ko amagara y’abantu ariyo soko ry’iterambere rirama. Ngo iyo abantu bafise amagara meza, bararangura imirimo inyuranye haba mu buzi bwa Reta canke mu mashirahamwe, bakarima , bakworora, abana bakiga neza, itunga rikiyongera eka ibisata vyose vy’ubuzima bigatera imbere gutyo ubutunzi bw’imiryango n’igihugu bukiyongera. Josiane Nijimbere yamenyesheje ko kuva mu mwaka w’2002, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwama butunganya indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo kabiri mu mwaka, mu kwezi kwa Ruheshi hamwe no kwezi kwa Kigarama. Iyo ndwi ngo itunganywa mu ntumbero yo kugabanya urugero rw’abana bitaba Imana batarashikana imyaka itanu hamwe n’urw’abavyeyi bahitanwa n’imbanyi bariko baratanga ubuzima. Kandi ngo biramaze kugaragara ko itunganywa ry’iyo ndwi ari ngirakamaro. Ibikorwa vyaranguwe  mu ndwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo ngo ni  itangwa ry’icunyunyu ca vitamine citwa A ku bana bafise guhera ku mezi 6 gushika ku 59 co gukinga uruhumyi, abavyeyi bibungenze kuva ku mezi 4 n’abana bafise hagati y’umwaka 1 na 14 baronkejwe  umuti uvura inzoka witwa albendazole, abana b’abigeme bafise imyaka 10 batiga hamwe n’abiga mu mwaka wa 3 bo mu burere bw’ubuvuzi bwa Rumonge na Ngozi haronkejwe  urucanco rugira 2 rukinga indwara ya kanseri yo mu bw’injiriro bw’igitereko, itangwa ry’inyigisho z’ingene abantu bokwijukira gukaraba amazi meza n’isabuni, kubahimiriza kuryama mu musegetera urimwo umuti wica imibu kandi ngo iyo misegetera igiye gutangwa vuba hamwe rero no gutororokanya amaraso kuko abayakenera ari benshi cane. Muri abo harimwo abavyeyi bibaruka bigoye, abana barwara marariya canke biturutse k’ugufungura nabi, abagira amasanganya n’abandi. Josiane yarashimiye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu kuko yama na ntaryo abitaba na cane cane iyo hageze indwi yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo kandi asanzwe afise imirimo myinshi arangura. Ngo biragaragara ko amagara y’abavyeyi n’ibibondo amuraje ishinga. Icegera c’uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’ibibondo « Unicef », Sophie Léonard yamenyesheje ko incanco zifise akamaro ntangere mu kugabanya impfu hamwe n’indwara ku bantu na cane cane ku bavyeyi n’ibibondo.Yamenyesheje kandi ko mu gutanga izo ncanco zitandukanye muri iryo shirahamwe baravye abazikeneye kurusha abandi ni ukuvuga imirwi y’abantu ikarirwa n’indwara gusumba iyindi. Yaragarutse ku bikorwa birangurwa muri iyo ndwi yose yahariwe amagara y’abavyeyi n’ibibondo. Sophie Léonard yarangije ashimira umutambukanyi w’umukuru w’igihugu kuba yahevye ayandi mabanga agaheza akitaba igikorwa co gutanguza izo ncanco ku bwiwe ngo biragaragara ko yitaho amagara y’abavyeyi n’ibibondo. Mwomenya ko umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza yaciye aronsa amasabuni abavyeyi bibungenze n’abana   

Estella Niyongere

 

 

Mu Nama Nshingamateka : Integuro z’amategeko 16 nizo zitegekanijwe kuzokwigwa mu bikorwa bisanzwe vyo mu kwezi kwa Ruheshi

cvdfrKw’igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017, niho haba ibirori vyo kwugurura icese ibikorwa vy’isasa risanzwe  ry’Inama Nshingamateka vyo mu kwezi kwa Ruheshi,  inyuma y’akaruhuko k’ukwezi kwa Rusama 2017 abashingamateka bahoramwo. Ivyo birori vyari birongowe n’umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda. Mw’ijambo ry’uwo munsi akaba yaramenyesheje ko integuro z’amategeko 16 zashikirijwe na Reta arizo zitegekanijwe kwigwa muri iki kiringo c’ukwezi kwa Ruheshi. Ivyo birori vyari vyatewe iteka n’abanyacubahiro batari bake, barimwo abagize Reta y’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abari mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi, abari mu butungane hamwe n’abaserukira amashirahamwe yigenga. Pascal Nyabenda akaba yabandanije amenyesha ko Inama Nshingamateka yaranguye ibitari bike harimwo ukugendera abanyagihugu no kwifatanya nabo mu bikorwa vy’iterambere rusangi.Ku bijanye n’imigenderanire y’Inama Nshingamateka y’uburundi n’ibindi bihugu yamenyesheje ko abashingamateka bagize ingendo zitari nke bongera baritaba inama mpuzamakungu z’amashirahamwe  ahurikiyemwo Inama Nshingamateka z’ibihugu hirya no hino kw’isi .Muri uku kwezi kwa Ruheshi rero ngo Inama Nshingamateka itegekanya kuzokwiga integuro z’amategeko 16 zarungitswe na Reta.Muri ayo mategeko hakaba harimwo itegeko rigenga amabanki, integuro y’itegeko rigenga igitabu c’amatekeko mpanavyaha, itegeko rigenga amasezerano y’ibihugu vya Buraya n’ibihugu vya Afirika, Caraibe na Pacifike (A.C.P). Umukuru w’Inama Nshingamateka akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba abagize Reta ko boja barabitaba mu gihe bikenewe ko basigurira abashingamateka ibijanye n’izo nteguro z’amategeko nk’uko bahora babikora.Muri iryo jambo kandi yarakeje Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA aherutse gushiraho umurwi ujejwe guhinyanyura ivy’Ibwirizwa Nshingiro ry’Uburundi, aca asaba kandi abari muri uwo murwi ko bokwisunga ivyashikirijwe n’abanyagihugu.Pascal Nyabenda yarangije  amenyesha ko Inama Nshingamateka ishimira abakuru b’ibihugu vya Afirika y’Ubuseruko baherutse guhamagarira ibihugu vya Buraya ngo bitezurire Uburundi ku bihano vyabufatiye.

 Josélyne Ndayegamiye     

 

                                                                                                                                               

 

Umugambi wo guhungabanya inzego zirongoye Uburundi ngo ugiye kwongereza umuvuduko muri Ruheshi

nyamUmugambi ugayitse wo kuburabuza abarundi biciye mu guhungabanya inzego bitoreye ngo ugiye kwongereza umuvuduko muri uku kwezi  kwa Ruheshi 2017 kuko abagize ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambi mubi bahanye isango mu gisagara Génève mu gihugu c’Ubuswisi. Aho naho ngo bakaba  bikitse inyuma y’inama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuhanuzi mu biro vy’Umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe ari kumwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa ku wa 2 Ruheshi 2017 mu kiganiro baremesheje ku batumire bo mu bisata bitandukanye (UE). Bamenyesheje kandi ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryiyemeje kuja imbere mu kuvuguruza abarundi kuko ariryo rifise urutonde rw’ibizokwigwa, rikaba ariryo rizoha agatutu ; akavunamusase n’agahimbazamusyi  abarundi  bakorana muri uwo mugambi mu kiringo iryo koraniro rizomara. Ngo bahisemwo kwinyegeza inyuma y’ikoraniro mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu kubera bagiriza Uburundi ibintu bitagira ifatiro n’ishingiro bibwira ko bashobora guhuma amaso amakungu. Ibihugu bigize iryo shirahamwe rero ngo bikoresha ico kibazo nkoramutima c’ibijanye n’agateka ka zina muntu kugira biharanire inyungu zavyo. Ngo vyambika ibara ibihugu vya Afrika n’Uburundi burimwo kugira bibone kubipfukama mu nda. Aho rero ngo ni hamwe akanyoni gashaka kurya akandi kakagiriza ko kanuka urukeke. Ico cegeranyo rero ngo kizokwagiriza imbonerakure gufata abantu ku nguvu n’ubundi bukozi bw’ikibi ; inzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi zagirizwe kwica abo zijejwe gukingira. Ico cegeranyo kizovuga kandi ko abantu badasiba kunyuruzwa, ko hari abantu bakubagurwa, bakaborezwa igufa. Ngo kizovuga kandi ko abantu batishira ngo bizane na cane cane mu guserura ivyiyumviro n’ibindi. Bamenyesheje kandi ko hari n’ibindi ico cegeranyo kizorenzako uruho rw’amazi kuko kitazovuga ko igihugu c’Urwanda cigisha impunzi ibikorwa vya gisirikare; ko abagizi ba nabi banyuruje abantu hanyuma bakabica ataco bazira ibiziga bakabita mu nzuzi canke mu  mabarabara. Ngo ntikizovuga ko abashatse gutembagaza Reta bibereye mu Rwanda no mu Bubirigi. Barongeye bamenyesha ko Uburundi ata rukiza bwiteze ku nama y’i Génève kuko icegeranyo kizoshikirizwa Inama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu ku wa magenekerezo ya 14 na 15 Ruheshi 2017 ari ikigabane uwutakizi yogira ngo ni gishasha. Ico cegeranyo ngo ni ikiza cifatira mu gahanga Uburundi cakozwe n’umugwi bise uwo abahinga bigenga (EINUB) cisunze inkuru zandikwa ku muhora w’ubuhinga ngurukanabumenyi WhatsApp. Reta y’Uburundi ngo yarabeshuje ico cegeranyo igishikiriza Inama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu biba ivy’ubusa. Imvo nayo ngo akaba ari uko Uburaya bushaka ko Uburundi bufatirwa ingingo vyanse bikunze ingingo yo gushiraho umurwi ugiye kugira amatohoza. Ivyo ngo ni uko bene iyo mirwi yo gutohoza ishirwaho kugira ngo yemeze ingingo zamaze gufatwa. Barongeye bamenyesha ko igihugu c’Ubufaransa kiriko kiratera igitsure igihugu ca Boliviya ngo gitumeko vyihuta ikibazo c’Uburundi muri Ruheshi 2014 mu gihe ishirahamwe ry’abanyaburaya UE naryo ririko riremera umuryango w’ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika EAC ngo ritunganye ibiganiro hagati y’abarundi muri uku kwezi kwa Ruheshi na Mukakaro. Amezi ya Mukakaro na Myandagaro ngo ni ikiringo c’uburuhuko ku bakozi b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU nayo abahiga ko inzego zihinduka mu Burundi barondera  ingingo ntabanduka imbere yuko ikoraniro kaminuza ry’ishirahamwe ONU riba muri Nyakanga 2017. Ivyo ngo bizotuma abanyeporitike n’abajejwe imignderanire y’ibihugu bakurakuranwa ku Burundi, gutyo habe n’amarementanya atandukanye. Abari bitavye ico kiganiro baba abamenyeshamakuru canke abaserukira imigambwe n’amashirahamwe yigenga barabajije ibibazo bongera baratanga intererano y’ivyokorwa. Aho ngo ni uko Uburundi bwoserukirwa muri iyo nama y’i Génève kugira bushikirize nabwo icegeranyo c’ukugene ibintu vyifashe.

Epitace Nduwayo   

 

 

Abadandaza b’igitoro basabwe kugitanga uko bitegerezwa

DSC 02136kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2017 umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu wubutare, Côme Manirakiza yaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero y’ukubamenyesha ibijanye n’ukuntu igitoro kiriko kiratangwa mu gihugu cose.
Nk’uko yabandanije abimenyesha, ubwo bushikiranganji bumaze kubona rimwe na rimwe ikena ry’igitoro bwararungitse abakozi babwo kugira bishikire ku kivi, bamenye imvo nyamukuru ibituma. Abo bakozi ngo bamaze kw’ishikira mu bubiko bw’igitoro be n’aho bisanzwe bidandarizwa ku mapompo «station» ngo basanze ibitigiri vy’amaritiro y’ibitoro adandazwa bitahindutse kuva mu ntango z’uwu mwaka gushika muri ino minsi. Ariko ngo igitangaje ni uko imirongo y’imiduga irondera ibitoro ku mapompo basanga igenda yibonekeza rimwe na rimwe bigaheza ngo bikagaragara ko ababidandaza bamwe bamwe babigira nkana. Ubwo bushikiranganji rero bukaba bwaciye bumenyesha ko mu ntumbero y’ukurandurana n’imizi iyo ngeso yo gushaka kunyegeza ivyo bitoro bwaciye bumenyesha cane cane abadandaza ibitoro ibintu bimwe bimwe bategerezwa gukurikiza .Ubwa mbere ho ngo guhera igenekerezo rya 8 Ruheshi 2017 amapompo yose afise ububiko ategerezwa kubidandaza nkuko bitegerezwa. Inzandiko zerekana ko ipompo itariko irakora canke iriko irakora zitegerezwa kwama zamanitswe ku bwinjiriro bwa « station ». Ica kabiri ngo ni uko abakozi bo mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, w’ubutare bagenduye guhera ku musi wa kane kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 2017 ububiko bwose bw’ibitoro hamwe n’amapompo abidandaza kugirango barabe ishirwa mu ngiro ry’izo ngingo. Ica gatatu bwamenyesheje ngo ni uko ububiko canke amapompo bizogaragara ko hari ibitoro bibitswe, bitariko biradandazwa buzohanwa hisunzwe amategeko y’Uburundi. Yaciye rero asaba abasanzwe barongoye amashirahamwe arangura n’ayadandaza ibitoro kwama bafise igitabu candikwamwo ivyinjiye n’ivyadandajwe hamwe n’ibikoresho vyo gupima urugero rw’ibitoro biri mu bubiko. Umushikiranganji Côme Manirakiza akaba yarangije amenyesha ko ingingo zafashwe, zari zihasanzwe zijanye n’urudandazwa rw’ibitoro zibandanya gukurikizwa. Yongeye kandi gusaba abo vyega kugira ngo izo ngingo zose zishirwe mu ngiro nk’uko bitegerezwa. Abamenyeshamakuru baciye babaza uwo mushikiranganji ko yokwizeza abarundi ku bijanye n’iryo boneka ry’igitoro, akaba yaciye abamenyesha ko igitoro kihari ahubwo kubona bumva ko hari aho gitangwa n’aho kidatangwa bitangaje. Ikindi kandi babajije kijanye n’amahera y’agaciro aho naho nyene akaba yamenyesheje ko amafaranga y’agaciro ahari ata kibazo kihari. Ikindi kandi babajije umushikiranganji bamubajije ko hamwe abo bantu bosanga batabikurikije ibihano bategekakanya kuri bo , umushikiranganji akaba yabishuye ko bazokurikiza amategeko igihugu kigenderako.
Christine Manirambona
na Gloriose Nshimirimana

 

Afrika y’ubuseruko ngo izotera imbere mu gisata c’igitoro mu gihe izoba irangwamwo amahoro n’umutekano

mmpooUMUKURU w’igihugu, Petero NKURUNZIZA amenyesha ko kugira ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC) bitere imbere mu bijanye n’ubushakashatsi bw’ugucukura igitoro n’umwuka bisaba ko ibihugu bigize uwo muryango birangwamwo amahoro n’umutekano n’ukurwanya indyane hagati yavyo narirya bigize umuryango umwe. Indyane hagati y’ibihugu bigize uwo muryango ngo zituma abanyagihugu bo muri ako karere badasubira kwishira ngo bizane nk’uko vyategerezwa. Ivyo yabivuze ku wa 7 Ruheshi 2017 mw’ijambo ryo kwugurura inama  igira 8 y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ihariwe ubushakashatsi bujanye n’ugucukura igitoro  n’umwuka. Prezida NKURUNZIZA yamenyesheje kandi ko izo ngorane zisubiza inyuma iterambere ry’ibihugu bigize uwo muryango n’abanyagihugu bavyo. Ngo niyo mpamvu amakungu ategerezwa kwubahiriza ubwigenge bw’ibihugu vya Afrika na cane cane ibigize ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC) nk’uko abigira ku bindi bihugu.  Ivyo bihugu kandi ngo vyategerezwa guhanahana ivyiyumviro n’ubuhinga ku bijanye n’ubushakashatsi ku gitoro n’umwuka. Amahinguriro ku bijanye n’igitoro n’umwuka nayo ngo yogira ingaruka nziza kw’iterambere ry’ibihugu vyo muri uwo muryango. Naho biri uko ngo vyokorwa vyubahirije amazi n’ibidukikije muri rusangi kuko bishobora kugira ingaruka mbi ku bantu, ku bidukikije nyene no ku gisenge c’isi. Ikindi ngo naho igihugu cose mu bigize uwo muryango ciyemeje ukwaco kwinjira muri uwo muryango hariho ivyo ibihugu biwugize bitegerezwa kwumvikana bigakorera hamwe mu ntumbero yo kurwanya intambamyi zose zotuma hataba iterambere. Prezida NKURUNZIZA yarifurije kuroranirwa  intumwa zaje ziserukira ibihugu vya Uganda, Kenya na Tanzaniya muri iryo koraniro rigira 8 ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika y’ubuseruko (EAC) riraba ibijanye n’igitoro hamwe n’umwuka riba uko imyaka ibiri irangiye. Ngo kubona bahisemwo ko iryo koraniro ribera mu Burundi ni ikimenyamenya c’uko bipfuza ko ishirahamwe ryabo ritera imbere hamwe na Afrika yose. Kuva rero iryo koraniro ritangura kuba mu mwaka w’2003 gushika uwu mwaka ngo haramaze kuba intambwe itari nto muri ico gisata. Ngo iryo shirahamwe kugira riteze imbere ico gisata ritegerezwa guteza imbere nk’igisata c’amabarabara ya kaburimbo n’ay’indarayi hamwe n’izindi nyubakwa zotuma bidandazwa mu bindi bihugu canke bibihanahana hagati yavyo. Ivyo kandi ngo bisaba ko ivyo bihugu bishira uburyo mu kwigisha incabwenge ku bijanye n’ubuhinga bwo muri ico gisata. Bisubiye ngo ivyo bihugu bitegerezwa gushira inguvu hamwe mu ntumbero yo  gucukura ico gitoro n’uwo  mwuka . Imbere y’uko atangura ijambo ryo kwugurura iyo nama, yabanje kuremesha umuryango wa EAC n’igihugu ca Kenya ku rupfu rw’umupfasoni Eunice Kilonzo yahora ajejwe ibijanye n’igitoro mu gihugu ca Kenya yitavye Imana. Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu n’ubutare nawe , Côme Manirakiza yamenyesheje ko ari akaryo keza ku bitavye iyo nama ko kugendera ibibanza vy’iratiro vy’Uburundi na cane cane ikiyaga Tanganyika. Iryo koraniro rero ngo riha akaryo ibihugu bigize umuryango wa afrika y’ubuseruko guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’igisata c’igitoro n’umwuka, uburusho burimwo hamwe n’ivyigwa bimaze gutera imbere muri ico gisata vy’aha n’ibindi. Yamenyesheje ko inama ya mbere yabaye muri Ntwarante 2003 i Naïrobi mu gihugu ca Kenya,  iyigira kabiri muri ntwarante 2005 i Entebbe mu gihugu c’Ubuganda , iya gatatu nayo i Arusha mu gihugu ca  Tanzaniya muri ntwarante 2007. Mu mwaka w’2009 yabereye i Mombasa mu gihugu ca Kenya, iyo muri Ruhuhuma umwaka w’2011 i Kampala mu gihugu ca Uganda ,  iyo  muri Ruhuhuma 2013 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Iyaheruka nayo ngo yabereye i Kigali mu gihugu c’Urwanda muri Ntwarante 2015, bukaba rero bubaye ubwa mbere ibereye mu Burundi. Niko kumenyesha ko mu Burundi , ubushakashatsi ku vyerekeye igitoro bwatanguye mu kiyaya ca Rusizi no mu kiyaga Tanganyika, aho bwakozwe ku buringanire bw’ibirometero kwadarato 1.477,5  hamwe no ku buringanire bw’ibirometero kwadrato 793,1 ku butaka bw’ikiyaya ca Risizi.Muri Kenya naho ngo ubushakashatsi bwasanze kiri hagati y’imiriyoni amajana  7 n’imiriyoni 50 y’ubugunguru bw’igitoro,  mu gihugu c’Ubuganda  kiri mu bibanza 6 ku miriyaridi 5 y’ubugunguru bw’igitoro. Urwanda narwo ngo rufise umwuka bita « méthane » ku metero kube imiriyaridi 55. Sudani y’ubumanuko nayo ikaba icukura ubugunguru bungana ibihumbi amajana 5 ku mwaka. Abandi bashikirije ijambo imbere yuko Prezida NKURUNZIZA yugurura iyo nama ni icegera ca kabiri c’umushikiranganji wa mbere wa Ugunda Ali Kirunda Kivejinju hamwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe EAC, Libérat Mfumukeko yashikirije ijambo ry’ikaze. Mu gusozera iyo nama, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu n’ubutare, Côme Manirakiza yamenyesheje ko iyo nama ari akaryo ko gukorera hamwe mu gisata c’igitoro n’umwuka.  Aho akaba ari mu bijanye n’ubushakashatsi, gucukura igitoro hamwe no kubihanahana hagati y’ivyo bihugu. Naho biri uko ngo intambwe iracari ndende kugira ico gisata gitere imbere, giteze imbere ivyo bihugu n’abanyagihugu bavyo. Yamenyesheje ko iyindi ntambamyi ikiriho ari ukugira ivyo bihugu biringanize kumwe amategeko agenga ico gisata mu ntumbero yo gukura inzitizi zose zibonekeza.

Epitace Nduwayo

 

 
Ouvrir