Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyagihugu basaba ko harwizwa ibikoresho bisubirira ubumwanya

 

IMG 20180827 121521Abanyagihugu ,baba abatekera ivyo basumye mu bumwanya canke mu basanzwe babudandaza bamenyesha ko ubwo bumwanya bwinjira mu Burundi buri mu bigeramiye ibidukikije n’amagara y’abantu ariko bagasaba Reta gukora ibishoboka kugira harwizwe ibikoresho biza gusubirira ubumwanya.Hari mu kiganiro bahaye ikinyamakuru UBUMWEku wa 27 Nyakanga 2018.Abanyagihugu ,baba abatekera ivyo basumye mu bumwanya canke mu basanzwe babudandaza bamenyesha ko ubwo bumwanya bwinjira mu Burundi buri mu bigeramiye ibidukikije n’amagara y’abantu ariko bagasaba Reta gukora ibishoboka kugira harwizwe ibikoresho biza gusubirira ubumwanya.Hari mu kiganiro bahaye ikinyamakuru UBUMWEku wa 27 Nyakanga 2018.Bamwe muri abo badandaza babona ko iyo ngingo ari nziza kuko ubwo bumwanya ivyo bukozwemwo bitabora, bigatuma bwonona ibidukikije. Nka Gaspard Hakizimana asanzwe adandaza ubumwanya mw’isoko yo kuri COTEBU amenyesha  ivyo bikoresho vyo gutekeramwo ibintu bisanzwe vyoyo bibora,ngo vyoshobora  guhingurwamwo umwavu mu gihe bahejeje kubikoresha. Ikindi ngo bizotuma haba isuku mw’isoko kuko ubwo bumwanya wahora usanga busanzaye ahantu henshi, iyo umuguzi akamwanya  kamutabukanye hari igihe aca agata aho abonye hose. Abandi bakavuga ko kubera ko iyo ngingo yafashwe batararonka ibindi batekeramwo vyatumye ibiciro vy’ubumwanya biduga,akamwanya kahora kagurwa amafaranga 100 ubu kagurwa 200,akahora ku mafaranga 200 nako ubu kagurwa amafaranga 300. Abanyagihugu muri rusangi bakabonako kugira urudandazwa ntiruhagarare vyoba vyiza bazanye ibindi bikoresho vyo gutekeramwo kuko atabindi bararonka bizosubirira ubwo bumwanya. Ngo nk’abamaze guheza ubumwanya  mu bubiko baca babura ivyo batekereramwo abakiriya, bigatuma bidoga ko batabatekereye.


Itegeko ribuza kwinjiza ubumwanya mu Burundi ni ngirakamaro mu mugambi wo gukingira ibidukikije
Reta y’Uburundi yarashinze itegeko inomero 100/099 ryo ku wa 8 Myandagaro 2018 ribuza guhingura ubumwanya N’ukwinjiza mu gihugu n’ibindi bikoresho batekeramwo ibintu  bikozwe mu kamwanya. Ni muri iyo ntumbero kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2018, ikinyamakuru UBUMWE cegereye umuhinga mu bijanye n’ugukingira ibidukikije Albert Mbonerane kugira agire aco avuze kuri iryo tegeko n’akarusho rizanye mu gihugu. Mbonerane yamenyesheje ko ashima ko itegeko ryamaze iminsi ritegurwa ryashoboye kuboneka. Yabandanije amenyesha ko ari intambwe  ya mbere  mu mugambi wo gukingira ibidukikije kuko ngo uravye ingene utwo tumwanya turiko turonona ibidukikije bivanye n’ukugene duhinguwe. Ngo hariho  utumwanya dushobora kumara imyaka 400 turiko turonona ibidukikije bivanye n’aho baduterera canke iyo baduturiye imyotsi ivamwo  ikonona amagara y’abantu. Ngo utwo tumwanya usanga badutereye mu nzuzi cane cane mu kiyaga Tanganyika.Naho iryo tegeko ribuza ikoreshwa ry’utumwanya, mu ngingo yaryo ya 5 irarekura umuntu wese yifuza kwinjiza mu gihugu n’ugukora, kudandaza  isashe canke igikoresho cose gikozwe mu kamwanya mugabo akabisaba abicishije mu nyandiko yandikiye umushikiranganji ajejwe ibidukikije yerekana ukungene azotunganya iyarara  ry’ibikozwe mu kamwanya n’ingene azozimanganya  utumwanya ahejeje kudukoresha. Kuri iyo ngingo, Mbonerane abona ko ikigoye ari ukungene utumwanya tuzogaruka mw’ishirahamwe ryoba ridukora canke ridukoresha ngo nico gituma  utumwanya botubuza rwose mugabo hagashikigirwa abantu bazokora imifuko yo gutekeramwo idakozwe mu tumwanya. Yabandanije amenyesha ko bishoboka ko ihinguriro rikora amazi ryogarukana  amacupa atekeramwo amazi mu kurenzako amafaranga azosubizwa umuntu agarukanye ayo macupa.  Mbonerane yamenyesheje ko muri tegeko ribuza kwinjiza mu gihugu ibikoresho bikozwe mu tumwanya  ata ngingo n’ibihano bizohabwa abarenze ku ngingo ziri muri iryo tegeko. Kugira utumwanya twanyanyagijwe hirya no hino  tuve mu gihugu, ngo bisaba ko umunsi umwe abantu bose botoragura utumwanya aho turi hose, bakadushikiriza abafise amahinguriro asya ibivuye mu tumwanya kugira bakuremwo amatafari n’ibindi bikoresho. 

Aline Kanyana

Niyongere Alice (uwimenyereza)

 

Amakori n’amatagisi ikigo OBR gitoza yariyongereye ku rugero rw’ibice 150%

 

dududKuva mu mwaka w’2009 ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR kivutse hisunzwe  itegeko inomero 1/11 ryo ku wa 14 Mukakaro 2009 gushika mu mwaka w’2017, amakori n’amatagisi ico kigo catarorokanije yavuye ku miriyaridi 301,2 aja ku miriyaridi 754,13 z’amafaranga y’amarundi, amakori n’amatagisi yiyongoreye ku rugero rw’ibice 150%, mu kiringo c’imyaka 8 ico kigo kiriko kirakora. Kubona amakori n’amatagisi vyagiye biriyongera, ngo vyatumwe n’uko habaye gukorana neza n’ibimenyeshamakuru gutyo bituma abatangakori batahura akamaro ko gutanga ikori kubera rigaruka kurangura imigambi y’iterambere na kare ngo igihugu cubakwa na beneco.Ivyo ni bimwe biri mw’ijambo ryashikirijwe n’icegera c’uwurongoye ikigo OBR, Léopold Kabura, ku wa 6 Nyakanga 2018, aho yariko yugurura icese inama yo gukarihiriza ubumenyi abamenyeshamakuru ku mategeko amwe amwe ico kigo cisunga mu gutoza amakori n’amatagisi ya Reta no gutunganiriza abatangakori.Kuva mu mwaka w’2009 ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR kivutse hisunzwe  itegeko inomero 1/11 ryo ku wa 14 Mukakaro 2009 gushika mu mwaka w’2017, amakori n’amatagisi ico kigo catarorokanije yavuye ku miriyaridi 301,2 aja ku miriyaridi 754,13 z’amafaranga y’amarundi, amakori n’amatagisi yiyongoreye ku rugero rw’ibice 150%, mu kiringo c’imyaka 8 ico kigo kiriko kirakora. Kubona amakori n’amatagisi vyagiye biriyongera, ngo vyatumwe n’uko habaye gukorana neza n’ibimenyeshamakuru gutyo bituma abatangakori batahura akamaro ko gutanga ikori kubera rigaruka kurangura imigambi y’iterambere na kare ngo igihugu cubakwa na beneco.

Ivyo ni bimwe biri mw’ijambo ryashikirijwe n’icegera c’uwurongoye ikigo OBR, Léopold Kabura, ku wa 6 Nyakanga 2018, aho yariko yugurura icese inama yo gukarihiriza ubumenyi abamenyeshamakuru ku mategeko amwe amwe ico kigo cisunga mu gutoza amakori n’amatagisi ya Reta no gutunganiriza abatangakori.Nk’uko icegera c’umukuru w’ikigo OBR, Léopold Kabura yabandanije abishikiriza, ngo kuva ico kigo kivuka mu mwaka w’2009, imigenderanire iri hagati yaco n’abacitura yarateye intambwe ishimishije, ivyo bikabonekera ku makori n’amatagisi yinjira mu kigega ca Reta adahengeshanya kwiyongera uko umwaka utashe. Uwo mwimbu w’ikigo OBR wiyongereye, ngo waturutse ahanini ku batangakori bagenda baratahura akamaro ko gutanga ikori, na kare ngo igihugu cubakwa na beneco. Iyo nama yatunganijwe mu ntumbero yo gutanga inkuru zigezweho mu kigo OBR na cane cane ku bijanye n’ingingo zimwe zimwe muri ico kigo bisunga mu gutoza amakori n’amatagisi, bafatiye kw’iterambere ry’akarere Uburundi burimwo n’umwitwarariko wa Reta wo kworohereza abarwizatunga. Mu vyigwa vyashikirijwe, abamenyeshamakuru barakurikiranye icigwa kijanye n’intambwe ikigo OBR gishitseko n’intambamyi gihura nazo mw’irangurwa ry’imigambi Reta yagishinze. Muri ico cigwa, Frédéric Ndihokubwayo asanzwe akora mu kigo OBR yamenyesheje ko kuva mu mwaka w’2009 ico kigo gishingwa, amakori n’amatagisi yagiye ariyongera uko umwaka utashe, aho yavuye ku miriyaridi 301,2 aja ku miriyaridi 754,13 z’amafaranga y’amarundi. Amakori n’amatagisi akaba yiyongereye ku rugero rw’ibice 150%. Ubwo buryo bwinjira mu kigega ca Reta, ibice biri hagati ya 67 na 77%, akaba akoreshwa mu bikorwa vya Reta, ayandi nayo agakoreshwa mu migambi yo kwubaka amashure, amavuriro n’amabarabara. Mu ngorane ico kigo gihura nazo mu mirimo yo gutoza amakori n’amatagisi, n’ubukene bw’inyubakwa z’ico kigo abakozi bokoreramwo, kurwanya urudandazwa rutisunze amatageko, kurwanya igiturire, n’ibindi.Ku cigwa kijanye n’itegeko ribwiriza ukwimenyekanisha iyo utanguye umurimo wose utanga inyungu no gutanga fagitire, catanzwe n’umukozi w’ikigo OBR, Lin Bampigira asanzwe akorera mu gisata co gutoza amakori n’amatagisi mu gihugu hagati, yamenyesheje ko umuntu wese yuguruye igikorwa co kudandaza agaterezwa kwimenyekanisha muri ico kigo mu kiringo c’iminsi 15. Ku bijanye n’itagisi nyongeragaciro, yamenyesheje ko umuntu wese ashobora kudandaza ibidandazwa bifise agaciro k’imiriyoni 100 ku mwaka canke mu kiringo c’amezi 6 ategerezwa gutanga fagitire ku kintu cose agurishije, ivyo biraheza bigafasha mu gihe co guharura iyo tagisi nyogeragaciro mu kigo OBR. Kuri ivyo bijanye no gutanga fagitire, ngo biri mw’itegeko rigenga urudandazwa rihinyanyuye inomero 1/01 ryo ku wa 16 Nzero 2015, iryo tegeko rirekana neza uwo muntu wese ategerezwa gutanga fagitire ku kintu cose agurishije.Haruhande y’ivyo vyigwa vyatanzwe, mu kigo OBR baremeza ko uruhara rw’ibimenyeshamakuru ari ntasubirizwa kugira abatangakori bamenye akamaro ko gutanga ikori. Inyuma y’iyo nama, ngo hagiye gutunganywa izindi mu ntumbero yo gukarihiriza ubumenyi abamanyeshamakuru kugira bakore ivyo bazi. Ku bari bitavye iyo nama, barasavye ko ikigo OBR uko umwaka utashe boza baratororokanya amakuru yakozwe ajanye no gutoza amakori n’amatagisi bagaheza bagatanga ubushimwe ku babaye aba mbere, n’ibindi. 

 Déo Misigaro                                                                                      

 

Abakenguzamateka barasiguriwe uko komite mpuzamakungu « CICR » ikora biciye mu masezerano yemejwe n’ibihugu

 

DSC 1270Ishirahamwe mpuzamakungu CICR hamwe n’ishirahamwe ritabara imbabare « croix rouge » yaraganiriye n’abakenguzamateka  uko asanzwe akora Kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2018 umuryango mpuzamakungu utabara imbabare  « croix rouge »hamwe na « Croissant rouge » waratunganije uruganda ku bakenguzamateka mu ntumbero y’ukubasigurira ingene basanzwe bakora. Urwo ruganda rwamaze imisi ibiri rukaba rwuguruwe n’umukenguzamateka Martin Niteretse. Uwuserukira  ishirahamwe « croissant rouge » Philippe  Beauverd akaba yamenyesheje abo bakenguzamateka  ko urwo ruganda baruteguye kugirango babahimirize ku vyerekeye ingorane bahora bahura mu kazi kabo ka misi yose.  Ishirahamwe mpuzamakungu CICR hamwe n’ishirahamwe ritabara imbabare « croix rouge » yaraganiriye n’abakenguzamateka  uko asanzwe akora Kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2018 umuryango mpuzamakungu utabara imbabare  « croix rouge »hamwe na « Croissant rouge » waratunganije uruganda ku bakenguzamateka mu ntumbero y’ukubasigurira ingene basanzwe bakora. Urwo ruganda rwamaze imisi ibiri rukaba rwuguruwe n’umukenguzamateka Martin Niteretse. Uwuserukira  ishirahamwe « croissant rouge » Philippe  Beauverd akaba yamenyesheje abo bakenguzamateka  ko urwo ruganda baruteguye kugirango babahimirize ku vyerekeye ingorane bahora bahura mu kazi kabo ka misi yose.  Ngo birakenewe rero ko iryo shirahamwe CICR ryibutsa abategetsi ivyo bajejwe mu bijanye no gushiraho amategeko hamwe n’amasezerano ku neza y’abanyagihugu. 

Baciye batanga akarorero  ku vyerekeye amasezerano araba urudandazwa rw’ibirwanisho hamwe n’amasezerano  y’ibirwanisho bito bito  yatewe ko umukono n’Uburundi mugabo atarashirwa mu ngiro.Ishirahamwe « CICR »rero ngo ryatanguye mu Burundi kuva kera mu bijanye no gukingira , gukurikirana hamwe n’ugukinga impanuka ku banyagihugu rigaheza rigafadikanya n’ishirahamwe ritabara imbabare « croix rouge ».  Philippe Beauverd akaba yamenyesheje ko izo nyigisho zije mu gihe  abatari bake bibaza ico « CICR » ikora.  Izo nyigisho kandi  ngo zaje mu gihe haheruka guhimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe Nelson Mandela wama uhimbazwa itariki 18Mukakaro uko umwaka utashe. Yaciye kandi amenyesha ko ishirahamwe « CICR »riteye intege abategetsi b’Uburundi gusubiza amaso inyuma bakaraba ivyabaye igihe c’intambara mu ntumbero y’ukumenyesha n’ukwigisha abategerezwa gushiraho amasezerano. Yarangije amenyesha ko azi neza adakekeranya ko igisata abo bakenguzamateka baserukira kizofasha mu guteza imbere hamwe no gutorera inyishu ibibazo bitandukanye. Umukenguzamateka Martin Niteretse akaba yaciye amenyesha ko kw’izina  ry’uwurongoye Inama Nkenguzamateka hamwe no kw’izina ryiwe nyene akengurukira  iryo shirahamwe ryabiyumviriye kugira ngo baganire ku ngingo zimwe zimwe ziraba ubuzima bw’abanyagihugu. Ikindi kandi yamenyesheje  ngo ni uko bakibona ubutumire bwabo babonye ko izo nyigisho zizoba ngirakamaro kuri bo  ikimenyamenya ngo ni uko ingingo zimwe zimwe zari zimaze gutangura kwirwa mu mirwi itandukanye yo muri ico gisata. Uburundi ngo bwaravuye mu ntambara ikiraje ishinga abakenguzamateka ngo ni ukwiga no gutora amabwirizwa mu ntumbero yo gukora ku neza y’abanyagihugu. 

Christine Manirambona

 

Abanyagihugu basabwa kumenya ibimenyetso vy’indwara ya Ebora n’ingene boyikingira

 

999988Ngo uwufashwe na Ebola agira ubushuhe bwinshi buza mu mwanya muto. Ngo agira kandi uburuhe, iseseme mbere bigashika agatangura no kuva amaraso haba mu mazuru canke mu kanwa. Ivyo vyashikirijwe na Muganga Jean Bosco Girukwishaka asanzwe avugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, ku wa 30 Myandagaro 2018 i Bujumbura. Ni mukurikire ido n’ido ry’ico kiganiro.Ngo uwufashwe na Ebola agira ubushuhe bwinshi buza mu mwanya muto. Ngo agira kandi uburuhe, iseseme mbere bigashika agatangura no kuva amaraso haba mu mazuru canke mu kanwa. Ivyo vyashikirijwe na Muganga Jean Bosco Girukwishaka asanzwe avugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE, ku wa 30 Myandagaro 2018 i Bujumbura. Ni mukurikire ido n’ido ry’ico kiganiro.


UBUMWE : Murashobora kutubwira indwara ya Ebora ico ari co ?

Muganga Jean Bosco Girukwishaka (J.B.G): Indwara ya Ebola iva mu bikoko kandi ikandukira.Ivyo bikoko rero biraheza bikona mu mirima ibiterwa abantu basanzwe bafungura.Iyo ndwara kandi  irandukira cane kandi ikagira ibimenyetso bishaka gusa n’ivy’indwara ya marariya.
UBUMWE : Mwotubwira ibimenyetso vy’iyo ndwara n’ingene yandukira?

J.B.G : Umugera wa Ebola uratera ubushuhe bwinshi gushika ku rugero rwa mirongo ine (40°)kandi ubwo bushuhe bukaza rimwe na rimwe mu mwanya muto cane, kumeneka umutwe, kugira iseseme mu kanwa, kubira icuya cinshi, Kugira uburuhe, aho rero ni ku ntambwe ya mbere. Intambwe igira kabiri umurwayi aca atangura kuva amaraso ahantu hose hari intoboro y’umubiri aha twovuga,  kuva umwuna, gucira amaraso eka n’ahandi hose hari intoboro z’umubiri. Uburyo yandukira buri  kwinshi. Uwo mugera urandukira mu gukoranako, uwo mugera kandi tuwusanga mu mate, icuya, umwanda muto, amaraso, amarira, urandukira kandi mu  kurangura amabanga y’abubatse.
UBUMWE : Mbega iyo ndwara umuntu ayivuje irakira canke birashoboka ko ayikingira ? J.B.G : Umuti uvura iyo ndwara nturaboneka. Ibishoboka ni ukuvura ibimenyetso vyayo vyigaragaje bagakinga ivyo bimenyetso twadondaguye bisa n’ivya marariya. Ico kiza rero iyo giteye barakinga  gusa nayo abafashwe bamwe barakira abandi bakitaba Imana bivanye n’uko umurwayi afise abasoda b’umubiri badakomeye neza. Urucanco rero ngo ruriho rwarakozwe ariko ntiruremezwa neza ijana kw’ijana kuko hari ibikiriko birigwa neza kugira bamenye ko umuvyeyi yibungenze ataco rwomugira. Urwo rucanco rukoreshwa ahateye iyo ndwara gusa kandi rurafasha. Kuvyerekeye igihugu cacu abanyagihugu borema ntibitware nkuko iyo ndwara iriho mu Burundi, ntirahashika. Ariko ico kumenya ni uko umuntu ashobora kuyandura akamara iminsi irenga mirongo ibiri ataramenya ko yayanduye.
UBUMWE : Mu kurangiza musaba iki abanyagihugu ?J.B.G : Reta isaba abanyagihugu bose gufasha gutohoza cane cane abantu baba bagendeye aho iyo ndwara imaze kwigaragaza maze dushobore kuzitira tutaronerwa. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buriteguye guhangana n’iyo ndwara kuko bumaze gukora ibitari bike kugira bashobore kubungabunga amagara y’abantu. Harateguwe ibibanza abo vyoshika bakarwara boshobora kwakirwa mu Rukaramu, mu bitaro Prince Regent charles. Haratunganijwe inyigisho zo gutegura  abaganga n’abakozi bokwakira abarwayi, ivyo vyafashwe mu mugongo n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS. Ku mbibe duhana n’ibihugu bibanyi nk’Urwanda na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abakozi b’ubushikiranganji barasuzuma ingenzi kugira bapime barabe ko atawoba afise ibimenyetso vy’iyo ndwara ya Ebola.

Nathan Ntahondi

Nzosaba Ferdinand (Uwimenyereza)                                                                                                                          

 

Inkino zo ku rwego rw’ umuryango wa EAC zabereye mu Burundi ni ikimenyetso ko butekanye

 

reroIhiganwa rya mbere ry’inkino zitandukanye zahuje ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC) zatanguye ku wa 16 Myandagaro zarangiye ku wa 29 Myandagaro 2018.Ibirori vyo kuzisozera bikaba vyabereye mu kigo c’inkino kiri hafi y’ikibuga c’inkino citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore, biharagarariwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo. Ihiganwa rya mbere ry’inkino zitandukanye zahuje ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC) zatanguye ku wa 16 Myandagaro zarangiye ku wa 29 Myandagaro 2018.Ibirori vyo kuzisozera bikaba vyabereye mu kigo c’inkino kiri hafi y’ikibuga c’inkino citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore, biharagarariwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo.Twobamenyesha ko ivyo birorir vyuguruwe n’ururirimbo rwo guhayagiza igihugu c’Uburundi rwakurikiwe n’urwo guhayagiza umuryango wa EAC.Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu , Gaston Sindimwo akaba  yarashikirije  ibikombe imigwi itandukanye yashoboye gutahukana intsinzi. Uburundi bukaba bwarashoboye gutahukana intsinzi mu rukino  rwa  Karate, Tanzaniya  nayo yatahukanye intsinzi  mu rukino rw’umupira w’amaguru ku bigeme, Kenya ku rukino  rwa Tennis mu bagabo na«Demi marathon»,  Ubuganda  nabwo bukaba bwatahukanya  igikombe  mu rukino  rw’umupira w’amaboko Volleyball ku bagabo hamwe no ku bakenyezi. Muri ryo higanwa hari hitezwe ibihugu 6 ariko rikaba ryitabwe  n’ibihugu  4 :

Uburundi, Ubuganda, Tanzaniya na Kenya. Ibihugu vy’Urwanda na Sudan y’Epfo bikaba bitashoboye kwitaba izo nkino.Icegera ca mbere c’umukuru w’Igihugu, Gaston Sindimwo yameyesheje ko kubona izo nkino zabereye mu Burundi zikanatunganywa mu ntara hagati zikaba zarangiye mu mutekano ntangere ari iteka ku gihigu,ngo  vyerekana ko igihugu c’Uburundi ari nyabagendwa , umutekano ukwiye naho hari abacafuza igihugu cacu, bavuga ko umutekano utifashe neza. Rero ngo abo bitavye izo nkino nibo bazoshika batanga inkuru ko mu Burundi hari umutekano ico naco kikaba ari ikintu gikomeye cane ku gihugu cacu muri bino bihe.Gaston Sindimwo yarongeye amenyesha ko habaye akarusho ku gihu  kuko amahoteri atandukanye yaronse ingenzi mu gihe yashorewe.Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, Libérat Mpfumukeko yari ngaho nawe akaba yarashimye cane kubona inkino zagenze neza biragaragara ko inkino zizokurikira zizoba zishimishije cane. Yarongeye avuga ko inkino nk’izo zikomeza ubumwe hagati y’ibihugu vyazitunganije kubera abahiganwa bagiye mu kindi gihugu babona ko bishira bakizana mbere n’abanyagihugu bo muri uwo muryango bakaba  bafise uburenganzira bwo guhabwa akazi mu gihugu ico arico cose muri uwo muryango.
Nshimirimana Mélance(Uwimenyereza)

 

Igiporisi kigiye kurwanya utugwi tw’abasuma twiba dukoresheje ibirwanisho

 

IMG 555Kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2018,Umuvugizi w’igiporisi Pierre Nkwirikiye, amenyesha ko igiporisi cafashe ingingo ibereye yo gutuza utugwi  tw’abasuma bamaze iminsi bibisha ibirwanisho mu gisagara ca Bujumbura. Kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2018,Umuvugizi w’igiporisi Pierre Nkwirikiye, amenyesha ko igiporisi cafashe ingingo ibereye yo gutuza utugwi  tw’abasuma bamaze iminsi bibisha ibirwanisho mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko umuvugizi w’igiporisi yabimenyesheje mu gisagara ca Bujumbura hariho uturwi tw’abasuma tugenda tukiba ku mpangu z’abantu n’ahandi bakoresheje inkoho bakiba munzu canke bagatwara imodoka. Ngo igiporisi kikaba kiriko kirakora kugira gituze ubwo bubisha. Kw’igekerezo rya 23 Mukakaro niho abo basuma batera mw’ikaritiye ya Mutanga nord ibarabara ryitwa Nyarugongo inomero 30 mu gisagara ca bujumbura ku muntu avuka mu gihugu c’Ubutariyano yubakanye n’umurundikazi akorera mu bitaro vy’ikiremba mu ntara ya Ngonzi. Yaravuze ko abo basuma bashika 10 ikibabaje harimwo abajejwe umutekano kandi bari ku mirimo bakaba baribagiye ibanga bajejwe bakongera bagatukisha inzego zijejwe umutekano. Muri abo 10 harimwo abakenyezi babiri umwe akaba yari umuporisi kandi afise ivyangombwa biriko amazina atandukanye bikibonekeza ko ubwo bubisha yahora abukora. Ngo abo bakenyezi  nibo bafise uruhara kurusha abandi kuko aribo barondeye impuzu za Regideso hamwe n’ivyuma bakoresha mu kwurira ibiti vy’amatara bakongera bakarondera inkoho.

Ngo bamaze kuzironka baca bategura abo bantu bakaca  bagenda kwiba. Muri abo harimwo abasirikare 2 bakiri kumirimo, abasanzwe bikorera ivyabo, hamwe n’umukozi w’umukobwa wo munzu yakorera uwo mutariyano akaba ariwe yabarerekeye. Umukozi w’umuhungu akaba yararashwe n’abo basuma kubera we atavyo yari arimwo yaciye abankira kw’injira baca baramurasa akaba ari mubitaro. Ngo kugira bamenyekane hafashwe umwe muri abo aca arabavuga bose arerekana aho baba amatohoza aca aratangura neza. Yaravuze kandi ko mu kwiba bakoresheje imodoka 2 ziri mu bwoko bwa tiyaye ifise imparati JA1226 hamwe na Probox ifise imparati I2318A bakaba baragerageje kuzihindura barondera ivyo bamadikako kugira ibiharuro bifudike abaporisi babakurikiye babure iyo modoka. Abo basuma barafatwanywe kandi n’igisandugu co kubikamwo amafaranga bakoresha mu guhenda abantu hamwe n’igicupa kirimwo ibintu vyo guhenda abantu ngo bakora amahera. Yarongeye aravuga ko uwo mugwi ari munini cane abo bafashwe bashika kuri 10 bakaba bari muri awo mugwi. Ngo ubundi busuma nabwo bumaze iminsi bwibonekeza ni abantu bakoresha amapasi bakabahenda ngo harimwo ubutare abantu bagaca bayagura amahera menshi bakaca bagenda kuyagurisha basanga barabahenze.Yarashimiye abanyagihugu baba muri iyo karitiye ko bafashije kugira abo bantu bafatwe. Ngo akandi kamo nako kubavunira akagohe abanyagihugu kugira bumve uburyo bumwe bumwe abo bagizi ba nabi baza barakoresha mu kubambura. Iyo babonye abantu baje mu rupangu ngo baje gukora babanze batohoze neza kuko benshi bigira abakora muri Regideso   kugira biborohere kwinjira. Yaramenyesheje kandi ko batera ivyatsi ingendo abaporisi canke abasirikare  bamwe bamwe bahemuka kwibanga ugasanga bagiye mu bubisha bwo kwiba kandi bararonse inyigisho zihagije.   
Thérèse Niyonkuru

 
Ouvrir