Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa kurongorwa n’umutima wo gusubiza hamwe mu kwibuka kahise

ikirihoUko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, abarundi bama bibuka umunsi Uburundi bwabura incungu yabwo,umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore agandaguwe n’abatashaka ko Uburundi buramutswa intahe y’ukwikukira , hari kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu  1961. Ku munsi wa gatanu, igenekerezo rya 13 Gitugutu 2017, ibirori vyo kwibuka iyo ncungu  y’Uburundi vyatanguriwe n’imisa yabereye muri Cathédrale Regina Mundi, yaherejwe n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Evariste Ngoyagoye, aho yahanuye abarundi kurongorwa n’umutima wo gusubiza hamwe mu bihe vyo kwibuka kahise ,mbere anabasaba no kwama basengera igihugu cabo nk’uko babisabwa n’indongozi zabo.Inyuma y’iyo misa ibirori bikaba vyabandanirije ahari  intatemwa yiwe mu mutumba Vugizo ukukira komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo birori rero bikaba vyari vyitabwe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe  n’abandi abanyacubahiro batandukanye, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, abarundi bama bibuka umunsi Uburundi bwabura incungu yabwo,umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore agandaguwe n’abatashaka ko Uburundi buramutswa intahe y’ukwikukira , hari kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu  1961. Ku munsi wa gatanu, igenekerezo rya 13 Gitugutu 2017, ibirori vyo kwibuka iyo ncungu  y’Uburundi vyatanguriwe n’imisa yabereye muri Cathédrale Regina Mundi, yaherejwe n’umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Evariste Ngoyagoye, aho yahanuye abarundi kurongorwa n’umutima wo gusubiza hamwe mu bihe vyo kwibuka kahise ,mbere anabasaba no kwama basengera igihugu cabo nk’uko babisabwa n’indongozi zabo.Inyuma y’iyo misa ibirori bikaba vyabandanirije ahari  intatemwa yiwe mu mutumba Vugizo ukukira komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo birori rero bikaba vyari vyitabwe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe  n’abandi abanyacubahiro batandukanye, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.Tugarutse  ku bisomwa vy’uwo munsi vyarimwo n’ubutumwa ku bitavye iyo misa, Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Evariste Ngoyagoye  yaramenyesheje abari aho ko ari vyiza ko abakristu bofatira akarorero ku buryo Yezu Kristu yabigisije bwo gusenga kuko ngo hari abasenga uko bitari bigatuma Imana itabakirira ibisabisho vyabo .Ivyo bikaba vyari mw’ijambo ry’Imana ry’uwo munsi ryavuye mu njiri nyeranda yanditswe na Luka aho abatumwa babajije Yezu uko bosenga .Umwepisokopi wa diyoseze  nkuru ya Bujumbura Evariste Ngoyagoye  afatiye kuri iryo jambo ry’Imana yamenyesheje ko  ari vyiza  ko bofatira ku buryo Yezu Kiristu we nyene yabigishije na cane cane ko ari abakristu. Ngo abakristu barakeneye kwiga gusenga ngo kuko hari aho basenga ukutariko, muri ico gihe ngo Imana nayo ntiheza ngo ibakirire igisabisho cabo. Mw’ibaruwa rya mbere ikigabane ca kabiri, Pawuro mweranda yandikiye Timote, yamubwiye ko yifuza imbere ya vyose kuringaniza ivyo gusenga, ivyo kwambaza, ivyo gutakamba, ivyo gukenguruka kugira ngo basabire abantu bose, abami n’abari ku ngoma babone kurambana iteka n’itekane ; ngo kandi aringanize kenshi ibisabisho vyo gusabira igihugu kugira ngo abantu babane mu mahoro. Evariste Ngoyagoye afatiye kuri iryo baruwa ngo arabona ko muri iyi minsi ako kamo mu gihugu c’Uburundi bakumvise kuko ngo abarongoye inzego zitandukanye basigaye babasaba kuringaniza ibisabisho vyo gusabira igihugu. Ariko agasaba gusenga uko bikwiye nk’uko Yezu Kristu yavyigishije ngo ntibabe nka Yonasi  yari yasavye Imana ngo itikize  abanyaniniva .Ngo uwomwigana agasaba nk’uko ngo ntiyoba ariko arasaba ico Imana ishima. Imana rero yarahejeje irereka Yonasi ko hari ibisabisho bimwe bimwe idashobora kwemera. Ngo nk’uko bazi ivyabaye mu gihugu c’Uburundi cane cane  kuva aho bagandaguriye umuganwa Rwagasore ngo baratumiwe gusaba Imana bakwirikiza akarorero  Yezu kristu yabahaye.Yarangije amenyesha ko muri uku kwezi kwa Gitugutu mu Budagi ariho bahimbaza imyaka 500 iheze hatanguye amacakubiri muri Ekereziya hagati y’abaporoti n’abagatorika kandi muri yo myaka habaye vyinshi, ariko ngo Imana ikaba yarabikoze irabahuza. Ivyo rero ngo akaba yabivuze kugira ngo bibafashe nabo kubona intambwe bagezeko nk’uko muri bo benshi ari abaporotisani abandi abagatorika kumbure ngo ivyo ntibari babizi ko biriko biraba ariko bibafashe ngo bibabere akarorero  nabo hazoshika canke haramaze gushika aho ivyo bibuka vyabaye bidaca bikomeza ikinogo ahubwo bibatuma basubiza hamwe bagasaba Imana kugira ngo isubire kubashira ku murongo ugororotse .Yasozereye abifuriza bose kugira ngo igisabisho cabo c’uwo munsi ndetse n’ico bazogira mu minsi kizobandanye cisunga umugambi wo gusubiza hamwe kw’abantu batase bisunga iki na kiriya. 

Déo Misigaro na

Gloriose Nshimirimana

(Yimenyereza)                         

 

 

Reta y’Uburundi irashima ingene imigenderanire hagati y’igihugu c’Ubushinwa n’Uburundi igeze ku bisata vyinshi

 

DSCcccc 0507Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo arashima imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’Ubushinwa, iyo migenderanire myiza ikabonekera mu bijanye no gufashanya mu bisata vy’iterambere hamwe n’imico n’akaranga. Ivyo ni ivyashikirijwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, ku mugoroba wo ku wa 10 Gitugutu 2017, aho ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi hamwe na Reta y’Uburundi bari batunganije ibirori vyo kwerekana ibiranga imico n’akaranga k’ibihugu vyacu uko ari bibiri.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo arashima imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’Ubushinwa, iyo migenderanire myiza ikabonekera mu bijanye no gufashanya mu bisata vy’iterambere hamwe n’imico n’akaranga. Ivyo ni ivyashikirijwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, ku mugoroba wo ku wa 10 Gitugutu 2017, aho ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi hamwe na Reta y’Uburundi bari batunganije ibirori vyo kwerekana ibiranga imico n’akaranga k’ibihugu vyacu uko ari bibiri.Nk’uko Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yabandanije abivuga , ngo ku wa 28 Nyakanga 2017, aho abashinwa bahimbaza umunsi mukuru w’igihugu cabo, ngo uwuserukira ico gihugu yaremeye ko azozana umurwi uzokwerekana imico n’akaranga biranga Ubushinwa.  Ku mugoroba wo ku wa 10 Gitugutu 2017, ngo uwo aserukira ico gihugu mu Burundi yarashikije  ico yasezeraniye abarundi mu kuzana umurwi waturutse mu ntara ya Mongori kugira werekane imico n’akaranga vy’igihugu c’Ubushinwa . Vyongeye, ngo ukwo kwerekana ibiranga imico n’akaranga vy’ibihugu vyacu vyerekana imigenderanire myiza iri hagati yacu. Ivyo rero ngo vyashobotse kubera mu Burundi hari amahoro n’umutekano. Bisubiye, igihugu c’Ubushinwa ngo no mu bihe bigoye cagumye kiri hafi y’Uburundi. Mu gihe ingoma z’Uburundi hamwe n’indirimbo zo mu ntara ya Mongori  bisanzwe biri mu butunzi ndangakaranga mpuzamakungu bukingiwe n’ishirahamwe UNESCO, ubutunzi bugengwa n’amasezerano yo mu mwaka w’2003, amasezerano ibihugu vyacu vyateyeko umukono, iyo mico ngo ikwiye kuza irahererekanwa uko imyaka igenda kugira iyo mico n’akaranga ibe ntibagiranwa.Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Li Changlin yaraciye ku mayange uko imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’Ubushinwa  yifashe bibe. Mu gisata c’indero, Ubushinwa busigaye bwigisha imico n’akaranga vy’Ubushinwa « Confucianisme ». Intara ya Mongori ahavuye umurwi werekana imico n’akaranga y’Ubushinwa ngo iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubushinwa, intara ifise uburinganire bw’ibirometero 2 1.80 0000, ikaba ifise abanyagihugu imiriyoni 25. Abantu bo muri Mongori ngo ni abantu baguma bagenda badafise aho baba bitirirwa , ico bita « nomades ». Ubushinwa ngo bufise abantu bari mu bwoko 56, ariko ngo babanye neza, iyo mirwi y’abashinwa ngo ni ubutunzi kuri ico gihugu.ku bijanye n’imigenderanire, ngo umuntu agereranije n’uko yari  muri kahise k’ibihugu vyacu uko ari bibiri, ubu hari iciyongereye  gusumba iyindi myaka yose. Iyo migenderanire ngo ikabonekera mu guteza imbere ibisata vy’inyubako, uburimyi, indero hamwe n’amagara y’abantu.Iyo migenderanire myiza ngo itsimbatazwa no kugenderanira ku mpande zose, aho abarundi bagendera Ubushinwa n’abashinwa bakagendera Uburundi. Mu bijanye n’imico kama, ngo abatimbo bo mu gisagara ca Bujumbura ngo baherutse kugendera igihugu c’Ubushinwa ngo aho babiciye bigacika bakoresheje umurisho w’ingoma z’Uburundi. Tubamenyeshe ko ivyo birori vyaranzwe n’indirimbo n’intambo ziranga igihugu c’Ubushinwa, umurisho w’ingoma z’Uburundi hamwe n’intambo z’ikirundi. Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi ivyo birori vyari vyatewe iteka n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo.   

Déo Misigaro                                                                                                 

 

Mu myaka 4 ngo Uburundi burashobora kuba bufise umuyagankuba ushika ku rugero rwa megawati 300

 

444dugrasiiMu myaka 4 iri imbere, ngo Uburundi burashobora kuba bufise umuyagankuba ushika ku rugero rwa megawati 300. Kuri urwo rugero rw’umuyagankuba, ngo abanyagihugu bose bazoba bafise umuyagankuba aho n’ubutare buzoshobora kwimbwa n’amashirahamwe yose akeneye umuyagankuba azowuronswa uko bikenewe. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu  ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya ku wa 4 Gitugutu 2017 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Mu myaka 4 iri imbere, ngo Uburundi burashobora kuba bufise umuyagankuba ushika ku rugero rwa megawati 300. Kuri urwo rugero rw’umuyagankuba, ngo abanyagihugu bose bazoba bafise umuyagankuba aho n’ubutare buzoshobora kwimbwa n’amashirahamwe yose akeneye umuyagankuba azowuronswa uko bikenewe. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu  ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya ku wa 4 Gitugutu 2017 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.

Nk’uko, Léonidas Sindayigaya yabivuze ngo umuyagankuba niwo muhora w’iterambere. Kuri ivyo, ngo yisunze imigambi itegekanijwe na Reta y’Uburundi ibicishije muri ubwo bushikiranganji, ngo mu myaka 4 iri imbere, Uburundi burashobora kuba bufise umuyagankuba wo ku rugero rwa megawati 300. Muri ico gihe ngo abanyagihugu bose bazoba bafise umuyagankuba, aho n’ubutare buzoheza bukimbwa aho bisaba umuyagankuba hamwe n’amashirahamwe yose awukeneye azowuronswa uko bikenewe.Ivyo rero, Léonidas Sindayigaya akaba yabishikirije yisunze ingomero ziriko zirubakwa zikoresha amazi hamwe n’amasoko y’umuyagankuba akoresha imishwarara y’izuba. Muri izo nyubako, ku zikoresha amazi, ngo hari urugomero Uburundi busangiye n’ibihugu vyo mu karere arivyo : Urwanda na Tanzaniya arirwo «Rusumo Falls », ibikorwa vyatangujwe muri Ndamukiza 2017. Ku ruhande rw’Uburundi, ngo urwo rugomero ruzotanga megawati 27, ibikorwa bigashobora kuzoba vyaheze mu mpera z’umwaka w’2020 kubera bizomara imyaka 3. Mu bindi bikorwa vyo kurwiza amasoko ntanganguvu, ngo uno munsi abahinga bariko barasuzuma umuntu bashobora guha isoko mu bahiganywe kugira ibikorwa vyo kwubaka urugomero rwa Jiji-Murembwe bishobore gutangura. Urwo rugomero rukazoba rufise ubushobozi bwo gutanga megawati 50.Ku rugomero rwa Mpanda rwubakwa ku buryo butanzwe na Reta, ngo harabayemwo utugorane dutoya ku bijanye no gukorana n’ishirahamwe ryatsindiye isoko yo kurwubaka, ariko ngo uno munsi bariko baravugana n’iryo shirahamwe kugira ibikorwa bisubire gutangura. Ibikorwa bikaba bigeze ku rugero rw’ibice 60%, rukazoshobora gutanga megawati 10. Mu gisata c’ingomero zikoresha amazi, ngo hariho urugomero ruriko rwubakwa mu ntara ya Cibitoke Kabu 16, urwo rugomero rukazotanga megawati 20. Mu bikorwa vyo kurwubaka, ngo harabayemwo utugorane kubera ko ivyigwa vyabaye bire bire gatoya. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka akizera ko ibikorwa bigiye kubandanya kubera ko bariko baravugana n’abemeye gukorana n’ubushikiranganji muri ivyo bikorwa.


Ingomero zikoresha imishwarara y’izuba zirategekanijwe mu ntara za Gitega na Bubanza
Iruhande y’ingomero zikoresha amazi, ngo hari izindi zikoresha imishwarara y’izuba, muri izo ngo hari izo ibikorwa biriko biratera imbere. Aho akavuga ururiko rwubakwa muri zone ya Mubuga, muri komine n’intara ya Gitega, rukazotanga megawati 7,5.  Ibikorwa vyo kurwubaka vyatangujwe muri Nzero mu mwaka w’2017, mu nteguro vyari bitegekanijwe ko bizoba vyasozerewe mu kiringo c’amezi 12, ariko ngo kubera utugorane utu canke turiya, ivyo bishobora guherana n’umwaka uza. Muri izo ngomero zikoresha imishwarara y’izuba, ngo hari urundi rutegekanijwe kwubakwa mu Rubira, mu ntara ya Bubanza, rukazotanga megawati 11. Ibikorwa vyo kurwubaka bikaba bitegekanijwe gutanguzwa mu minsi iri imbere. Imigambi itegekanijwe mu gisata c’amasoko ntanganguvu, ngo ni myinshi narirya amategeko yorohereza abanyamitahe ariho, ku bwiwe rero akabona ko ata nkeka abanyamitahe bagiye guhurumbira ico gisata narirya ibiciro biherutse guhindurwa.Ikibazo c’umuyagankuba mu Burundi ngo kirashobora kuba catorewe umuti mu myaka 4 iri imbere. Ico kibazo ahanini ngo catumwe n’ibihe igihugu caciyemwo, aho urugomero rwa Rwegura ruri mu zubatswe ubwa nyuma haciye hafi imyaka 30.  Eka ngo n’ihindagurika ry’ibihe ridasigaye inyuma kubera ko urwo rugomero rucubakwa, ngo rwari gutanga umuyagankuba ku rugero rwa megawati 18, ariko muri kino gihe, ngo rutanga megawati 6 gusa. Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’umuyagankuba, Reta yagiraniye amasezerano n’umurwizatunga kugira atange umuyagankuba uhinguwe n’imashini zikoresha ibitoro, izo mashini zigatanga megawati 30.Mu gihe hakunze kwibonekeza ubukene bw’ibitoro mu Burundi, ngo amasezerano bagiranye n’uwo murwizatunga ntaho asa asana n’abarangura bakongera bakadandaza igitoro, bisigura ko izo mashini zidashobora guhagarara kubera ubukene bw’igitoro. Vyongeye, ngo hari umurwi mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka ujejwe gukurikirana kugira urabe ko uwo murwizatunga ariko atanga ivyo bemeranije, ni ukuvuga megawati 30. Izo mashini zikoresha amaritiro ibihumbi 135 y’amazutu ku munsi, ngo ni ngombwa rero ko uwo murwizatunga arihwa neza kugira abandanye atanga uwo muyagankuba. Nico gituma no ku mashirahamwe ya Reta atawe ishirahamwe REGIDESO rizokwihanganira atarishe umuyagankuba yakoresheje, nino muri iyo ntumbero ngo hagiye gukwiragizwa mu Burundi  amakonteri aho umunywanyi akoresha umuyagankuba yaguze imbere y’igihe, ayo bakunze kwita « cash power ». Uwu mwaka ngo ukazohera izo konteri zakwiragijwe mu Burundi bwose.


Ibiciro vy’umuyagankuba ngo vyisunze ivyo mu karere duherereyemwo
Ku bijanye n’ibiciro, ngo amazi ntacahindutse, kubera ko m3 y’amazi igurwa amafaranga 324, ku muryango. Ariko ngo amatara ibiciro vyarahindutse naho nyene ngo bisunga uburyo bwa bamwe n’abandi. Uwukoresha umuyagankuba mwinshi, araheza akariha menshi. Ariko ngo ku miryango ibayabaye itarenza kirowati 50, ibiciro vyavuye kuri 3400 FBu bija kuri 4100 FBu, ico giciro ngo cari kimaze imyaka 5 kidahindutse. Imiryango yo hagati na hagati yahora ikoresha kirowati 150, ibiciro ngo vyavuye ku 17200 FBu bija kuri 33600 FBu. Ivyo biciro ngo vyashinzwe biciye mu Nama Nshikiranganji yo ku magenekerezo ya 14 na 15 Kigarama 2016, mu ntumbero yo kubishira ku rugero rumwe n’ibihugu vyo mu karere duherereyemwo. Ivyo rero ngo ni mu ntumbero yo kugira abarwizatunga bahurumbire gushira imitahe muri ico gisata. Ico giciro naco ubu ngo ibice 20% vy’idorari rimwe ry’abanyamerika.Tubamenyeshe ko bariko bariga ingene twokoresha umuyagankuba uturutse ku muyaga, ngo mu Burundi turashobora kuba ata muyaga ukwiye dufise wotuma duhingura umuyagankuba. Ku muyagankuba uturutse ku mishwarara y’izuba, ngo abahinga baravuga ko ataworenza ibice 20% vy’umuyagankuba wose ukenewe mu gihugu kubera ko igihe hoba hari imvura canke ibitutwe ku minsi ibiri ikurikirana, ngo vyotuma imihora itwara umuyagankuba haba uguhungabana kubera umuyagankuba woba wagabanutse.

Déo Misigaro

 

Uburundi bwaratumiwe mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini

dddoooezUburundi bwaratumiwe mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize inama mpuzamakungu y’akarere k’ibiyaga binini (CIRGL) itegekanijwe ku wa 19 Gitugutu 2017, ikazobera i Brazaville ku murwa mukuru w’igihugu ca Kongo Brazaville. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA akaba yashikirijwe ubutumire bw’iyo nama n’intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Kongo- Brazaville akongera akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Jean Claude Gakosso, mu bonano yahaye iyo ntumwa, ku wa 6 Gitugutu 2017. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa inyuma y’uwo mubonano, yongeye amenyesha ko muri iyo nama,  Uburundi buzoserukirwa ku rwego rwo hejuru.Uburundi bwaratumiwe mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize inama mpuzamakungu y’akarere k’ibiyaga binini (CIRGL) itegekanijwe ku wa 19 Gitugutu 2017, ikazobera i Brazaville ku murwa mukuru w’igihugu ca Kongo Brazaville. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA akaba yashikirijwe ubutumire bw’iyo nama n’intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Kongo- Brazaville akongera akaba n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Jean Claude Gakosso, mu bonano yahaye iyo ntumwa, ku wa 6 Gitugutu 2017.

Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa inyuma y’uwo mubonano, yongeye amenyesha ko muri iyo nama,  Uburundi buzoserukirwa ku rwego rwo hejuru.Nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yabandanije abishikiriza, ngo intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Kongo-Brazaville yari azanye ubutumwa bwa mugenzi we arongoye ico gihugu, aho yamutumira mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe CIRGL itegekanijwe kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2017. Muri urwo rugendo rw’iyo ntumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu ca Kongo- Brazaville, Jean Claude Gakosso, ngo yari aje kwirabira kandi uko ibintu vyifashe mu Burundi, aho yasanze ngo ibintu vyifashe neza. Mu Burundi ngo hari amahoro n’umutekano, ibikorwa vy’iterambere hamwe n’imirimo itandukanye y’igihugu irabandanya. Ivyo rero ngo ntivyamutangaje, ariko ngo atangazwa n’ivyandikwa ku Burundi ata kuri kurimwo. Aho rero agatera akamo abandi  ko boza barishikira mu Burundi kugira barabe uko ibintu vyifashe.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ngo  yaramushimiye kuri ubwo butumire, aho yamubwiye ko Reta y’Uburundi ari igihugu kimwe mu bigize uwo muryango kandi ko Uburundi buzoserukirwa ku rwego rwo hejuru. Muri uwo mubonano kandi, Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko amahoro n’umutekano biri mu gihugu vyobandanya bitsimbatara kugira ntihabe gusubira inyuma. Ivyo navyo ngo bizoshoboka ari uko intambamyi  n’inzitizi zihari zimwe zimwe zovanwaho. Muri izo ntambamyi akavuga igihugu c’Urwanda ngo cahaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi hamwe n’imirwi yagerageje gutera Uburundi ndetse ngo n’ubu igifise uwo mugambi, iyo nayo ikabandanya isasirwa indava muri ico gihugu.Vyongeye, ngo Reta y’Uburundi yarasavye ko hoza abahinga bakaraba ibirego vy’Urwanda rwareze Uburundi ko arivyo, ariko ngo abo bahinga basanze ivyo birego atarivyo. Ku ruhande rw’Uburundi nabwo ngo bwarasavye ko abo bahinga boja mu Rwanda kuraba ko gihaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi hamwe n’abitegurira guhungabanya amahoro n’umutekano mu Burundi ngo Urwanda rwaravyanse. Kabaye akaryo ko gusaba uwo mushikiranganji w’imigenderanire n’ugufashanya n’ibindi bihugu wa Kongo-Brazaville ko bokwicarira ico kibazo, mbere hafatwe ingingo zotuma amahoro n’umutekano bitsimbatara mu karere.

Déo Misigaro                                                                                                     

 

 

Urwaruka rutagira akazi rusabwa kwijukira ibikorwa vy’amaboko kugira rushobore kwiteza imbere

reeecaUrwaruka rutagira akazi  rusabwa kwijukira ibikorwa vyo  kw’itezimbere  no guteza imbere aho babaye muntumbero yokurwanya gukwegakwegerwa mu bubisha butandukanye ivyo bikaba vyamenyeshejwe numwunganirizi w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ku w’ 3 Gitugutu 2017ariko yugurura  inama yatunganijwe n’ishirahamwe rikurikirana abahoze k’urugamba mu  Burundi CEDAC. Iyo nama yahuje urwaruka  rwo mu mazone ya Nyakabirwa ,Buterere na Gihosha. Astère Ndayisaba yamenyesheje ko uwo mugambi uje hageze mu gisagara ca Bujumbura mu gihe urwaruka rwinshi rwugarijwe n’agashomeri. Muri urwo rwaruka uwo mugambi uzofasha ni abaciye mw’ishure bakayaheza ntibaronke akazi, n’abandi batashoboye kubandanya amashure. Ngo urwo rwaruka rero rurabangamirwa cane n’ugukwegerwa mu mabi atandukanye narirya baba batagira akazi ugasanga barajanye nyabahururu. Uwo mwunganizi yabandanije amenyesha abo baje baserukira urwo rwaruka ko uwo mugambi uje kubegeranya kandi ko ufise intumbero nyamukuru yo gukora iterambere aho babaye kandi na cane cane iterambere ryabo mu nyigisho zizogenda ziratangwa mu gihe bazoba bariko barakora ibikorwa vy’amaboko.

Yarongeye arasaba ko iryo iterambere ryaje riboneka  ko habaye iterambere mu gihe habonetse ihinduka ari ku kuntu ayo makaratiye azoba asukuye bikwiye, kandi ukuntu urwo rwaruka ruzofasha mu bikorwa vy’iterambere ryabo bagiye hamwe mu nyigisho bazogenda bararonka mu kwitunganiriza imigambi.Yarangije amenyesha abarongoye amakaratiye yo  muri ayo mazone ya Nyakabiga, Buterere na Gihosha ko ivyo bikorwa bobikurikiranira hafi mu gihe bije kwunganira ayo makaratiye mw’iterambere mu gihe kandi aribo bihitiyemwo ahakenewe gukorwa gusumba ahandi. Urwaruka rutagira akazi  rusabwa kwijukira ibikorwa vyo  kw’itezimbere  no guteza imbere aho babaye muntumbero yokurwanya gukwegakwegerwa mu bubisha butandukanye ivyo bikaba vyamenyeshejwe numwunganirizi w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura ku w’ 3 Gitugutu 2017ariko yugurura  inama yatunganijwe n’ishirahamwe rikurikirana abahoze k’urugamba mu  Burundi CEDAC. Iyo nama yahuje urwaruka  rwo mu mazone ya Nyakabirwa ,Buterere na Gihosha. Astère Ndayisaba yamenyesheje ko uwo mugambi uje hageze mu gisagara ca Bujumbura mu gihe urwaruka rwinshi rwugarijwe n’agashomeri. Muri urwo rwaruka uwo mugambi uzofasha ni abaciye mw’ishure bakayaheza ntibaronke akazi, n’abandi batashoboye kubandanya amashure. Ngo urwo rwaruka rero rurabangamirwa cane n’ugukwegerwa mu mabi atandukanye narirya baba batagira akazi ugasanga barajanye nyabahururu. Uwo mwunganizi yabandanije amenyesha abo baje baserukira urwo rwaruka ko uwo mugambi uje kubegeranya kandi ko ufise intumbero nyamukuru yo gukora iterambere aho babaye kandi na cane cane iterambere ryabo mu nyigisho zizogenda ziratangwa mu gihe bazoba bariko barakora ibikorwa vy’amaboko. Yarongeye arasaba ko iryo iterambere ryaje riboneka  ko habaye iterambere mu gihe habonetse ihinduka ari ku kuntu ayo makaratiye azoba asukuye bikwiye, kandi ukuntu urwo rwaruka ruzofasha mu bikorwa vy’iterambere ryabo bagiye hamwe mu nyigisho bazogenda bararonka mu kwitunganiriza imigambi.Yarangije amenyesha abarongoye amakaratiye yo  muri ayo mazone ya Nyakabiga, Buterere na Gihosha ko ivyo bikorwa bobikurikiranira hafi mu gihe bije kwunganira ayo makaratiye mw’iterambere mu gihe kandi aribo bihitiyemwo ahakenewe gukorwa gusumba ahandi. Uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe rikurikirana abahoze ku rugamba  mu Burundi CEDAC  Philipe Masabo yaratumiriye abarongoye ayo makaratiye kuraba ko imigambi batanze ariyo abagize ivyirwa berekanye ko bayikoreyeko. Abo barongoye amakaratiye baciye bashikiriza ko bafise akarigangamuhogo ku hantu babona ko hasa n’ahababaye gusumba ahandi batagiye barashiramwo, nabo bararonse inyishu aho babamenyesheje ko uwo mugambi ata mafranga meshi bashizemwo batazokora ibikorwa bikomakomeye ko ari ugusibura imiserege no gukora utubarabara tw’imigenderanire, ngo ariko ibiraro binini binini atavyo bazokora. Yarongeye arababwira ko amafaranga menshi bayashize mu guhemba abakozi ahandi bagiye baragira amafaranga make make.Uwo mugambi rero ngo uzotwara amahera angana n’190706 y’ama dorari y’abanyamerika ukaba uzomara iminsi 72.  Inyuma y’ivyo bikorwa vy’amaboko bizomara amezi atatu, ngo uwo mugambi uzobandanya ukurikirana urwo rwaruka mu kubongerereza ko mafaranga bazoza barayababikira mu gutunganya imigambi bazohitamwo gukorera hamwe bishimikije inyigisho bazogenda bararonswa.
 Anitha Bizimana 

(Uwimenyereza)

 

 

Umugambi w’igihugu uhariwe urwaruka rw’abakorerabushake ngo urufitiye akamaro kanini

zeerraUmugambi w’igihugu w’urwaruka rw’abakorerabushake uri mu bushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama ngo ufitiye akamaro kanini urwaruka. Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi w’uwo mugambi Alice Nduwimana mu nama ubwo bushikiranganji bwari bwatunganije yo kurabira hamwe icokorwa kugira uwo mugambi ubandanye utera imbere. Hari kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2017.  Nk’uko Alice Ndikumana yabimenyesheje ngo uwo mugambi watanguye mu mwaka w’2014 ukaba umaze imyaka ine ukorera mu ntara za Gitega, Bujumbura na Ngozi.  Uwo mugambi ngo ufasha urwaruka mu kuronka uburambe mu kazi gutyo bikabafasha kurondera akazi bafise ico berekana bamaze kumenyera akazi, gufasha mu bikorwa vyo guteza imbere igihugu, kwiteza imbere hamwe no gufasha mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro.

Uwo mugambi ngo washizweho kugira wumvishe urwaruka ko rutegerezwa gutanga inguvu zarwo kugira ruterere mu kwubaka igihugu no kugitsimbatazamwo amahoro. Ngo muri iyo myaka ine umugambi w’urwaruka rw’abakorerabushake umaze kwegeranya urwaruka rushika kus 504 ruri muri izo ntara zitatu, ngo bakaba bakorera mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Hampande y’urwo rwaruka rushika ku 504, ngo hariho abasanzwe bafasha ubushikiranganji, bashimye ingene uwo mugambi utunganijwe baca bazana imigambi yo gutanga urundi rwaruka no mu zindi ntara.  Yaheraheje amenyesha ko bashima ibimaze kuranguka muri uwo mugambi n’uko ivyiyumviro abari bitavye iyo nama batanze bizofasha kugira uwo mugambi ubandanye neza bivanye n’uko uwo mugambi wari intango, uburyo nabwo bwariho ngo bwari ubwo gukorera mu ntara zitatu gusa ariko ngo bubonetse uwo mugambi uzoheza ukwiragizwe mu ntara zose z’iguhugu, urwaruka narwo ruharonkere akunguko.

Umugambi w’igihugu w’urwaruka rw’abakorerabushake uri mu bushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama ngo ufitiye akamaro kanini urwaruka. Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi w’uwo mugambi Alice Nduwimana mu nama ubwo bushikiranganji bwari bwatunganije yo kurabira hamwe icokorwa kugira uwo mugambi ubandanye utera imbere. Hari kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2017.  Nk’uko Alice Ndikumana yabimenyesheje ngo uwo mugambi watanguye mu mwaka w’2014 ukaba umaze imyaka ine ukorera mu ntara za Gitega, Bujumbura na Ngozi.  Uwo mugambi ngo ufasha urwaruka mu kuronka uburambe mu kazi gutyo bikabafasha kurondera akazi bafise ico berekana bamaze kumenyera akazi, gufasha mu bikorwa vyo guteza imbere igihugu, kwiteza imbere hamwe no gufasha mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro. Uwo mugambi ngo washizweho kugira wumvishe urwaruka ko rutegerezwa gutanga inguvu zarwo kugira ruterere mu kwubaka igihugu no kugitsimbatazamwo amahoros. Ngo muri iyo myaka ine umugambi w’urwaruka rw’abakorerabushake umaze kwegeranya urwaruka rushika kus 504 ruri muri izo ntara zitatu, ngo bakaba bakorera mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Hampande y’urwo rwaruka rushika ku 504, ngo hariho abasanzwe bafasha ubushikiranganji, bashimye ingene uwo mugambi utunganijwe baca bazana imigambi yo gutanga urundi rwaruka no mu zindi ntara.  Yaheraheje amenyesha ko bashima ibimaze kuranguka muri uwo mugambi n’uko ivyiyumviro abari bitavye iyo nama batanze bizofasha kugira uwo mugambi ubandanye neza bivanye n’uko uwo mugambi wari intango, uburyo nabwo bwariho ngo bwari ubwo gukorera mu ntara zitatu gusa ariko ngo bubonetse uwo mugambi uzoheza ukwiragizwe mu ntara zose z’iguhugu, urwaruka narwo ruharonkere akunguko.

Evelyne Niyonzima

 

 
Ouvrir