Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe Lisma ry’abarusiya rihingura amatara akoresha umuyagankuba rigiye gukorera mu Burundi

IMG 9594Kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu 2016, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore yarakiriye mu biro iwe intumwa zavuye mu gihugu c’Uburusiya zari zigizwe n’icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’ umushikiranganji ajejwe ivy’amahinguriro n’iterambere ry’ubuhinga mu ntara ya Mordovie, Sedov Aleksandr Ivanovitch, umuyobozi mukuru w’ihinguriro Lisma Konstantinov Igor n’umuyobozi mu vy’ubutunzi Ermakov Sergey. Nk’uko umuvugizi mu biro vy’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Isidore Ntirampeba yabimenyesheje inyuma y’uwo mubonano, ngo urugendo rwabo rwaje rukurikira izindi ngendo zakozwe n’ intumwa z’Uburundi zagiye zigendera ico gihugu. Rero ngo baje   mu ntumbero yo kuraba uko Uburundi bwokorana neza n’abarwizatunga bo mu gisata c’amahinguriro n’imitahe. Ngo bakaba bari bazanywe no gushinga ishami ry’ishirahamwe Lisma, iryo shirahamwe ngo rikaba riza ryarashinzwe mu Burundi, kandi bakaba bagiye gukora ibijanye no guhingura amatara atanga umuco w’umuyankuba ngo narirya mu Burundi hari ikibazo c’umuyagankuba. Ayo matara rero ngo akazoca adandazwa haba mu Burundi canke mu bihugu vyegereye Uburundi. Ngo baremeye ko inyuma yuko ishirahamwe ryabo rishinzwe mu Burundi hazokurikira ibindi bikorwa bituma batangura gukora bagasohora ayo matara bakongera bakayadandaza, ngo hakaba hari n’ibindi bikorwa vyo gushigikira iterambere bipfuza kuzokora muri kazoza . Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore ngo akaba yarakengurutse intambwe bashitseko na cane cane ko imigambi y’izo ntumwa ari iyiza ihura neza n’ivy’Uburundi bwipfuza kandi bushira imbere kugira bushike kw’iterambere nyakuri. Ivyo rero ngo bikaba bizozanira akarusho abarundi kuko ngo bazozana ibikoresho bigezweho bazokoresha muri iryo hinguriro rijanye n’ubuhinga bwa none kandi ngo bakaba bazohingura amatara atagira ingaruka ku magara y’abantu kuko asanzwe atarimwo ico bita «mercure» Ngo ico kikaba ari   igikorwa giteza imbere abarundi kitabasinzikarije amagara .

Evelyne Niyonzima                            

 

Ibisata vya Reta bizokwongererezwa inguvu kugira bishobore kurangura imirimo yavyo neza

DSC 0318Umugambi ujejwe kwongerereza inguvu ibisata vya Reta mu ntumbero yo kurwiza ubutunzi bw’igihugu (PRCIEG) waratangujwe icese kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2016 i Bujumbura. Ijambo nyamakuru ryo gutanguza icese ibikorwa vy’uwo mugambi ryashikijwe n’uwaserukiye umushikiranganji w’ikigega ca Reta, ugushira mu minwe y’abikorera utwabo amashirahamwe ya Reta no gutunganya imigambi y’iterambere mbere akaba n’umwunganirizi w’ubwo bushikiranganji, Pierre Sinarinzi.Yabanje gushimira cane ibisata vy’Ibanki y’isi yose vyatanze uburyo kugira ngo uwo mugambi ushobore gutegurwa. Ngo uzofasha guhubura ibisata vya Reta nka OBR, Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, igisata kijejwe kurondera no gutunganya ibiharuro vyerekeye ubutunzi bw’igihugu ISTEEBU n’igisata gikurikirana ivy’ubutare uzotuma haba akarusho ku mwimbu w’igihugu. Nk’uko umwunganirizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, Pierre Barusasiyeko yashishikaye abishikiriza, ngo kwungura ubumenyi abari muri ivyo bisata bizotuma ubutunzi bw’igihugu bwiyongera kandi ngo ni umugambi Reta yiyemeje gushira mu ngiro. Pierre Barusasiyeko yarerekanye ko mu gihe hoba ishaka ryo gushira mu ngiro neza uwo mugambi hazoboneka akarusho ku mwimbu w’igihugu. Niko gusaba abajejwe uwo mugambi kuzokorana ingoga nyinshi na cane cane mu kwama bakorana n’ibisata vyose bihurikiye muri uwo mugambi. Uwuserukira Ibanki y’isi yose mu Burundi, Nestor Koffi yarashimiye cane Reta y’Uburundi ataco idakora kugira ngo ubutunzi bw’igihugu bwisununure. Ngo umugambi wo kwongereza ubumenyi ibisata vya Reta ngo uzotuma haba ugukoresha neza uburyo bwa Reta maze ivyo na vyo bitange akarusho mw’itunga ry’igihugu. Yashimishijwe no kubona umugambi wari umaze umwaka utegurwa ushirwa mu ngiro. Yarashimye kandi kubona Reta yafashe ingingo yo kwongereza ubushobozi inzego z’igihugu kuko ngo iyo zikora neza umwimbu w’igihugu uraheza ukiyongera. Ngo iyo inzego z’igihugu zikora neza haboneka akarusho ku mwimbu ngo ni co gituma ibisata bihurikiye mw’Ibanki y’isi yose vyemeye gutanga imiriyoni 22 z’amadorari y’abanyamerika azofasha gushira mu ngiro uwo mugambi. Mwomenya ko imbere y’uko ibikorwa vy’uwo mugambi bitanguzwa icese, uwuwurongoye Prosper Girukwishaka yari yabanje gushikiriza abari bitavye ibirori vy’uwo munsi ingene uwo mugambi wubatse n’ingene uzoshirwa mu ngiro. Ahanini ibikorwa nyamakuru vy’uwo mugambi ngo bizoba vyerekeye guteza imbere poritike no gutunganya uburyo bwa Reta buciye mu matagisi n’amakori. Ngo abakozi bo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta bazokarihirizwa ubwenge mu vyerekeye gutunganya no guharura uburyo igihugu gikoresha. Eka mbere ngo n’abakozi bo mu gisata ISTEEBU bazokarihirizwa ubwenge kugira ngo habe igihindutse mu bumenyi bw’ico gisata. Ngo n’igisata kijejwe gucungera ivy’ubutare kizokwongererezwa ubumenyi.

Nathan Ntahondi

 

Uwu mwaka w’uburimyi w’ 2016 hashizwe imbere ibiterwa vyimbuka kurusha ibindi mu ntara kama

DSC 0027Abarimyiborozi baratanguye kurimira agatasi ko mu mwaka w’ 2016 ariko imvura ntiratangura kugwa. N’ubwo biri uko, umuyobozi mukuru ajejwe igisata gitunganya uburimyi n’ubworozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, Gérard Ndabemeye yamenyesheje ko muri Myandagaro 2016, ubushikiranganji bwakoranije abajejwe guhimiriza abarimyi bose mu ntumbero yo kubamenyesha ko bategerezwa kuja mu barimyiborozi bakabigisha kurwiza umwimbu bimwe bikomeye. Yabandanije amenyesha ko uwu mwaka w’uburimyi w’ 2016 hashizwe imbere ibiterwa vyimbuka kurusha ibindi mu ntara kama. Ngo harabaye icigwa cerekana igiterwa icarico cose intara kama cimbukamwo cane kugira abe ariho gishirwako inguvu. Ngo mu minsi iheze ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi bwahora ku mwaka ku mwaka bushira imbere ibiterwa 5 ariko butaravye aho vyimbuka cane. Ndabemeye yamenyesheje ko kubera hariho ikibazo c’imbuto, ubushikiranganji bwafashe ko bwoba burakorera ku biterwa 2 nyamukuru vyimbuka henshi arivyo umuceri n’ibigori navyo bigaca biterwa mu biyaya ahari amazi no mu myonga hagazuwe hakavomerwa. Ngo ku mitumba hazoterwa ibindi biterwa. Kubera hari ikibazo c’uko imvura itagwa, Ndabemeye ahamagarira abarimyi kurima mu myonga, ku misozi naho bijukire ibiterwa birinda uruzuba, aho twovuga nk’ibijumbu, imyumbati, amateke n’ibindi biterwa bisaba amazi make bishobora kuja biravomererwa, aho twovuga imboga n’itomati. Ku vyerekeye ifumbire, Ndabemeye yamenyesheje ko batanguye gutanga ifumbire mu ntango ya Nyakanga, abarimyiborozi bariyandikishije baratanga n’amahera y’ ibanze.Yabandanije amenyesha ko ifumbire y’ikizungu izimvye kandi ikoreshejwe nabi irashobora gutitura isi. Ngo n’ubwo biri uko ifumbire y’ikizungu irafise inyongeragaciro ku mwimbu. Ngo ufashe umurima ukawufumbiza umwavu w’ikizungu, uwundi ukawufumbiza umwavu w’ikirundi uwundi kandi ukawufumbiza umwavu w’ikizungu ucanze n’uw ‘ikirundi hariho ubudasa iyo hageze kwimbura usanga aho washize ifumbire y’ikizungu ivanze n’umwavu w’ikirundi   uronka umwimbu usumbirije. Mu Burundi ngo biragoye guheba gukoresha ifumbire y’ikizungu kubera uyitabije bizana ivyunyunyu ningoga kandi ku bwinshi. Ngo kugira nko mw’ihegitare y’umurima uhatabize ifumbire y’ikirundi woshiraho nk’amatoni arenga ijana, ivyo bikaba bigoye kuko ata vyatsi vyinshi bisigaye mu gihugu kugira hashobore kuboneka ifumbire y’ikirundi ikwiye. Ndabemeye yamenyesheje ko ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bubifashijwe n’ikigo ISABU, bugiye gutanguza ubuhinga bwo gutabira hakurikijwe ico isi ibuze. Ngo isi ikeneye ivyunyunyu 3 ngenderwako arivyo azote, potassium na phosphore. Ni ukuvuga ko umuhinga arashobora gupima isi agasanga ifise azote na potasium mugabo ibuze Phosphore, muri ico gihe baca batabiza ifumbire itanga phosphore.

Aline Kanyana

 

Abanyagihugu bakwiye kwijukira kuja mu mashirahamwe yo gushumbusha

DSC00604 CopieIkigo ca Reta kijejwe kugenzura uko amashirahamwe yogukinga impanuka no gushumbusha akora « ARCA » caratunganije uruganda mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku buryo ibisata vyo gushumbusha abashikiwe n’impanuka vyotera imbere n’abantu bakabihurumbira. Urwo ruganda rukaba rwabebereye mu nyubakwa y’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu 2016. Umwunganirizi w’umushikiranganji bw’ikigega ca Reta, Pierre Sinarinzi yamenyesheje ko ishirahamwe ARCA ryokwubahiriza ibikorwa vya minsi yose n’ishirwa mu ngiro ry’amategeko agenga ico gisata. Yarongeye avuga ko boshikiriza bimwe bimwe biranga amashirahamwe yo gushumbusha muri kino gihe bongere bashikirize na bimwe vyotuma ico gisata gitera imbere. Ntiyibagiye gusaba abakora muri ayo mashirahamwe yo gukinga impanuka kunyarutsa gushumbusha ababituye. Ku ruhande rwiwe, umunyamabanga mukuru w’ikigo ARCA Gervais Ngirirwa, yamenyesheje ko intumbero y’urwo ruganda kwari ukuraba ingene ibintu vyifashe mu bijanye no kwinjiza amafaranga mu gihugu n’ukuntu ivyo bitaba mu bijanye n’amashirahamwe ajejwe gukinga impanuka. Intumbero ya kabiri ngo bashatse guhimiriza abanyagihugu kugirango bijukire igisata co gukinga impanuka kuko mu Burundi bagereranije n’ ibindi bihugu baracari inyuma. Ngo bohimiriza abanyagihugu bakijukira kwinjira muri ayo mashirahamwe kuko akinga impanuka zabo n’iz’ivyo batunze. Intumbero ya gatatu ngo kwari ukugira baronke akaryo ko kumenyesha abanyagihugu ko Reta y’Uburundi yashizeho igisata c’igihugu kijejwe gukingira no gufasha abenegihugu ibijanye no gukinga impanuka muri ico gisata barongoye.Ngo igituma kandi abanyagihugu batabihurumbira ni uko ababituye batabafasha mu kubashumbusha kare, umunyagihugu ugasanga ariko aridoga. Yarongeye aravuga ko muri ARCA bimirije gushiraho inomero itariha mu mwaka uza ku buryo umunyagihugu agize ingorane mw’ishirahamwe kanaka bakamuha impanuro. Yarangije asaba abarongoye ayo mashirahamwe akinga impanuka gushiramwo inguvu kugirango yigishe abanywanyi bayo ingene bokwinjira muri ayo mashirahamwe batarinze kwizana kandi ari igisata kizana iterambere ry’igihugu.

Thérèse Niyonkuru

 

“Inzoga nyinshi ziratuma uwugendana umugera wa SIDA asinzikara”

dsc25Inzoga ngo zirafise ingaruka mbi ku buzima bwa kiremwa muntu , iyo rero bihuriranye n’uko umuntu agendana umugera wa SIDA yaba ari ku miti canke atari ku miti ngo zica zisongera isibe. Ivyo vyamenyeshejwe na muganga Evode Nimbona akora mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gisata kijejwe gukinga n’ukuvura ikiza ruhonyanganda SIDA mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko yabandanije abimenyesha, ivyo ngo babibonera mu bintu bimwe bimwe umuntu asanga inzoga canke umugera wa SIDA bigira nabi ku mubiri kandi agasanga biwuhuriyeko. Yaciye atanga akarorero k’inzoga zishobora gutuma igitigu c’umuntu gisinzikara. Mu vyigwa vyagizwe navyo ngo birerekana ko n’umugera wa SIDA iyo umuntu awugendanye igihe kirekire cane cane ku bantu baba barwaye indwara y’igitigu bivuye ku nzoga canke bivuye ku yindi migera, ngo basanze umugera wa SIDA ushobora gutuma iyo ndwara itera ikomera ningoga gusumba umuntu atagendana umugera wa SIDA bisigura rero ko inzoga nyinshi zituma igitigu gica gisinzikara ningoga.   Ibindi ngo ni uko inzoga cane cane nk’abazinywa cane bamwe bita «imborerwa » ngo ziratuma abasoda b’umubiri bagabanuka, muri ico gihe ibigabanura abo basoda b’umubiri biba bibaye bibiri inzoga n’umugera wa SIDA.   Ikindi ngo ni uko abagendana uwo mugera, baba abari ku miti canke abatari ku miti badashobora kwimenya neza ku bijanye n’ukuntu bofata imiti bigashika bakibagira kuyifata kubera inzoga banyoye. Ikindi yongeye kumenyesha ngo ni uko bishobora n’ugutuma ubutunzi bw’umuryango bugabanuka kuko mu bagendana umugera wa SIDA hari abataronka inguvu ngo baremerane iyo umubiri uba warasinzikaye bigatuma ata ruhara runini bagira mw’iterambere ry’umuryango kubera baba bakitswe n’amagara. Ikindi yamenyesheje kandi ngo ni uko izo nzoga zishobora gutuma batimenya bagaca baja barakwiragiza wa mugera mu bandi bantu mu guhuza ibitsina badakoresheje agakingirizo. Muganga Evode Nimbona   rero akaba yaciye amenyesha   ko umuntu agendana umugera wa SIDA vyoba vyiza ko yok wirinda inzoga ubutisubirako kuko bigoye kumenya urugero yogezako mu kunywa inzoga kandi imibiri y’abantu ikaba itakira co kimwe ivyo bayiha vyose. Igihe naho abonye bimunaniye ko aziheba ngo yoheza akegera abanonosoye ivy’inyifato bamwe bita «psychologues» bakamuhanura kugirango ashobore kuziheba. Ku bijanye n’umuyabaga hamwe n’uwukuze, ngo bokwifata kumwe ariko ngo ku mwana w’umuyabaga biragoye ngo kuko ataba arashikira kwiyumvira nk’umuntu akuze mu gutandukanya icatsi n’ururo kandi ngo ntaba aramenyera inyifato yogira mu kibano. Iyo miyabaga rero ngo ntiba iramenya ivy’ubuzima ari co gituma kenshi abakiri bato bajana n’ibisayangana za nzoga bazinyoye zigaca zibasinzikaza cane ku bijanye n’imibereho yabo gusumba iy’ abakuze. Impanuro muganga Evode Nimbona atanga ngo ni uko abakiri bato bogendera mu mirwi yiyubara kunywa inzoga, hanyuma aho kugendera mu bunywero bakaraba ibindi bibanza bashobora kugenderamwo bibatuma bataronka akanya ko guhura n’izo nzoga.

Christine Manirambona

 

 

Ijambo ryashikirijwe n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi inyuma y’igandagurwa rya Jenerari Athanase Kararuza

 

DSC 1586Ku mugoroba w’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA yarashikirije ijambo ryo guhoza umuryango wa Jenerari Athanase Kararuza n’intwaramiheto yagandaguwe n’umupfasoni wiwe mu gitondo c’uwo munsi n’abansi b’igihugu.Twobamenyesha ariko ko n’ikibondo cabo barikumwe yari yakomeretse cane yahavuye nawe nyene yitaba Imana ku wa 28 Ndamukiza 2016.

Ido n’ido ry’iryo ryajambo :

 

Barundi, Barundikazi,

Uno munsi, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, wabaye umunsi w’amarira n’amaganya ku muryango w’intwazangabo Jenerari Athanase Kararuza, ku nzego zo kwivuna abansi no ku barundi bose. Hakiri kare, aho intwazangabo Kararuza yariko ashikana ikibondo ciwe kw’ishure, akarwi k’inkozi z’ikibi kihaye inkumbi mu kumugandagura bunyamaswa, kamugandagurana n’abo bari kumwe mu muduga, harimwo n’umutambukanyi wiwe.

Imbere ya vyose dusavye Imana Mushobora vyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ifashe umuryango wiwe, incuti ziwe, mbere n’abarundi bose. Turahojeje umuryango wiwe, turahojeje kandi inzego z’igisirikare, z‘igiporisi n’igendereza bari basanzwe bakorana bafatanye munda hamwe n’abo bahora bakorana mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu.

Uburundi burabuze intwari, umugabo w’ijunja n’ijambo, intwazangabo yateye iteka Uburundi n’abarundi haba mu gihugu canke mu makungu, aho yabaye n’icegera c’uwutwara Ingabo za MISCA, mu gihugu ca Centrafrique. Bitayeko Yararwanije yivuye inyuma abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu mu mwaka uheze, yongera arafasha bimwe bidasanzwe kubungabunga amahoro n’umutekano mu gihe c’amatora n’inyuma y’aho.Turamusabiye ku Mana Mushoboravyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ihe umutima wo kwihangana no kwigumya umuryango wiwe, tutibagiye incuti, abagenzi n’abakunzi biwe aho bari hose.

Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko.

Barundi, Barundikazi,

Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane.

Ibi bibaye uno munsi, ejo hahise hatewe iyindi ntwazangabo, mbere no mu ndwi yahera ako karwi k’ababisha bihaye inganda mu kwica abantu kabaziza amabanga bafise mu nzego zijejwe kwivuna abansi canke guhagararira umutekano w’abarundi n’igihugu, ndetse n’abenegihugu aho bakorera nko mw’isoko no mu bunywero. Ntaho bataniye n’abakora ububisha bw’iterabwoba.

Turasavye abarundi ngo bame barikanuye, babandanye bakomeza ya makomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, kugira ababisha bafise iyo migambi iburizwemwo kandi bafatwe bahanwe batarakora ibara. Igihambaye dusaba abarundi iyo bava bakagera, ni uko bokwama bagendera ubwitonzi, ubwira n’ubumwe vyaranze Jenerari Kararuza Athanase, ntibagwe mu mutego w’abo babisha, nyabuna tugire urunani rw’intamenwa dutuze utwo turwi tw’iterabwoba.

Mu kurangiza, twibukanye amajambo akomeye ari mu ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu avuga ngo “Imana yakuduhaye ikudutungire“. Turasabiye umwana yazize ubusa agakomeretswa n’ivyo bisasu vyatewe umuduga warimwo abavyeyi biwe ko Imana yomufasha ikarokora ubuzima bwiwe.

Tuboneyeho n’akaryo ko kuremesha abarundi bose muri rusangi ko nk’uko utundi turwi tw’inkorabara twasambuwe, n’aba baduhekuye bagiye kuja ahabona, bateshwe kandi bafatwe, bahanwe hakurikijwe amategeko.

Imana ihangaze Uburundi

n’abarundi

Murakoze

 
Ouvrir