Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr
Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema yibutsa abarimyi ko bari mu gihe c’agatasi gihurirana n’isarura ry’ivyo barimye. Ngo bosarura ivyo barimye maze bakamenya no kuzigama neza umwimbu wabo, bakirinda kuwusesagura Mbere anasaba ko abarimyi borozi bokwama bibuka ko bafise uruhara runini mu gukingira ibidukikije. Déo Guide Rurerma kandi arasigura urugendo shure yamatuganya mu gihugu hagati ari kumwe n’abarongoye abandi mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi. Ngo hagiye guhimirizwa abikorera ivyabo kugira bashinge amahinguriro matomato azohora ahingura umwimbu utabikika udahinguwe nk’amatomate n’ibindi. Ikindi ngo imirima, inka, ibidukikije ntibiri mu kirere biri mu benegihugu ngo ubushikiranganji arongoye rero bwakiranye akanyamuneza ko kwimukira i Gitega kurangurirayo imirimo bujejwe. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kuwa 18 Nzero 2019 i Bujumbura. Ni mukurikirane ido n’ido ry’ico kiganiro.
Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Déo Guide Rurema yibutsa abarimyi ko bari mu gihe c’agatasi gihurirana n’isarura ry’ivyo barimye. Ngo bosarura ivyo barimye maze bakamenya no kuzigama neza umwimbu wabo, bakirinda kuwusesagura Mbere anasaba ko abarimyi borozi bokwama bibuka ko bafise uruhara runini mu gukingira ibidukikije. Déo Guide Rurerma kandi arasigura urugendo shure yamatuganya mu gihugu hagati ari kumwe n’abarongoye abandi mu bisata vy’uburimyi n’ubworozi. Ngo hagiye guhimirizwa abikorera ivyabo kugira bashinge amahinguriro matomato azohora ahingura umwimbu utabikika udahinguwe nk’amatomate n’ibindi. Ikindi ngo imirima, inka, ibidukikije ntibiri mu kirere biri mu benegihugu ngo ubushikiranganji arongoye rero bwakiranye akanyamuneza ko kwimukira i Gitega kurangurirayo imirimo bujejwe. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kuwa 18 Nzero 2019 i Bujumbura. Ni mukurikirane ido n’ido ry’ico kiganiro.
UBUMWE : Iki gihe hari icocoba cibutsa umurimyimworozi ? Déo Guide Rurema (D.G.R) : Egome nk’uko mu bibona si ibintu vy’agaseseshwarumuri, ubu mu gihugu c’Uburundi vyifashe neza mu bijanye no kurwiza umwimbu haba mu biterwa canke ubworozi. Ari ko ivyo dutegerezwa kubikora twisunga gukingira ibidukikije. Ni muri iyo ntumbero twafashe ingingo yo kwama hafi y’abarimyiborozi kugira ngo dufashanye kurwiza umwimbu. Ubu rero turi mu gihe c’agatasi. Ni igihe c’isarura. Aho duciye hose tubona imirima yifashe neza haba imbuto z’ibigori canke z’ibiharage. Umwaka w’2018 warangiye hari umwimbu ushimishije mu gihugu cose. Akarorero si akakera abarundi bariboneye ko Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yasaruye ibiharage, ibiraya, imyungu n’ibindi kandik’umwimbu ushimishije . Ivyo twabiheruka kera. Ico tuca dusaba abenegihugu birimizi ko bokwirinda gusesagura uwo mwimbu. Dusaba abanegihugu n’ababarongoye gufashanya kubungabunga uwo mwimbu. Twaranezerewe twiboneye ko hari abarimyi bashimye gukorera mu makoperative. Ico ni ikintu ciza cane gituma bashobora kubungabunga umwimbu wabo ntibace bawushora mu masoko ari mu bihugu duhana imbibe.
UBUMWE: Hari icoba kiriko kirakorwa kugira ngo ibikoresho bihingura umwimbu w’i biterwa bitabikika igihe biboneke . D.G.R : Nk’uko mubizi umuntu afata umugambi afatiye no ku rugero agezeko. Kera twavuga duti reka tubanze tugwize umwimbu. Uwu mwaka rero tuzorondera abikorera ivyabo tubahimirize kugira ngo barondere uburyo bwo kurondera ibikoresho vyo guhingura bene uwo mwimbu. Ivyo mbere bizotuma duca dushora hanze ivyo duhinguye. Turiko turarondera ingene twobanza kumenyekanisha umwimbu uboneka mu ntara imwe imwe. Dufashe nk’akarorero nimba mu Rumonge bimbura amavuta menshi boyajana mu Kayanza maze abanyakayanza nimba bimbura ibiraya vyinshi barashobora kugurishanyako bahanye uwo mwimbu gusa. Umwe wese akaca aja gucuruza umwimbu wose aho utaboneka cane. Ca kibazo c’amahera kica gitorerwa umuti. Dukwiye kwihatira kuja turahererekanya umwimbu mu ntara.UBUMWE : Hari ingendo nshasha twabonye mwafashe yo kwishikira ahariko harangurirwa uburimyi n’ubworozi. Mbega iyo ngendo muyiha insiguro iyihe ?D.G.R : Egome iyo ingendo nshasha yo kwishikira ku kibuga,. ntituyigira twenyene, tuba turikumwe n’abakozi batandukanye bo mu bushikiranganji kugira ngo tuje kwirabira ingene abarimyiborozi barangura ibikorwa vyabo. Ni urugendo shure kuko tuhigira vyinshi kandi tugatanga n’impanuro zitandukanye kugira ngo umwimbu wiyongere. Ikindi hari abakozi usanga bariko bararondera iyo baja kwiga hanze kandi ivyo vyigwa no mu gihugu bashobora kubironka. Hari nk’urugendo twigeze kugira aho twagiye kwirabira ingene Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ategura imikobeko mu mirima yiwe. Ubuhinga akoresha butuma imikobeko atari iyo gutega gusa inkukura ariko iratuma kandi amazi atega maze akinjira mu kuzimu aho usanga ayo mazi atuma isi iguma ibomvye. Imbuto zitewe aho hantu rero zirakura zikama naho izuba ryoba ririko ryaka. Nk’ico ni icigwa gihambaye abo twagiranye urwo rugendo shure vyabahaye akaryo ku bikurikiza aho baherereye hirya no hino mu gihugu. Ejo bundi twaragize urugendoshure mu ntara ya Kayanza aho twasanze abarimyi batwibwirira ko bafashe akarorero keza ka Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ko gutegura neza imirima yabo bakoresheje imikobeko. Ngo baramaze kubona akarusho k’ubwo buhinga kuko ngo umwimbu waciye wiyongera. Twasanze imitumba myinshi abirimizi bagiye mu makoperative kugira ngo bace imikobeko. Ubwo bumenyi bariko babwigishanya hagati yabo.
UBUMWE : Mbega abirimizi barashobora kuronka abahinga mu burimyi n’ubworozi babama hafi kugira ngo babafashe muvyo baba bakenye bwaba ubuhinga canke ibikoresho ?
D.G.R : Egome bariho. Kuko hariho abo mu Kirundi bita abavondoro, abafundi b’indimo bari ku mitumba yose. Hari abajejwe amazone, abajejwe amakomine. Aho tuciye hose baratubwira bati “aba mbega ko tubabona iyo hahiye urwarwa gusa, mbega mushikiranganji ntaco mwodufasha .” Twaciye dufata ingingo yo gushira ibisata bingana cumi na kimwe mu biro bijejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara. Eka no mu makomine twarahashize ibindi bisata bingana indwi. Ubu rero muri iyi ngendo nshasha twasavye ku rwego rw’intara, amakomine abo twashizeho baduha ikirangaminsi co gukorera ku mitumba. Ico gihe tuzobasaba ivyegeranyo vyerekana ico umwe wese yakoze ku mutumba.
UBUMWE : Reta yarafashe ingingo yo gutandukanya imirwa mikuru ya poritike n’ubutunzi aho umurwa mukuru wa poritike wabaye intara ya Gitega, uwubutunzi ukaba Bujumbura. Harafashwe n’ingingo ko hari ubushikiranganji bushika butanu buzoca buja gukorera i Gitega, mbere ubushikiranganji murongoye bukaba burimwo. Mbega mwiteguye gute kwimuka gukorera i Gitega?
D.G.R : Egome twebwe ubwambere bwobwo iyo ngingo y’uko ubushikiranganji butanu buzokorera I Gitega yafashwe mu gihe c’Umwiherero wa Reta wabereye i Gitega mu mwaka uheze. Yabaye ingingo nziza kuko ibikorwa ubushikiranganji turongoye burangura bubikorana n’abenegihugu. Gukora rero turi mu ntara ya Gitega bizokworohera cane ugukorana hagati y’abakozi b’ubushikiranganji n’abenegihugu. Ivyo rero twavyakiranye akanyamuneza kuko imirima, inka, ibidukikije ntibiri mu kirere, biri mu banyagihugu. Gukorera rero i Gitega ni ikintu ciza cane. Twebwe rero dufatanije n’umushikiranganji ajejwe inyubakwa za Reta turiko turarondera inyubakwa tuzokoreramwo mu ntara ya Gitega. Aha mbere twari twaratanze iciyumviro ko batodutiza inyubakwa za IRAZ kugira ngo tuzitegure neza hanyuma mbere tuzikoreremwo mbere tunateze imbere imirima iri impande y’izo nyubwakwa. Igihe rero tuzoronka inyubakwa dukoreramwo tuzoca tuduga gukorera i Gitega.
Nathan Ntahondi
Ngo hariko harakorwa ibitari bike mu ntumbero yo guteza imbere igisata co gutwara abantu n’ibintu. Muri ivyo ngo hari ukugenzura ingene abatwara abantu n’ibintu bakora ico gikorwa, gutegura neza ahacishwa abantu n’ibintu mu muhora wo mu bumanuko hakoreshejwe ikiyaga Tanganyika. Ivyo yabimenyesheje mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kuwa 15 Nzero 2019 i Bujumbura. Umuyobozi mukuru ajejwe gutwara abantu n’ibintu mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu, Consolateur Nitunze. Ni mukurikire ido n’ido ry’ico kiganiro.Ngo hariko harakorwa ibitari bike mu ntumbero yo guteza imbere igisata co gutwara abantu n’ibintu. Muri ivyo ngo hari ukugenzura ingene abatwara abantu n’ibintu bakora ico gikorwa, gutegura neza ahacishwa abantu n’ibintu mu muhora wo mu bumanuko hakoreshejwe ikiyaga Tanganyika. Ivyo yabimenyesheje mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kuwa 15 Nzero 2019 i Bujumbura. Umuyobozi mukuru ajejwe gutwara abantu n’ibintu mu bushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu, Consolateur Nitunze. Ni mukurikire ido n’ido ry’ico kiganiro.
UBUMWE : Murashobora kutubwira aho umugambi wo gukomeza umuhora wo gutwara abantu n’ibintu wo mu bumanuko mbere hakoreshejwe ikiyaga Tanganyika ugeze?
Consoloteur Nitunze (C.N) : Mu ntumbero yo guteza imbere umuhora wo gutwara abantu n’ibuntu mu mazi harakoreshejwe uburyo bwoguca mu Kiyaga,umuhora w’epfo. Uwo nawo akaba ari umuhora ushika ngaha i Bujumbura uvuye i Mpulungu mu gihugu ca Zambiya, mbere ukanafatanya n’igihugu ca Afrika y’Epfo hariya i Durban. Umugambi wo guteza imbere uwo muhora ufashwe mu mugongo n’Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere “BAD”. Kandi ibikorwa vy’uwo mugambi bigenda neza turavye ibimaze gushikwako. UBUMWE : Mbega uwo muhora woba ufatanya Uburundi n’igihugu ca Tanzaniya ?
C.N : Egome igihugu ca Tanzaniya kirimwo kuko ugiye kuraba umuhora uva i Dar – Es - Salaam uciye i Kigoma aho uca unyura mu kiyaga Tanganyika ukabandanya na hano i Bujumbura. Aho duca twifashisha umuhora wo hagati aho abawujejwe bariko baratunganya guteza imbere ugutwara abantu n’ibintu uciye mu kiyaga Tanganyika mbere uwo mugambi ukaba uriko urafashwa n’ibanki y’isi yose.
UBUMWE : Mwari mwarafashe ingingo yo kubuza kwinjiza mu gihugu imodoka zunguruza abantu zugurukira mw’ibarabara mu ntumbero yo gukinga amasanganya. Mbega uwo mugambi ugeze hehe ?
C.N. : Kuri ico kibazo, imiduga yugurukira mw’ibarabara twarabonye ko ishobora gutera amasanganya. Ni co gituma mu mwaka w’2008 Reta yafashe ingingo yo guhagarika iyinjizwa mu gihugu ry’imiduga itwara abantu n’ibintu bene iyo. Ubu rero nta miduga yinjira mu gihugu yugurukira mu mabarabara.
UBUMWE : Hari abidoga bavuga ko hari imodoka nyinshi zishaje cane zitwara abantu n’ibintu kenshi usanga arizo zitera amasanganya mw’ibarabara. Mbega izo mudoka hari ico muzivugako ?
C.N. : Imodoka zishaje kandi zikabandanya zikoreshwa mu mababara turazibona. Kenshi mbere twama turiko turavugana n’abakoresha izo modoka kuzisuzuma imbere yuko zishirwa mw’ibarabara. Ariko rero nk’uko mubizi kuva aho hafatiwe ingingo yo kutinjiza imodoka mu gihugu imodoka zugurukira mw’ibabaraba ntihabonetse abaca binjiza imodoka zemewe n’amategeko. Ivyo na vyo vyavuye ku bushobozi buke bw’abazigura hanze. Ingaruka rero ni uko abantu baciye babandanya gukoresha imodoka zihari izo nazo mu kaba muzi ko ziguma zisaza. Twaragiye turakorana inama nyinshi n’abatwara abantu n’ibintu aho batwereka ko imodoka zitugurukira mw’ibarabara zizimvye. Reta yarumvise umwitwarariko w’abatwara abantu n’ibintu ic’ ifata ingingo yo kwinjiza bene izo modoka zemewe n’amategeko batarishe amatagisi.
UBUMWE : Muhanura iki abatwara abantu n’ibintu mu mabarabara ?
C.N : Abagendera mu vyuma bitwara abantu n’ibintu n’ababigendesha ndabahanura kubikora bisunze amategeko agenga uruja n’uruza mu mabarabara. Abangendesha ivyo vyuma bakoreshe umuvuduko wemewe n’amategeko, mbere basuzume imodoka bagendesha imbere yo gutwara abantu n’ibintu. Abagendera muri izo modoka nabo nyene hariho amategeko bategerezwa kwubahiriza. Notanga nk’akarorero gato, burya uwutwawe mu muduga canke kw’ipikipiki nk’iyo yicaye imbere asabwa kwambara umukaba umukingira igihe habaye isanganya, canke asabwa kwambara inkofero igihe atwawe kw’ipikipiki. Ivyo bavyubahirize. Iyo babonye imodoka idakwije ibisabwa n’amategeko boyireka kugira ngo bikingire bonyene ubwabo. None woba uzi ko imodoka idafise impapuro ziyiranga nk’ikarata ya Asiransi ukayigenderamwo.
Nathan Ntahondi