Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwimbu w’umuyagankuba ngo woba ugiye kwiyongera mu mwaka w’2016

DSC 0075Muri rusangi ingomero z’ umuyagankuba ngo zifashe neza muri iki gihe imvura igwa ari nyinshi, akaba ari naco gituma umwimbu w’umuyagankuba ugiye kwongerekana. Ivyo vyashikirijwe na Wilson Itangishaka ajejwe igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba Regideso mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.

Yamenyesheje ko muri kino gihe ingomero zimwe zimwe z’umuyagankuba zifashe neza izindi nazo zifise utugorane duto duto bifatiye ku vyuma vya kera bishaje. Ngo bimwe bimwe birakenewe gusanurwa no gusubirizwa. Wilson Itangishaka yarongeye amenyesha ko imvura ibandanije igwa nk’uko biri   ubu, ingomero zizoba zifise amazi akwiye, ivyo bikazotuma hakaboneka umuyagankuba ukwiye nk’uko bari babitegekanije bakizubaka. Ariko rero ngo ikizobatwara uburyo muri kino gihe c’imvura nyinshi ngo ni uko ibishanga biba vyinshi cane muri izo ngomero uwutabizi akibaza ko ari amazi menshi kandi atari vyo. Yabandanije amenyesha ko mw’ itangwa ry’umuyagankuba naho hariho abo bidashimisha ,ngo biterwa n’uko umuyagankuba uba ari muke. Ivyo navyo ngo baravye urugomero rwa nyuma rwubatswe mu 1988 gushika ubu akaba ata rundi rurubakwa,ngo kandi ibisagara vyagiye biraguka,amashirahamwe akaba menshi i Bujumbura canke mu gihugu hagati, ngo ntacari categekanijwe kugira umwimbu w’umuyagankuba wongerezwe.Ico bivako rero ngo ni uko abashaka amatara baguma ari benshi kandi ata kindi bategekanije kugira umwimbu wongerekane.

Ariko rero ngo mu gisagara ca Bujumbura umwimbu umaze kurwizwa na 3 ngo ariko nko mu ntara za Ngozi,Gitega na Ruyigi ibisagara vyaragutse n’amahinguriro nayo nyene yarongerejwe. Ngo nico gituma bagerageza gusabikanya umwimbu baba bafise.Yamenyesheje ko naho umwimbu wokwongerekana, ivyo bizokwamaho kuko ivyuma bishaje kandi bitegerezwa gusubirizwa, ariko ngo mu migambi bafise mu mwaka w’2016 ngo ni uko bazokora igishoboka cose kugira barwize umwimbu w’umuyagankuba banezereze abanywanyi.

Evelyne Niyonzima

 

Umwimbu w’umuyagankuba ngo woba ugiye kwiyongera mu mwaka w’2016

DSC 0075Muri rusangi ingomero z’ umuyagankuba ngo zifashe neza muri iki gihe imvura igwa ari nyinshi, akaba ari naco gituma umwimbu w’umuyagankuba ugiye kwongerekana. Ivyo vyashikirijwe na Wilson Itangishaka ajejwe igisata c’umuyagankuba mw’ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba Regideso mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.

Yamenyesheje ko muri kino gihe ingomero zimwe zimwe z’umuyagankuba zifashe neza izindi nazo zifise utugorane duto duto bifatiye ku vyuma vya kera bishaje. Ngo bimwe bimwe birakenewe gusanurwa no gusubirizwa. Wilson Itangishaka yarongeye amenyesha ko imvura ibandanije igwa nk’uko biri   ubu, ingomero zizoba zifise amazi akwiye, ivyo bikazotuma hakaboneka umuyagankuba ukwiye nk’uko bari babitegekanije bakizubaka. Ariko rero ngo ikizobatwara uburyo muri kino gihe c’imvura nyinshi ngo ni uko ibishanga biba vyinshi cane muri izo ngomero uwutabizi akibaza ko ari amazi menshi kandi atari vyo. Yabandanije amenyesha ko mw’ itangwa ry’umuyagankuba naho hariho abo bidashimisha ,ngo biterwa n’uko umuyagankuba uba ari muke. Ivyo navyo ngo baravye urugomero rwa nyuma rwubatswe mu 1988 gushika ubu akaba ata rundi rurubakwa,ngo kandi ibisagara vyagiye biraguka,amashirahamwe akaba menshi i Bujumbura canke mu gihugu hagati, ngo ntacari categekanijwe kugira umwimbu w’umuyagankuba wongerezwe.Ico bivako rero ngo ni uko abashaka amatara baguma ari benshi kandi ata kindi bategekanije kugira umwimbu wongerekane.

Ariko rero ngo mu gisagara ca Bujumbura umwimbu umaze kurwizwa na 3 ngo ariko nko mu ntara za Ngozi,Gitega na Ruyigi ibisagara vyaragutse n’amahinguriro nayo nyene yarongerejwe. Ngo nico gituma bagerageza gusabikanya umwimbu baba bafise.Yamenyesheje ko naho umwimbu wokwongerekana, ivyo bizokwamaho kuko ivyuma bishaje kandi bitegerezwa gusubirizwa, ariko ngo mu migambi bafise mu mwaka w’2016 ngo ni uko bazokora igishoboka cose kugira barwize umwimbu w’umuyagankuba banezereze abanywanyi.

Evelyne Niyonzima

 

Mu mafaranga Reta izokoresha mu 2016 hashizwe imbere ibisata vy’imibano n’ibituma amafaranga yinjira mu Gihugu

DSC 0872Ngo naho amafaranga Reta izokoresha uwu mwaka w’ 2016 yagabanutse ku rugero rw’ amafaranga y’amarundi angana imiriyaridi 1300 ku yari yarateguwe gukoreshwa mu 2015, amafaranga azoja mu gisata c’imibano ntiyagabanutse cane, hagiye harakurwako amafaranga make make. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji w’ikigega ca Reta, Désiré Musharitse mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Yabandanije amenyesha ko hariho umwizero ko abadufasha bazohava hagira ico bafasha mu gihe hari abemeye gufasha mu bisata bimwe bimwe nko mu gisata c’amagara y’abantu babicishije mu mashirahamwe atandukanye. Ngo Muri ayo mafaranga Reta izokoresha bashize imbere ibisata vy’imibano n’ibisata bituma amafaranga yinjira mu kigega ca Reta, aho twovuga nko mu gisata c’ amagara y’abantu, indero, uburimyi n’igisata c’umuyagankuba aho Reta yategekanije amafaranga azogura igitoro kizoja mu mamoteri yatsa umuyagankuba mw’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO mu gihe c’ici, amazi yagabanutse mu rugomero rwo mu Rwegura. Musharitse yamenyesheje ko muri kwa Mukakaro 2016 hazoba isubirwamwo ry’amafaranga Reta izokoresha. Ngo birashoboka ko Reta izoduza amafaranga izokoresha.Yabandanije amenyesha ko mu mwaka w’2015, abanyabujumbura bamaze amezi ashika 4 badakora kubera imyiyerekano, ikigo kijejwe gutororokanya no kwegeranya amakori OBR carashoboye gutoza amafaranga angana amamiriyaridi 600. Ngo kuri ivyo hariho umwizero ko amafaranga angana imiriyaridi 630 Reta yasavye ikigo OBR azoboneka kubera ubu abadandaza basubiriye gukora.

Ku vyerekeye ingingo yo kutaronka uturusho tujanye n’amanota umukozi ahabwa uko umwaka utashe, ngo abahinga barabonye neza ko abakozi vyitwa ko bahembwa menshi bamaze imyaka 4 bataronka utwo turusho, iyo myaka yohera poritike yo kunganisha imishahara yagiye mu ngiro. Abakozi barenga 90% bazoduzwa imishahara mu kiringo c’imyaka 4.

Aline Kanyana

 

Ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta bituma intwaro ibereye itsimbatara

DSCO11Ngo mu gushira amashirahamwe ya Reta mu minwe y’abikorera ivyabo,Reta iba ifise intumbero yo kurwiza akazi, gushiraho intwaro ibereye mu buzi no kugabanya uburyo Reta yahora ifashisha ayo mashirahamwe kuko usanga afise amadeni menshi. Ivyo vyavuzwe na komiseri arongoye ikigo kijejwe gushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta (SCEP) Pacifique Munyeshongore mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Ngo ni muri iyo ntumbero ibigega vyari bijejwe kubika umwimbu w’intete w’umusesekara vyo ku Buterere n’i Gitega bigiye gushirwa mu minwe y’abikorera ivyabo. Munyeshongore yamenyesheje ko ivyo bigega vyo ku Buterere Reta y’Uburundi yabishizeho mu mwaka w’1981 kugira bibike umwimbu w’intete w’umusesekara wokoze mu gihe c’inzara. Ngo mu Burundi nta mwimbu w’umusesekara wigeze uboneka kiretse mu mwaka w’ 1986, aho mu Rumonge habonetse umwimbu w’intete z’ibigori w’umusesekara. Ngo ivyo bigega vyarapangishijwe umwanya muto. Munyeshongore yamenyesheje ko kubera Reta yabonye ko ata kamaro ko kugumana ibigega bitariko birakora, yashimye kubishira mu minwe y’abikorera ivyabo. Yabandanije amenyesha ko ibikorwa vyo kuraba agaciro k’ivyo bigega vyo mu Buterere vyarangiye. Ngo hariko hararonderwa aboza gukoresha ivyo bigega bicishijwe mw’ihiganywa. Munyeshongore yameyesheje kandi ko ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo ku Buterere vyabaye birabangirwa kuko basanze hari icavuyeko ku buringanire bw’ikibanza ivyo bigega birimwo ku Buterere, ubu hariko haraba amatohoza. Munyeshongore yamenyesheje ko Reta yasavye ko amashirahamwe 10 yoba yamaze gushirwa mu minwe y’abikorera utwabo uhereye mu mwaka w’2013 gushika mu 2016. Ngo hari ayamaze gushika ku ntambwe ibereye n’ayandi ibikorwa bigikorerwa mu mirwi. Ngo ayamaze gutera imbere, hasigaye ko urwego rw’abashikiranganji rutanga uruhusha ko ayo mashirahamwe aja mu minwe y’abikorera ivyabo. Munyeshongore yamenyesheje ko ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo biteba kubera bica mu ntambwe nyinshi nk’uko biri mw’ibirizwa rigenga uko amashirahamwe ashirwa mu minwe y’abikorera ivyabo.

Aline Kanyana

 

Ijambo ryashikirijwe n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi inyuma y’igandagurwa rya Jenerari Athanase Kararuza

 

DSC 1586Ku mugoroba w’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, Umukuru w’Igihugu Petero NKURUNZIZA yarashikirije ijambo ryo guhoza umuryango wa Jenerari Athanase Kararuza n’intwaramiheto yagandaguwe n’umupfasoni wiwe mu gitondo c’uwo munsi n’abansi b’igihugu.Twobamenyesha ariko ko n’ikibondo cabo barikumwe yari yakomeretse cane yahavuye nawe nyene yitaba Imana ku wa 28 Ndamukiza 2016.

Ido n’ido ry’iryo ryajambo :

 

Barundi, Barundikazi,

Uno munsi, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, wabaye umunsi w’amarira n’amaganya ku muryango w’intwazangabo Jenerari Athanase Kararuza, ku nzego zo kwivuna abansi no ku barundi bose. Hakiri kare, aho intwazangabo Kararuza yariko ashikana ikibondo ciwe kw’ishure, akarwi k’inkozi z’ikibi kihaye inkumbi mu kumugandagura bunyamaswa, kamugandagurana n’abo bari kumwe mu muduga, harimwo n’umutambukanyi wiwe.

Imbere ya vyose dusavye Imana Mushobora vyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ifashe umuryango wiwe, incuti ziwe, mbere n’abarundi bose. Turahojeje umuryango wiwe, turahojeje kandi inzego z’igisirikare, z‘igiporisi n’igendereza bari basanzwe bakorana bafatanye munda hamwe n’abo bahora bakorana mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu.

Uburundi burabuze intwari, umugabo w’ijunja n’ijambo, intwazangabo yateye iteka Uburundi n’abarundi haba mu gihugu canke mu makungu, aho yabaye n’icegera c’uwutwara Ingabo za MISCA, mu gihugu ca Centrafrique. Bitayeko Yararwanije yivuye inyuma abashatse gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu mu mwaka uheze, yongera arafasha bimwe bidasanzwe kubungabunga amahoro n’umutekano mu gihe c’amatora n’inyuma y’aho.Turamusabiye ku Mana Mushoboravyose imwakire mu bwami bwayo, yongere ihe umutima wo kwihangana no kwigumya umuryango wiwe, tutibagiye incuti, abagenzi n’abakunzi biwe aho bari hose.

Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko.

Barundi, Barundikazi,

Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane.

Ibi bibaye uno munsi, ejo hahise hatewe iyindi ntwazangabo, mbere no mu ndwi yahera ako karwi k’ababisha bihaye inganda mu kwica abantu kabaziza amabanga bafise mu nzego zijejwe kwivuna abansi canke guhagararira umutekano w’abarundi n’igihugu, ndetse n’abenegihugu aho bakorera nko mw’isoko no mu bunywero. Ntaho bataniye n’abakora ububisha bw’iterabwoba.

Turasavye abarundi ngo bame barikanuye, babandanye bakomeza ya makomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose, kugira ababisha bafise iyo migambi iburizwemwo kandi bafatwe bahanwe batarakora ibara. Igihambaye dusaba abarundi iyo bava bakagera, ni uko bokwama bagendera ubwitonzi, ubwira n’ubumwe vyaranze Jenerari Kararuza Athanase, ntibagwe mu mutego w’abo babisha, nyabuna tugire urunani rw’intamenwa dutuze utwo turwi tw’iterabwoba.

Mu kurangiza, twibukanye amajambo akomeye ari mu ruririmbo ruhayagiza igihugu cacu avuga ngo “Imana yakuduhaye ikudutungire“. Turasabiye umwana yazize ubusa agakomeretswa n’ivyo bisasu vyatewe umuduga warimwo abavyeyi biwe ko Imana yomufasha ikarokora ubuzima bwiwe.

Tuboneyeho n’akaryo ko kuremesha abarundi bose muri rusangi ko nk’uko utundi turwi tw’inkorabara twasambuwe, n’aba baduhekuye bagiye kuja ahabona, bateshwe kandi bafatwe, bahanwe hakurikijwe amategeko.

Imana ihangaze Uburundi

n’abarundi

Murakoze

 

Ubumwe ngo ni itunga ridasanzwe kandi ridashumbushwa

DSC0281Ubumwe ngo ni ubutunzi budasanzwe, mu bumwe abantu bubaka igihugu n’umutekano ugasasagara. Kuri ivyo, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ahamagaraira abarundi kugira ubumwe na cane cane bijukire ibikorwa vy’iterambere. Ivyo yabishikirije ku wa 2 Ndamukiza 2016, aho yariko ashikiriza ijambo abanyagihugu bari bitavye ibikorwa vy’iterambere rusangi vyo kwagura kaminuza y’ubuhinga y’i Gitega iri ku mutumba Tankoma, muri komine n’intara ya Gitega. Ivyo bikorwa vyari bijanye no gucanga umusenyi n’isima vyo gusiga hasi ahagiye kwubakwa inyubakwa zo kwagura iyo kaminuza y’ubuhinga. Umukuru w’igihugu arakeza imvukira z’intara ya Gitega kubona barashoboye kwiyubakira iyo shure kaminuza ku buryo bwabo. Mu gihe ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’urwaruka rwari rugizwe n’abantu barenga 350 bari bamaze iminsi bakwirikirana inyigisho zo gukunda igihugu, Umukuru w’igihugu ahamagarira abarundi gukamisha amahoro ibikorwa vy’iterambere. Nk’uko Rwagasore yabivuze, ngo ubumwe, ibikorwa n’amajambere, ahamagarira abarundi kugira ubumwe baheze bijukire ibikorwa vy’iterambere. Ayo mahoro ngo niyo yatumye hubakwa amashure arenga ibihumbi 5 mu kiringo co kuva mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2015. Ubumwe rero ngo ni ubutunzi budasanzwe, nibwo butuma igihugu gitera imbere kubera ibikorwa, gutyo amahoro n’umutekano bigasasagara. Ivyo bintu vyubatswe mu myaka 8 gusa, ngo iyo uwo murindi utangurana n’aho igihugu caronka intahe yo kwikukira mu mwaka w’1962, ngo igihugu kiba kigeze kure mw’iterambere. Eka ngo no muri Bibiriya barabivuga ko ukwizera kutagira ibikorwa kuba kwarapfuye. Vyongeye, ngo haruhande y’ayo mashure ibihumbi 5 ngo harubatswe kandi ibibuga vy’umupira w’amaguru 12, amashure agizwe n’inyubakwa zigerekeranye 25 hamwe n’ibiro bigizwe n’inyubakwa nk’izo 28. Umwanya twataye ngo dukwiye kuwuriha kwiruka mu bikorwa vy’iterambere. Kabaye n’akaryo ko gushimira abarundi ukuntu bitaba ibikorwa vy’iterambere rusangi. Vyongeye, ngo guhera ubu, umurundi wese yumve ko afise amahoro, ngo ibiteye kubiri n’amahoro, uwo wese azobibabwira bamwime amatwi. Ndetse ngo intara zitandukanye z’igihugu zigiye kwiyubakira amashure kaminuza, ivyo rero ngo ni ivyo kwishimira. Imbere y’aho, uwurongoye iyo shure kaminuza, patiri Frédéric Nkurunziza yamenyesheje ko izo nyubakwa ari izo kwagura iyo kaminuza y’ubuhinga kubera ko ibitigiri vy’abanyeshure biduga uko umwaka utashe. Izo nyubakwa ngo zizoba ari amashure abanyeshure bigiramwo, ibiro vy’abigisha, aho bagirira ubushakashatsi « laboratoire » hamwe n’ububiko bw’ibitabu « bibliothèque ». Ku giciro c’ibikorwa bisigaye, ngo bizotwara amafaranga y’amarundi ari hagati y’imiriyoni amajana 6 n’imiriyoni amajana 7. Iyo kaminuza ikaba yubakwa ku ntererano y’imvukira, abagenzi b’intara ya Gitega hamwe no mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Tubamenyeshe ko iryo shure kaminuza ryari ryinjiwe icese ku wa 20 Kigarama 2014, ikaba yuguruwe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA, ubu naho bakaba bariko bakora ibikorwa vyo kuyagura.

Déo Misigaro

 
Ouvrir