Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburyo bushasha bufasha gutandukanya imvyaro «SAYANA PRESS» bwaratangujwe icese

 

Ngo Reta yipfuza ko abavyeyi bokwibaruka abana bashobora kurera mu kubagaburira neza, kubashira mu mashure n’ibindi bikenerwa kugira ngo umwana akurane amagara meza. Ngo ni co gituma yafashe ingingo yo gutsimbataza umugambi w’irondoka rijanye n’amagara. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida igihe yari aramutse atanguza icese uburyo bushasha bwo gukinga imbanyi zitipfujwe, aho hari kuwa 27 Munyonyo 2018, muri komine Gatara iri mu ntara ya Kayanza. Nk’uko umushikiranganji Thaddée Ndikumana yabishikirije mw’ijambo ry’uwo munsi, ngo uwo munsi wari umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry’abanyagihugu. Reta rero ngo yashimye guca ihimbaza uwo munsi kubw’irondoka rijanye n’amagara meza. Yibukije ko ibiharuro vy’igwirirana ry’abarundi ryerekana ko umurindi ari munini cane ari na co gituma Reta yipfuza ko uwo murindi wogabanuka. Ngo iyo abantu ari benshi haba ingorane zo kubatunganiriza. Ngo iyo abana ari benshi biraheza bikagora kubategurira kazoza keza. Ngo Reta yipfuza ko abavyeyi bokwibaruka abana bashobora kurera mu kubagaburira neza, kubashira mu mashure n’ibindi bikenerwa kugira ngo umwana akurane amagara meza. Ngo ni co gituma yafashe ingingo yo gutsimbataza umugambi w’irondoka rijanye n’amagara. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida igihe yari aramutse atanguza icese uburyo bushasha bwo gukinga imbanyi zitipfujwe, aho hari kuwa 27 Munyonyo 2018, muri komine Gatara iri mu ntara ya Kayanza. Nk’uko umushikiranganji Thaddée Ndikumana yabishikirije mw’ijambo ry’uwo munsi, ngo uwo munsi wari umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry’abanyagihugu. Reta rero ngo yashimye guca ihimbaza uwo munsi kubw’irondoka rijanye n’amagara meza. Yibukije ko ibiharuro vy’igwirirana ry’abarundi ryerekana ko umurindi ari munini cane ari na co gituma Reta yipfuza ko uwo murindi wogabanuka. Ngo iyo abantu ari benshi haba ingorane zo kubatunganiriza. Ngo iyo abana ari benshi biraheza bikagora kubategurira kazoza keza. Reta yipfuza ko gushika mu mwaka w’2025 abarundi benshi boba barategeye kuvyara ku rugero kandi bakabikora. Ngo niyo abavyeyi bose b’abarundi bashobora gutegera ko umwana akwiye gukurikizwa haciye imyaka ibiri eka mbere bakabona ko abana batatu bakwiye mu rugo ngo ni co gihe iterambere ry’igihugu rizoca ryiyongera. Yaratanze akarorero ka komine ya Gatara uno munsi ifise abenegihugu umurengera aho ikirometero kwadarato kimwe gusa abakibako bashobora kuba barenga 1000. Ngo ikinezera kurusha ibindi muri iyo komine ni uko abenegihugu bayo batanguye gutahura ko kuvyara ku rugero bizobafasha mbere benshi bakaba bijukiye cane uburyo bwo kuvyara ku rugero. Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, Thaddée Ndikumana yaratanze impanuro ku rwaruka mu kurusaba kugira inyifato nziza. Yasavye abigeme kutongera gutwara inda z’indaro bakirinda basesankuyoze. Yasavye urwaruka kwirinda amarigara atuma ruja mu buhumbu. Ngo abana batwara inda batipfuza baracari benshi. Iyo ngendo rero ngo ni iyo kugira umuziro. Yasavye abavyeyi kwama hafi y’abana babo mu ntumbero yo kurwiza no gukwiragiza uburyo bwo gukinga imbanyi zitipfujwe hari uburyo bushasha bw’urushinge buzofasha cane bwitwa « SAYANNA PRESS ». Yaciye ahamagarira abavyeyi kwijukira umugambi wo gutandukanya imvyaro. Ngo uwo mugambi ababijejwe bose bazowushikiriza abenegihugu kandi ngo urwo rushinge ruzofasha cane kuko umukenyezi ashobora kuzoba arwitera wenyene. Yarangije ijambo ryiwe ashimira buramatari w’intara ya Kanyanza ku mugambi mwiza wo guhimiriza irondoka rijanye n’amagara meza mbere iyo ntara ikaba yafashe ingingo yo kurondera iradiyo izofasha muri ico gikorwa. Iyo rarido ngo izoshigikirwa cane n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida n’abandi bose basanzwe baterera mu kubungabunga amagara y’abantu nka OMS na FNUAP.Mwomenya ko n’uwuserukira FNUAP mu Burundi, Richmond Tiemoko yafashe ijambo aho yamenyesheje ko iyo umukenyezi afise ububasha n’uburyo bwo gutandukanya imvyaro ashobora gutegura neza ubuzima bwiwe. Ngo ashobora kwiga no kurondera akazi gatuma aterera mu kubaho k’umuryango wiwe. Yari kandi yibukije ko uwo munsi ari uwo gutanguza uburyo bushasha bufasha gutandukanya imvyaro «SAYANA PRESS » ngo buzotuma haba uburyo bwinshi umuntu ahitamwo kugira ngo atandukanye imvyaro. Richmond Tiemoko yarerekanye kandi ko gutandukanya imvyaro bigabanya cane igitigiri c’abitaba Imana n’ubumuga buva ku mbanyi. Yarangije ijambo ryiwe yemeza ko igisata arongoye FNUAP eka ngo na OMS vyiyemeje kuzokwama bishigikira abarundi mw’iterambere rya bo rifatiye ku magara meza.

Nathan Ntahondi

 

Ibihugu bigize umuryango wa EAC biritwararitse gukuraho inzitizi zituma urudandazwa rutagenda neza

 

BOBY01Kuva ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC bigiye hamwe haragiyeho amategeko ajanye no guhanahana ibidandazwa harimwo n’ayajanye no gukuraho inzitizi zituma urudandazwa rutagenda neza muri aka karere. Uwahoze ari umuhanuzi mu gisata ca duwane , urudandazwa, amahinguriro n’ibijanye n’imitahe mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, ubu akaba ari umuyobozi muri ico gisata nyene, Ndizeye Bobby Jean Marie, yamenyesheje ko ibihugu bigize umuryango wa  EAC bimaze kuja hamwe vyashizeho amategeko asaba ko hovanwaho inzitizi zituma urudandazwa rutagenda neza. Yabandanije amenyesha ko hashizweho amakomite mu bihugu bigize umuryango wa EAC kugira ashobore gukurikirana ku munsi ku munsi  ibijanye n’inzitizi zituma urudandazwa rutagenda neza. Ayo makomite ngo rimwe na rimwe arahura n’ingorane zijanye no kubura uburyo bwo kugira ingendo zikwiye  zituma bibonera ingene urudandazwa ruba ruriko ruragenda ku mipaka no ku bivuko. Ku rwego rw’igihugu, iyo abagize komite baronse uburyo bwo kwishikira ku rubuga bakibonera ingorane abandandaza bagira, mw’ihuriro ry’amakomite yo mu muryango wa EAC bararonka ivyegeranyo batanga bituma igihugu kidomweko  urutoke ko kitorohereza abandandaza cikosora.  Ndizeye yamenyesheje ko ku rwego rw’umuryango wa EAC, hategerezwa kuba inama 4  ku mwaka zihuza amakomite yo mu bihugu vyo mu muryango wa EAC ariko kubera ingorane z’uburyo usanga habaye inama 1 canke 2. Yabandanije amenyesha ko ihuriro ry’amakomite yo muryango wa EAC ariryo ryonyene  rifise uburenganzira bwo gukuraho izo nzitizi. Ngo iryo huriro ritevye kuba hari ivyononekara kuko hari aho ayo makomite aba yabonye inzitizi mugabo zigateba gukurwaho. Kuva ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC bigiye hamwe haragiyeho amategeko ajanye no guhanahana ibidandazwa harimwo n’ayajanye no gukuraho inzitizi zituma urudandazwa rutagenda neza muri aka karere. Uwahoze ari umuhanuzi mu gisata ca duwane , urudandazwa, amahinguriro n’ibijanye n’imitahe mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC, ubu akaba ari umuyobozi muri ico gisata nyene, Ndizeye Bobby Jean Marie, yamenyesheje ko ibihugu bigize umuryango wa  EAC bimaze kuja hamwe vyashizeho amategeko asaba ko hovanwaho inzitizi zituma urudandazwa rutagenda neza. Yabandanije amenyesha ko hashizweho amakomite mu bihugu bigize umuryango wa EAC kugira ashobore gukurikirana ku munsi ku munsi  ibijanye n’inzitizi zituma urudandazwa rutagenda neza. Ayo makomite ngo rimwe na rimwe arahura n’ingorane zijanye no kubura uburyo bwo kugira ingendo zikwiye  zituma bibonera ingene urudandazwa ruba ruriko ruragenda ku mipaka no ku bivuko. Ku rwego rw’igihugu, iyo abagize komite baronse uburyo bwo kwishikira ku rubuga bakibonera ingorane abandandaza bagira, mw’ihuriro ry’amakomite yo mu muryango wa EAC bararonka ivyegeranyo batanga bituma igihugu kidomweko  urutoke ko kitorohereza abandandaza cikosora.  Ndizeye yamenyesheje ko ku rwego rw’umuryango wa EAC, hategerezwa kuba inama 4  ku mwaka zihuza amakomite yo mu bihugu vyo mu muryango wa EAC ariko kubera ingorane z’uburyo usanga habaye inama 1 canke 2. Yabandanije amenyesha ko ihuriro ry’amakomite yo muryango wa EAC ariryo ryonyene  rifise uburenganzira bwo gukuraho izo nzitizi. Ngo iryo huriro ritevye kuba hari ivyononekara kuko hari aho ayo makomite aba yabonye inzitizi mugabo zigateba gukurwaho. Ndizeye yamenyeshe ko iyo ikidandazwa cakorewe mu muryango wa EAC ata ngorane cigera kigira yo kugihanahana. Yabandanije amenyesha ko ingorane zikunda kuboneka ari ivy’uko amashirahamwe akora ibidandazwa usanga atimenyekanishije. Ngo iyo ihinguriro rivutse bisabwa ko hakandikwa amakete yo kurimenyekanisha ku bigo bitoza amatagisi n’amakori ku buryo iryo shirahamwe rizanye ivyo rihingura ritohura n’inzitizi.  Ndizeye yavuze ko kuva hagiyeho amategeko  ajanye no gukuraho inzitizi, abadandaza baharonkeye akarusho kubera kera ababa  bagiye gutora ibidandazwa ku bivuko  bashobora gutanga amafaranga mw’ibarabara atazwi n’amategeko kugira ibidandazwa bishike neza ariko kuva ayo makomite agiyeho, umudandaza agize ingorane mu nzira ayitura hanyuma zigatorerwa umuti na nyene ibidandazwa atabimenye. Amakomite arafise umugwi wo guhanahana inkuru kuri terefone ngendanwa ituma ingorane abadandaza bagira mu nzira bariko barazana ibidandazwa zimenyekana kare.

Aline Kanyana

 

Abantu bafise ku va ku mwaka gushika ku myaka 29 bagiye kuronswa uruncanco rwa mugiga

 

DSC 1185Abantu bafise ku va ku mwaka gushika ku myaka 29 bazoronswa urucanco rwa mugiga kuva ejo igenekerezo rya 4 gushika ku rya 13 Kigarama 2018 mu gihugu cose. Ivyo vyashikirijwe  n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA, Thaddée Ndikumana mu nama  yo gutegura iryo sekeza yabereye mu ntara ya Ngozi ku wa 26 Munyonyo 2018. Abantu bafise ku va ku mwaka gushika ku myaka 29 bazoronswa urucanco rwa mugiga kuva ejo igenekerezo rya 4 gushika ku rya 13 Kigarama 2018 mu gihugu cose. Ivyo vyashikirijwe  n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA, Thaddée Ndikumana mu nama  yo gutegura iryo sekeza yabereye mu ntara ya Ngozi ku wa 26 Munyonyo 2018. Iyo nama yahuje ba buramatari b’intara, abarongoye indero n’uburimyi mu ntara, abarongoye uburere bwa gisirikare n’igiporisi, abarongoye za kaminuza, abihebeye Imana hamwe n’abajejwe intwaro.Uwo mushikiranganji yarongeye amenyesha ko urwo rucanco rumara imyaka 10 kandi rwaheruka gutangwa mu mwaka w’1992 igihe hari hateye ikiza ca mugiga. Yarongeye amenyesha ko iyo ndwara ya mugiga yica kurusha n’indwara ya Ebola. Iryo sekeza rije kandi mu ntumbero yo kwifatanya n’ibindi bihugu vya Afrika 20 bimaze gutunganya iryo sekeza n’ibindi bitandatu vyimirije kuritunganya, Uburundi bukazoba bugize ubwa 21. Yamenyesheje kandi ko iyo nama bayigirishije mu ntumbero yo gushira inguvu hamwe kugira iryo sekeza rizogende neza kandi ribe iry’akarorero. Yarongeye amenyesha ko abantu bazoronka urwo rucanco ari imiriyoni indwi amajana munani na mirongo icenda n’umunanai n’amajana icenda na batatu (7.898.903) ni ukuvuga ibice  birenga 77 kw’ijana vy’abarundi. Icipfuzo c’ubushikiranganji akaba ari uko abategerezwa kuronswa urwo rucanco bashika ibice ijana kw’ijana. Kubera iyo nama yatumiwemwo abaporisi n’abasirikare barongoye uburere  ngo nta nkeka yuko iryo sekeza rizoba mu mutekano. Igihe naho hatera ikiza c’indwara ya mugiga mu mwaka w’1992 naho ngo intara zabangamiwe zari ahanini Ruyigi, Rutana, Muyinga na Kirundo.

Abazoha urwo rucanco narwo ku biro vyose bazotangirako urwo rucanco. Ahanini urwo rucanco ruzotangirwa aho hose hakoranira abantu benshi nko ku mashure, amasengero, amakambi y’igisirikare n’igiporisi, amasoko,amabohero, amarerero y’imfuvyi, mu bibanza vy’impunzi no mu bibanza bishikiramwo impunzi n’abahunguka. Umugwi wose uzotanga urwo rucanco uzoba ugizwe n’abantu batanu  bagizwe n’abaforoma batatu n’abandi babiri, umwe yandika abaronse urucanco n’uwundi atanga ikarata ku waronse urucanco. Abarongoye imitumba nabo hamwe n’abaremeshakiyago bakazohimiriza abanyagihugu kugira bitabire ico gikorwa.  Abegwa n’ico gikorwa bashika 13.115 bakaba bazokorera mu bibanza 2.623. Muri abo bantu bazotanga urwo rucanco harimwo abize kuvura bazoba bajejwe gucandaga bangana n’7.869 n’abandi bazofasha bashika 5.246. N’abo baforoma bazotanga urwo rucanco bazoronswa inyigisho. Arongera akamenyesha ko urwo rucanco rukinga n’indwara ya rudadaza, mu gihe iyo ndwara ya mugiga yica abantu bashika ibice 50 kw’ijana. Abantu bazoronswa urwo rucanco bazoba bagiriwe ibakwe arico gituma basabwa kwitabira ico gikorwa. Amenyesha ko hategekanijwe n’incanco zizoronswa abantu bashobora guhunguka iryo sekeza ryaramaze guhera kugira ntibanduze abandi.Muri urwo rukurikirane rw’inama ubuyobozi bujejwe gucandaga mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA nabwo bwaragirishije inama abamenyeshamakuru ku wa 29 Kigarama 2018 yo kubasigurira ukugene urwo rucanco rutunganijwe n’abazokora ico gikorwa. 
Epitace Nduwayo

 

Reta y’Uburundi iramaze kurangura ibitari bike biteza imbere abagendana ubumuga

xcxcxMu ntumbero yo kwitegurira umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga wama uhimbazwa ku wa 3 Kigarama uko umwaka utashe, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere, Martin Nivyabandi, yararemesheje ku wa 29 Munyonyo 2018, ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho  yashikirije ivyo Reta y’Uburundi imaze  kurangura  mu gufasha abagendana ubumuga. Mu ntumbero yo kwitegurira umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga wama uhimbazwa ku wa 3 Kigarama uko umwaka utashe, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere, Martin Nivyabandi, yararemesheje ku wa 29 Munyonyo 2018, ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho  yashikirije ivyo Reta y’Uburundi imaze  kurangura  mu gufasha abagendana ubumuga. Martin Nivyabandi akaba yaramenyesheje ko kugira Reta y’Uburundi iteze imbere yongere ikingire agateka k’abagendana ubumuga, ibicishije ku bushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira hamwe n’ubundi bushikiranganji n’ibisata bitandukanye, yakoze ibitari bike.Yavuze ko bashoboye kugorora no kuronsa abagendana ubumuga ibikoresho vyo kwiyunguruza; kubigisha imyuga itandukanye no kubaronsa ibikoresho bijanye n’imyuga bize. Ngo Reta y’Uburundi yarashoboye kandi gushigikira ibigo n’amashirahamwe vy’abagendana ubumuga mu kubaronsa uburyo bujanye no gushira imbere imigambi yo kwiteza imbere. Haratangujwe n’inyigisho zidakumira ku bagendana ubumuga mu mashure amwe amwe, haraba no guhimiriza ku bijanye n’incanco kugira bakinge ubumuga ku bana. Yabandanije amenyesha ko Reta y’Uburundi muri poritike y’igihugu yashizeho ikigega kijejwe gutororokanya uburyo bwose butangwa mu gufasha abagendana ubumuga (FAPS). Reta ngo yarongeye iratera igikumu ku masezerano mpuzamakungu agenga agateka k’abagendana ubumuga ku wa 26 Ntwarante 2014. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nawe ngo yarashize igikumu kw’itegeko rigenga agateka k’abagendana ubumuga ku wa 10 Nzero 2018. Martin Nivyabandi yarangije amenyesha ko n’aho hariko hakorwa vyinshi, impinga ikiri ndende uravye ingene abagendana ubumuga bangana hamwe n’ivyo bakeneye ufatiye ku bumuga bw’umwe umwe wese. Amenyesha kandi ko iruhande ya wa mugambi wa Reta wahariwe gushigikirana mu kibano, hamwe n’itegeko ry’Umukuru w’igihugu hagiye kujaho poritike y’igihugu yagenewe abagendana ubumuga, aho ubushikiranganji buzoja hamwe n’ibisata bitandukanye vy’igihugu, abikorera utwabo hamwe n’abanyagihugu. 

Anitha Bizimana

 

 

Abakozi b’Imana basabwa kugira uruhara mu gusubiza mu nzira nziza igihugu n’abarundi

DSC06150Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yaragirishije inama abakozi b’Imana baturuka mu  mihingo yose y’igihugu bari bamaze iminsi mw’ihuriro ku civugo: «Kugira ubumwe mu budasa bwabo» ku wa 30 Munyonyo 2018. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako yamenyesheje ko imbere yaho bari barasavye Umukuru w’igihugu kubatera iteka akabazatsurira ku nyigisho zo kuzirikana igihugu nk’uko yabigize ku yindi migwi. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yaragirishije inama abakozi b’Imana baturuka mu  mihingo yose y’igihugu bari bamaze iminsi mw’ihuriro ku civugo: «Kugira ubumwe mu budasa bwabo» ku wa 30 Munyonyo 2018. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako yamenyesheje ko imbere yaho bari barasavye Umukuru w’igihugu kubatera iteka akabazatsurira ku nyigisho zo kuzirikana igihugu nk’uko yabigize ku yindi migwi. Yarongeye amenyesha ko  Prezida NKURUNZIZA yabibakoreye nk’uko yabigize ku zindi nzego nk’urwo kwivuna abansi, urw’umutekano, abamenyeshamakuru, abo mu rwego rw’ubutungane n’abandi banyagihugu batandukanye. Muri izo nyigisho Umukuru w’igihugu akaba yababariye amabanga atandukanye y’igihugu kandi ko ayo mabanga ari ayabo kandi bafise uruhara ntangere kugira igihugu kigumane iteka n’itekane camanye imbere y’umuzo w’abakoroni. Yarabamenyesheje ko bategerezwa kumenya ayo mabanga kandi abazungu aribo bazanye uburyo bushasha bwo gusenga. Mu gusenga rero bisunge uko Uburundi bwari bumeze kera gutyo buve mu nzira z’umuzimagiza bwinjiyemwo bivanye n’abakoroni maze bashobore kuzisibura, igihugu giheze kije mu nzira nziza kurya imitwe canke imitwe ikora ikoranye. Nta nkeka rero, birakenewe ko uruhara rw’abakozi b’Imana ruba tangere mu gufasha abarundi gusubira mu nzira nziza. 

Epitace Nduwayo

 

 

Iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme niyo kurimbura ibimaze gukorwa mu kuyarwanya

 

BA01Uko umwaka utashe uburundi burifatanya n’amakungu mu gutunganya isekeza ry’iminsi 16 yahariwe  kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ryama ritangura ku wa 25 Munyonyo rikarangira ku wa 10 Kigarama. Ni muri iyo ntumbero ikinyamakuru UBUMWE cegereye abantu batandukanye bishinze kurwanya amabi akorerwa abakenyezi kugira bamenyeshe aho umugambi wo kurwanya ayo mabi ugeze.Uko umwaka utashe uburundi burifatanya n’amakungu mu gutunganya isekeza ry’iminsi 16 yahariwe  kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ryama ritangura ku wa 25 Munyonyo rikarangira ku wa 10 Kigarama. Ni muri iyo ntumbero ikinyamakuru UBUMWE cegereye abantu batandukanye bishinze kurwanya amabi akorerwa abakenyezi kugira bamenyeshe aho umugambi wo kurwanya ayo mabi ugeze.


Ibimaze gukorwa ni vyinshi naho intambwe ikiri ndende
Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira, Martin Nivyabandi yamenyesheje ko isekeza ry’iminsi 16 yahariwe amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ryatangujwe icese kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo mu ntara ya Kirundo aho Reta ifadikanije n’amashirahamwe n’ imigwi yose y’abarundi  barimbuye ibimaze gukorwa, bongere barabira hamwe icokorwa kugira amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme aranduranwe n’imizi.  Yabandanije asigura  igituma bavuga amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme kandi hariho n’abagabo bayakorerwa, ko ari uko abigeme n’abakenyezi  aribo benshi bashikirwa n’ayo mabi ku bice birenga 80 %. Nivyabandi yamenyesheje ko ashima  ko Uburundi buhimbaje iyi minsi 16 hari hitegeko ryagenewe  guhana no guhasha ayo  mabi ajanye no guhohotera abakenyezi n’abigeme. Ngo ingingo y’Umukuru w’igihugu yahamagarira abajejwe intwaro ko bofasha ababana bose nk’umugore  n’umugabo bidaciye mu mategeko  bokwandikwa yarafashije kuko uko kubana bidaciye mu mategeko abagabo baravyitwaza mu guhohotera abakenyezi babana. Ubu ingo zo mu Burundi zishika 90% zirazwi n’amategeko. Ku bwa Nivyabandi, ngo hariho akarusho kubona hariko harashingwa ku bwinshi amashirahamwe y’abagabo arwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Ngo ivyo vyerekana yuko abagabo bariko barafata iya mbere mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Uwu mushikiranganji arashima ko hariko havuka ibigo vyo gukinga amabi akorerwa abakenyezi, hambavu y’ikigo  «  Humura » hamaze kuvuka ibindi bigo bitatu ic’i Makamba, i Muyinga no mu Cibitoke. Ikindi kiriko kirafasha ngo ni uko habaye inama nkarishabwenge nyinshi zatunganirijwe ibigo bijejwe ingo n’imiryango kugira bishobore gufasha abantu baje bavyitura bakorewe ayo amabi. Umushikiranganji Nivyabandi yamenyesheje ko naho ibimaze gukorwa atari bike, intambwe ndende cane kuko Uburundi buvuye  kure cane. Ngo ikiri ingorane ziracariho  aho usanga abajejwe umutekano bakingira ikibaba abantu batwaza inda abana b’abanyeshure. Ingingo nshasha ni uko umuntu azotwaza inda akihakana umwana atazokwihanganirwa, azohanwa bimwe bikomeye kuko bimaze kugaragara ko abanyeshure bashika 4000 bamaze gutwara inda, hatavuzwe abigeme batiga batwara inda z’indaro. Nivyabandi yahamagariye abigeme n’abakenyezi guca ubwenge bakamenya ko kurondera se w’umwana ari uburenganzira bwabo kuko ubu hariho ubuhinga bwo kwa muganga bukoreshwa  kugira ukuri kumenyekane ariko biciye mu butungane.

Amashirahamwe arashima kubona hari itegeko rijanye no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme 
Icegera c’uwurongoye ihuriro ry’amashirahamwe y’abakenyezi aharanira amahoro (Réseau femme et paix), Pascasie Barampama yamenyesheje ko iyo minsi 16 yama iharirwa amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ari nk’inkabuzo ituma abo vyega bose barabira hamwe aho bagejeje kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Yabandanije amenyesha ko ari iminsi yo kwibuka abakenyezi benshi n’abigeme bashikirwa n’amabi afatiye ku gitsina. Ngo ni iminsi  amashirahamwe yirimbura akaraba ivyagenze neza mu bijanye n’ukurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, ivyagenze nabi bagaca biha umwanzuro y’ivyo bagiye gukora. Umupfasoni Barampama yamenyesheje ko mwihuriro ishirahamwe « Réseau femme et paix » bakorera mu makaritiye yo ku nkengera y’igisagara aho bafasha abakenyezi bahohotewe  mu kubajana kwa mu muganga no mu kubaronderera abababuranira. Yabandanije amenyesha ko bafasha abakenyezi kuvuga ivyabashikiye bigatuma baja mu bandi bagaserura ivyiyumviro hanyuma ntibaheze ngo baruhe mu mutwe. Barampama yamenyesheje ko bahimiriza abakenyezi kuja hamwe kugira barwanirize hamwe amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Abo bakenyezi bagiye hamwe ngo iyo hagize uwuhohoterwa baramutabariza bakamujana kwa muganga iyo bikenewe bakanamufasha kwitura inyamiramabi. Iryo huriro ry’Ishirahamwe « Réseau femme et paix » ngo rirafasha abakenyezi bagiye hamwe kwiyungunganya kuko vyagiye biraboneka ko umukenyezi ataco azana mu muryango ariwe usanga ahohoterwa kurusha abandi. Ku bwa Barampama, ngo iyo umukenyezi yishoboye, adasega aba ari ikintu gikomeye.Umupfasoni Barampama arashima kubona hari itegeko rijanye no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme kuko amashirahamwe arwanira agateka k’abakenyezi n’abigeme hamwe araterera ivyiyumviro vyagiye muri iryo tegeko rishasha. Barampama yizeye ko iryo tegeko rizozana akarusho mu bijanye no kurandurana n’imizi amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. 

Amabi akorerwa abakenyezi  n’abageme ateye isibe kwisi yose
Icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’abakenyezi AFJO, Yolande Nintunze yamenyesheje  ko iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ari akaryo keza kugira abo bose biyemeje kurwanya amabi afatiye ku gitsina bakubite agatima mpembero barabire hamwe aho bateje ikivi, ni ukuvuga ivyagenze neza vyo gushigikira. Yabandanije amenyesha ko iyo minsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ikenewe cane kuko ari akanya ko kwicara hamwe bakiyumvira ibikorwa vyoshirwa imbere y’ibindi kugira amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme aranduranwe n’imizi. Ngo abarwanira agateka kazina muntu, abakenyezi n’abigeme badasigaye inyuma bararonka akaryo ko kwicarana bakarabira hamwe icokorwa kuko ntawokwirengangiza ko ayo mabi ateye isibe mu gihugu mbere no kw’isi yose. Ivyigwa vyakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho iterambere ry’umukenyezi (ONU Femme) ngo vyerekana ko umukenyezi umwe kuri batatu kw’isi  akorerwa amabi  afatiye ku gitsina. Ngo hariho amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ugasanga barabirenzako uruho rw’amazi ababikoze  ntibahanwe. Naho biri uko, Nintunze yamenyesheje ko akarusho  kariko karaboneka  ku bijanye no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme  kuko hari itegeko inomero 1/013 ryo ku wa 22 Nyakanga 2016 rijanye no gukinga, gukingira abahohotewe n’uguhasha amabi afatiye ku gitsina. Yabandanije atera   akamo abakenyezi ko bofatana mu nda bagashigikira ababa bahohotewe, umukenyezi wese ikibazo kijanye n’amabi akorerwa abakenyezi  n’abigeme akakigira rwiwe. Abagabo abasaba nabo nyene  gushigikira abakenyezi muri urwo rugamba  kuko ayo mabi akozwe umuryango urasambuka eka niterambere ry’igihugu rigasubira inyuma abahohotewe ngo botinyuka bakavuga ababahohoteye kugira bahanwe. Umupfasoni Nintunze yamanyesheje ko akengurukira Reta kubona  yarashizeho itegeko rijanye n’ukurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, akagirako ayisaba ko iryo tegeko ryokurikizwa  ukudahana amabi akorerwa abakenyezi bigasigara ari umugani mu gihugu.
Aline Kanyana

 
Ouvrir