Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakokayi b’abakenyezi bamenyesha ko bitabereye ko ba inarugo bama bazeye vyose ku banega babo

 

DSCmanamao ffgt0306Umwuga wose urabeshaho uwuwukora ukanamuteza imbere mu gihe awukoranye umwete n’ubwira ari co gituma bitabereye ko abakenyezi bama bazeye vyose ku banega babo.Umwuga wose urabeshaho uwuwukora ukanamuteza imbere mu gihe awukoranye umwete n’ubwira ari co gituma bitabereye ko abakenyezi bama bazeye vyose ku banega babo.Ivyo vyamenyeshejwe n’abakenyezi bahurikiye mu runani rw’amashirahamwe y’abakokayi bakorera mu gisagara ca Bujumbura mu kiganiro bahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 23 Nyakanga 2018.Angelique Kwizera amaze imyaka 10 akora akazi k’ubukokayi ku gituro c’imiduga co ku Musaga Justine Uwimana nawe amaze imyaka 13  akora ku gituro co kw’isoko ya COTEBU bose bakaba ari abapfakazi baronse ako kazi bagiye gusubirira abagabo babo bitavye Imana.Bamenyesheje ko muvyo bajejwe ari ugufasha ingenzi mu rupfasoni bakabereka imiduga bifuza  gufata aho ihagaze mu gihe babaye benshi bakabashira ku mirongo kugira ntihabe imisunikano canke ubusuma.  Ako kazi rero ngo  kababereye inyishu y’ibibazo barimwo kuko abagabo babo bamaze gupfa ntibabona uko bazobandanya babaho, babeshaho n’imiryango yabo. Ngo kuko bagatanguye batakayoboka  n’abandi bagore benshi  batabatahura bivugira ko ari akazi k’abagabo gusa.N’aho biri uko abagakora  baragakenguruka cane kuko ngo karababeshejeho n’imiryango yabo, bagashobora kuriha inzu, bakarungika abana kw’ishure, bakikenura no mu tundi twose ku munsi ku munsi kuko ngo ntwakenerwa iyo baronse abiyunguruza  benshi baronka amafaranga menshi, baronse bake naho bakaronka make ariko ngo ntibashobora kubura baragabura ata wandya wangura bakaza hasi ndetse n’abagabo bakorana ntibabarenganya ngo ni ukubera ari abagore, vyose babikora mu mwumvikano n’ukwubahana.Mu kurangiza ikiganiro bahamagariye abagore bose guhaguruka ngo kuko barashoboye, bakore akazi ako ariko kose gashobora kubateza imbere .Bareke kwama bateze amashi abagabo babo, bategure kazoza  kuko ibihe birashobora guhinduka umugabo agapfa ubuzima bw’umuryango wose bugaca buhagarara canke  bagaca bihereza amabarabara baja gusegerereza.Barongeye basaba abakoresha batanga akazi gushira imbere ineza y’abakenyezi, ntibabime akazi bitwajeko batabishobora, basezereye ivy’ukuvuga ngo umugore ntiyubaka inzu,ntasakara n’ibindi.                             

  Josélyne Ndayegamiye

 

Ikoreshwa ry’indimi z’igiswahili n’icongereza mu muryango wa EAC rizozana akarusho ku bihugu biwugize

 

vbvbfggUmukuru w’ ishirahamwe rifasha kwigisha indiimi z’igiswahili n’icongereza (EACESDA), Levis Dotto Niyonkuru amenyesha ko ikoreshwa ry’rindimi z’igiswahili n’icongereza mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) rizozana akarusho ku bihugu biwugize, akaba ari naco gituma hari abarundi biyumviriye gutanguza iryo shirahamwe,mbere n’abarundi bakaba bararyijukiye mu ntumbero yo kwiga izo ndimi.Ivyo akaba yabishikirije ikinyamakuru UBUMWE ku wa 21 Nyakanga 2018.Umukuru w’ ishirahamwe rifasha kwigisha indiimi z’igiswahili n’icongereza (EACESDA), Levis Dotto Niyonkuru amenyesha ko ikoreshwa ry’rindimi z’igiswahili n’icongereza mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC) rizozana akarusho ku bihugu biwugize, akaba ari naco gituma hari abarundi biyumviriye gutanguza iryo shirahamwe,mbere n’abarundi bakaba bararyijukiye mu ntumbero yo kwiga izo ndimi.Ivyo akaba yabishikirije ikinyamakuru UBUMWE ku wa 21 Nyakanga 2018.Nk’uko yabandanije abivuga, ngo ururimi rw’Igiswahiri rurakoreshwa mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika cane cane ku mirwa mikuru. Mu karere ka Afrika y’ubuseruko, Igiswahili kizozana iterambere kuko ururimi rufasha abantu kuvugana ari intango kugira umuntu atangure ibikorwa vyinshi cane cane urudandazwa n’imigenderanire. Abasanzwe barahejeje amashure rero ngo bakwiye gushira mu bikorwa ivyo bize n’ugutembera bagatembera kuko akanyoni katagurutse katamenya iyo bweze.

Niyonkuru yabandanije amenyesha ko mu bihugu bihurikiye muri uwo muryango hakoreshwa cane izo ndimi zibiri mbere nabo ngo barakenera cane abafasha kwigisha ururimi rw’Igifaransa. Abahinga rero bize mu Burundi ururimi rw’Igifaransa bokoresha Igiswahili bakaja kumenyekanisha ururimi rw’Igifaransa mu bihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Barashima ko ibihugu biri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bizoshiraho isoko rusangi. Igihe rero itanguye abarundi bose bamaze kumenya izo ndimi vyotuma Uburundi buhatorera akoyoko. Eka mbere n’amashure yose ubu arigisha Igiswahili. Barigisha kandi abarwizatunga mbere n’abandi bose bavyipfuza kandi bamwe bose bigishwa hisunzwe urugero rw’amashure baba barize. Igihambaye rero ngo barigisha ururimi rw’igiswahili,hamwe n’ imico n’imigenzo bijanye. Intumbero y’iryo shirahamwe EACESDA ngo bipfuje gufasha Reta y’Uburundi mu mugambi wo kwigisha izo ndimi kuva mu mashure y’intango gushika muri za kaminuza kugira bafashe abigisha gutanga inyigisho z’akanovera mu mashure y’intango. Aho ngo baravye ko amashure y’intango ari menshi, Reta bikaba bitokunda ko ifashiriza rimwe abo bigisha mu mwanya umwe no ku rugero rumwe. Baboneraho akaryo ko gushimira Reta ko yaciye iborohereza kubaha uruhusha rwo gutangura kwigisha izo ndimi.Aho rero ngo baraheza bagahimiriza urwaruka gukunda izo nyigisho kuko ngo umwana umwigishije utamwereka akamaro k’izo nyigisho ntaheza ngo agire umwete. Intambamyi rero ngo ni uko bataronka ibikoresho bikwiye, bagasaba ko Reta, amashirahamwe yitaho indero ko bobafata mu mugongo kugira babandanye batanga inyigisho z’akanovera. Niyonkuru yamenyesheje kandi ko bafise igisata co guhindura indimi zitandukanye no gufasha ababurana basanzwe batazi Ikirundi.Niyonkuru amenyesha ko Reta yomenya ko iryo shirahamwe riri ku kivi cane cane ikabandanya ihimiriza mbere bishobotse amashirahamwe akarihira uburyo ababa bipfuza kwiga izo ndimi. Ngo bagiye gutanguza umugambi wo kubandanya bafasha ababa bananiwe ikibazo c’ishure shingiro kugira babigishe imyuga ariko bakabanza kubigisha izo ndimi kuko bikenewe cane.

Nzosaba Ferdinand (Uwimenyereza)                                                                  

 

Abantu bose basabwa gufata ingingo yo kurwanya ivyo vyose bishobora kuba inyanduruko y’indwara z’umutima

looolooMu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umutima, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA bufadikanije n’ishirahamwe ry’abaganga banonosoye ivy’indwara z’umutima   (societe burundaise de cardiologie) bararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira bamenyeshe ingene uwo umunsi mukuru watunagnijwe.Kabaye n’akaryo ko guhanura abantu bose ngo birinde ivyo vyose vyoba inyanduruko y’indwara zifatira mu mutima.Twobamenyesha ko ico kiganiro cabereye mu nyubakwa z’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge ku wa 26 Nyakanga 2018,nayo icivugo c’uwo munsi mukuru c’uwu mwaka kikaba ari « Umutima wanje, umutima wawe ».Nk’uko babimenyesheje miri ico kiganiro, ngo uwo munsi mukuru watanguye guhimbazwa kuva mu mwaka w’ 2000, ukaba wama uhimbazwa igenekerezo rya 29 Nyakanga uko umwaka utashe.Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umutima, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA bufadikanije n’ishirahamwe ry’abaganga banonosoye ivy’indwara z’umutima   (societe burundaise de cardiologie) bararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru kugira bamenyeshe ingene uwo umunsi mukuru watunagnijwe.Kabaye n’akaryo ko guhanura abantu bose ngo birinde ivyo vyose vyoba inyanduruko y’indwara zifatira mu mutima.Twobamenyesha ko ico kiganiro cabereye mu nyubakwa z’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge ku wa 26 Nyakanga 2018,nayo icivugo c’uwo munsi mukuru c’uwu mwaka kikaba ari « Umutima wanje, umutima wawe ».Nk’uko babimenyesheje miri ico kiganiro, ngo uwo munsi mukuru watanguye guhimbazwa kuva mu mwaka w’ 2000, ukaba wama uhimbazwa igenekerezo rya 29 Nyakanga uko umwaka utashe.Umuyobozi arongoye umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya indwara ngendanwa kandi zitandukira, muganga Nocenti Nkurunziza ari nawe yari yaserukiye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, yaramenyesheje ko indwara y’umutima iza ubwa mbere mu ndwara zica ngo  ikaba ihitana ica gatatu c’abapfa mu kiringo c’umwaka . Muri ivyo bihugu, abantu bababa ibice 46% bagendana indwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso nayo ikaba ari imwe mu ndwara zibangamira umutima cane. N’ubwo mu Burundi ata matohoza  yerekeye urugero rw’iyo ndwara arakorwa, muganga Nocenti Nkurunziza yamenyesheje ko bafatiye ku biharuro n’ivyigwa vyagiye birakorwa, basanze ibice vyababa 30% vy’abarenza imyaka 30, hamwe n’ibice 25% vy’abana bagendana iyo ndwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso. Mu ntumbero yo kwifatanya n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ry’amagara y’abantu mu kugwanya iyo ndwara, uwo muyobozi yarongeye aramenyesha ko Reta y’Uburundi yafashe umugambi wo kuduza amakori ku bidandazwa bitera indwara z’umutima nk’itabi n’imfungurwa zose zirimwo amavuta n’ibinure. Amahera rero  avuye muri ayo  makori ngo araheza agafasha mu kuvura abasinzikajwe n’izo ndwara z’umutima.Muganga Mariko Nimburanira arongoye ishirahamwe ry’abaganga banonosoye ivy’indwara  z’umutima yamenyeshe ko kubera iyo ndwara yica abantu benshi kandi bakiri bato, haciye hashirwaho umunsi wo kuyirwanya kugirango abantu bafate umusi wo kuza baribukanya ibituma umutima uhungabana. Ivyo navyo akaba ari :indwara y’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kunywa itabi, kutagira ikarashishi, kugira ibinure vyinshi mu mubiri, kugira ibiro vy’umurengera n’ibindi. Umuntu uwo ariwe wese rero akaba ahamagariwe gufata imigambi yo kurwanya ivyo vyose bituma haba indwara z’umutima nk’ukutanywa itabi, kwijukira gukora ikarashishi no kwihereza imfungurwa zirwiriyemwo ivyamwa, imboga, zigabanijwemwo umunyu n’isukari. Yaramenyesheje kandi ko icivugo c’uwu mwaka « Umutima wawe, umutima wanje », catowe kugira batumirire uwo ariwe wese kugira ico yiyemeje mu kurwanya bimwe bihagije indwara zoza zifata umutima wiwe n’umutima wa mugenzi we. Tubamenyeshe ko ku wa 28 Nyakanga 2018 , habaye ihuriro ry’abanganga banonosoye ivyo kuvura indwara z’umutima aho bagarutse ku bituma nyamukuru indwara y’umutima yiyongera. Baboneyeho n’akaryo ko gushikiriza intambamyi ivurwa ry’iyo ndwara rihura nazo. Izo ntambamyi nazo zikaba ahanini ari ikena ryabanonosoye ivy’iyo ndwara, aho n’abahari bakorera mu gisagara ca Bujumbura gusa. Iyindi ntambamyi ni amikoro make y’abafashwe n’iyo ndwara .Muganga Mariko Nimburanira yaboneyeho akanya ko guhimiriza uwo ariwe wese kugira ico aterereye mu gukinga iyo ndwara no gufasha abatishoboye kuronswa ibipimo n’ imiti  yo gupfupfahaza kuko bizimvye.

Gloriose Nshimirimana na 

Arsène Ingabire (Uwimenyereza)


 .Gloriose Nshimirimana na Arsène Ingabire (Umenyereza)

 

 

Ihuriro ry’abagendana ubumuga rigiye kuvuka bashobore kwitorera abazobaserukira mu nzego zifata ingingo

 

HDC13Mu ntumbero yo gushira mu ngiro poritike y’igihugu irwanya ivyiyumviro vyo gukumirana, Reta y’Uburundi igiye gushiraho amategeko agenga abagendana ubumuga kugira bashobore kuronka ibibanza mu nzego zifata ingingo. Mu kiganiro yatanze mu kinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 2018, uwurongoye urunani rw’abagendana ubumuga FATHB, Cassien Bizabigomba yamenyesheje ko mu nteguro y’itegeko rizogenga abagendana ubumuga hasabwe ko Reta yotegekanya ibibanza vy’abaserukira abandi mu nzego zitandukanye. Yabandanije amenyesha ko abarongoye inani z’amashirahamwe y’abagendana ubumuga bafadikanije n’abaserukira Reta bariko bariga ukungene hovuka ihuriro ry’abagendana ubumuga kugira bashobore kwitorera ubwabo abazobaserukira mu nzego zifata ingingo. Ngo abarongoye inani z’abagendana ubumuga bafadikanije n’abaserukira  ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumura  baratanze ivyoshirwa mu nteguro y’itegeko rigenga abagendana ubumuga ku neza yabo. Bizabigomba yamenyesheje ko afise icizere ko mu matora y’umwaka w’2020, abagendana ubumuga bazoshobora kwitorera ababaserukira bazi neza ibibazo vyabo biciye mw’ihuriro ry’abagendana ubumuga. Yabandanije amenyesha ko naho abagendana ubumuga baja mu migambwe usanga badahabwa ibibanza bibabereye n’uwo bizeye ntaheza ngo yibuke gushira imbere ibibazo vy’abagendana ubumuga.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro poritike y’igihugu irwanya ivyiyumviro vyo gukumirana, Reta y’Uburundi igiye gushiraho amategeko agenga abagendana ubumuga kugira bashobore kuronka ibibanza mu nzego zifata ingingo. Mu kiganiro yatanze mu kinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 2018, uwurongoye urunani rw’abagendana ubumuga FATHB, Cassien Bizabigomba yamenyesheje ko mu nteguro y’itegeko rizogenga abagendana ubumuga hasabwe ko Reta yotegekanya ibibanza vy’abaserukira abandi mu nzego zitandukanye. Yabandanije amenyesha ko abarongoye inani z’amashirahamwe y’abagendana ubumuga bafadikanije n’abaserukira Reta bariko bariga ukungene hovuka ihuriro ry’abagendana ubumuga kugira bashobore kwitorera ubwabo abazobaserukira mu nzego zifata ingingo. Ngo abarongoye inani z’abagendana ubumuga bafadikanije n’abaserukira  ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumura  baratanze ivyoshirwa mu nteguro y’itegeko rigenga abagendana ubumuga ku neza yabo. Bizabigomba yamenyesheje ko afise icizere ko mu matora y’umwaka w’2020, abagendana ubumuga bazoshobora kwitorera ababaserukira bazi neza ibibazo vyabo biciye mw’ihuriro ry’abagendana ubumuga. Yabandanije amenyesha ko naho abagendana ubumuga baja mu migambwe usanga badahabwa ibibanza bibabereye n’uwo bizeye ntaheza ngo yibuke gushira imbere ibibazo vy’abagendana ubumuga.Mu vyerekeye gutunganya amatora, Bizabigomba yamenyesheje ko inani z’abagendana ubumuga zasavye umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI ko  abagendana ubumuga bokoroherezwa mu gushika mu  tuzu tw’amatora ni ukuvuga ko hokorwa ibishoka vyose umuntu uko aba ari kose agashobora  kworoherwa mu kwitorera indongozi  ku buryo ataworeka kwitaba amatora bivuye kukungene aremwe. Ngo mu matora aheze yo mu mwaka w’2015 eka n’ayo mu mwaka w’2010, abagendana ubumuga bwo kutabona barahuye n’ibibazo vyo kutitorera ababarongora aho abari bahagarariye amatora bashatse kubaha ababafasha nabo ntibavyemera baca bahitamwo guheba amatora kuko batatahura ukungene bofashwa n’abo batizeye kandi bari bifitiye abo bizeye.Ngo iyo bakoresha ya nyandiko y’abagendana ubumuga bwo kutabona ntibari kurindira uwuza kubafasha. Ngo ku bantu bafise ubumuga bwo kutumva no kutavuga nabo ntiborohewe  mu kwitaba amatora kuko hariho amatangazo yasomwe mu gihe c’amatora ariko ntibayatahuye. Ngo birakwiye ko amatangazo ku bijanye n’amatora aca ku mboneshakure botegekanya uwusigurira abagendana ubumuga bwo kutumva akoresheje ibimenyetso. Bizabingomba asaba ko mu matora azokurikira abagendana ubumuga  bokworoherezwa bakitorera  indongozi zibafitiye akamaro ku kinyamakuru UBUMWE. 
Aline Kanyana

 

Abadandaza bafise ibibanza mw’isoko yo kw’Ijabe basabwa kubitunganya neza mu kiringo c’indwi imwe

 

2018Abadandaza bo mw’isoko iheruka gusubirwamwo mw’ijabe basabwa gutunganya neza  aho banda ibidandazwa vyabo mu kiringo c’indwi imwe. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwuserukira abadandaza akaba ari  no murwego rujejwe gusubiza abadandaza muri iryo soko, Bernard Nduwimana ;  mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga 2018.Abadandaza bo mw’isoko iheruka gusubirwamwo mw’ijabe basabwa gutunganya neza  aho banda ibidandazwa vyabo mu kiringo c’indwi imwe. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwuserukira abadandaza akaba ari  no murwego rujejwe gusubiza abadandaza muri iryo soko, Bernard Nduwimana ;  mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga 2018.Bernard Nduwimana  yamenyesheje ikinyamakuru UBUMWE ko imyiteguro yo kwimukira mw’isoko rishasha isa niyarangiye, hasigaye ibikorwa vya bene ibibanza,  bakaba barekuriwe gutangura kwubaka imbere mu bibanza guhera ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 20 gushika kuwundi wa gatatu igenekerezo rya 27 Nyakanga.Iyo minsi irangiye  bazohuriraho ku munsi wa kane igenekerezo rya 28 Nyakanga bumvikane umunsi abadandaza bo kwimukira rimwe bose atawusigaye mw’isoko mfatakibanza bahoramwo.Yabandanije amenyesha   ko bafashe iyo ngingo mu ntumbero  yo kwurwanya ubusuma, bwoshobora gushika mugihe bimutse  isabi sabi . Isoko ya jabe  ikaba irimwo ibibanza bigera ku 2000, ikibanza kimwe kimwe kikaba gipima imetero 2n’ibice 40 hasi kuri 3 n’ibice 5 z’uburebure. Bernard Nduwimana yongeye aramenyesha  ko iryo soko rya jabe ryubatse ku buryo bwa kijambere; hubakishijwe ivyuma; amabarabara aca hagati mw’isoko akaba akwije ibisabwa n’amategeko; amazi akaba yarashizweyo  ku buryo habaye impanuka vyokworoha gutabara.Kucerekeye  abari basanzwe bafiseho ibibanza bose barabironkejwe  kiretse abadandaza amavuta n’imiti kuko  ivyo bidandazwa bitarekuriwe kwinjira mw’isoko, abo nabo bakaba  bazobironswa inyuma y’isoko.Yasozereye   atera akamo abadandaza bataraheza kuriha ishirahamwe ryabubakiye hamwe n’abaheraniye igisagara ca Bujumbura  ko bokwihuta  kuriha kugira binjire isoko atawugiheranye.
Alice Niyoyigirira (Uwimenyereza)

 

Mu Nama Nshingamateka Igitabu kizofasha gutunganya gushasha imishahara kizoba cabonetse mu mpera z’uno mwaka

 

DSC 0yyty346 2Mu kwezi kwa Kigarama 2018, igitabu kizofasha gutunganya gushasha imishahara y’abakozi kizoba camaze kuboneka. Mu ntango z’umwaka w’2019, ico gitabu kizoca gishikirizwa ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta kugira butunganye ibijanye no guharura uburyo bukenewe mw’ishirwa mu ngiro rya poritike nshasha ijanye n’imishahara y’abakozi ba Reta. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi, Félix Mpozeriniga, ku wa 26 Nyakanga 2018, aho yariko yishura ibibazo vy’abashingamateka, ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’umukuru w’urwego rw’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda.Mu kwezi kwa Kigarama 2018, igitabu kizofasha gutunganya gushasha imishahara y’abakozi kizoba camaze kuboneka. Mu ntango z’umwaka w’2019, ico gitabu kizoca gishikirizwa ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta kugira butunganye ibijanye no guharura uburyo bukenewe mw’ishirwa mu ngiro rya poritike nshasha ijanye n’imishahara y’abakozi ba Reta. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi, Félix Mpozeriniga, ku wa 26 Nyakanga 2018, aho yariko yishura ibibazo vy’abashingamateka, ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe n’umukuru w’urwego rw’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda.Mu bibazo vyabajijwe umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi, Félix Mpozeriniga vyari bijanye n’ibibazo bihanze abakozi ba Reta. Muri ivyo bikorwa, abashingamateka barashima kubona amayegereyegere yaragabanutse mu kazi. Ivyo ngo ahanini vyavuye kuri wa murwi w’igihugu ujejwe kuremesha ibiganiro hagati y’abakozi n’abakoresha CNDS. Muri ico kiganiro, abashingamateka barashatse kumenya imirimo y’uwo murwi, kuri ico kibazo, umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi yamenyesheje ko uwo murwi ujejwe guteza imbere ingendo yo ngukinga amatati hagati y’abakozi n’abakoresha, guterera mu gushiraho amategeko agenga akazi hamwe no gushiraho ivyankenerwa kugira akazi kagende neza.Ku kibazo co kumenya abagize uwo murwi, Félix Mpozeriniga yasiguye ko ugizwe n’abantu 21 harimwo abantu 7 baserukira abakozi, abantu 7 baserukira abakoresha hamwe n’abantu 7 baserukira Reta. Mu gihe umurwi CNDS ugeze ku rwego rw’intara, abashingamateka barasavye ko woshika gukorera mu makomine narirya hari abarwizatunga bariko barashinga amashirahamwe yo kurwiza umwimbu. Kuri uwo mwitwarariko w’abashingamateka, umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi, Félix Mpozeriniga yamenyesheje ko uwo murwi ukoresha uburyo butanzwe na Reta, aho yaboneyeho akaryo ko gusaba ko igihe hazokwigwa itegeko risubiramwo amafaranga Reta ikoresha boduza ubwo buryo kubera ivyigwa vyo gushikana ibikorwa vy’uwo murwi mu makomine vyaheze.


Mu myaka 3 umurwi CNDS uriko urakora, ngo uramaze gukora ibitari bike
Mu myaka itanu umurwi CNDS uriko urakora, kubera ko wavutse muri Rusama 2013, yasiguye ko ufise ivyo umaze kurangura bitari bike haruhande yo gukinga amatati mu kazi, warafashije mu bikorwa vyo kwinjiza abigisha bashasha muri kaminuza y’Uburundi, gutatura amatati ku bitaro bikuru vy’i Makamba, kurenganura abigisha bavuga ko bafise agashahara gato ugereranije n’abo mu mashirahamwe ya Reta. Abo bigisha bakaba bamaze imyaka 3 banganishwa na bagenzi babo bo mu mashirahamwe ya Reta, aho uwufise urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza “licence”, ngo aramaze kuronswa amafaranga arenga ibihumbi 100, yaje yiyongera ku mushahara yahora ahembwa.Mu gihe amashure amaze indwi 3 atanguye, abashingamateka barashatse kumenya ibikenerwa kugira abigisha bitavye Imana canke bashinzwe ayandi mabanga basubirizwe mu kazi. Kuri ico kibazo, umushikiranganji yasiguye ko ahanini bitumwa n’abayobozi badatanga ivyegeranyo vy’abarimu bakenewe kare kugira bashobore kubikorerako. Mu mwaka uheze, aho hategekanywa gusubirizwa abigisha 1000, ngo haciye haba igikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari, igikorwa bavuga ko cabaye ngirakamaro cane. Wewe rero akabona ko ivyo gusubiriza abigisha, ahanini bipfira hasi ndetse akaba yasavye ko amabanga yo kurongora amashure yohabwa ababishoboye.Ku bijanye no kunganisha imishahara, abashingamateka barashatse kumenya ikiringo ico gikorwa gisigaje narirya ahari abakozi bo mu mashirahamwe ya Reta bahagarikiwe uturusho ku mishahara, haciye imyaka 3. Kuri ico kibazo, umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi, Félix Mpozeriniga yamenyesheje ko uwo mugambi ugeze ku mwaka ugira 3, mu nteguro uwo mugambi ukazomara imyaka 4. Inyuma y’iyo myaka 4, bagatekanya ko hazoca hatangura poritike nshasha yo gutunganya imishahara y’abakozi ba Reta. Aho igikorwa bakigejeje, ngo harabaye igikorwa co gutororokanya ubuzi n’uko bukorwa “classification des employs et des fonctions”, aho umukozi azohembwa bivanye n’akazi akora n’uburambe afise mu kazi. Mu ntumbero yo gushira mu ngiro iyo poritike y’imishahara, ngo igitabu bazofatira ko kizoba camaze kuboneka muri Kigarama 2018, ico gitabu kikazoca kirungikwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta kugira bashobore guharura uburyo bukenewe bisunze ubutunzi n’ibihe igihugu kirimwo. Abakozi begwa n’uwo mugambi wo gutunganya gushasha imishahara bakaba bababa ibihumbi 100.
Poritike yo kwegereza imirimo abanyagihugu yaragize akamaro
Ku bijanye no kumenya  poritike yo kwegereza imirimo imwe imwe abanyagihugu yagize” guichet unique provincial”, Félix Mpozeriniga yamenyesheje ko vyagize akamaro kubera ko impusha zo kugendasha imodokari zisigaye zitangirwa mu gihugu hagati. Ndetse ngo uwo mugambi ugiye kujanwa mu zindi ntara 5, izo nazo ni Bubanza, Cibitoke, Kayanza, Makamba, n’ahandi. Abashingamateka barashatse kumenya igituma abakozi bari mu kazi batagikarihirizwa ubumenyi, umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi yasiguye ko bituruka ahanini ku bihe igihugu kirimwo. Ivyo gukarihiriza ubumenyi abakozi biri mw’itegeko ryatowe mu mwaka w’2006, ico rero ngo n’ikibazo kubera ko ubuhinga bugenda burahinduka uko imyaka igenda irahera. Ubu rero ngo mu bushikiranganji butandukanye, barategekanya gutegura uko abakozi bokarihirizwa ubumenyi n’uburyo vyotwara, uwo mugambi rero ngo uri muyihutirwa gushigikirwa igihe hazoba hariko hasubirwamwo amafaranga Reta izokoresha muri Kigarama.Kw’ihagarikwa ry’akazi riri mw’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru “Lumitel”, umushikiranganji yasiguyeko amategeko yamwene ayo mashirahamwe usanga atunganije ukuntu, aho kubera ubushomeri buri mu gihugu abaronse bapfa kwemera ivyo batazi. Yaboneyeho akaryo ko gutera akamo abarundi ko imbere yo gutangura akazi, bofata akanya ko gusoma amategeko abagenga, ivyo ngo vyogabanya za yegereyegere mu kazi. Mu gihe batanga kontara y’umwaka umwe, ngo baba banka gutanga uturusho ku mishahara kubera, utwo turusho dutangwa hisunzwe uburambe mu kazi. Kubagenwa mu mabanga iyo basubiye mu kazi bigasa n’ibigorana, umushikiranganji yamenyesheje ko abo bantu bategerezwa guca basubira mu bushikiranganji baje bavamwo. Mu gihe bitagenze uko naho, abasaba kwandikira ubushikiranganji bw’akazi mu kiringo kitarenga amezi 3, iyo badasubijwe mu kazi, ngo babandanya babaharurira imishahara, itagira uturusho, aho yaboneyeho akaryo ko gukebura abakoresha babigiramwo uruhara ko hariko harategurwa itegeko ko aribo bazoheza bakariha ivyononekaye. 

 Déo Misigaro                                                                                                       

 
Ouvrir