Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Amashirahamwe amwe amwe adaharanira ivyicaro vya poritike yarahagaritswe

2121Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwarahagaritse burundu amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike kw’itegeko nshikiranganji inomero 530/1922 ryo ku wa 19 Gitugutu 2016. Ayo mashirahamwe ni FORSC, FOCODE, ACAT, APRODH , RCP. Umuvugizi w’ubushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Térence Ntahiraja yamenyesheje ko ayo mashirahamwe yari yarahagaritswe ivy’agateganyo kugira barabe ko yokwihanura. Ngo ariko yabandanije akora ibitajanye n’ivyo yiyemeje, aho ni nko kuvuga nabi igihugu cabibarutse mu makungu, kubiba urwanko mu banyagihugu hamwe n’amacakubiri. Ubwo bushikiranganji nyene bwarahagaritse ivy’agateganyo, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike kw’itegeko nshikiranganji inomero 530/1960 ryo ku wa 24 Gitugutu 2016. Ayo mashirahamwe ni COSOME, ishirahamwe rishigikira sentare mpuzamakungu CPI (Coalition burundaise pour la CPI), Ligue Iteka, SOS torture Burundi n’isendika y’abamenyeshamakuru UBJ. Ntahiraja yamenyesheje ko ayo mashirahamwe aza aratanga ivyegeranyo ku Burundi bitarivyo, akaza aratera ibikumu ku nzandiko zityoza Uburundi. Ngo ayo mashirahamwe arashobora kwitura ubutungane nk’iyo yabonye ko ari abarongozi bayo bafashe ingingo batabajije abanywanyi. Muri ico gihe ngo ayo mashirahamwe araheza agatunganya amatora agashiraho indongozi zishasha.

Aline Kanyana

 

Mu gisagara ca Bujumbura : Ingingo yo kwirukana abahora badandariza mw’irembo rya «Le Grenier» irashimwa n’abahakorera

DSC 0325Abadandariza mu nyubakwa iri hafi y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura «Le Grenier» barashima ingingo yafashwe yo kwirukana abahora badandariza ivyamwa hamwe n’imboga hanze kuko bitera akajagari. Ngo ivyo vyose bakabishimira umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa. Aho hari kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 2016. Umupfasoni umwe adandariza muri Le Grenier Goreth Kanyange yamenyesheje ko ashima ingingo yafashwe yo gukura abakenyezi badandariza ivyamwa hamwe n’imboga ahahora isoko ya Bujumbura kuko bababuza kuronka ababagurira bitumwe n’uko bahagarara ku muryango bakababuza kwinjira. Ngo ubu barashima ko babakuyeho kuko abaguzi binjira neza bagasuma mu mutekano. Ngo mbere ubu bararonka amahera yo kuriha ibibanza kubera babakuyeho. Yaravuze kandi ko abagura ivyamwa canke imboga baca bagurira abadandariza hanze kubera babibaha bizimbutse cane kubera batariha ibibanza nabo bagaca bahomba. Yarongeye aramenyesha ko ubu n’abadandariza mu kibanza batekanye kubera kare baza baragenda kudandariza hanze kugira baronke amahera yo kuriha ikibanza. Goreth Kanyange yarongeye aramenyesha ko harimwo abagarutse bamwe bamwe kudandariza mu gisagara ca Bujumbura bagasaba ko bokwongera bakababuza bagasubira iyo babashize kugira ntibongere kwononera abadandariza mu kibanza. Yarasavye kandi ko abajejwe kubakura mw’ibarabara bogerageza kubatuza bakagenda aho babarondereye. Yarongeye arasaba ababijejwe ko bobaza abo badandaza abadafise aho bakorera bakagerageza kubaronderera aho bakorera kuko uwo mwunga ariwo ubatungiye imiryango. Ngo ikibabaje si ikindi ni uko muri abo bakenyezi harimwo abahora badandariza muyandi masoko baguma baza kuyerereza ivyamwa mu gisagara ca Bujumbura. Umukenyezi umwe yahora adandariza ivyamwa mu gisagara ca Bujumbura ubu akaba akorera mw’isoko iri hafi y’ahahoze COTEBU yamenyesheje ko ubu bariko baramenyereza naho ata mafaranga menshi baronka ariko bakagira icizere ko bazomenyera bakaronka abaguzi. Yaravuze kandi ko badataha uko baje, bararonka makeyi.                                                                            

Thérèse Niyonkuru

 

Ishirahamwe PNUD ngo rizokwama rifasha Uburundi mu ntumbero yo kurwanya ubushomeri

DSC 0293Kw’igenekerezo rya 24 Gitugutu 2016 harabaye ibirori vyo kwinjira inyubakwa nshasha y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD Yubatswe mu gisagara ca Bujumbura.Ku ruhande rwa Reta ivyo birori bikaba vyari vyitabwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Joseph Bangurambona. Mw’ijambo ryiwe, Bangurambona yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yaterereye ibice vyababa mirongo itanu kw’ijana kugira ngo izo nyubako zubakwe, yongera akeza ishirahamwe mpuzamakungu PNUD kuri iyo nyubakwa nshasha bari baramutse binjira. Yarongeye amenyesha ko mu bijanye n’imigenderanire ishirahamwe PNUD rikorana neza na Reta , na cane cane mu migambi yo kurwanya ubukene hamwe no mu yindi migambi y’iterambere ry’igihugu. Ngo Reta y’Uburundi irashima kandi imfashamnyo ya PNUD mu bijanye n’isubirwamwo ry’intwaro, ugutsimbataza intwaro ibereye, ugufasha abahuye n’impanuka hamwe no kubungabunga amahoro. Yabasavye ko izo nyubakwa Reta yaterereyemwo zofasha ahanini Uburundi mu kurangura imigambi ikenewe. Uwuserukira ishirahamwe PNUD mu karere M.Paolo Lembo nawe yamenyesheje ko iyugururwa icese ry’izo nyubakwa ryahuriranye n’ihimbazwa ry’imyaka 71 iheze amasezerano ashinga mpuzamakungu ONU ashizweko umukono ngo hakaba hari haheze n’ imyaka 42 ishirahamwe PNUD rikorana na Reta y’Uburundi. Ngo iryo shirahamwe kandi riramaze gufasha Reta ibitari bike mu bijanye no kugarukana amahoro igihe Uburundi bwari mu ntambara, ugusubiza mu buzima busanzwe abasirikare n’abaporisi, ugutahukana impunzi, ugufasha ba ntahonikora, ukurwanya ubukene, ugushiraho amahinguriro mato mato n’ibindi. Ngo muri iki gihe co gutsimbataza amahoro hamwe n’iterambere rirama, Uburundi burakeneye imfashanyo y’amakungu ari naco gituma PNUD izokwama ifasha Uburundi mu ntumbero yo kurwanya ubushomeri mu rwaruka. Yaranasavye Reta y’Uburundi ko yobandanya yubahiriza agateka ka zina muntu ku barundi bose no mu butandukane bwabo

Evelyne Niyonzima

 

Ishirahamwe Lisma ry’abarusiya rihingura amatara akoresha umuyagankuba rigiye gukorera mu Burundi

IMG 9594Kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu 2016, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore yarakiriye mu biro iwe intumwa zavuye mu gihugu c’Uburusiya zari zigizwe n’icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’ umushikiranganji ajejwe ivy’amahinguriro n’iterambere ry’ubuhinga mu ntara ya Mordovie, Sedov Aleksandr Ivanovitch, umuyobozi mukuru w’ihinguriro Lisma Konstantinov Igor n’umuyobozi mu vy’ubutunzi Ermakov Sergey. Nk’uko umuvugizi mu biro vy’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Isidore Ntirampeba yabimenyesheje inyuma y’uwo mubonano, ngo urugendo rwabo rwaje rukurikira izindi ngendo zakozwe n’ intumwa z’Uburundi zagiye zigendera ico gihugu. Rero ngo baje   mu ntumbero yo kuraba uko Uburundi bwokorana neza n’abarwizatunga bo mu gisata c’amahinguriro n’imitahe. Ngo bakaba bari bazanywe no gushinga ishami ry’ishirahamwe Lisma, iryo shirahamwe ngo rikaba riza ryarashinzwe mu Burundi, kandi bakaba bagiye gukora ibijanye no guhingura amatara atanga umuco w’umuyankuba ngo narirya mu Burundi hari ikibazo c’umuyagankuba. Ayo matara rero ngo akazoca adandazwa haba mu Burundi canke mu bihugu vyegereye Uburundi. Ngo baremeye ko inyuma yuko ishirahamwe ryabo rishinzwe mu Burundi hazokurikira ibindi bikorwa bituma batangura gukora bagasohora ayo matara bakongera bakayadandaza, ngo hakaba hari n’ibindi bikorwa vyo gushigikira iterambere bipfuza kuzokora muri kazoza . Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore ngo akaba yarakengurutse intambwe bashitseko na cane cane ko imigambi y’izo ntumwa ari iyiza ihura neza n’ivy’Uburundi bwipfuza kandi bushira imbere kugira bushike kw’iterambere nyakuri. Ivyo rero ngo bikaba bizozanira akarusho abarundi kuko ngo bazozana ibikoresho bigezweho bazokoresha muri iryo hinguriro rijanye n’ubuhinga bwa none kandi ngo bakaba bazohingura amatara atagira ingaruka ku magara y’abantu kuko asanzwe atarimwo ico bita «mercure» Ngo ico kikaba ari   igikorwa giteza imbere abarundi kitabasinzikarije amagara .

Evelyne Niyonzima                            

 

Ibisata vya Reta bizokwongererezwa inguvu kugira bishobore kurangura imirimo yavyo neza

DSC 0318Umugambi ujejwe kwongerereza inguvu ibisata vya Reta mu ntumbero yo kurwiza ubutunzi bw’igihugu (PRCIEG) waratangujwe icese kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2016 i Bujumbura. Ijambo nyamakuru ryo gutanguza icese ibikorwa vy’uwo mugambi ryashikijwe n’uwaserukiye umushikiranganji w’ikigega ca Reta, ugushira mu minwe y’abikorera utwabo amashirahamwe ya Reta no gutunganya imigambi y’iterambere mbere akaba n’umwunganirizi w’ubwo bushikiranganji, Pierre Sinarinzi.Yabanje gushimira cane ibisata vy’Ibanki y’isi yose vyatanze uburyo kugira ngo uwo mugambi ushobore gutegurwa. Ngo uzofasha guhubura ibisata vya Reta nka OBR, Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, igisata kijejwe kurondera no gutunganya ibiharuro vyerekeye ubutunzi bw’igihugu ISTEEBU n’igisata gikurikirana ivy’ubutare uzotuma haba akarusho ku mwimbu w’igihugu. Nk’uko umwunganirizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, Pierre Barusasiyeko yashishikaye abishikiriza, ngo kwungura ubumenyi abari muri ivyo bisata bizotuma ubutunzi bw’igihugu bwiyongera kandi ngo ni umugambi Reta yiyemeje gushira mu ngiro. Pierre Barusasiyeko yarerekanye ko mu gihe hoba ishaka ryo gushira mu ngiro neza uwo mugambi hazoboneka akarusho ku mwimbu w’igihugu. Niko gusaba abajejwe uwo mugambi kuzokorana ingoga nyinshi na cane cane mu kwama bakorana n’ibisata vyose bihurikiye muri uwo mugambi. Uwuserukira Ibanki y’isi yose mu Burundi, Nestor Koffi yarashimiye cane Reta y’Uburundi ataco idakora kugira ngo ubutunzi bw’igihugu bwisununure. Ngo umugambi wo kwongereza ubumenyi ibisata vya Reta ngo uzotuma haba ugukoresha neza uburyo bwa Reta maze ivyo na vyo bitange akarusho mw’itunga ry’igihugu. Yashimishijwe no kubona umugambi wari umaze umwaka utegurwa ushirwa mu ngiro. Yarashimye kandi kubona Reta yafashe ingingo yo kwongereza ubushobozi inzego z’igihugu kuko ngo iyo zikora neza umwimbu w’igihugu uraheza ukiyongera. Ngo iyo inzego z’igihugu zikora neza haboneka akarusho ku mwimbu ngo ni co gituma ibisata bihurikiye mw’Ibanki y’isi yose vyemeye gutanga imiriyoni 22 z’amadorari y’abanyamerika azofasha gushira mu ngiro uwo mugambi. Mwomenya ko imbere y’uko ibikorwa vy’uwo mugambi bitanguzwa icese, uwuwurongoye Prosper Girukwishaka yari yabanje gushikiriza abari bitavye ibirori vy’uwo munsi ingene uwo mugambi wubatse n’ingene uzoshirwa mu ngiro. Ahanini ibikorwa nyamakuru vy’uwo mugambi ngo bizoba vyerekeye guteza imbere poritike no gutunganya uburyo bwa Reta buciye mu matagisi n’amakori. Ngo abakozi bo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta bazokarihirizwa ubwenge mu vyerekeye gutunganya no guharura uburyo igihugu gikoresha. Eka mbere ngo n’abakozi bo mu gisata ISTEEBU bazokarihirizwa ubwenge kugira ngo habe igihindutse mu bumenyi bw’ico gisata. Ngo n’igisata kijejwe gucungera ivy’ubutare kizokwongererezwa ubumenyi.

Nathan Ntahondi

 

Uwu mwaka w’uburimyi w’ 2016 hashizwe imbere ibiterwa vyimbuka kurusha ibindi mu ntara kama

DSC 0027Abarimyiborozi baratanguye kurimira agatasi ko mu mwaka w’ 2016 ariko imvura ntiratangura kugwa. N’ubwo biri uko, umuyobozi mukuru ajejwe igisata gitunganya uburimyi n’ubworozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, Gérard Ndabemeye yamenyesheje ko muri Myandagaro 2016, ubushikiranganji bwakoranije abajejwe guhimiriza abarimyi bose mu ntumbero yo kubamenyesha ko bategerezwa kuja mu barimyiborozi bakabigisha kurwiza umwimbu bimwe bikomeye. Yabandanije amenyesha ko uwu mwaka w’uburimyi w’ 2016 hashizwe imbere ibiterwa vyimbuka kurusha ibindi mu ntara kama. Ngo harabaye icigwa cerekana igiterwa icarico cose intara kama cimbukamwo cane kugira abe ariho gishirwako inguvu. Ngo mu minsi iheze ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi bwahora ku mwaka ku mwaka bushira imbere ibiterwa 5 ariko butaravye aho vyimbuka cane. Ndabemeye yamenyesheje ko kubera hariho ikibazo c’imbuto, ubushikiranganji bwafashe ko bwoba burakorera ku biterwa 2 nyamukuru vyimbuka henshi arivyo umuceri n’ibigori navyo bigaca biterwa mu biyaya ahari amazi no mu myonga hagazuwe hakavomerwa. Ngo ku mitumba hazoterwa ibindi biterwa. Kubera hari ikibazo c’uko imvura itagwa, Ndabemeye ahamagarira abarimyi kurima mu myonga, ku misozi naho bijukire ibiterwa birinda uruzuba, aho twovuga nk’ibijumbu, imyumbati, amateke n’ibindi biterwa bisaba amazi make bishobora kuja biravomererwa, aho twovuga imboga n’itomati. Ku vyerekeye ifumbire, Ndabemeye yamenyesheje ko batanguye gutanga ifumbire mu ntango ya Nyakanga, abarimyiborozi bariyandikishije baratanga n’amahera y’ ibanze.Yabandanije amenyesha ko ifumbire y’ikizungu izimvye kandi ikoreshejwe nabi irashobora gutitura isi. Ngo n’ubwo biri uko ifumbire y’ikizungu irafise inyongeragaciro ku mwimbu. Ngo ufashe umurima ukawufumbiza umwavu w’ikizungu, uwundi ukawufumbiza umwavu w’ikirundi uwundi kandi ukawufumbiza umwavu w’ikizungu ucanze n’uw ‘ikirundi hariho ubudasa iyo hageze kwimbura usanga aho washize ifumbire y’ikizungu ivanze n’umwavu w’ikirundi   uronka umwimbu usumbirije. Mu Burundi ngo biragoye guheba gukoresha ifumbire y’ikizungu kubera uyitabije bizana ivyunyunyu ningoga kandi ku bwinshi. Ngo kugira nko mw’ihegitare y’umurima uhatabize ifumbire y’ikirundi woshiraho nk’amatoni arenga ijana, ivyo bikaba bigoye kuko ata vyatsi vyinshi bisigaye mu gihugu kugira hashobore kuboneka ifumbire y’ikirundi ikwiye. Ndabemeye yamenyesheje ko ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bubifashijwe n’ikigo ISABU, bugiye gutanguza ubuhinga bwo gutabira hakurikijwe ico isi ibuze. Ngo isi ikeneye ivyunyunyu 3 ngenderwako arivyo azote, potassium na phosphore. Ni ukuvuga ko umuhinga arashobora gupima isi agasanga ifise azote na potasium mugabo ibuze Phosphore, muri ico gihe baca batabiza ifumbire itanga phosphore.

Aline Kanyana

 
Ouvrir