Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta bituma intwaro ibereye itsimbatara

DSCO11Ngo mu gushira amashirahamwe ya Reta mu minwe y’abikorera ivyabo,Reta iba ifise intumbero yo kurwiza akazi, gushiraho intwaro ibereye mu buzi no kugabanya uburyo Reta yahora ifashisha ayo mashirahamwe kuko usanga afise amadeni menshi. Ivyo vyavuzwe na komiseri arongoye ikigo kijejwe gushira mu minwe y’abikorera ivyabo amashirahamwe ya Reta (SCEP) Pacifique Munyeshongore mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Ngo ni muri iyo ntumbero ibigega vyari bijejwe kubika umwimbu w’intete w’umusesekara vyo ku Buterere n’i Gitega bigiye gushirwa mu minwe y’abikorera ivyabo. Munyeshongore yamenyesheje ko ivyo bigega vyo ku Buterere Reta y’Uburundi yabishizeho mu mwaka w’1981 kugira bibike umwimbu w’intete w’umusesekara wokoze mu gihe c’inzara. Ngo mu Burundi nta mwimbu w’umusesekara wigeze uboneka kiretse mu mwaka w’ 1986, aho mu Rumonge habonetse umwimbu w’intete z’ibigori w’umusesekara. Ngo ivyo bigega vyarapangishijwe umwanya muto. Munyeshongore yamenyesheje ko kubera Reta yabonye ko ata kamaro ko kugumana ibigega bitariko birakora, yashimye kubishira mu minwe y’abikorera ivyabo. Yabandanije amenyesha ko ibikorwa vyo kuraba agaciro k’ivyo bigega vyo mu Buterere vyarangiye. Ngo hariko hararonderwa aboza gukoresha ivyo bigega bicishijwe mw’ihiganywa. Munyeshongore yameyesheje kandi ko ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo ku Buterere vyabaye birabangirwa kuko basanze hari icavuyeko ku buringanire bw’ikibanza ivyo bigega birimwo ku Buterere, ubu hariko haraba amatohoza. Munyeshongore yamenyesheje ko Reta yasavye ko amashirahamwe 10 yoba yamaze gushirwa mu minwe y’abikorera utwabo uhereye mu mwaka w’2013 gushika mu 2016. Ngo hari ayamaze gushika ku ntambwe ibereye n’ayandi ibikorwa bigikorerwa mu mirwi. Ngo ayamaze gutera imbere, hasigaye ko urwego rw’abashikiranganji rutanga uruhusha ko ayo mashirahamwe aja mu minwe y’abikorera ivyabo. Munyeshongore yamenyesheje ko ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo biteba kubera bica mu ntambwe nyinshi nk’uko biri mw’ibirizwa rigenga uko amashirahamwe ashirwa mu minwe y’abikorera ivyabo.

Aline Kanyana

 
Ouvrir