Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubumwe ngo ni itunga ridasanzwe kandi ridashumbushwa

DSC0281Ubumwe ngo ni ubutunzi budasanzwe, mu bumwe abantu bubaka igihugu n’umutekano ugasasagara. Kuri ivyo, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ahamagaraira abarundi kugira ubumwe na cane cane bijukire ibikorwa vy’iterambere. Ivyo yabishikirije ku wa 2 Ndamukiza 2016, aho yariko ashikiriza ijambo abanyagihugu bari bitavye ibikorwa vy’iterambere rusangi vyo kwagura kaminuza y’ubuhinga y’i Gitega iri ku mutumba Tankoma, muri komine n’intara ya Gitega. Ivyo bikorwa vyari bijanye no gucanga umusenyi n’isima vyo gusiga hasi ahagiye kwubakwa inyubakwa zo kwagura iyo kaminuza y’ubuhinga. Umukuru w’igihugu arakeza imvukira z’intara ya Gitega kubona barashoboye kwiyubakira iyo shure kaminuza ku buryo bwabo. Mu gihe ivyo bikorwa vyari vyitabwe n’urwaruka rwari rugizwe n’abantu barenga 350 bari bamaze iminsi bakwirikirana inyigisho zo gukunda igihugu, Umukuru w’igihugu ahamagarira abarundi gukamisha amahoro ibikorwa vy’iterambere. Nk’uko Rwagasore yabivuze, ngo ubumwe, ibikorwa n’amajambere, ahamagarira abarundi kugira ubumwe baheze bijukire ibikorwa vy’iterambere. Ayo mahoro ngo niyo yatumye hubakwa amashure arenga ibihumbi 5 mu kiringo co kuva mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2015. Ubumwe rero ngo ni ubutunzi budasanzwe, nibwo butuma igihugu gitera imbere kubera ibikorwa, gutyo amahoro n’umutekano bigasasagara. Ivyo bintu vyubatswe mu myaka 8 gusa, ngo iyo uwo murindi utangurana n’aho igihugu caronka intahe yo kwikukira mu mwaka w’1962, ngo igihugu kiba kigeze kure mw’iterambere. Eka ngo no muri Bibiriya barabivuga ko ukwizera kutagira ibikorwa kuba kwarapfuye. Vyongeye, ngo haruhande y’ayo mashure ibihumbi 5 ngo harubatswe kandi ibibuga vy’umupira w’amaguru 12, amashure agizwe n’inyubakwa zigerekeranye 25 hamwe n’ibiro bigizwe n’inyubakwa nk’izo 28. Umwanya twataye ngo dukwiye kuwuriha kwiruka mu bikorwa vy’iterambere. Kabaye n’akaryo ko gushimira abarundi ukuntu bitaba ibikorwa vy’iterambere rusangi. Vyongeye, ngo guhera ubu, umurundi wese yumve ko afise amahoro, ngo ibiteye kubiri n’amahoro, uwo wese azobibabwira bamwime amatwi. Ndetse ngo intara zitandukanye z’igihugu zigiye kwiyubakira amashure kaminuza, ivyo rero ngo ni ivyo kwishimira. Imbere y’aho, uwurongoye iyo shure kaminuza, patiri Frédéric Nkurunziza yamenyesheje ko izo nyubakwa ari izo kwagura iyo kaminuza y’ubuhinga kubera ko ibitigiri vy’abanyeshure biduga uko umwaka utashe. Izo nyubakwa ngo zizoba ari amashure abanyeshure bigiramwo, ibiro vy’abigisha, aho bagirira ubushakashatsi « laboratoire » hamwe n’ububiko bw’ibitabu « bibliothèque ». Ku giciro c’ibikorwa bisigaye, ngo bizotwara amafaranga y’amarundi ari hagati y’imiriyoni amajana 6 n’imiriyoni amajana 7. Iyo kaminuza ikaba yubakwa ku ntererano y’imvukira, abagenzi b’intara ya Gitega hamwe no mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Tubamenyeshe ko iryo shure kaminuza ryari ryinjiwe icese ku wa 20 Kigarama 2014, ikaba yuguruwe n’Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA, ubu naho bakaba bariko bakora ibikorwa vyo kuyagura.

Déo Misigaro

Ouvrir