Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambwe CNDD-FDD ngo urashima ibitigiri vyatangajwe n’umurwi CENI

 

EVAKw’igenekerezo rya 22 Rusama 2018, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yarashize ahabona itangazo kugira  akeze abarundi bose bitavye ku bwinshi amatora bakitorera Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye ku biharuro bishimishije cane. Ndayishimiye yamenyesheje ko igenekerezo rya 17Rusama 2018 ari umunsi udasanzwe ku bagumyabanga no ku barundi bose.  Ngo intsinzi yaraye ibonetse siy’umugambwe uyu canke uriya. Ngo ukwitaba amatora ku rugezo rushimishije ku bice 96,24% ni igikorwa c’iteka gihambaye kigaragaza ko abarundi banyuzwe na Demokarasi. Ndayishimiye yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washimishijwe n’ihiganwa ryabaye hagati ya Ego na Oya. Ngo umugambwe urakengunaho hari ivyumviro bitandukanye hari abashirutse ubute bakigisha abarundi ivyo biyumvira kugirango haboneke akaryo ko guha umurundi wese umwanya wo kwerekana ikiri ku mutima atagitsure.Kw’igenekerezo rya 22 Rusama 2018, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yarashize ahabona itangazo kugira  akeze abarundi bose bitavye ku bwinshi amatora bakitorera Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye ku biharuro bishimishije cane. Ndayishimiye yamenyesheje ko igenekerezo rya 17Rusama 2018 ari umunsi udasanzwe ku bagumyabanga no ku barundi bose.  Ngo intsinzi yaraye ibonetse siy’umugambwe uyu canke uriya. Ngo ukwitaba amatora ku rugezo rushimishije ku bice 96,24% ni igikorwa c’iteka gihambaye kigaragaza ko abarundi banyuzwe na Demokarasi. Ndayishimiye yamenyesheje ko umugambwe CNDD-FDD washimishijwe n’ihiganwa ryabaye hagati ya Ego na Oya.

Ngo umugambwe urakengunaho hari ivyumviro bitandukanye hari abashirutse ubute bakigisha abarundi ivyo biyumvira kugirango haboneke akaryo ko guha umurundi wese umwanya wo kwerekana ikiri ku mutima atagitsure.Ndayishimiye yarateye akamo abo badasangiye ivyiyumviro ko bokwemera  gushira aho intahe ishize. Intsinzi ya Ego ni iyabo nabo nyene kuko aho bukera Umukuru w’igihugu  akarishirako umukono, rizoba Ibwirizwa Shingiro ry’abarundi bose. Ngo umugambwe CNDD-FDD urashima  ibitigiri vyaraye bitanganjwe n’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI aho abanyagihugu bemeje Ibwirizwa Shingiro ku bice 73,26%  amajwi ya Oya akaba angana 19,34% amajwi y’impfagusa akaba 4,11% abo ataco babivuzeko bakangana  3,28%. Ngo Ibwirizwa Shingiro abarundi baraye bemeje rikomoka kw’ishaka ryabo rishingiye ku vyiyumviro vyashizwe mu biganiro vyabahuje nk’abarundi ata numwe akumiriwe.   Ngo umugambwe CNDD-FDD uhamagariye abanyeporitike, nk’incambwenge zirongora abandi mu vyiyumviro, kubandanya baja inama n’ingingo ariko ko batobona mu biganiro amagaburanyama. Ngo ibiganiro ngirakamaro ni ibiza bizamura ubutunzi, birondera kwisununura kw’abanyagihugu, birondera ingene umwimbu wokwongerekana, ingene akazi kokwongerekana, abarundi baronke ivyo basabikanya na kare abakurambere barayamaze ngo “abasangiye ubusa bitana ibisambo” kandi ngo « Aharaye inzara hakazinduka inzigo ».Inyuma y’itorwa ry’Ibwirizwa Shingiro rishasha, ngo abanyepolitike boca bafata ingingo,  basubire kwicarana vuba kugira  batunganye inzira izoshikana igihugu ku matora y’ umwaka w’2020.Ngo mu gushigikira iyi ntsinzi, Umugambwe CNDD-FDD uhamagarira abagumyabanga n’abarundi bose kubumbatira amahoro,  kugendera mu bwitonzi no gusoneranira mu butandukane bw’ivyiyumviro, ntihagire abikekana canke bagenzanya ngo uwu yatoye Ego canke Oya. Ngo hisunzwe ingingo zapfunditswe na komite nkuru y’umugambwe muri Ntwarante 2018, Umugambwe CNDD-FDD urasubiye kugabisha uwo wese azorota aryanisha abangumyabanga yitwaje ubwoko, igikenye, igihagararo n’ibindi.  Ngo Umugambwe  uriyamirije  poritike z’ibinyoma, z’ibihuha, zo kuryanisha abonse rimwe, poritike zishingiye ku ntara, ku moko no kuri mpinga yanje.  

Aline Kanyana

Ouvrir