Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CENI warashikirije ibiharuro vy’imfatakibanza vyavuye mw’itora ry’Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye

 

AZAZAKw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018 niho umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI, Pierre Claver Ndayicariye yashikiriza abarundi n’amakungu ibiharuro vy’imfatakibanza vyavuye mw’itora ryo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rihinyanyuye ryabaye ku wa  17 Rusama 2018.Akaba rero yamenyesheje ko amajwi yatoye « Ego » angana n’ibice 73,26 kw’ijana  mu gihe amajwi yatoye « Oya » angana n’ibice 19 ,34 vy’abitavye amatora muri rusangi.Kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2018 niho umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI, Pierre Claver Ndayicariye yashikiriza abarundi n’amakungu ibiharuro vy’imfatakibanza vyavuye mw’itora ryo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rihinyanyuye ryabaye ku wa  17 Rusama 2018.Akaba rero yamenyesheje ko amajwi yatoye « Ego » angana n’ibice 73,26 kw’ijana  mu gihe amajwi yatoye « Oya » angana n’ibice 19 ,34 vy’abitavye amatora muri rusangi.Nk’uko yabimenyesheje kandi, ngo abari bariyandikishije bangana n’4755215, abatoye nabo bakaba bari bangana n’4576296. Niko guca amenyesha ko muri abo batoye, Ego yatowe ku rugero rungana n’ibice 73,26 kw’ijana, Oya nayo ku bice 19, 34 kw’ijana, nayo ngo amajwi y’impfagusa angana n’ibice 4,11 kw’ijana, abataco babivuzeko nabo banga n’ ibice 3,28 kw’ijana.Umukuru w’umurwi CENI yaciye amenyesha ko hari ibitigiri vy’abatoye bari mu makungu bitaraboneka mugabo ko ivyo bitigiri ata kinini vyohindura kuri ivyo vyabonetse. Ikindi naco ngo ni uko ata rundi rwego mu gihugu rufise uburenganzira bwo kumenyesha ivyavuye mu matora atari umurwi CENI, uwo munsi rero ngo wabaye umunsi mukuru w’intwaro rusangi n’iteka ku gihugu,kandi ngo ayo matora yabaye mu mutekano ntangere. Niko guca ashimira abajejwe umutekano n’abasirikare ataco batakoze kugira ayo matora agende neza, ashimira abanyamigambwe, n’abigenga ku kuntu bigenjeje neza mu gihe c’imyiyamamazo. Yarashimiye kandi Reta yatanze uburyo bw’amatora hamwe n’abarundi bitavye ayo matora, ashima kandi ko atawuritura umurwi CENI ngo ashikirize ibitagenze neza.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir