Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe AWA mpuzabahanza ryaratanze intererano y’amatora ingana n’imiriyoni 14 z’amafaranga y’amarundi

 

WQWQKw’igenekerezo rya 16 Rusama 2018 ishirahamwe AWA mpuzabahanza ryaratanze intererano y’amatora ingana n’imiriyoni 14 z’amafaranga y’amarundi. Iyo ntererano ikaba yatangiwe mw’Ibanki nkuru y’igihugu B.R.B.Kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2018 ishirahamwe AWA mpuzabahanza ryaratanze intererano y’amatora ingana n’imiriyoni 14 z’amafaranga y’amarundi. Iyo ntererano ikaba yatangiwe mw’Ibanki nkuru y’igihugu B.R.B.Umwe mu batanguje ishirahamwe akongera akaba mu rwego rukuru rw’inama nkuru y’umuryango  Alfred Innocent Museremu akaba yaciye amenyesha ko baje nk’abanywanyi b’ishirahamwe awa mpuzabahanza kugirango batange ako gatererano mu ntumbero y’ugushigikira uwo mugambi w’amatora uriko uraranguka mu gihugu c’Uburundi.  AWA  mpuzabahanza rero ngo ni ishirahamwe atari irya poritike ririmwo abantu bavuye mu bisata bitandukanye abanyeporitike n’abatari abanyeporitike kandi  ngo abanyeporitike bavuye mu migambwe itandukanye.  Ikindi ngo ni uko baje nk’abakunda igihugu c’amavukiro kugirango  bashigikire ukwikukira kw’igihugu c’Uburundi.Yaciye  atera akamo ayandi mashirahamwe n’abandi barundi kugirango baterere igikorwa kizogende neza. 

Christine Manirambona 

Ouvrir