Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikinyamakuru « Le Renouveau du Burundi » kigiye kubandanya gishikiriza amatangazo n’ibimenyekanishwa mu ndimi zitandukanye

 

xxcvUrwego rujejwe kugenzura  ibimenyeshamakuru (CNC) rwarafuse ingingo rwari rwafatiye ikinyamakuru ca Reta « Le Renouveau du Burundi » gisoka ku munsi ku munsi, kikandikwa mu rurirmi rw’igifaransa, kugira gisubire gusohora amatangazo n’ibimenyekanishwa mu zindi ndimi nk’icongereza. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye urwo rwego, Ramadhan Karenga mu kiganiro yahaye abamenyeshemakuru kw’igenekerezo rya 23 Rusama 2018.Urwego rujejwe kugenzura  ibimenyeshamakuru (CNC) rwarafuse ingingo rwari rwafatiye ikinyamakuru ca Reta « Le Renouveau du Burundi » gisoka ku munsi ku munsi, kikandikwa mu rurirmi rw’igifaransa, kugira gisubire gusohora amatangazo n’ibimenyekanishwa mu zindi ndimi nk’icongereza. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye urwo rwego, Ramadhan Karenga mu kiganiro yahaye abamenyeshemakuru kw’igenekerezo rya 23 Rusama 2018.Ramadhan Karenga yamenyesheje rero ko urwego arongoye CNC rwavanyeho iyo ngingo inyuma  y’aho  rwari rwategetse ico kinyamakuru  guhagarika  igisata c’amatangazo n’ibimenyekanishwa mu kiringo c’amezi atandadatu . Umukuru w’urwego CNC, yaramenyesheje ko  ingingo yo gukuraho ico gihano yavuye  mu biganiro vyabaye hagati y’abarongoye  urwego CNC n’uburongozi bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta(P.P.B) vyatumye  hafatwa ingino yo  gusubiza igisata c’amatangazo n’ibimenyekanishwa muri ico kinyamakuru.Ngo ico ikinyamakuru « Le Renouveau du Burundi » kizosohora ayo matangazo canke ibihayanishwa mu ndimi zitandukanye nk’icongereza n’igiswahiri.

 Umukuru w’urwego CNC  rukaba rwaboneyeho n’akaryo kugushimirira  uburongozi bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta ku kuntu bwigenjeje  mu kuvanaho iyo ntambamyi. Ramadhan Karenga yaramenyesheje kandi ko atari ikinyamakuru « Le Renouveau du Burundi » conyene cari cafatiwe ingingo kuko hariho n’ayandi maradiyo  akomeye kw’isi nka radiyo Ijwi rya Amerika « VOA » n’iradiyo y’abongereza « BBC world service » nayo nyene yari yarahagarikiwe imihora yacishamwo ibiganiro. Ngo ayo maradiyo akaba ataremererwa gukora ariko   abarongozi bayo kakaba baratahuye ko hari amakosa yakozwe mu biganiro vyaremeshejwe kuri ayo maradiyo.Uwurongoye urwego CNC yaramenyesheje ko  hitezwe vuba i Bujumbura, intumwa  z’abaserukira  ayo maradiyo kugira baganire  n’abagize urwego CNC kugira batorere umuti ingorane zashitse kandi  urwego CNC rukaba rwiteze inyishu radiyo « BBC world service »   yemereye guha Reta y’Uburundi biciye mu bushikiranganji bw’imigenderanire. Uburongozi bw’iradiyo Ijwi rya Amerika bwaratahuye yuko yashikirije inkuru idakwije ibisabwa n’amatego, ikaba nayo yiyemeje  kurungika intumwa mu ntumbero yo gutorera inyishu iyo ntamabamyi. Urwego CNC rikaba raboneyeho n’akaryo ko gusubira gushimira no gukeza urunani rw’ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi ku kugene baranguye umurimo wabo neza kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018 no kuba akarorero mu kurangwa n’akarangamutima ku mwuga wo kumenyesha amakuru mu gihe c’itora ryo kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye.        

  Thérèse Niyonkuru           

Alain Ndayisenga ( Uwimenyereza )                   

Ouvrir