Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA ahamagarira abarundi bose kwitunganiriza imigambi y’iterambere

bobonaUmukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahamagarira abarundi bose kwiga, kwitunganiriza imigambi y’iterambere ibafasha gutegura kazoza, ntibame bahanze amaso ubuzi butangwa na Reta canke amashirahamwe y’abikorera ivyabo.Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahamagarira abarundi bose kwiga          kwitunganiriza imigambi y’iterambere ibafasha gutegura kazoza, ntibame bahanze amaso ubuzi butangwa na Reta canke amashirahamwe y’abikorera ivyabo.Ako kamo akaba yagateye kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018 mw’ijambo ryo kwifuriza abarundi umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, imbere y’igenekerezo rya 1 Rusama 2018, Uburundi bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi wama uhimbazwa uko umwaka utashe.Yaboneyeho akaryo ko gushimira abakozi bitanga batiziganya mu kazi kabo, bakarwiza umwibu, bagateza imbere igihugu. Yarongeye abatera akamo ngo baze basidukane n’iyonka ku wa 17 Rusama uno mwaka, bitabe itora ry’Ibwirizwa Shingiro, umwe wese aze atore ikiri ku mutima, maze ntihagire uwubanyaga uburenganzira bahabwa n’iryo bwirizwa nyene.Yabasavye kwima amatwi imburakimazi zikwiragiza ibihuha zigamije gucanishamwo abenegihugu na cane cane abari mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi.Mwisomere ido n’ido y’iryo jambo. 
Barundi, Barundikazi,Bakozi, namwe Bakoresha;  Kw’Igenekerezo rya mbere Rusama uko umwaka utashe,   abakozi n’abakoresha twama twitaba ibirori vy’Umusi Mukuru mpuzamakungu wahariwe Abakozi n’Akazi. Ni Urubanza rudasanzwe ruhuza Abarundi n’Amakungu.Imbere ya vyose tubanje gushimira Imana Mushoboravyose idahengeshanya kuturonsa ubwenge n’ingoga zo gukora ibirama, biduteza imbere, bigateza imbere imiryango yacu, Igihugu cacu n’isi yose iyo iva ikagera.Kw’izina rya Reta no kw’izina ryacu nyene, turipfurije abakozi bose umusi mukuru mwiza. Tuwuhimbaze tuzirikana ko umukozi aberwa n’impembo, nayo uwutarima atamira. Maze abakoresha n’abakozi tuje hamwe twese, dusangire akanyamuneza k’uno munsi mukuru udusanzwe, tunakengurukire Imana Mushoboravyose yadushoboje kuwuhimbaza turi mu mahoro, umutekano n’impore mu mpande zose z’Igihugu cacu. Mu guhimbaza uyu umusi mukuru twashize imbere iki civugo: « Dukure amaboko mu mpuzu duteze imbere igihugu cacu », naco kikaba cogera ku civugo nyamukuru tuzokwisunga gushika mu mpera z’umwaka w’2019 arico c’iki: «Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja».
Bakoresha, Bakozi mwese;
Naho uyu umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi wakomotse mu myiyerekano y’abakozi bo mu gisagara ca Chicago mu gihe baharanira agateka kabo gushika mbere aho bamwe muribo bahasiga ubuzima, intumbero nyamukuru yawo ni ukwihanagura akuya, tukishima twishimiriza ku vyo twaranguye neza, tukongera tukigira inama y’ingendo nshasha izodushikana ku yindi ntambwe. Ni akaryo kandi ko kwibutsa abakozi n’abakoresha ingendo nziza yo kuja inama n’ingingo.Mu ntumbero yo kworohereza abakozi n’abakoresha mu bisata vyose, Reta yariyemeje kwisunga Inyabutatu igizwe na Reta, abakoresha n’abakozi. Iyo nyabutatu twobamenyesha ko iteje ku ntambwe ishimishije Igikorwa co gusubiramwo igitabu kigenga abakozi n’abakoresha bikorera utwabo.Mu ntumbero yo gutanga akazi ku mugaragaro kandi ata mpinga yanje, Ubushikiranganji bw’akazi bwarasubije umutamana wa murwi w’Igihugu ujejwe gutanga akazi ka Reta (commission nationale de recrutement); maze ibibazo bigakoreshwa ku mugaragaro, gutyo akazi kakaronswa abarushije abandi.
Muri uyu mwaka w’2018, Reta yarategekanije uburyo bwo gutanga ubuzi burenga 1.600 mu bushikiranganji bw’indero, ubw’akazi, ubw’iterambere ry’amakomine n’ubw’amagara y’abantu, tutibagiye gusubiriza abakukurutse, abitavye Imana n’abashimye gukinjura.Ubushikiranganji bw’akazi bwaratanguje amashure 120 y’umwuga wo kurima no kworora mu makomine yose mu ntumbero   yo kugabanya ubushomeri bubangamiye urwaruka rutashoboye kubandanya inyuma y’ishure shingiro, eka mbere n’abandi bakeneye kunonosora uwo mwuga. Mu misi iri imbere hagiye gutanguzwa inyigisho zerekeye iyindi myuga ngirakamaro.Ibiganiro birakorwa neza muri wa murwi ujejwe ibiganiro hagati ya Reta, abakoresha n’abakozi (CNDS) mu gihe hagize ingorane hagati y’abakozi n’abakoresha kandi umuti ushimisha bose ugatorwa.Tuboneyeho akaryo ko gushimira no gutera intege uwo murwi ku vyo umaze kurangura na cane cane nka ca kibazo c’ubusumbasumbane bw’imishahara, kuko kiriko kiratorerwa inyishu kandi kikaba giteye ku ntambwe ishimishije.Turashimiye abakozi n’abakoresha kuko biribonekeza ko bamaze gutahura kandi bagashira mu ngiro amategeko abagenga. Ingaruka nziza yibonekeza ikaba ari ukuja inama n’ingingo mu kazi, kugwiza umwimbu no guteza imbere igihugu.Turakeje abo bose badahengeshanya gutera iteka Uburundi mu gukora bigashimwa, haba ngaha mu gihugu cacu canke mu bindi bihugu. Bamwe muri bo twovuga nka BIRUMUSHAHU Jean-Claude, umuhagirikizi w’inkino rurangiranwa yatowe mu bazohagarikira inkino zo guharanira igikombe c’isi mu mupira w’amaguru zizobera mu gihugu c’Uburusiya muri uyu mwaka, umupfasoni NSEKERA Lydia, agira kabiri mu bakenyezi bo kw’isi yose bateza imbere inkino, BIRIBUZE Eric, Umurundi yaronse agashimwe gahabwa umwirabure wa mbere w’umuhinga muri Reta zunze ubumwe za Amerika, hamwe na NIYONSABA Francine adahengeshanya gutera iteka Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa.Turakeje kandi Inzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi ku mwete, ubukerebutsi, ubutwari no kwitanga zidahengeshanya kugaragaza, na cane cane abari mu bihugu vya Somaliya na Centre Afrique. Ni bakomere ku muheto, natwe Abarundi turushirizeho kubashigikira.
Bakozi, Bakoresha;
Mu bikorwa vyaranguwe muri uyu mwaka w’akazi turangije, ntawokwibagira ishirwaho ry’Inama Nkuru y’Igihugu ijejwe Ubumwe bw’Abarundi no kubanywanisha, hamwe n’abagize Urwego rujejwe gukinga ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara n’ibindi vyaha vy’agahomerabunwa. Inzego nk’izo zituma Abarundi bakora ataco binona kuko izo nzego ni kirumara mu gutsimbataza amahoro, umutekano n’ubutungane mu gihugu, vyo soko ry’Iterambere rirama. Vyongeye izo nzego zidufasha kuzibira ibihengeri vyose abansi b’Uburundi bagiye barameneramwo mu guteranya no kuryanisha abonse rimwe vyatumye twama mw’ihumbi.Mu ntumbero yo gushika kw’Iterambere rirama, Reta irarajwe ishinga n’ikibazo c’akazi. Nico gituma yama itegura kandi ikarangura imigambi itanga ubuzi bwinshi kandi yongereza amikoro y’Abenegihugu.Akarorero ni mu bushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka aho abakozi barenga 2.500 baronse akazi mu gisata c’ubutare; mu bushikiranganji bujejwe ibikorwa vya Reta haronkejwe akazi abashika 5.000 mu gisata c’ amabarabara. Muri aya mezi cumi n’indwi turangije, abantu 1000 ku musi bararonse akazi mu bikorwa vyo gutunganya neza inzuzi za Gasenyi, Kinyankonge na Nyabagere mu gisagara ca Bujumbura.Ntitworeka kuvuga abakozi benshi baronka ubuzi mu bushikiranganji bw’Uburimyi n’Ubworozi no mu mashirahamwe mashasha yemererwa gukora n’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe gushinga amashirahamwe API.Tuboneyeho akaryo ko gutera akamo Abarundi bose ngo bige kwitunganiriza imigambi, ibafasha gutegura kazoza. Ntibame bahanze amaso ubuzi butangwa na Reta canke amashirahamwe y’abikorera ivyabo. Ikindi gihambaye ni ugutegera ko tubiri tuvurana ubupfu, maze tukijukira amashirahamwe, tukazirikana ko nyamwigendako atarimira impeshi, kandi ko ubugirigiri bugira babiri.
Barundi, Barundikazi,Bakozi, namwe Bakoresha;
Kugira  akazi kagwire kandi gatere imbere, abakozi nabo baroranirwe, dusavye abakozi n’abakoresha ibi bikwirikira: •Kwirinda insaku, ibihuha, urwanko n’inzigo ku kazi. Dukore nk’abasangiye Igihugu, dusenyere ku mugozi umwe. Twame na ntaryo tuja Inama n’ingingo, twijukire ingendo yo kwuzuzanya, dutegere ko: «Umutwe umwe utigira inama » kandi ko: « Ibigiye inama bigira Imana».

 

Ouvrir