Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CENI warashikirije abemerewe kwiyamamaza uko ikarata izokoreshwa mw’itora ry’Ibwirizwa Shingiro icapuye

 

DSCvfg 0034Kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2018, Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) waratunganije inama ku barongoye  imigambwe n’abigenga mu ntumbero yo kubashikiriza uko ikarata y’itora ry’Ibiwrizwa Shingiro icapuye (specimen), ari nayo bazokoresha    mu kwiyamamaza hamwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ribahamagarira kwiyamamaza. Kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2018, Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) waratunganije inama ku barongoye  imigambwe n’abigenga mu ntumbero yo kubashikiriza uko ikarata y’itora ry’Ibiwrizwa Shingiro icapuye (specimen), ari nayo bazokoresha    mu kwiyamamaza hamwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ribahamagarira kwiyamamaza. Umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver Ndayicariye yamenyesheje ko abazokwitaba amatora y’Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuwe ku wa 17 Rusama 2018, bamaze kwiyandikisha mu gihugu cose no bihugu Uburundi bufisemwo ubuserukizi. Ngo ku bari mu mahanga, umuntu azoshobora kwiyandikisha mu gitondo, ace atora ubwo nyene. Ndayicariye yamenyesheje ko umurwi CENI wakiriye gushika kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018 abiyandikisha kugira babe abarorerezi haba ku rwego rw’igihugu, urw’intara canke urw’akomine, hakaba hategekanijwe ibiro vy’itora bingana n’11 076. Ndayicariye yaribukije ko imyiyamamazo ihera isaha cumi na zibiri zo mu gitondo, igahera isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba kandi ko kizira kugirira imyiyamamazo ku kazi canke ku mashure. Ngo uwukeneye kwiyamamaza asaba uruhusha mw’ikomine abicishije mw’ikete ryanditse.  Ndayicariye yahanuye abanyamigambwe ko iyo bashikanye amakete yo gusaba kwiyamamaza bokwitwararika gusaba icemeza ko iryo kete barironse, kuko ngo bazokwemererwa bakurikije urutonde rw’ingene bashikanye amakete. Ndayicariye yasavye abanyamigambwe ko iyo bariko bariyamamaza  bokoresha imvugo ituma intwaro rusangi itsimbatara.

Aline Kanyana

Ouvrir