Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikigo OBR kirategekanya kwubaka ibiro ku mirwa mikuru y’intara zose

 

DSC fddd0115Mu migambi y’imyaka 5 iri imbere, ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR kirategekanya kwubaka ibiro vy’abakozi babo ku mirwa mikuru y’intara hamwe no ku mipaka yose icamwo ibidandazwa vyinjira mu Burundi. Ivyo ngo bizofasha kugira ikigo OBR kibandanye kuduza umwimbu gusumba uko biri muri kino gihe. Mu migambi y’imyaka 5 iri imbere, ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi OBR kirategekanya kwubaka ibiro vy’abakozi babo ku mirwa mikuru y’intara hamwe no ku mipaka yose icamwo ibidandazwa vyinjira mu Burundi. Ivyo ngo bizofasha kugira ikigo OBR kibandanye kuduza umwimbu gusumba uko biri muri kino gihe. Ivyo ni ivyashikirijwe na komiseri mukuru w’ikigo OBR, Audace Niyonzima, ku wa 4 Rusama 2018, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru aho yariko ashikiriza umwimbu w’amakori winjiye mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018, ayo nayo ngo ni  imiriyadi 212 z’amafaranga y’amarundi, aho ni mu gihe hari hitezwe imiriyaridi 190, vyumvikana ko umwimbu wiyongereye gushika ku miriyaridi 22, ni ukuvuga ibice 12%.Nk’uko Audace Niyonzima yabandanije abishikiriza, ngo ni imboneka rimwe aho ico kigo cegeranya umwimbu ungana uko !Iyo ntambwe idasanzwe yatewe n’ikigo OBR, ngo niyo yatumye ku wa mbere Rusama 2018, Umukuru w’igihugu ashikiriza komiseri mukuru w’ico kigo urupapuro rw’iteka kw’izina ry’abakozi b’ico kigo.  Ako gashimwe ngo kabonetse kubera ubwira n’ubukerebutsi bw’abakozi b’ico kigo hamwe n’umutima wo gukunda igihugu ku batangakori.Uwo mwimbu ngo ntiwizanye, ku mwaka ku mwaka, ngo ikigo OBR kiratanga ihangiro ku gisata kimwe cose. Ivyatumye uwo mwimbu wiyongera, ngo ni nk’amashirahamwe yatanze ikori ku nyungu ku rugero rw’ibice birenga 142%. Ku bijanye n’imishahara y’abakozi n’abatanga ikori ku gatwe kabo, habonetse ikori ku nyungu irenze ku rugero 1,22%. Ku bidandazwa bimwe bimwe nk’itabi, imivinyu, igitoro n’ibindi, amakori yatojwe ku rugero rw’ibice 145%. Vyongeye, amakori ku bidandazwa n’ibikorwa bitandukanye bikorerwa mu gihugu hagati  ngo yinjiye ku rugero rw’ibice 153%. Umwimbu wabonetse ku bijanye no kurondera impapuro zitandukanye, ngo amakori yinjiye ku rugero rw’ibice 131% hamwe n’amahadabu acibwa abarenze amategeko, amakori yinjiye ku rugero rw’ibice 152%. Muri rusangi,  ngo amakori atozwa mu gihugu hagati yinjiye ku rugero rw’ibice 107%, nayo ayinjiye biciye muri duwane akaba yashikanye ibice 119%.Komiseri mukuru wa OBR, Audace Niyonzima yamenyesheje ko uko amezi atatu ahaze barabira hamwe ivyaranguwe, aho bitagenze neza bagakosora hakiri kare. Mu ntumbero yo kubandanya kuri uwo murindi, ngo bariko barahimiriza abantangakori gukoresha fagitire hamwe no guteza imbere ubuhinga bwo gutoza amatagisi n’amakori hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi.  Mu mwaka w’2017, ngo barategekanije igikorwa co guhimiriza abatangakori, aho abo batangakori biyongereye ku rugero rw’700. Mu myaka 5 iri imbere, ngo ikigo OBR kirategekanya kwubaka ibiro ku mirwa mikuru y’intara zose hamwe no ku mipaka yinjiranamwo ibidandazwa. Bisubiye, ngo barategekanya kwongereza abakozi kugira bashikire abadandaza bose bashobore gutanga amakori ategekanijwe n’amategeko. Ku bijanye n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none, ngo umudandaza azorihira amakori yiwe atabanje kwiyunguruza akoresheje iterefone yiwe canke imashini nyabwonko. Mu ntumbero yo kuja ku rugero rw’ibindi bihugu mu bijanye no gutoza amakori n’amatagisi, ngo abakozi b’ikigo OBR barakarihizwa ubumenyi n’abatangakori bagahimirizwa kugira batange amakori akwiye bivanye n’urudandazwa rwabo.

Déo Misigaro 
                                                                                           

Ouvrir