Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abajejwe umutekano basabwe kurushirizaho kurikanura muri ibi bihe, himirije itora ry’ Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye

 

DSCdfer 0055Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA asaba abajejwe umutekano kurushirizaho kurikanura muri iki gihe himirije itora ry’impinyanyuro y’Ibwirzwa Shingiro rizoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA asaba abajejwe umutekano kurushirizaho kurikanura muri iki gihe himirije itora ry’impinyanyuro y’Ibwirzwa Shingiro rizoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.Ivyo yabishikirije ku wa 30 Ndamukiza 2018, mu nama yagirishije abaserukiye abandi mu nzego z’umutekano, izo kwivuna abansi, abo mu ntwaro hagati mu gihugu, hamwe n’abo mu butungane, ikaba yabereye ku murwa mukuru w’intara ya Gitega.Mu vyavugiwe muri iyo nama, nk’uko vyashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana inyuma yayo,ngo abayitavye basanze muri rusangi umutekano wifashe neza, umuntu agereranije n’uko ibintu vyari vyifashe muri Ntwrante 2018, igihe haheruka  inama yo kuraba uko umutekano wifashe yabereye i Ndora muri komine Bukinanyana, intara ya Cibitoke.Mu bishobora kubangamira umutekano ubu, ngo harimwo inzoga zitarekuwe n’amategeko, imvura igwa ari nyinshi igahitana ibintu n’abantu rimwe na rimwe, amasanganya, yaba ayo mw’ibarabara canke ayaturutse ku muyagankuba. Ku mpanuka ziturutse ku muyagankuba, ngo basavye ko ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu kubikurikiranira hafi, babitunganye neza.Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yabandanije abishikiriza, ngo intara ya Gitega yakiriye iyo nama yifashe neza mu bijanye n’umutekano.

Umukuru w’igihugu akaba yaboneyeho akaryo ko gukeza abajejwe intwaro n’umutekano bashoboye gufasha muri za nkino za CECAFA z’imikangara itarenza imyaka 17 ziherutse kubera mu bisagara vya Gitega, Muyinga na Ngozi. Uwuserukira ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku rwego rwa Afrika, Ahmad Ahmad yishikiye kuraba urukino rwa nyuma ngo arashima ukuntu igihugu cifashe haba mu bijanye n’umutekano hamwe n’ibibuga vyakiriye izo nkino uko vyubatse. Eka ngo nta nkeka ko Uburundi bushobora kwakira n’izindi nkino.Mu gisata c’uruja n’uruza, ngo icibonekeza ni uko abunguruza abantu n’ibintu mu mabarabara bagenda ku muvuduko munini muri kino gihe c’imvura, bigatuma haba amasanganya menshi ahitana abantu. Ku bunguruza abantu n’amapikipiki, basabwe gukora umwuga wabo bisunze amategeko agenga uruja n’uruza mu mabarabara. Ku bijanye n’ibihe bikuru vy’imyiyamamazo yo gutora Ibwirizwa Shingiro rihinyanyuye, amatora yaryo yo ku wa 17 Rusama 2018 hamwe n’inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe COMESA, aho Uburundi bwiteze abakuru b’ibihugu barenga 15,ngo Umukuru w’igihugu yasavye abajejwe umutekano kurushirizaho kurikanura. Haruhande y’ivyo biringo vy’amatora n’iyo nama y’abakuru b’ibihugu, abajejwe umutekano basabwe gucungera ibibanza bigiye gucukurwamwo ubutare.Mu bihe vy’amatora, abarundi basabwe kwirinda ibihuha, kuri uwo wese akoze amakosa, ubutungane bukore.                                                                                                           Déo Misigaro

Ouvrir