Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishengero « Eglise Protestante Evangelique Elim Charismatique du Burundi» ryaratanze amafaranga azofasha mu gutegura amatora

 

DSC01koiu600Mu ntumbero yo guterera amatora yo mu 2020 Ishengero « Eglise Protestante Evangelique Elim Charismatique du Burundi», ryaratanze mw’ibanki  nkuru y’igihugu BRB , amafaranga y’amarundi angana n’2.000.000. Mu ntumbero yo guterera amatora yo mu 2020 Ishengero « Eglise Protestante Evangelique Elim Charismatique du Burundi», ryaratanze mw’ibanki  nkuru y’igihugu BRB , amafaranga y’amarundi angana n’2.000.000. Inyuma yo gushikiriza iyo ntererano, uwuserukira imbere y ‘amategeko iryo shengero, Siméon Nzishura akaba yararonse akaryo ko gutera akamo ayandi mashengero akorera mu Burundi ko gutanga intererano y’amatora yimirije.Akaba rero yaramenyesheje ko baranguye ico gikorwa mu ntumbero yo gushitsa ivyo Reta y’Uburundi yasavye abarundi bose ko boterera amatora yo mu 2020.Yamenyesheje kandi ko mu kuronka iyo ntererano yasavye abasenyeri hamwe n’abapasitori bakorana ko bokora mu vyo bafise bagaterera amatora , ngo kanatsinda batwawe neza. Ivyo navyo bigatuma bavuga ubutumwa ata ntambamyi, ari naco gituma bitavye ako kamo ka Reta.  Yarangije atera akamo abo barongoye nko mu runani rw ‘amashengero, ndetse n’abandi, ko boshigikira umugambi w’igihugu wo guterera amatora ari naho yagiriyeko asaba amashengero yose akorera mu Burundi yemewe n’amategeko kugira nayo agire ico aterereye  kugira ngo amatora yo mu 2020 aze gende neza.  

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir