Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe REGIDESO rirashimishwa n’ingene urugomero rw’umuyagankuba rwo mu Rwegura rwuzuye amazi

 

SSA42fgrt092Kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2018, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba « REGIDESO » Jéroboam Nzikobanyanka yarishikiye ku rubibe rw’intara ya Kayanza na Cibitoke, ahasanzwe hari urugomero rw’amazi rwo mu Rwegura rutanga umuyagankuba mu gihugu. Intumbero y’urwo rugendo ngo kwari ukwirabira ingene umwimbu w’amazi wamaze gushika ku rugero rwo hejuru rwa nyuma no gushimira Imana kubera ikirere cagenze neza. Kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2018, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba « REGIDESO » Jéroboam Nzikobanyanka yarishikiye ku rubibe rw’intara ya Kayanza na Cibitoke, ahasanzwe hari urugomero rw’amazi rwo mu Rwegura rutanga umuyagankuba mu gihugu. Intumbero y’urwo rugendo ngo kwari ukwirabira ingene umwimbu w’amazi wamaze gushika ku rugero rwo hejuru rwa nyuma no gushimira Imana kubera ikirere cagenze neza. Ku bw’uwo muyobozi mukuru wa  REGIDESO, ngo ni akanyamuneza ntangere kubona amazi yiyongera gushika ku rugero rwa nyuma rwo hejuru kuko ngo iryo shirahamwe arongoye riheza rikahungukira vyinshi gutyo abanyagihugu bakaronka umuyagankuba bitagoranye. Ivyo ngo vyaheruka kuboneka hari haheze imyaka myinshi arico gituma uwo muyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO yabanje gushimira Imana kuba yakoze igitangaza nk’ico. Mu myaka nk’ibiri iheze ngo amazi yari munsi gose aho yagabanutse gushika no ku metero hafi 9. Ica kabiri ngo kwari ugushimira Reta yemereye umurwizatunga w’ishirahamwe Interpétrole akazana umugambi wo gukoresha imoteri zisahiriza kugirango haboneke umuyagankuba ukwiye kuko ngo hari ubukene bwawo. Jéroboam Nzikobanyanka akaba yamenyesheje ko muri iki gihe c’imvura ishirahamwe REGIDESO rica rikoresha umuyagankuba wayo kubera amazi aba yabaye menshi, mu gihe c’ici naho akaba ariho bakoresha izo moteri. Uwo murwizatunga rero ngo bakorana neza n’ishirahamwe REGIDESO. Akarusho rero kibonekeje ngo ni uko izo moteri z’uwo murwizatunga zitaje gutuma REGIDESO itemba nk’uko benshi ngo babibuvuga ariko ngo yaje gutuma Regideso igira akarusho kandi ngo n’igihugu kirahungukira. N’ikimenyamenya ngo ni uko amatagisi ya OBR yaduze kubera abari bugaye amahinguriro n’ubundi buzi bukoresha umuyagankuba ngo ubu bariko barakora. Ikindi naco ngo igihe amazi yari yagabanutse bakoresha imoteri, igatanga hafi megawati 6 gusa ariko ubu yuzuye ngo baca bakoresha iyo moteri ku rugero rw’ijana kw’ijana igaca itanga megawati 18, kandi ngo no mw’ijoro ikarara irakora kuko amazi atabikika aho kare na kare bahora baca bayugara isaha zitandatu z’ijoro.  

Estella Niyongere

Ouvrir