Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CNIDH usaba abarundi kwubahiriza agateka ka zina muntu

 

DSC 09272Kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018 umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zinamuntu « CNIDH » warasohoye itangazo mu gihe bwaca hatangura imyiyamamazo ijanye n’itorwa ry’impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro rizoba ku wa 17 Rusama 2018 mu ntumbero y’ukwiyamiriza  amajambo mabi kandi asambura yavugiwe mu migera , muri komine Kabezi, mu ntara ya Bujumbura ,hagati mu kwezi kwa Ndamukiza mu mwaka w’2018 n’umunyaporitike yavuze ko yiteguriye guhohotera abo batavuga rumwe. Ivyo vyamenyeshejwe n’umukuru w’uwo murwi Jean Baptiste Baribonekeza aho yariko arashikiriza iryo tangazo.Kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018 umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zinamuntu « CNIDH » warasohoye itangazo mu gihe bwaca hatangura imyiyamamazo ijanye n’itorwa ry’impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro rizoba ku wa 17 Rusama 2018 mu ntumbero y’ukwiyamiriza  amajambo mabi kandi asambura yavugiwe mu migera , muri komine Kabezi, mu ntara ya Bujumbura ,hagati mu kwezi kwa Ndamukiza mu mwaka w’2018 n’umunyaporitike yavuze ko yiteguriye guhohotera abo batavuga rumwe. Ivyo vyamenyeshejwe n’umukuru w’uwo murwi Jean Baptiste Baribonekeza aho yariko arashikiriza iryo tangazo. Nk ‘uko yabandanije abimenyesha  , ngo ayo majambo ateye impungenge  yabariwe umurwi w’abanyagihugu b’aho hantu , ngo arimwo imvugo y’ukubiba urwanko muri poritike, ivyo ngo bikaba biciye kubiri n’akarangamutima hamwe n’amategeko  bigenga ibikorwa vya poritike mu gihugu c’Uburundi  no ku rwego  mpuzamakungu. Ayo majambo adahumuriza kandi ngo yaje hari hageze igihe ibintu vyifashe neza  mu gihugu, haba muri poritike,  mu mutekano no mu bijanye n’agateka ka zina muntu.  Muri rusangi rero ngo umurwi CNIDH ubona ko ibikorwa vy’ugutegura itorwa ry’impinyanyuro y’ibwirizwa shingiro biriko biba mu mutekano mu gihugu cose.  Uwo murwi ukaba rero wahamagariye abantu bose bafise uruhara mu nteguro y’itorwa ry’impinyanyuro y’ibwirizwa  shingiro n’amatora azoza, na cane cane abipfuza kwiyamamaza, kwigisha amahoro, ubumwe , kwihanganiranira muri poritike hamwe no kwubaha amategeko n’ibivuye mu matora, bakirinda inyifato iyo ariyo yose, amajambo, ibikorwa canke kwirengagiza ivyo vyose bishobora gusubiza inyuma intambwe abarundi  bagezeko mu kubana mu mahoro , mu bumwe, no mu gutsimbataza intwaro rusangi , intwaro ishingiye ku mategeko, gutsimbataza iteka n’itekane mu gihugu no kwubahiriza agateka ka zina muntu. Uwo murwi kandi ukaba waciye usaba abajejwe ubutungane kwitegura kurangura amabanga bategerezwa igihe cose habaye amakosa ashobora kubangamira ubwigenge mu vya poritike canke agahungabanya agateka ka zina muntu na cane cane mu gihe c’amatora.Uwo murwi warongeye uramenyesha kandi ko uhimirije abarongoye abandi muri poritike, mu vy’ukwemera no mu mashirahamwe yigenga ngo barushirizeho gufata ingingo zo gukurikiranira hafi abanywanyi babo mu ntumbero y ‘ugukinga inyifato zibiba urwanko n’ugukoresha inguvu ku mvo za poritike canke izindi. Warongeye kandi uhamagarira abarundi bose kuja mu matora batekanye no kuguma bafatanye mu nda, bagakomeza kwisunga imico n’imigenzo vyamye biranga Uburundi, cane cane kwubaha ubuzima n’agateka ka kiremwa muntu, na cane cane mu bihe vy’amatora.

Christine Manirambona

Ouvrir