Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abadasigana bo muri Komine Mugamba bahamagarirwa gutora « Ego » mw’itora ry’Ibwirizwa Shingiro

 

donatienUmugambwe w’abadasigana UPRONA uhamagarira abadasigana bo muri Komine Mugamba n’abo mu gihugu cose gutora « Ego » ku wa 17 Rusama 2018 aho hazoba amatora yo kwemeza canke guhakana impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro.Umugambwe w’abadasigana UPRONA uhamagarira abadasigana bo muri Komine Mugamba n’abo mu gihugu cose gutora « Ego » ku wa 17 Rusama 2018 aho hazoba amatora yo kwemeza canke guhakana impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro.Ako kamo bagatewe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo aho yari aramutse atanguza icese imyiyamamazo ku rwego rw’intara ya Bururi yo kwitaba no kwemeza impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro. Gaston Sindimwo yatanguye akeza abanyagihugu bo muri Komine Mugamba ko biyandikishije ari benshi. Ari nako kubahamagarira kuzokwitaba ari benshi itora ryo guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro kandi bagatora « Ego » ngo kuko Umugambwe Uprona ushima ko vyinshi mu vyo wasavye ko vyohinyanyurwa vyashizwemwo naho atari vyose. Kukaba nkako ngo barashimishwa n’impinyanyuro zashizwemwo ku rugero rw’ibice 80%.  Ati rero n’umunyeshure iyo aronse amanota nk’ayo aba afise umwimbu mwiza. Yaciye aboneraho gutumirira abadasigana bo muri komine Mugamba kudasubira gutega amatwi ba sesankuyoze babacanishamwo bakababuza kwitaba amatora nk’uko vyagenze mu 2015 aho ngo bariko biyamiriza ikindi kiringo c’Umukuru w’igihugu aho yaciye ababwira ko Umukuru w’igihugu bamukurira mu kazu k’itora. Vyongeye ngo bakwiye kwirinda ingendo nk’iyo yo kutitaba amatora kuko ngo umuntu yanka gutora ariko ntiyanka gutwarwa.Yaciye aboneraho kubasaba gufatana mu nda no gusenyera ku mugozi umwe ngo bakomeze Umugambwe UPRONA ari nawo washikanye Uburundi ku ntahe yo kwikukira. Nayo iryo tora ryo guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro ngo ribugururire amatora azokwirikira yo mu 2020 maze Umugambwe UPRONA uze usubire kuramutswa igihugu. Ivyo navyo ngo kugira babishikeko basabwa kurondera abanywanyi benshi baba abari baravuye mu mugambwe canke kwegera abari mu yindi migambwe bakabagarukana mu ruhongore.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu akaba yasozereye yereka abadasigana ingene ikarata y’itora izoba imeze n’ingene bazobigenza mu gutera igikumu imbere ya « Ego » gutyo bakaba bemeje impinyanyuro y’Ibwirizwa shingiro.Imbere y’aho, umunyamabanga mukuru w’umugamwe Uprona, Olivier Nkurunziza akaba yari yabanje gushikiriza ko vyinshi mu biri mu Masezerano ya Arusha bitakuwemwo muri izo mpinyanyuro. Ari nako kubasaba kwima amatwi abababwira ko iyo mpinyanyuro ije guhamba amasezerano yi Arusha. Niko kubaha uburorero aho yerekanye ibijanye no gusangira ubutegetsi hagati ibice 60% vy’abahutu n’ibice 40% vy’abatutsi vyagumijwemwo, ibice 50% nyene mu nzego zicungera umutekano navyonyene ngo vyagumyemwo be no mu Nama Nkenguzamateka urwo rugero nyene hagati y’abahutu n’abatutsi rukaba rutahindutse. Vyongeye ngo bokwizera ababarongoye mu mugambwe kuko babikurikiranira hafi. Aca abatumirira nawe nyene kwitaba ari benshi kwemeza impinyanyuro y’Ibwirizwa Shingiro.N’umukenguzamateka Anicet Niyongabo yatowe mu ntara ya Bururi akaba asanzwe ari icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yarafashe ijmbo aho yashimiye abashitsi bagiye kubashigikira gutanguza imyiyamamazo ku rwego rw’intara. Aca aboneraho kwibutsa ko umugambwe Uprona wafashe intumbero yo kuzotora « Ego », ari nako guhamagarira abadasigana kuzokwitaba ari benshi kandi bakisunga iyo ntumbero umugambwe wafashe. Yaciye asaba abarongoye umugambwe muri komine Mugamba kubandanya bashwara imitumba yose uko ari 30 babasigurira ingene bazotora nk’uko biriko birakorwa no mu yandi makomine, anabatumirira kwitegura gutsinda amatora yo mu 2020. 

Donatien SABIYUNVA

Ouvrir