Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihingurwa nyezina bikoreshejwe nabi ngo bifise ingaruka mbi ku magara y’abantu n’ibinyabuzima

 

DSC 0006 1Umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Polisi Alphonse atera akamo amashirahamwe afasha mu gikorwa co gukingira ibidukikije gufasha mu gikorwa co guhimiriza abanyagihugu ku mabi aterwa n’ikoreshwa nabi ry’ibihingurwa nyezina. Aho ni mu gihe Inama Nshingamateka  iherutse gutora integuro y’ibwirizwa igiye gutunganya neza ibihingurwa nyezina bikoreshwa mu burimyi n’ubworozi « pesticides », imiti ifasha kwica ubukoko, ako ngo ni agace kamwe mu nteguro y’ibwirizwa rigiye kugenga ibihingurwa nyezina muri rusangi, ico yise « code de gestion des produits chimiques », imaze guterwako umukono n’ababijejwe, baba abadandaza ivyo bintu n’ababikoresha, ngo bazotegerezwa kwisunga iryo tegeko kugira babitunganye neza. Umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Polisi Alphonse yabishikirije, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Polisi Alphonse atera akamo amashirahamwe afasha mu gikorwa co gukingira ibidukikije gufasha mu gikorwa co guhimiriza abanyagihugu ku mabi aterwa n’ikoreshwa nabi ry’ibihingurwa nyezina. Aho ni mu gihe Inama Nshingamateka  iherutse gutora integuro y’ibwirizwa igiye gutunganya neza ibihingurwa nyezina bikoreshwa mu burimyi n’ubworozi « pesticides », imiti ifasha kwica ubukoko, ako ngo ni agace kamwe mu nteguro y’ibwirizwa rigiye kugenga ibihingurwa nyezina muri rusangi, ico yise « code de gestion des produits chimiques », imaze guterwako umukono n’ababijejwe, baba abadandaza ivyo bintu n’ababikoresha, ngo bazotegerezwa kwisunga iryo tegeko kugira babitunganye neza. Umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Polisi Alphonse yabishikirije, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.Nk’uko Polisi Alphonse yabandanije abishikiriza ngo mu gutegura iyo nteguro y’ibwirizwa igiye kugenga ibihingurwa nyezina ngo basanze hari agahaze mu mategeko na cane cane mu bijanye no gutunganya neza ibihingurwa nyezina. Akunguko iyo nteguro y’ibwirizwa ngo izanye ni uko ibihingurwa nyezina bitazosubira kudandarizwa hamwe n’ibindi bintu yaba imiti, ibifungurwa, n’ibindi. Mu gisata co kwunguruza abantu n’ibintu, nta bihingurwa nyezina bizosubira kwunguruzwa mu modokari irimwo abantu. Mu gihe ivyo bihingurwa nyezina biraguje ikiringo c’ubuzima bwavyo  « fin de vie », ngo biraheza bikaba imicafu, aho usanga ibibanza nk’amashure, amahinguriro, kwa muganga, n’ahandi ari ibibanza bishobora kubangamira amagara y’abantu n’ibidukikije. Ivyo ngo ahanini bitumwa n’uko ata tegeko ritunganya  neza ivyo bihingurwa nyezina. Umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, Polisi Alphonse arashima kubona hari igice c’iyo ntenguro y’ibwirizwa yatowe n’Inama Nshingamateka. Ico gice c’iyo nteguro kikaba kigiye gutunganya ibihingurwa nyezina bikoreshwa mu gisata c’uburimyi n’ubworozi « pesticides », iyo nayo ikaba ari imiti yica udukoko dutera ibiterwa n’ibitungwa.Iyo nteguro y’ibwirizwa izogenga ibihingurwa nyezina « Code de gestion des produits chimiques » imaze gushirwaho umukono n’ababijejwe, ngo, abadandaza n’ababikoresha bazotegerezwa kwisunga iryo tegeko. Ukwo kubitunganya neza, ngo imbere y’uko aza kubigura uwukeneye kubidandaza, ngo azobanza kubaza ababijejwe ibikwiye kwinjira mu gihugu. Ivyo bihingurwa nyezina bimaze kuza, ngo uwo yavyinjije azokwekerekana ivyaje hanyuma bavyandike, kugira bashobore kubikurikirana neza, n’iherezo ryaco.


Ibihingurwa nyezina ngo ntibizosubira kwunguruzwa mu modokari zunguruza abantu
Ngo mu gihe co kuwunguruza ibihingurwanyezina  biva mu kibanza bija mu kindi, iryo tegeko rimaze kujaho ngo rizoheza ritunganye ukuntu badakwiye kuvanga ivyo bihingurwa nyezina n’imiti canke n’ibifungurwa.Mu gihe co kubikoresha, ngo bazosaba ababikoresha kwikingira kandi bakoreshe ibikwiye kubera bifise ingaruka mbi ku magara y’abantu, ibidukikije n’ibinyabuzima. Ku bijanye no kwikingira mu gukoresha ivyo bihungurwa nyezina, ngo ubushikiranganji bw’ibidukikije burajwe ishinga no gukingira amagara y’abantu ubwa mbere. Kuri ivyo, ngo bafise umugambi wo guhimiriza  ku ngaruka mbi  zijanye no gukoresha  ivyo bihingurwa nyezina muri rusangi. Umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika, Polisi Alphonse arashimira amashirahamwe yatanguye igikorwa co guhimiriza abakenyezi bo mu ntara za Bubanza, intara ya Bujumbura hamwe n’intara ya Rumonge ku mabi aterwa n’ivyo bihingurwa nyenzina. Muri ico gikorwa co kubahimiriza, ngo bararonsa abo bakenyezi udukoresho two kwikingira igihe baba bariko bakoresha iyo miti mu ndimiro. Yaboneyeho akaryo ko gutera akamo ko kubandanya ico gikorwa co guhimiriza, bafashe Reta ku mabi aterwa n’iyo miti.Ku cigwa cakozwe, ngo basanze imirwi y’abantu babangamiwe n’iyo miti, ari abakenyezi n’urwaruka na cane cane igihe baba bariko barapompa iyo miti ku biterwa.Mu gihe ku masoko usanga hagurishwa ibikoresho vyavuyemwo ivyo bihingurwa nyezina, nk’imifuko, ibibindo n’ibindi, aho usanga babikoresha mu gutwara amata, inzoga, abakoresha ivyo bintu ngo babikora kubera kutamenya. Ico bakwiye kumenya, ngo ibihingurwa nyezina ntivyiciraho, uwabinyoye amagara yiwe agenda arasinzikara buke buke. Kuri abo bose badandaza mwene ivyo bikoresho, yabateye akamo ko gufata akanya bakoza neza ivyo bikoresho imbere yo kubishira kw’isoko kugira bikoreshwe.


Igikorwa co gusambura ibihingurwa nyezina vyataye igihe ngo gisaba inyubako zabigenewe
Iyo ivyo bihingurwa nyezina vyataye igihe, ngo kugira bisamburwe, ivyigwa vyarerekanye ko kugira usambure igihungurwa nyezina, bisaba ibikoresho vyagenewe ico gikorwa. Aho akavuga amavuta bashira muri vya vyuma bifasha guhingura umuyagankuba « transformateurs », ibikoresho vyo kwa muganga, n’ibindi, ivyo bikoresho bisaba ko babikonganiriza ahantu mu kubiturira. Muri ivyo bibanza, ngo baraheza bakabishusha gushika ku rugero rwa 1000°C, kugira babisambure burundu. Mu Burundi, ngo izo nyubako ntaziriho, iyo ngo ni intambamyi iyo hageze gusambura ivyo bihingurwa nyezina vyataye igihe.Ariko ngo hariho amasezerano mpuzamakungu yo gutunganya neza ivyo bihingurwa nyezina, aho akavuga « convention de Bâle », ayo nayo akerekana ukuntu ibihugu hagati yavyo bishobora guhanahana iyo micafu kugira ishikanwe mu gihugu gifise inyubako zo kuyisambura. Yaboneyeho akaryo ko gusaba ababijejwe ko borondera uburyo bafashanije n’abasanzwe badufata mu mugongo kugira Uburundi bwiyubakire mwene izo nyubako n’aho zoba zibiri mu gihugu cose. Ku bijanye n’ingaruka ziturutse ku bihingurwa nyenzina, ngo ziri mu mice myishi. Ikirorina ngo kimara imyaka 50 kitarahera, aho ni mu gihe mu kubika imbuto kugira ntizibungwe, bashiramwo ikirorina mu gihugu hagati. Ku muvyeyi yasinzikajwe n’ivyo bihingurwa nyezina, ngo araheza akibaruka abana badakwije ibihimba vy’umubiri canke barwaye izindi ndwara nka kanseri n’indwara zo mu mahaha. Ku binyabuzima, ngo abahinga barerekanye ko nk’ikinyamurobo cari ikigore iyo  casinzikajwe n’ivyo bihingurwa nyezina kubera vyinjira mw’irondoka ryavyo, ngo bituma bihindura igitsina, gutyo umurongo w’irondoka «chaîne de reproduction » uba wononekaye, bigatuma ibinyabuzima bihona.  Ku mafi yatosekajwe n’iyo miti, ngo abayafunguye nabo baraheza bakarwara indwara zitandukanye.Tubamenyeshe ko uwo muyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe yaboneyeho  gutanga impanuro ku barundi muri rusangi, aho abasaba kwegera inzego za Reta zibijejwe na cane cane abajejwe gukingira ibiterwa kugira babereke imiti yemewe n’amategeko, n’ingene bayikoresha. Ku mashirahamwe, ayatera akamo gushira ku rutonde rw’ibikorwa vyayo guhimiriza abarundi ku ngaruka ziturutse kw’ikoreshwa nabi ry’ivyo bihungurwa  nyezina, bakifashisha udutabu two mu bushikiranganji, kwerekana izo ngaruka mbi, kandi tugatangwa ku buntu. 

 Déo Misigaro                                                                                                  

Ouvrir