Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imboneshakure y’igihugu ngo ikwiye kurangiza kuja mu buhinga bwa none

 

DSC06335Igikorwa co kurangiza gushira imbonerakure y’igihugu mu buhinga bwa none n’ic’ukunagura ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL ngo bitegerezwa kwitwararikwa.Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu birori vyo kubisikanya hagati y’uwahora arongoye ubushikiranagnji bw’amaposita ;ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru ,n’ibimenyeshamakuru, Nestor Bankumukunzi n’abagiye kumukorera mu ngata aribo Serge Ndayiragije arongoye ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru ,hamwe n’umupfasoni Evelyne BUTOYI  aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka, amaposita  n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru. Hari kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza  2018.Igikorwa co kurangiza gushira imbonerakure y’igihugu mu buhinga bwa none n’ic’ukunagura ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL ngo bitegerezwa kwitwararikwa.Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu birori vyo kubisikanya hagati y’uwahora arongoye ubushikiranagnji bw’amaposita ;ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru ,n’ibimenyeshamakuru, Nestor Bankumukunzi n’abagiye kumukorera mu ngata aribo Serge Ndayiragije arongoye ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru ,hamwe n’umupfasoni Evelyne BUTOYI  aramutswa ubushikiranganji bw’urwaruka, amaposita  n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru. Hari kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza  2018. Muri ivyo birori, Nestor Bankumukunzi niwe yabanje gushikiriza icese abo bashikiranganji baje kumukorera mu ngata urutonde n’ibikorwa vyariko birarangurwa muri uwu mwaka w’2018 n’aho vyari bigeze. Muri ivyo, ngo harimwo ukunagura ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL, ugukurikirana uburyo ikigega c’ibanki mpuzamakungu FMI cemereye ubushikiranaganji mw’irangurwa ry’imigambi bwategekanije, ubusuma n’inyuruzwa ry’amafaranga y’amaposita, n’uguheraheza igikorwa co gushira imboneshakure y’igihugu mu buhinga bwa none. Yaranabamenyesheje ko intambamyi ziri muri ubwo bushikiranganji ari uko hakibuze ukunonosora ubumenyi mu buhinga bwa none hamwe n’amadeni yibonekeza mu bisata bimwe bimwe. Nestor Bankumukunzi akaba yaciye ashikiriza umushikiranganji w’urwaruka, amaposita, n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru, Evelyne Butoyi amafaranga arenga imiriyoni 21 yari amaze gutozwa mu bakozi b’ubwo bushikiranganji mu ntumbero yo guterera amatora, akaba yaciye anamenyesha ko batari bwaheze kuyegeranya.  Abo bashikiranganji bashasha bakaba baramenyesheje ko bashima ivyo bashikirijwe baranemera ko bagiye kubirangurana ubwira bakorana neza n’abo barongoye.Twobamenyesha kandi ko ku muhingamo w’uwo munsi, mu bushikiranganji bw’intwaro ibereye habaye ibirori vyo kubisikanya, aho uwahora aburongoye,Serge Ndayiragije yabisikanije  n’uwamusubiriye, umupfasoni Jeanne d’Arc Kagayo. Mu bikorwa yamushikirije hakaba harimwo ukuzoraba ukuntu amashirahamwe REGIDESO na ONATEL yonagurwa, kuraba ukuntu ubucafu buvuye mu buzi bwo kwa muganga bobukurikiranira hafi kugira babukure aho bushobora gutera indwara n’uko butoba intambamyi ku magara y’abantu. Ikindi naco ngo ni ugusubiramwo igitabu ngenderwako co kurwanya igiturire hamwe n’ugukurikirana ikibazo c’abakozi bashinzwe kurwanya igiturire kuko ata mategeko abagenga bararonka. Umushikiranganji mushasha w’intwaro ibereye Jeanne d’Arc Kagayo nawe akaba yaramenyesheje ko anezerejwe n’uko asa n’uwari atashe i muhira kuko imbere y’uko arongora ubushikiranganji bujejwe iterambere ry’amakomine yari muri ubwo bushikiranganji. Yasavye rero abakozi b’ubwo bushikiranganji gufatana mu nda, bakipfuza ko mu gihugu c’Uburundi intwaro yoba iyibereye koko kuko ngo intwaro ibereye ari iy’abavukagihugu bose, mbere akaba yizeye ko ibikorwa agiye kubandanya bizotera bija imbere.

Evelyne Niyonzima

Bénigne Iradukunda (yimenyereza)

Ouvrir