Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abatunganya amareresi ngo biteguriye guhimbaza isabukuru igira 10 ya FESTICAB

 

IMG 3030Abatunganya amareresi mu Burundi bariteguriye guhimbaza imyaka 10 irangiye batanguye kuza barahura mu ntumbero yo guhayanisha ireresi zabo ico bise FESTICAB. Ku bw’ivyo, haratunganijwe ikiganiro ku bamenyeshamakuru bo mu Burundi aho umupfasoni Francine Munyana ari nawe arongoye Festicab, yamenyesheje ko ico kiganiro gifise intumbero yo kumenyesha yuko isabukuru ryo muri 2018 rigiye gutangura.Abatunganya amareresi mu Burundi bariteguriye guhimbaza imyaka 10 irangiye batanguye kuza barahura mu ntumbero yo guhayanisha ireresi zabo ico bise FESTICAB. Ku bw’ivyo, haratunganijwe ikiganiro ku bamenyeshamakuru bo mu Burundi aho umupfasoni Francine Munyana ari nawe arongoye Festicab, yamenyesheje ko ico kiganiro gifise intumbero yo kumenyesha yuko isabukuru ryo muri 2018 rigiye gutangura.Francine Munyana yabandanije amenyesha ko iryo sabukuru rizotangura kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika 11 Rusama uwu 2018. Icivugo c’ uwu mwaka kikaba ari : « Urwaruka, ukwitunganiriza ibikorwa, kuba imboneza » (Jeneusse, Entreprenariat, Leadership). Ngo hatowe ama reresi y’abarundi n’ay’abanyamahanga ashika 69. Muriyo 8  akaba ari ay’abarundi. Ayo mareresi azokwerekanwa mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara zo hagati mu gihugu. Ivyo bibanza navyo ni nk’ikigo c’urwaruka co mu Kamenge (CJK), ikigo c’abafaransa (IFB), ikigo Alliance Française de Gitega n’ibindi. Hategekanijwe ubwoko 3 bw’amareresi aribwo : ireresi ngufi, ireresi ndende hamwe n’ireresi zivuga ubuzima bw’igihugu canke ibintu n’ibindi (documentaires).Umupfasoni Munyana Francine yarongeye amenyesha ko bishimiye ibikorwa bimaze gukorwa na Festicab kuko abakiri bato barashoboye kwiha ihangiro ryo gukora amareresi atari make. Baravye kuva Festicab itanguye mu 2009 aho ata reresi y’abarundi yariho, herekanwa imiziki canke amareresi yo mu bindi bihugu. Ubu ariko hakaba haboneka akarusho kanini cane aho abarundi basigaye berekana nabo ico bashoboye.Yongeye ati, ireresi irafasha cane mw’iterambere ry’igihugu na cane cane ko mw’ ireresi imwe hashobora kuba harimwo imirimo 88 irangurwa n’abantu. Ku bw’ivyo biraboneka yuko n’ubwo uburyo bufasha cane mu kuriha no kugura ibikoresho, kugira ireresi biratuma abantu batari bake baronka akazi. Ku bw’amahiganwa y’amareresi yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko canke muri Afirika yose, abarundi na cane cane abakiri bato bariyemeje gutunganya ama reresi atari make kandi hari ayamaze kuronka udushimwe. Yaheraheje amenyesha ko uwu mwaka umutumire w’iteka ari umukinyi w’amareresi wo muri Cote d’ivoire, umupfasoni Nastou Traoré azwi mu gikino c’urukurikirane citwa «Ma famille ». Kazoba akaryo ko kwibuka umushingantahe Idrissa Ouédraogo wo muri Burkina Faso yari azwi cane mu mareresi yo muri Afrika aheruka kwitaba Imana.         

Bénigne Iradukunda (uwimenyereza)

Ouvrir