Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abajejwe kwitaho amagara y’abantu bahamagariwe gukora ku neza y’abanyagihugu bose

 

DSC09078Umushikiranganji mushasha w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, Thaddée Ndikumana ahamagarira abakora mu gisata c’amagara y’abantu gukorana neza n’abo bafashanya mu mirimo yabo ya minsi yose mu gushira imbere umugambi w’igihugu w’amagara meza ku banyagihugu, bashigikiwe n’abasanzwe bafasha Uburundi gutyo bashobore gukora ku neza y’abanyagihugu bose. Ako kakaba ari akamo yateye ku wa 24 Ndamukiza 2018 mu birori vyo kubisikanya n’uwo yasubiriye muganga Josiane Nijimbere.Uno nawe yahora aramutswa ubwo bushikiranganji umupfasoni Josiane Nijimbere mw’ijambo ryiwe akaba yaragarutse ku vyaranguwe aho yamenyesheje ko hatunganijwe poritique y’igihugu iraba ivy’amagara y’abantu kuva mu mwaka w’2016 gushika mu mwaka w’2025.Yaramenyesheje ko hatangujwe kandi n’isekeza ry’urucanco rukinga kanseri y’urwinjiriro rw’igitereko n’urucanco rukinga agasama.Ngo haranarwanijwe ikiza ca marariya. Umupfasoni Nijimbere yaragarutse  ku madosiye atarava mu nzira nk’iyerekeye ugukurikirana iyubakwa ry’ihinguriro ry’imiti, isubirwamwo ry’ivuriro ry’i Kiganda n’isubirwamwo ry’aho bakirira abavyeyi mw’ivuriro ry’i Gitega hamwe n’ukwagura amavuriro 11.Ngo hazotangwa akazi ku baganga 209. Ngo mu mafaranga yagenewe gukoreshwa mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri uwu mwaka w’2018, hamaze gukoreshwa ibice vyababa 21,42%. Nijimbere yaragarutse ku ngorane ubushikiranganji bufise, aho yamenyesheje ko hari uturere tw’ubuvuzi  tutagira ibitaro nk’i Busoni, Vumbi, Nyabikere.

Yabandanije amenyesha  ko hakenewe imodoka rusehabaniha nshasha kuko izihari zishaje. Iyindi ngorane ngo ni uko ibitaro vy’i Karusi bifise ibikoresho vyo gupima abarwayi bidakora nk’icuma gipima abantu bita « scanner » kiguma gipfa naho bagerageza kugisanura. Ngo ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bufise ingorane y’abakozi bafise ubumenyi bukwiye badakwiye.Umushikiranganji mushasha w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, Thaddée Ndikumana ahamagarira abakora mu gisata c’amagara y’abantu gukorana neza n’abo bafashanya mu mirimo yabo ya minsi yose mu gushira imbere umugambi w’igihugu w’amagara meza ku banyagihugu, bashigikiwe n’abasanzwe bafasha Uburundi gutyo bashobore gukora ku neza y’abanyagihugu bose. Ako kakaba ari akamo yateye ku wa 24 Ndamukiza 2018 mu birori vyo kubisikanya n’uwo yasubiriye muganga Josiane Nijimbere.Uno nawe yahora aramutswa ubwo bushikiranganji umupfasoni Josiane Nijimbere mw’ijambo ryiwe akaba yaragarutse ku vyaranguwe aho yamenyesheje ko hatunganijwe poritique y’igihugu iraba ivy’amagara y’abantu kuva mu mwaka w’2016 gushika mu mwaka w’2025.Yaramenyesheje ko hatangujwe kandi n’isekeza ry’urucanco rukinga kanseri y’urwinjiriro rw’igitereko n’urucanco rukinga agasama.Ngo haranarwanijwe ikiza ca marariya. Umupfasoni Nijimbere yaragarutse  ku madosiye atarava mu nzira nk’iyerekeye ugukurikirana iyubakwa ry’ihinguriro ry’imiti, isubirwamwo ry’ivuriro ry’i Kiganda n’isubirwamwo ry’aho bakirira abavyeyi mw’ivuriro ry’i Gitega hamwe n’ukwagura amavuriro 11.Ngo hazotangwa akazi ku baganga 209. Ngo mu mafaranga yagenewe gukoreshwa mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri uwu mwaka w’2018, hamaze gukoreshwa ibice vyababa 21,42%. Nijimbere yaragarutse ku ngorane ubushikiranganji bufise, aho yamenyesheje ko hari uturere tw’ubuvuzi  tutagira ibitaro nk’i Busoni, Vumbi, Nyabikere. Yabandanije amenyesha  ko hakenewe imodoka rusehabaniha nshasha kuko izihari zishaje. Iyindi ngorane ngo ni uko ibitaro vy’i Karusi bifise ibikoresho vyo gupima abarwayi bidakora nk’icuma gipima abantu bita « scanner » kiguma gipfa naho bagerageza kugisanura. Ngo ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bufise ingorane y’abakozi bafise ubumenyi bukwiye badakwiye. 

Aline Kanyana

Ouvrir