Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abatowe mu nzego zitora amategeko barashimira igihugu c’Ubuswisi kidahengeshanya kubashigikira

 

DSC cd1399Abatowe mu nzego z’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka bamenyesha ko bashimira igihugu c’Ubuswisi kidahengeshanya gushigikira izo nzego z’Uburundi.Ivyo bikaba vyavuye mu mubonano intumwa z’igihugu c’Ubuswisi zahawe n’abari mu biro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka ku wa 26 Ndamukiza 2018,aho baganiriye ibijanye n’imigeneranire hagati y’igihugu c’Ubuswisi n’izo nzego zompi. Nk’uko vyashikirijwe n’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Anicet  Niyongabo inyuma y’uwo mu bonano, ngo abagize ibiro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka baraganiriye n’izo ntumwa z’igihugu c’Ubuswisi ibijanye n’imigenderanire  hagati y’ico gihugu n’izo nzego zompi, ngo bakaba rero bashima cane ko igihugu c'Ubuswisi cagumye gifasha Uburundi mu gihe ibihugu vya Buraya vyahagaritse imigenderanire hamwe n’ugufasha n’Uburundi. Abatowe mu nzego z’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka bamenyesha ko bashimira igihugu c’Ubuswisi kidahengeshanya gushigikira izo nzego z’Uburundi. Ivyo bikaba vyavuye mu mubonano intumwa z’igihugu c’Ubuswisi zahawe n’abari mu biro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka ku wa 26 Ndamukiza 2018,aho baganiriye ibijanye n’imigeneranire hagati y’igihugu c’Ubuswisi n’izo nzego zompi. Nk'uko vyashikirijwe n’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Anicet  Niyongabo inyuma y’uwo mu bonano, ngo abagize ibiro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka baraganiriye n’izo ntumwa z’igihugu c’Ubuswisi ibijanye n’imigenderanire  hagati y’ico gihugu n’izo nzego zompi, ngo bakaba rero bashima cane ko igihugu c’Ubuswisi cagumye gifasha Uburundi mu gihe ibihugu vya Buraya vyahagaritse imigenderanire hamwe n’ugufasha n’Uburundi.

Umukenguzamateka Anicet Niyongabo yarongeye amenyesha ko abo baje baserukira igihugu c’Ubuswisi bari baje kuraba ko umugambi bafashijemwo Inama Nkenguzamateka na Nshingamateka n’abandi basanzwe barangurira imirimo muri izo nzego zose uko ari zibiri, ku bijanye n’inyigisho babatunganirije mu ntara ya Gitega muri Gitugutu 2017, aho babigishije uko batora amategeko n'uko bayiga bakongera bakayatora ko vyagenze neza kandi zabashikiriye bose. Abo bashitsi baje bava mu gihugu c’Ubuswisi ngo bakaba basanze bimeze neza mbere baca basaba ko ivyo vyigwa bitogirira akamaro ababihawe bonyene ko vyoshikira n’abanyagihugu. Umukenguzamateka Anicet Niyongabo yasozereye amenyesha ko banavuganye n’ivyerekeye ibindi bisata bofashamwo Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka nko mu kubongerereza ubumenyi mu bindi bisata biri muvyo basanzwe bakora. 

Anitha Bizimana

Ouvrir