Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imibembe n’igituntu ngo ni indwara zivuwe zishora gukira neza

DSC 0023Kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018, ubushikiranganji  bujejwe amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza SIDA bufatanije n’ishirahamwe «  Action Damien » bwarahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igituntu n’imibembe. Umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya  igituntu ukaba  wama uhimbazwa  ku wa 14 Ntwarante uko umwaka   utashe nayo umunsi mpuzamakungu  wahariwe kumwanya  imibembe wama uhimbazwa ku munsi w’Imana wa nyuma w’ukwezi kwa Nzero. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, Elame Senkomo yamenyesheje ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwashimye guhimbaza  ku munsi umwe iyo minsi ibiri kubera hari imirimo myinshi yari ihari bituma bidashoboka guhimbaza iyo minsi ku masango yayo.

Yabandanije amenyesha ko uguhimbaza iminsi yahariwe kurwanya izo ndwara ari akaryo keza ko kuja hamwe kugira barabire hamwe ibikorwa n’intambwe bagezeko mu gukinga no kuvura izo ndwara, eka mbere bakaraba imbere kugira bigire inama yo gutera izindi ntambwe  muri urwo rugamba.     Ku vyerekeye indwara y’igituntu, Senkomo yamenyesheje ko icivugo c’umwaka w’2018 kirarika indongozi n’imboneza ku nzego zose, gufata ingingo zose zotuma indwara y’igituntu ituzwa burundu. Yabandanije yibutsa ko ico civugo gisaba umwe umwe wese muvyo ajejwe kwongereza inguvu mu bikorwa bitandukanye vyo kurwanya indwara y’igituntu. Ngo indwara y’igutuntu iracari intambamyi y’amagara y’abantu kw’isi, ku buryo iharurwa mu ndwara icenda zica abantu benshi kw’isi. Umuntu yisunze ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi « OMS » vyo mu mwaka w’2017, ngo abantu bangana n’10 400 000 nibo bapimwe indwara y’igituntu, ibice 25% bikaba biri muri Afrika. Mu Burundi, ngo ivyegeranyo vy’umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya indwara y’igituntu n’imibembe vyerekana ko abantu bangana 7862 aribo barwaye indwara y’igituntu mu mwaka w’2017. Senkomo yahamagariye abantu bose  bafise ibimenyetso vy’indwara y’igituntu kwama bihutira kwitura amavuriro abegereye kugira babasuzume bongere babavure neza bakire bataranduza benshi ndetse bikingire na ca gituntu kitumva imiti isanzwe ikoreshwa mu kiringo c’amezi atandatu. Ivyo bimenyetso navyo bikaba ari inkorora imaze canke irenza indwi zibiri, gushuha no kubira ivyuya ku mugoroba, kubura akayabagu no gucika intege. Ngo indwara y’igituntu ipimwe ikongera ikavurwa kare ikira neza cane.  Ku vyerekeye indwara y’imibembe, Senkomo yaribukije ko icivugo c’umwaka w’2018 ari « indwara y’imibembe itavuwe hakiri kare, ubuzima bw’umurwayi buba bubangamiwe burundu ». Ngo ico civugo cibutsa ko indwara y’imibembe ivurwa igakira neza iyo umuntu ashitse kw’ivuriro adatevye. Ngo ukutivuza kare bituma umurwayi asinzikara maze agahava amugara ntihagire ico yimarira ubuzima bwiwe bwose. Ngo indwara y’imibembe yandurwa biciye mu muyaga kandi yiyorobeka umuntu akayigendana igihe kinini cane itaribonekeza ari naco gituma iguma  iriko irahererekanwa mu bantu mu gihe itavuwe hakiri kare. Ibimenyetso vyayo akaba ari amabara aza ku rukoba ameze nk’urubandu hamwe n’ugukongatara imitsi. Iyo ndwara ngo itavuwe hakiri kare ituma haba ingaruka nko kugira ibisebe ku birenge, gukongatara imitsi y’intoke n’amano, kugira uruhumyi hamwe no kumugara biciye mu gucika intoke n’amano. Mwomenya ko muri ivyo birori, ishirahamwe Action Damien ryahaye amakinga, amasuka, imipaga n’ibindi, amashirahamwe y’abakize imibembe n’igituntu.   

Aline Kanyana                                                                                                                                                      

Ouvrir