Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abacamanza babiri bo muri sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro bararahiye imbere y’umukuru w’igihugu

DSC 0199Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, abacamanza Nkeshimana Grégoire na Kabura Léoport  bo muri sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro bararahiye imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, abacamanza Nkeshimana Grégoire na Kabura Léoport  bo muri sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro bararahiye imbere y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.  Abo bacamanza babanje kwemezwa n’Inama Nkenguzamateka barahira bavuga bati : «  Jewe naka, «  akavuga izina ryiwe » ndarahiye imbere y’umukuru w’igihugu ko nzokwama nubahiriza Ubumwe bw’abarundi n’Ibwirizwa Nshingiro, ko nzokwama ndangura amabanga njejwe mu bwigenge kandi ataho mpengamiye, nzokwama ngumya ibanga z’imanza ziri mu mwiherero no kugendera ubuntu. » Mwomenya ko abo bacamanza basubiriye abandi bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/095 ryo ku wa 25 Ntwarante 2018.

Aline Kanyana

 

Ouvrir