Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ivyaranguwe na Reta mu bisata vyose mu gice ca kabiri c’umwaka w’2017 ngo biarashimishije

 

Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi, mu ngingo yaryo y’ 163,mu gace kayo ka gatanu rivuga ko  « Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye  zirihweza uko ibikorwa vyategekanijwe na Reta biriko biratunganywa uko amezi atandatu aheze ». Ni muri iyo ntumbero ku wa 10 Ndamukiza 2018,Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zakurikiranye icegerenyo c’ivyaranguwe mu gice kigira kabiri c’umwaka w’2017 n’ubushikiranganji butandukanye bukukira ibiro vy’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu.Ico cegeranyo kikaba cashikirijwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo, mu ngoro y’amakoraniro iri mu Kigobe, aho yamenyesheje ko ivyaranguwe mu bisata vya poritike, umutekano hamwe n’ubutungane bishimishije.Bukeye bwaho ku wa 11 Ndamukiza 2018,izo nzego zikoranye zikaba zarakurikiranye ikindi cegeranyo cashikirijwe n’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore, mu bisata vy’ubutunzi, imibano n’amagara y’abantu.Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi, mu ngingo yaryo y’ 163,mu gace kayo ka gatanu rivuga ko  « Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye  zirihweza uko ibikorwa vyategekanijwe na Reta biriko biratunganywa uko amezi atandatu aheze ». Ni muri iyo ntumbero ku wa 10 Ndamukiza 2018,Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zakurikiranye icegerenyo c’ivyaranguwe mu gice kigira kabiri c’umwaka w’2017 n’ubushikiranganji butandukanye bukukira ibiro vy’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu.Ico cegeranyo kikaba cashikirijwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo, mu ngoro y’amakoraniro iri mu Kigobe, aho yamenyesheje ko ivyaranguwe mu bisata vya poritike, umutekano hamwe n’ubutungane bishimishije. Bukeye bwaho ku wa 11 Ndamukiza 2018,izo nzego zikoranye zikaba zarakurikiranye ikindi cegeranyo cashikirijwe n’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore, mu bisata vy’ubutunzi, imibano n’amagara y’abantu.

Gaston Sindimwo amenyesha ko ivyaranguwe mu bisata vya  poritike, umutekano, n’ubutungane   bishimishije Nk’uko n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yabimenyesheje, Inama Nshingamateka ku wa 10 Ndamukiza 2018, ngo Reta y’Uburundi iriha intumbero y’ibikorwa bikurubikuru izorangura ku mwaka. Abashikiranganji nabo, mu bisata bajejwe, bagaca bashinga ibikorwa bazorangura kugira ayo mahangiro yose igihugu kiyashikeko. Ibiro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu bikaba bijejwe gukurikirana ubushikiranganji umunani ari nabwo Gaston Sindimwo yashoboye kwerekana ivyo bwaranguye mu gice ca kabiri c’umwaka w’2017.Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu, amenyesha ko bashoboye gusubiza amakomine, amasoko ashika 20 yubatswe na Reta yahora mu minwe y’abigenga. Ivyo navyo bikaba vyatumye ibigega vy’amakomine bibomboka. Ubwo bushikiranganji ngo bwarashoboye kandi 

DSCbbgh 0210guhimiriza abanyagihigu bubakanye bidaciye mu mategeko ngo biyandikishe. Hambavu y’ibikorwa bihaye, ngo bwarashoboye guhimiriza abanyagihugu kugira bitabire igikorwa co guterera amatora yo mu 2020 ; burongera butunganya ibiganiro vyo gusigurira abanyagihugu umugambi w’impinyanyuro nshasha y’Ibwirizwa Shingiro .Mu bushikiranganji bw’umutekano, ngo mu birindiro bishika 50 vy’igipolisi vyari bitegekanijwe kwubakwa mu 2017, 23 vyari bisigaye vyarubatswe Ubwo bushikiranganji ngo bwaragerageje kandi biboneka kurwanya ubwicanyi n’iterabwoba , hatibagiwe no kurwanya igiturire. Bwararwanije n’irwirirana ry’ibirwanisho bitobito bicira umuriro ngo n’ikimenyamenya ivyafashwe vyarasambuwe. Ubwo bushikiranganji bukaba bwaraterereye mu ruhara rwo gukingira ibidukikije mu gutera ibiti mu ntara no ku nkengera z’inzuzi zitandukanye zo mu gihugu. Hambavu y’ivyo hakaba harubatswe n’ibitaro vy’akarorero vyitiriwe igipolisi.Mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu naho barashoboye gukomeza imigenderanire n’amakungu no gutsimbataza imigenderanire hagati ya Reta n’abarundi  baba hanze y’igihugu.Mu bushikiranganji bwo mu biro vy’Umukuru w’igihugu bujejwe imigabo n’imigambi n’imigambi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, haratunganijwe inyigisho zo guhimiriza imirwi vye

ga, uburyo bwo kwinjira mu muryango w’Afrika y’ubuseruko. Ubwo bushikiranganji bwarashoboye no gukomeza intwaro ibereye, burakurikirana n’ibikorwa bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’ikoreshwa ry’urupapuro  rw’inzira rumwe hamwe n’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu karere. Bwarashoboye gukurikirana itunganywa ry’amategeko yatowe n’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko.Ubushikiranganji bwo mu biro vy’Umukuru w’igihugu bujejwe intwaro ibereye, bwarakomeje ibijanye n’intwaro ku butegetsi  mu barongoye abandi , burongera burakurikirana ibikorwa vyo kurwanya igiturire, urudandazwa rudaciye mu mategeko hamwe n’ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta. Haratunganijwe kandi igendurwa ry’ibikorwa vya Reta n’ivy’abikorera ivyabo. Hakaba harabaye n’ihimirizwa ku banyamitahe kuza kurangurira imigambi yabo mu gihugu.Mu bushikiranganji bw’ubutungane, hararanguwe ibijanye n’ugutsimbataza intwaro ibereye no kurwanya ibiturire. Hongera haraba n’itsimbatazwa ry’imigenderanire n’izindi nzego za Reta co kimwe n’abafata mu mugongo ubwo bushikiranganji. Haratunganijwe igikorwa co kurwiza ibisabwa n’amategeko mu ntumbero yo guca imanza zaraye n’

ishirwa mu ngiro ry’ivyavuyemwo hatibagiwe n’igabanywa ry’abatarakwiza imyaka yo gupfungwa mu busho . Barashoboye no guhinyanyura amategeko mpanavyaha mu ntumbero yo kwubahiriza agateka ka zina muntu.Mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, harubatswe inyubakwa y’akarorero yo kwakiriramwo abavyeyi bibungeze hamwe no kuvurizamwo abana, hongera hashirwamwo ibikoresho vya kijambere . Ubwo bushikiranganji bwarashoboye gukomeza itunganywa ry’ibikorwa vyo guhagararira amahoro mu bihugu vyo hanze, bararwiza n’ibikorwa vyo  guteramira umutekano w’abanyagihugu. Bwarahimirije mu rwego rwa gisirikare, iserukirwa ry’ibitsina vyose ku nzego zose zigize urwego rwa gisirikare.Mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi, harabaye gusubiramwo bushasha urwego rw’ubuyobozi, hongera harashirwaho urubugangurukana bumenyi rwiswe «ISOKO» aho abarongoye abandi bashobora gusanga  amakuru canke ivyankenerwa mu gutunganiriza ababituye.Harashizweho kandi umuhora uhuza ibiro vy’ababuramatari mu gi

hugu cose, hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi ndetse haranatangwa imashini nyabwonko n’ibindi bikoresho bifasha mu mirimo y’akazi. Harahinyanyuwe ishingurwa ry’amadosiye y’abakozi mu buhinga bwa kijambere. Muri ubwo bushikiranganji nyene haruguruwe igisata gishasha kijanye n’uburimyi n’ubworozi haca hashingwa ibigo 110 bishasha vy’ico gisata vyo kwigisha abafundi b’indimo aho abashika 4195 bariko barakurikirana ivyo vyigwa bijanye n’uburimyi n’ubworozi. Gaston Sindimwo akaba yarangije amenyesha ko muri rusangi ubushikiranganji bwose bufise amanota angana na 88,42 kw’ijana, akamenyesha ko n’aho bitakunze vyavuye ku ngorane z’uburyo. Abari aho nabo nyene barashoboye kubaza no kwerekana utunenge babona, ariko icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu akaba yarashoboye gutanga umuco.  Gaston Sindimwo akaba yarangije amenyesha ko muri rusangi ubushikiranganji bwose bufise amanota angana na 88,42 kw’ijana, akamenyesha ko n’aho bitakunze vyavuye ku ngorane z’uburyo. Abari aho nabo nyene barashoboye kubaza no kwerekana utunenge babona, ariko icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu akaba yarashoboye gutanga umuco.  

 

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu Joseph Butore yarashikirije ivyaranguwe mu gisata c’ubutunzi n’imibano
Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018 niho  icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore nawe yarashikiriza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka icegeranyo c’ivyo ubushikiranganji butandukanye arongoye bwaranguye mu gice kigira kabiri c’umwaka w’2017. Mu bushikiranaganji bw’ikigega ca Reta akaba yamenyesheje ko ku vyerekeye intwaro ibereye muri ubwo bushikiranganji bagize ivyegeranyo bishika kuri bine bijanye n’ugukurikirana ko hubahirizwa amategeko  mu gufata neza ubutunzi bw’igihugu na cane cane mu mashirahamwe ya Reta. Ikindi naco ngo ni uko bategerezwa gutanga icegeranyo cerekana ingne amashirahamwe ajejwe gukinga impanuka « asiranse »yaranguye imirimo yiyemeje, aho naho ngo bakaba barashoboye kugira icegeranyo c’umwaka wose w’2016.Ku bijanye n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, Joseph Butore yaramenyesheje ko bashoboye kuronka itoni 9600 z’imbuto z’ibigori   zivuye mu myonga. Ngo bararonse imbuto zingana n’ibiro 5000  vy’ikawa.Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu  ngo bwaratunganije igikorwa co gucandaga abana bari hagati y’imyaka 9 na 14 urucanco rukinga agasama n’ibihara bagera kuri 98,8 kw’ijana bo mu gihugu cose. Ikindi kandi  ngo n’uko hashoboye  gusanura inzu 6 zibikwamwo imiti mu burere bw’ubuvuzi butandukanye nk’i Mabayi,Cibitoke, Musema,Giteranyi,Kibuye na Bugarama.Mu bushikiranganji  bw’indero naho,Joseph Butore akaba yamenyesheje ko abayobozi bari kumwe n’abarezi bashika ku 4000 bashoboye guhabwa inyigisho muri Myandagaro.Ku bijanye n’ikibazo  ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza naho ngo harashoboye gukora abagera kuri 48170, abanyeshure 303 nibo bashoboye gutora ikibazo co kwiga mu gisata cigisha kuvura muri kaminuza 3 ziri mu gihugu ku banyeshure 801 bahiganwa.Ngo   ubwo bushikiranganji kandi bwarakurikiranye ingene uburyo butangwa muri ubwo bushikiranganji bukoreshwa.Mu bushikiranganji bwo kumenyesha amakuru, amaposita n’ugutumatumanako amakuru naho ngo ibiganiro vyari bitegekanijwe vyose haba mu binyamakuru ku maradiyo n’ahandi vyarabaye mu ntumbero y’uguhimiriza abanyagihugu kurwiza umwimbu.  Igikorwa co gushikiriza abanywanyi ba tereviziyo utwuma bita « décodeur » caratanguye ariko ngo ntikiraranguka neza nk’uko bavyifuza. Ubushikiranganji kandi bwarashoboye kumenyekanisha ibikorwa vya Reta.Mu bushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, ugutunganya isi n’ibisagara ngo harashoboye guterwa imivyaro 3000 y’imigano ku nkengera z’inzuzi za Mutimbuzi na Kanyosha ku birometero 2. Ibiti vy’ubwoko bita « caliyandra » ngo vyaratewe ku nkengera z’amasoko y’amazi meza ashika 30 mu makomine ya Bururi , Burambi na Buyengero. Amatoni yababa atatu y’ibikoresho vyataye igihe yaregeranirijwe mu nzu zih ariwe ubushakashatsi (laboratoire) ari yo mashure y’igihugu na hamwe hamwe mu bigo vya Reta hakazokurikira igikorwa c’ukubisambura. Mu gice ca kabiri c’umwaka uheze haratunganijwe inyigisho nkarishabwenge ku ndongozi zishika 231, komite zine zirashingwa mu ntumbero y’ugukingira inzuzi zisuka mu kiyaga Tanganyika no mu ruzi Rusizi.Mu bushikiranganji bw’ubudandaji amahinguriro n’ingenzi naho ngo hakaba haratunganijwe bushasha urutonde rw’abadandaza b’isukari hongera harashingwa n’igiciro cayo. Ngo harakurikiranywe n’ihindagurika ry’ibiciro ku bidandazwa vya nkenerwa gusumba ibindi, ivyegeranyo bivyerekana ngo bikaba vyaratanzwe. Ku vyerekeye imyuga mitomito ngo harabaye ihayanishwa gurisha ryatunganijwe ryahuza ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko ryitabwe n’abanyagihugu b’abarundi bashika 332. Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu n’ubutare mu ntumbero yo kwongereza umuyagankuba naho ngo ingomero nyinshi zarabandanije kwubakwa nk’urwo ku Kaburantwa n’urwo ku Mpanda.Ubushikiranganji bukaba bubandanya kwongereza inguvu kugirango uburyo bujanye n’amahera asabwa buboneke ku gihe gutyo ibikorwa biranguke hakurikijwe ikirangamisi cari gitegekanijwe.  Ikindi ngo harakozwe ivyigwa biraba ingene umuyagankuba woshikanwa ku mavuriro 14 n’amashure yisumbuye 10. Ngo harashikanywe n’umuyagankuba ku bawukeneye bo mu Carama, Kajaga  hamwe n’i Kobero. Ivyuma 16 bita « transformateur » vyari vyarononekeye mu gisagara ca Bujumbura ngo vyarasubirijwe hamwe no mu gihugu hagati.Mu bushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine naho ngo amakomine yose ahimirijwe n’ubushikiranganji ngo yarashoboye kwerekana imigambi yaranguye mu bikorwa rusangi.  Amakomine yose 116 havuyemwo 3 yo mu gisagara ca Bujumbura yarashoboye gushikiriza yongera araronswa amanota ku migambi yari yariyemeje gushira mu ngiro. Igikorwa co gusuzuma amakomine yose ku mwaka ku mwaka ngo caratunganijwe kandi yaravyitavye  yongera araronswa amanota.Mu bushikiranganji  bw’ugutwara abantu n’ibintu n’ibikorwa vya Reta naho ngo haratewe umukono  ku masezerano y’ukwagura ikibuga c’indege ca Bujumbura. Inyubakwa za Reta zishika 66 zarandistwe mu gisata kibijejwe izindi zirasanurwa mu ntumbero y’ukuzibungabunga.Mu bushikiranganji  bw’agateka ka zina muntu imibano n’iterambere ridakumira naho ngo mu ntumbero y’ugushigikira abatishoboye harashoye kuvuzwa abantu bagera ku 14419, imiryango irenga gato ibihumbi 255000 yahuye n’ibibazo bitandukanye iraronswa imfungurwa n’ibikoresho vya nkenerwa. Mu kwubahiriza agateka ka zina muntu no guteza imbere intwaro ibereye  haratanzwe inyigisho ku bantu 100, haratunganywa ibiganiro 26 ku nsamirizi kugirango abanyagihugu bamenye gusumba ivyerekeye agateka ka zina muntu. Mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama naho ngo urwaruka rushika 1508 rwararonkejwe inyigisho zishimikiye ku nyifato ibereye n’irondoka rijanye n’amagara meza mu ntumbero y’ukurukurikirana. Ivyegeranyo 4 vyerekana ingene ico gikorwa cashizwe mu ngiro vyarashikirijwe. Indwi yahariwe umurisho w’ingoma yaratunganijwe muri Munyonyo mu mwaka uheze. 

Christine Manirambona na

Gloriose NshimirImana

Ouvrir