Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi bwarahojeje igihugu ca Afrika y’Epfo giherutse kubura Winnie Mandela yabaye mu mboneza z’ico gihugu

DSC058mamam85Kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018, icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Anicet Niyongabo yarishikiye mu buserukizi bw’igihugu ca Afrika y’Epfo mu Burundi gutera igikumu mu gitabu  c’iteka mu ntumbero yo kugaragaza ko Uburundi  buhojeje Reta ya Afrika y’Epfo n’abanyagihugu ba Afrika y’Epfo baherutse kubura umupfasoni Winnie Mandela yitavye Imana ku wa 2 Ndamukiza 2018, akaba yarabaye umwe mu mboneza zarwanije amacakubiri ashingiye ku rukoba, yahoze kandi ari n’umutambukanyi w’uwaharaniye ukwikukira nyakuri kw’ico gihugu, Nelson Mandela.Kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2018, icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Anicet Niyongabo yarishikiye mu buserukizi bw’igihugu ca Afrika y’Epfo mu Burundi gutera igikumu mu gitabu  c’iteka mu ntumbero yo kugaragaza ko Uburundi  buhojeje Reta ya Afrika y’Epfo n’abanyagihugu ba Afrika y’Epfo baherutse kubura umupfasoni Winnie Mandela yitavye Imana ku wa 2 Ndamukiza 2018, akaba yarabaye umwe mu mboneza zarwanije amacakubiri ashingiye ku rukoba, yahoze kandi ari n’umutambukanyi w’uwaharaniye ukwikukira nyakuri kw’ico gihugu, Nelson Mandela.Anicet Niyongabo ahejeje gutera igikumu muri ico gitabu c’iteka, akaba yaramenyesheje ko yaserukiye Inama Nkenguzamateka na Nshingamateka hamwe na Reta y’Uburundi mu kwifatanya na Reta y’ico gihugu hamwe n’abanyagihugu ba Afrika y’Epfo ndetse n’umuryango wiwe kuko uwo mupfasoni Winnie Mandela yabaye kirumara kuri ico gihugu mu guharanira ukwikukira nyakuri kw’ico gihugu; mu kurwanya intwaro karyanishamiryango n’uguharanira agateka ka zina muntu na cane cane abakenyezi. Yaciye yongera aributsa uruhara igihugu ca Afrika y’Epfo  cagize mu Burundi, ko ico gihugu cafashije cane congera kirashigikira ibiganiro vyahuza abarundi  i Arusha kugeza ku masezerano y’amahoro yashizweko umukono kw’igenekerezo rya 28 Gitugutu 2000 ahagarikiwe n’uwari umuhuza Nelson Mandela. Anicet Niyongabo yarangije amenyesha ko igihugu c’Uburundi gifitaniye imigenderanire myiza n’igihugu ca Afrika y’Epfo.

Anitha Bizimana 

Alain Ndayisenga (Uwimenyereza)

 

Ouvrir