Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abajejwe intwaro basabwa gukorana neza n’umurwi CENI kugira amatora aze agende neza

 

IMG 1mam130Kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, Umukuru  w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya  amatora  (CENI), Pierre Claver  Ndayicariye, yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, mu ntumbero yo kumenyesha  abarundi  aho intambwe y’igikorwa kijanye no gutegura itora ry’Ibwirizwa Shingiro igeze. Kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, Umukuru  w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya  amatora  (CENI), Pierre Claver  Ndayicariye, yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, mu ntumbero yo kumenyesha  abarundi  aho intambwe y’igikorwa kijanye no gutegura itora ry’Ibwirizwa Shingiro igeze. Inyuma y’aho umukuru w’umurwi CENI atereye akamo  abenegihugu ngo baje  mu bibanza biyandikishirijemwo kuraba intonde  zimfatakibanza  zari zamanitswe  ko ata tunenge turi  mu mazina yabo, yamenyesheje ko uwo murwi uriko urakosora utunenge basanzemwo hama hazomanikwe intonde  ntabanduka. Inyuma y’ico gikorwa, umurwi CENI  uzoca utunganya  igikorwa co gusohora amakarata y’amatora. Nayo akaba azotangwa mu gihugu cose. Ico gikorwa naco ngo kikaba gitegekanijwe  mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza.  Ku bijanye n’imigambwe izokwiyamamariza itora ry’Ibwirizwa Shingiro rishasha, yamenyesheje ko hiyandikishije  imigambwe 27. Abigenga n’abo bakaba batemerewe kuko umurwi CENI wasanze  badakwije ibisabwa n’amategeko. Ku bijanye n’ibikoresho bizokenerwa, Pierre Claver Ndayicariye, yamenyesheje ko  ibice 90 kw’ijana bimaze kuboneka.Yarangije atera akamo abarongoye intwaro, ko boterera mu guhimiriza abanyagihugu  bakwije imyaka yo gutora kandi biyandikishije ko boja gutora amakarata y’amatora mu kiringo  kizoba categekanijwe. Akabasaba n’uko bobahimiriza  ko k’umunsi w’itora  bokwitaba ku bwinshi. Abarongoye intwaro abasaba kandi kworohereza abanyamigambwe bose mu gihe co kwiyamamaza hamwe no gutegekanya ibibanza vyo gushinguramwo  ibikoresho vy’amatora. Yabasavye kandi co kimwe n’abajejwe umutekano ko bokorana neza n’abakozi b’umurwi CENI  mu gucungera neza abanyagihugu n’ibikoresho vy’amatora.        

Gloriose Nshimirimana

Alain Ndayisenga (Uwimenyereza)

 

 

Ouvrir