Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ivyaranguwe mu buyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta (P.P.B) ngo birashimishije

DSCvvfgt01619Kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, umuyobozi  mukuru w’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta  (P.P.B),  Louis Kamwenubusa yaragirishije inama   abakozi  arongoye  mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyaranguwe  mu kiringo c’amezi atatu aheze. Iyo nama ikaba yari inama isanzwe yama iba uko amezi atatu aheze.Kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, umuyobozi  mukuru w’iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta  (P.P.B),  Louis Kamwenubusa yaragirishije inama   abakozi  arongoye  mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyaranguwe  mu kiringo c’amezi atatu aheze. Iyo nama ikaba yari inama isanzwe yama iba uko amezi atatu aheze.Umuyobozi mukuru, Louis Kamwenubusa akaba rero yabanje kwifuriza isabukuru nziza ikinyamakuru  « Le Renouveau »  cari kirumanije uwo munsi nyene imyaka 40 gitanguye gukora.Hanyuma amenyesha ko muri rusangi abakozi barangura imirimo yabo neza, bisunga ihangiro ubushikiranganji iyandikiro ry’ibinyamakuru vya Reta bukukira, bwihaye ryo gishitsa inkuru 200 zimenyekanisha ibikorwa vy’inzego  ku mwaka, mbere akaba yasanze ico gitigiri bazokirenza aravye inkuru zerekeye ibikorwa vy’inzego zimaze gusohoka mu binyamakuru «Le Renouveau» n’UBUMWE. Ariko abanebwe barimwo abakunda gucererwa ku kazi n’abataha imbere y’igihe akaba yabasavye kwikubita agashi, bagerageze gukunda akazi bongereze umwete n’ishaka.Yasavye abakozi mu gisata kijejwe gushingura ibinyamakuru n’ibitabu (direction de la documentation) mu buyobozi bukuru bw’iyandikiro ry’ibinyamakuru (PPB)  ko nabo nyene bokwandika inkuru zijanye n’amatora n’imiburiburi zibiri mu ndwi zizohora zisohoka mu binyamakuru « Le Renouveau » n’UBUMWE. Ati rero umwe wese yokwitanga agakora kugirango akazi kame kagenda neza.Abajejwe ikoreshwa ry’imiduka ku kazi nabo basabwe gutunganya neza ico gisata kugira imyidogo y’abakozi igabanuke kandi hame hashirwa imbere ineza y’akazi.Ku bijanye n’ubukene bw’ibikoresho bwibonekeza, umuyobozi mukuru, Louis Kamwenubusa yaremereye abakozi ko mu gisata kijejwe ikigega bagiye kuraba ingene bisuganya kugira bashobore kugura imashini na nkeyi zo gusubiriza izishaje. Umuyobozi mukuru akaba yasozereye iyo anama ashimira abakozi bitanze mu guterera amatora yongera abahanura muri rusangi  ko bokwama bashika ku kazi ku gihe kandi bakubahana hagati yabo.  

Christine Manirambona

 

Ouvrir