Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwego CNC rwarahagaritse igisata co gutanga ivyiyumviro ku basoma mu kinyamakauru IWACU

 

Dah JQ6X4AAJU3 Copie 2Urwego rw’igihugu rujejwe gukurikirana ibikorwa vy’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru CNC rwarahagaritse mu kiringo c’amezi atatu igisagata co gutanga ivyiyumviro ku basoma  (rubrique)  biciye ku buhinga ngurukanabumenyi c’ikinyamakuru IWACU. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’urwo rwego, Ramadhan Karenga, ku muhingamo wo ku wa 11 Ndamukiza 2018, mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru.Urwego rw’igihugu rujejwe gukurikirana ibikorwa vy’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru CNC rwarahagaritse mu kiringo c’amezi atatu igisagata co gutanga ivyiyumviro ku basoma  (rubrique)  biciye ku buhinga ngurukanabumenyi c’ikinyamakuru IWACU. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’urwo rwego, Ramadhan Karenga, ku muhingamo wo ku wa 11 Ndamukiza 2018, mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru.Nk’uko umukuru  CNC,  Ramadhan Karenga yabandanije abishikiriza, ngo ico kiganiro ku bamenyeshakuru catunganijwe inyuma y’aho bari bamaze iminsi 2 bari mu nama ya bose yabasanzwe bagize urwo rwego. Iyo nama ya bose ngo yari iyo guhanahana ivyiyumviro ku cegeranyo c’ivyaranguwe mu mwaka w’2017.

Uko umwaka utashe, ngo urwego CNC ruratanga icegeranyo c’ivyaranguwe mu biro vy’Umukuru w’igihugu, Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka. Muri rusangi, ivyo ngo biri mu vyabakoranije mu kiringo c’iminsi ibiri hamwe no gusubiramwo amategeko ngenderwako y’urwego CNC.Vyongeye, ngo kuva ku wa 8 Ntwarante 2018, urwego CNC ruherutse kuronka itegeko rihinyanyuye rigenga imirimo yarwo. Iryo tegeko naryo ngo rije gusubirira iryo mu mwaka w’2013. Iyo nama y’iminsi ibiri, ngo yatunganijwe hisunzwe iryo tegeko rihinyanyuwe. Kuva iryo tegeko rishizweko umukono, ngo baciye bihutira guhinyanyura tumwe n’utundi  mu ngiro zayo kugira imirimo y’urwo rwego igende neza.Bisubiye muri iyo nama ya bose, ngo bararabiye hamwe ibibazo 2 bikomeye. Ivyo navyo ngo ni itegeko ngenderwako « code de conduite » mu gihe c’amatora yo guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro, amatora ategekanijwe ku wa 17 Rusama 2018. Iyo nyifato abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru bategerezwa kugira mu gihe c’ayo matora, ngo yaremejewe n’urwego CNC. Iryo tegeko ngenderwako ngo kugira rije mu ngiro, abarongoye ibimenyeshamakuru bazorihanahanako ivyiyumviro n’abo mu rwego CNC.
Muri iyo nama ya bose y’abagize CNC, ngo barasuzumye ingene ibimenyeshamakuru vyakoze mu mezi atatu aheze.Mu bikorwa vy’iyo nama, ngo hariho ingingo zafashwe kugira umwuga wo kumenyeshamakuru ukorwe hisunzwe akarangamutima k’uwo mwuga. Ku bijanye n’itegeko ngenderwako mu matora yo guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro , ngo bazokwisunga itegeko ryo mu mwaka w’2015, ryahinyanyuwe kugira rijane n’ibihe vya none. Muri izo ngingo, ikinyamakuru IWACU, ngo igisata co gutanga ivyiyumviro ku basoma hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi carahagaritswe mu kiringo c’amezi atatu, kuva ku wa 11 Ndamukiza 2018, kubera abo basomyi ngo hari igihe bandika ibintu biciye ku biri n’amategeko. Ico kiringo c’amezi atatu, ngo ni ico kwikosora kugira batosore utwo tunenge. Iradiyo (Imico kama) nayo nyene yaragabishijwe ku kiganiro caciye kuri iyo radiyo, aho bavuga imigenderanire iri hagati y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Kuri ukwo kugabisha, n’ibimenyeshamakuru vya « Le Renouveau » na IWACU vyaragabishijwe navyo nyene ku nyandiko ziri mu rurimi rw’icongereza zica muri ivyo binyamakuru, ariko ngo aho vyasaba uruhusha rwo gukora, ngo bari basavye kwandika mu gifaransa gusa. Ku bijanye n’ikarata iranga umumenyeshamakuru n’abandi bakorera muri ico gisata, ngo kubera iryo tegeko ritunganya imirimo muri CNC, ngo rirabaha uburenganzira bwo gutanga iyo karata. Icifuzo ngo ni uko iyo karata yokoreshwa n’abamenyeshamakuru mu matora yo guhinyanyura Ibwiriza Shingiro ku wa 17 Rusama 2018.                                                                                         

Déo Misigaro

Ouvrir