Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Akaranda k’impene n’intama ngo kagiye kuranduranwa n’imizi

IMG 411Mu ntumbero yo gukinga indwara y’akaranda igeramiye bitungwa bito bito nk’impene n’intama, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwaruguruye icese isekeza ryo gucandaga impene n’intama  zikwije amezi 4  rizoba mu gihugu cose. Mu ntumbero yo gukinga indwara y’akaranda igeramiye bitungwa bito bito nk’impene n’intama, ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwaruguruye icese isekeza ryo gucandaga impene n’intama  zikwije amezi 4  rizoba mu gihugu cose.Ivyo birori bakaba vyabereye muri komine Bugendana, intara ya Gitega ku wa 10 Ndamukiza 2018, bihagarikiwe n’umunyamabanga ntayegayezwa w’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Epaphras  Ndikumana. Mw’ijambo yashikirije mu gutanguza ivyo bikorwa, Epaphras  Ndikumana yamenyesheje ko iyo ndwara yahitanye ibitungwa bitari bike  kuko ku mpene 1635 zari zatanzwe ku mitumba 5 igize intara ya Gitega, 1158 zarapfuye zisiga zanduje n’izo  bari basanganywe  hapfamwo izigera 2650.Mu ntara ya  Gitega rero ngo niho hapfuye ibitungwa vyinshi   gusumba ahandi. Vyongeye, ngo si intara ya Gitega gusa yatewe n’ako karanda kuko n’intara za Kirundo,Mwaro, Muramvya,Karusi na Kayanza zarashikiriwe.

Ubu hagaharurwa ibitungwa 8555 bimaze gupfa.  Yaciye aboneraho gushimira  Reta y’Uburundi n’ Ibanki y’isi yose ukuntu bitanze kugira urwo rucanco ruboneke bidatevye kuko indwara yari guhava iguma itandukira n’izindi ntara zitari bwashikirwe. Arongera  ndetse ashimira n’aborozi kuko bavyifashemwo neza bagakorana, bagakurikiza impanuro bahabwa n’abaganga b’ibitungwa.Urwo rucanco rero ngo ruzotangwa mu gihugu cose bahereye  ku ntara zitandatu ako karanda kamaze kwibonekezamwo.Yarangije asaba aborozi ko boguma bihanganye, bakagumiza ivyo bitungwa mu nzu gushika aho bazobamenyeshereza ko indwara yaheze.Yaribukije aborozi ibimenyetso biranga iyo ndwara, ko mu gihe babonye igitungwa kijonjogoye, kikagira ibiseru birekera  mu nyuma amazuru akuma , bikagira ingorane yo guhema ntibirishe kubera biba bifise ibikomere ku rurimi  kandi ngo biruta cane harimwo n’amaraso ngo nta muti numwe uhari uvura iyo ndwara kiretse urucanco. Epaphras Ndikumana yarahimirije umworozi wese mu gihe abonye ivyo bimenyetso guca yitura umuganga w’ibitungwa abegereye. Buramatari w’intara ya Gitega, Venant Manirakiza  nawe yarashimye ico gikorwa kubona gitanguriye mu ntara arongoye kuko ibitungwa vyari bigeze ahatemba.Yongera ashimira  aborozi ukuntu bavyifashemwo neza mu gukurikiza impanuro,   bakareka ku bishora kandi bafise ubukene  aca abahimiriza guhaguruka, ntihasigare igitungwa na kimwe kidacandazwe aho yaciye aboneraho akaryo ko gusaba abajejwe intwaro n’umutekano n’abajejwe amagara y’ibitungwa kugira urunani, babandanye baherekeza abanyagihugu  gushika iyo ndwara iranduranywe n’imizi.                                                                                        

Josélyne Ndayegamiye

 

Ouvrir