Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi na Gabon birabandanya gutsimbataza imigenderanire isanzwe hagati yavyo

Umukuru w’igihugu ca Gabon Ali Bongo yaragendeye Uburundi kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, aho yamenyesheje ko urwo rugendo ruri mu rukurikirane rw’ingendo ariko aragira mu bihugu vyose bigize ishirahamwe ry’ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vya  Afrika yo hagati (CEEAC) mu ntumbero yo kurabira hamwe na bagenziwe ingorane zihanze ako karere kugira barondere ukugene zotorerwa inyishu.Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ahejeje kubonana na mugenziwe w’Uburundi Petero NKURUNZIZA.Umukuru w’igihugu ca Gabon Ali Bongo yaragendeye Uburundi kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, aho yamenyesheje ko urwo rugendo ruri mu rukurikirane rw’ingendo ariko aragira mu bihugu vyose bigize ishirahamwe ry’ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vya  Afrika yo hagati (CEEAC) mu ntumbero yo kurabira hamwe na bagenziwe ingorane zihanze ako karere kugira barondere ukugene zotorerwa inyishu.Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ahejeje kubonana na mugenziwe w’Uburundi Petero NKURUNZIZA.Prezida Ali Bongo ngo yabanje gushimira Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ku kugene yakiriwe hamwe n’abo bagendanye. Yamenyesheje ko yaje nk’Umukuru w’igihugu atwara akarere k’ibihugu vya Afrika yo hagati CEEAC kandi nk’umukuru w’igihugu ca Gabon. Ngo yari amaze kugendera ibihugu bigize uwo muryango hakaba hari hasigaye igihugu c’Uburundi na Cameroun.

Nk’uko yabiganiriye n’abandi bakuru b’ibihugu bamaze kobonana, ngo barumvikanye ko uwutwara akarere agira ingendo mu bihugu vyose bigize uwo muryango mu ntumbero yo kumenya ingorane zihanze akarere n’izituruka ku gihugu ubwaco. Yamenyesheje ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi yamuhaye inkuru zikomeye ku burongozi bw’ibihugu bihurukiye muri uwo muryango zizotuma aha ikirangaminsi abandi bakuru b’ibihugu. Ngo nta kibazo na kimwe bashaka ko kija ku ruhande ari nayo nzira yo guteza imbere ibihugu bigize uwo muryango. Yamenyesheje ko ikiraje ishinga ibihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe ahanini ari ibibazo vy’ubutunzi. Ngo hari abantu bakiri bato muri ivyo bihugu arico gituma hoja imbere kubagaburira no gutanga akazi. Ikindi kandi ngo mu gihe ivyo bihugu bishaka gutera imbere ni ukubanza gutsimbataza amahoro n’umutekano arico gituma ngo haherutse kuba inama i Libreville yahuje abashikiranganji bajejwe imigenderanire n’abajejwe kwivuna abansi. Ku bijanye n’ingorane ziri hagati y’Uburundi n’Urwanda bisanzwe bihurikiye muri iryo shirahamwe CEEAC yamenyesheje ko hari ugushaka ata na kimwe cobuza ko ingorane iyo ariyo yose itorerwa umuti. Igishimishije ngo ni uko muri aka karere bose bashaka kuva muri bene izo ngorane. Yamenyesheje kandi ko baganiriye n’ibijanye no gufashanya hagati y’Uburundi n’igihugu ca Gabon. 

DSC 0ghy949Umukuru w’igihugu c’Uburundi nawe Petero NKURUNZIZA nawe yamenyesheje ko Umukuru w’igihugu ca Gabon yaje kugira baganire ibijanye n’akarere basanzwe basangiye na rirya ariwe akarongoye muri kino gihe, bongere baganire n’ibijanye n’imigenderanire hagati y’ibihugu vyabo uko arai bibiri. Ngo baganiriye ku bijanye n’ukugene ibihugu bigize uwo muryango vyotera imbere bisunze ibibazo bahura navyo. Kugira ikibazo ngo ni kimwe ariko kumenya ukugene ugitorera inyishu ni ikindi. Igikorwa yakoze ngo kiri mu rukurikirane rw’ingendo yagize mu bihugu bigize uwo muryango mu ntumbero yo kurabira hamwe ukugene ibihugu bigize uwo muryango vyotera imbere, bigire kazoza keza. Ngo yaboneyeho karyo ko kumutera intege no kumukeza kuva aka karere kabayeho bubaye ubwa mbere haba ingendo nk’iyo aho Umukuru w’igihugu yafashe ingendo yo kugendera bagenzi babo. Ivyo ngo bikazomufasha gutegura inama y’abakuru b’ibihugu afise intumbero gutyo bafate ingingo zibereye ntizibe inama zo gutakaza umwanya. Ikigira kabiri naco ngo ni uko ibibazo bihanze ako karere atari ibijanye n’amatora ahubwo ari ibijanye n’ubutunzi. Ibijanye n’amatora navyo ngo biraba igihugu kimwe kimwe ukwaco gikurikije ubwigenge bwaco. Ku bijanye n’amatora mu Burundi navyo ngo biraba abarundi bo benebwo nayo ibindi bihugu bigakurikira canke bigashigikira. Ako karere nako ngo kabaye hafi kazokurikira kongere gashigikire. Amategeko agenga ishirahamwe CEEAC ngo akwiye guhinyanyurwaUrwo rugendo umukuru w’igihugu ca Gabon Ali Bongo Ondimba yagize mu Burundi kuri uwo wa 13 Ndamukiza 2018 rwasozerewe n’itangazo ryasohowe n’abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vy’Uburundi na Gabon aribo Alain Aimé Nyamitwe na Noël Nelson Messone,ariko rikaba ryasomwe n’umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburundi, Alain Aimé Nyamitwe.Iryo tangazo rivuka ko Abakuru b’ibihugu vy’Uburundi, Petero NKURUNZIZA  n’uw’igihugu ca Gabon, Ali Bongo Ondimba basaba ko amategeko agenga ishirahamwe ry’ubutunzi rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika wkubera hari ibice bimwe bimwe birimwo umutekano muke. Izo mpinyanyuro zotuma haba kwihutira kugarura umutekano aho bikenewe mu bihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe.Nk’uko umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburundi, Alain Aimé Nyamitwe yabishikirije mw’itangazo ryateweko umukono nabo bashikiranganji babiri, ngo urugendo Umukuru w’igihugu ca Gabon yagize mu Burundi, ngo ruri mu rukurikirane rw’izindi ariko aragira mu bihugu bihurikiye mw’ishirahamwe CEEAC. Vyongeye, ngo urwo rugendo rwari urwo gukomeza imigenderanire iri hagati y’ibihugu vyacu. Muri urwo rugendo, ngo kabaye akaryo ko guca irya n’ino amasezerano ibihugu vyacu vyateyeko umukono.  Icibonekeje, ngo n’uko imigenderanire iri hagati y’ibihugu vyacu yifashe neza cane.Abo bakuru b’ibihugu bose, basavye umurwi uhurikiwemwo na bose ko bonagura ibikorwa mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire iri hagati y’ibihugu vyacu. Umukuru w’igihugu ca Gabon, Ali Bongo Ondimba arakeza Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA kubona mu Burundi amahoro n’umutekano bibandanya gutsimbatara. Ku bijanye n’ishirahamwe CEEAC, abo bakuru b’ibihugu vyacu basavye ko amategeko agenga iryo shirahamwe kubera ko hari ibice bimwe bimwe mu bihugu bigize iryo shirahamwe hari umutekano muke, ivyo ngo vyofasha kwihutira gutabara igihe cose bikenewe. Izo mpinyanyuro ngo zokorwa hisunzwe ingingo zapfundikiwe mu nama y’abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu bigize uwo muryango, inama yabaye ku magenekerezo ya 3 na 4 Ntwarante 2018, yabereye i Libreville, ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon. Ku muhingamo wo ku wa 13 Ndamukiza 2018, akaba yaherekejwe na mugenziwe arongoye igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA hamwe n’abagize Reta y’Uburundi.                                                                                                            

 Déo Misigaro 

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir