Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CENI ugeze ku ntambwe yo kumanika intonde mfatakibanza z’abiyandikishije kugira bazoje mu matora yimirije

 

DSC 005578Inyuma y’aho umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora (CENI), Pierre Claver Ndayicariye  atereye akamo abarundi biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro , kuja kuraba aho biyandikishirije ko bari ku ntonde mfatakibanza zasohowe n’uwo murwi,  ikinyamakuru UBUMWE  carashoboye gushika mu bibanza bitandukanye vyo mu makomine ya  Muha na Mukaza yo mu gisagara ca Bujumbura kuraba uko ibikorwa biriko biragenda.Inyuma y’aho umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora (CENI), Pierre Claver Ndayicariye  atereye akamo abarundi biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana Ibwirizwa Shingiro , kuja kuraba aho biyandikishirije ko bari ku ntonde mfatakibanza zasohowe n’uwo murwi,  ikinyamakuru UBUMWE  carashoboye gushika mu bibanza bitandukanye vyo mu makomine ya  Muha na Mukaza yo mu gisagara ca Bujumbura kuraba uko ibikorwa biriko biragenda.Nk’uko uwurongoye umurwi CENI yari yatangaje ko ivyo bikorwa vyari bitegekanijwe gutangura kuva ku wa  2 gushika ku wa 6 Ndamukiza 2018, ikinyamakuru UBUMWE cahavuye ku wa 4 Ndamukiza gica muri komine Muha,aho cashoboye kubona ko hari ibibanza bimwe bimwe batari bwaheze kumanika intonde z’abiyandikishije.

Ariko n’ubwo vyari uko, abakozi ba CENI bari ku murimo wo kumanika izo ntonde kandi n’abanyagihugu bariko baraza kuraba ko amazina yabo ari kuri izo ntonde ni uko yanditse neza. Icibonekeje n’uko abanyagihugu batariko baraza ku bwinshi kuraba izo ntonde. Haza umwe umwe. Abakozi ba CENI bakaba batumenyeshe ko uwo basanze atanditswe ariko yaje yibangikanije ka gapapuro k’iyandikwa, baheza bagasubira kumwandika kugira bazobishikirize umurwi CENI.Ku wa 5 Ndamukiza, ikinyamakuru UBUMWE carongeye kiragendera mu bibanza vy’iyandikiro biri muri komine Mukaza, aho casanze intonde z’abiyandikishije zimanitse ndetse n’abanyagihugu bariko baraza kuziraba ariko n’aho nyene haza bakebake.Muri ivyo bibanza vyose twashoboye kugendera, abakozi b’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI, batumenyesheje ko bafise icizere ko ikiringo kizorangira abanyagihugu bose biyandikishije, baraje kuraba ko bari ku ntonde n’uko amazina yabo yanditswe neza.      

 Gloriose Nshimirimana  na   

Alain Ndayisenga  (Yimenyereza)

Ouvrir