Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ikigo API caremereye abashinga amashirahamwe 680 mu mezi atatu aheze

 

DSCzrgte 0054Mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018, ngo ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API caremereye abashinga amashirahamwe 680, aho bategekanya gutanga ubuzi 4912. Ugereranije n’amezi atatu ya mbere y’umwaka w’2017, ngo ibitigiri vy’abashinga amashirahamwe vyiyongereye ku rugero rw’ibice 10%. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’ikigo API, Léonard Sentore, ku wa 5 Ndamukiza 2018, hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, aho yari aramutse ashikiriza ivyaranguwe n’ico kigo mu mezi atatu aheze.Mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018, ngo ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API caremereye abashinga amashirahamwe 680, aho bategekanya gutanga ubuzi 4912. Ugereranije n’amezi atatu ya mbere y’umwaka w’2017, ngo ibitigiri vy’abashinga amashirahamwe vyiyongereye ku rugero rw’ibice 10%. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’ikigo API, Léonard Sentore, ku wa 5 Ndamukiza 2018, hari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, aho yari aramutse ashikiriza ivyaranguwe n’ico kigo mu mezi atatu aheze.Nk’uko umuyobozi w’ikigo API, Léonard Sentore yatanguye abishikiriza, ngo mu mezi atatu aheze, ibikorwa vyaranguwe n’ico kigo ngo vyisunze integuro y’imigambi bishinze kurangura mu mwaka w’2018. Muri iyo nteguro y’imigambi y’umwaka w’2018, ngo barategekanya gutunganya inama yo kwegeranya uburyo buzofasha gutunganya imigambi izoshika mu mwaka w’2022, iyo nama ikaba itegekanijwe mu kwezi kwa Ruheshi kuza. Mu migambi ya kazoza, ikigo API kirategekanya gutunganya umugambi wo kwubaka inzu z’uburaro mu gisagara ca Bujumbura, kwubaka kijambere zone ya Buyenzi, iyo migambi bazoyitunganya bayishikirize abashobora kuyishira mu ngiro.Vyongeye, ngo barategekanya guteza imbere igisata co kurima ibiterwa njabukamazi, aho bakavuga guteza imbere igiterwa c’amashurwe, ibiterwa bivamwo amavuta azimvye cane, ayo bita « huiles essentielles », ivyamwa n’imboga. Mu ntumbero yo gushora ivyo biterwa vyoroshe, ngo barategekanya kwubaka inyubakwa ikanyisha ibidandazwa imbere y’uko bishorwa hanze y’igihugu, iyo nyubakwa ikazokwubakwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Bisubiye, mu gisata c’uburovyi, barategekanya guteza imbere uburovyi mu kiyaga Tanganyika, kugira haboneke umwimbu ukwiye abarundi, umusesekara ushorwe hanze. Iyo yose ngo ni imigambi bazoshikiriza abarwizatunga kugira bashiremwo uburyo bwabo.Bisunze itegeko ryorohereza abanyamitahe, ngo impapuro 10 zararonkejwe abanyamitahe babisavye, izo mpapuro zifise agaciro k’imiriyaridi zirenga 58, aho bategekanya gutanga ubuzi 850. Muri ayo mashirahamwe, 6 ni ay’abarundi, 2 ay’abanyamahanga hamwe ni 2 asangiwe n’abarundi n’abanyamahanga.Ku kibazo co kumenya ivyavuye mu rugendo abarwizatunga b’abarusiya bagize mu Burundi, ibisata bashobora gushiramwo imitahe, umuyobozi w’ikigo API, Léonard Sentore yamenyesheje ko ibisata bashobora gushiramwo imitahe, ari ibijanye n’inyubako za kijambere, umuyagankuba, gutwara abantu n’ibintu haba kw’isi no mu kiyaga Tanganyika. Vyongeye, ngo abo barwizatunga bazobasaba guteza imbere uburovyi mu kiyaga Tanganyika no guteza imbere igisata ca bamukerarugendo. Ku bijanye no kwubaka kijambere zone ya Buyenzi aho ibikorwa bishobora gutangurira, Léonard Sentore yamenyesheje ko ari imigambi batunganya, bagaheza bakarondera abarwizatunga kugira bashiremwo uburyo.Kubona ngo amashirahamwe yashinzwe yaraduze mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018, ugereranije n’umwaka w’2017, ngo vyatumwe n’inyigisho bagenda baratanga ku mirwi itandukanye, umutekano uriko uratsimbatara ugereranije n’ibihe igihugu caciyemwo mu mwaka w’2015 hamwe no gukorera hamwe, aho abarundi bahimirizwa gushinga amakoperative. Yaboneyeho akaryo ko gutera akamo abarundi bashinga amakoperative ko basaba uruhusha mu kigo API.                                                                                                       

Déo Misigaro

Ouvrir