Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi iritayeho kazoza k’urwaruka rwahejeje amashure rutagira akazi

 

DSC 22154Abashingamateka barize  bongera baremeza ijana kw’ijana integuro ya Reta yo gushiraho urwego rw’urwaruka rw’inkorerabushake. Aho hari ku wa 4 Ndamukiza 2018 mu nyubakwa y’amakoraniro mu kigobe.Ibikorwa vy’iyo nama vyari bihagarikiwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda.Umushikiranganji w’Urwaruka, inkino n’imico kama Jean Bosco Hitimana yari yatumiwe kugira  asigure ibijanye n’iyo nteguro yongere yishure no ku bibazo vy’abashingamateka.Abashingamateka barize  bongera baremeza ijana kw’ijana integuro ya Reta yo gushiraho urwego rw’urwaruka rw’inkorerabushake. Aho hari ku wa 4 Ndamukiza 2018 mu nyubakwa y’amakoraniro mu kigobe.Ibikorwa vy’iyo nama vyari bihagarikiwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal Nyabenda.Umushikiranganji w’Urwaruka, inkino n’imico kama Jean Bosco Hitimana yari yatumiwe kugira  asigure ibijanye n’iyo nteguro yongere yishure no ku bibazo vy’abashingamateka.Mu mvo n’imvano ry’iyo nteguro,umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama  Jean Bosco Hitimana  yamenyesheje ko Reta yavyiyumviriye mu ntumbero yo kurwanya ubushomeri narirya urwaruka rutagira ico rukora rushobora guhungabanya  amahoro n’umutekano.Ico ciyumviro ngo catanguriye mw’ihuriro ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu mu mwaka w ‘2017.

Muri iryo huriro nyene,  urwaruka ngo rwariyemeje guterera umuganda  mugusubiza hamwe, mu gusanura no mw’iterambere ry’igihugu cabo. Jean Bosco Hitimana yabandanije amenyesha ko uwo mugambi w’abakorerabushake uzotuma urwaruka ruharonkera ubumenyi butandukanye.Uwo mugambi watejwe imbere mu ntumbero yo guteza imbere umugambi mpuzamakungu w’igihugu c’uburundi n’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika  ririko risaba ko abakorerabushake b’abarundi boja gukora ivyo bikorwa no mu bihugu vyo mu karere ka Afrika.Urwaruka rushobora kuja muri uwo murwi w’abakorerabushake ni uwoba afise n’imiburiburi imyaka 18 kandi atarenza imyaka 35. Ico gikorwa rero c’abakorerabushake ngo nta gahembo kigira, gikorwa ku gushaka mu mwanya wose gitegekanijwe n’amategeko mu kiringo gitegekanijwe kandi ata nyungu irimwo, kigakorwa ku neza y’ishirahamwe rya Reta canke abikorera utwabo rigaharanira ineza ya bose, guteza imbere ibijanye n’imibano, ubutunzi n’imico kama vy’abanyagihugu bo ku rwego rw’intango canke umugwi w’abantu kanaka.Ikindi naco yamenyesheje n’uko uwuzoba ari muri uwo murwi w’abakorerabushake bazoronka ku kwezi agashirukabute gashingwa icamaso mu gihe ariko ararangura umurimo wiwe .Ariko n’aho biri uko ako gashirukabute ntigafatwa nk’umushahara canke nk’impembo kandi  ntigatorwako  ikori canke ngo gakurweko ayo ari yo yose ajanye n’ugufasha umukozi.Igitigiri c’amafaranga y’agashirukabute gishingwa ku rugero ivyo bikorwa biguma biboneka. Urwaruka rushika 504 ruramaze kwakirwa muri uwo mugambi kuva mu mwaka 2014 mu ntara ya i Bujumbura,Gitega na Ngozi.Abashingamateka bari aho bakaba barashikirije amakenga bafise kuri iyo nteguro y’itegeko rijanye n’abakorerabushake ku bijanye n’urwaruka ruva mu bindi bihugu bazifuza kwinjira muri uwo murwi. Aho bemeje ko uwuzoba amaze imyaka 2 azemererwa ariko bakabona ko iyo myaka ari mike aho basavye ko yokongerezwa. Mu kurangiza umushikiranganji w’Urwaruka inkino n’imico kama yamenyesheje ko hagiye gushirwaho ikigo kijejwe gukurikirana uwo mugambi w’abakorerabushake gishizweho n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.                                                                   

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir