Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA yaratanze intererano y’amatora igira kabiri y’umuryango wiwe

 

DZzKxV0WsAEKE36Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahamagarira abarundi  bose gutanga intererano y’amatora kugira batsimbataze intahe y’ukwikukira y’igihugu cabo. Ako kamo yagateye kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2018, inyuma y’aho yari ahejeje gutanga intererano igira kabiri ingana n’imiriyoni zine (4000000) z’amafaranga y’amarundi, mw’ibanki nkuru y’igihgu y’i Ngozi (BRB).Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahamagarira abarundi  bose gutanga intererano y’amatora kugira batsimbataze intahe y’ukwikukira y’igihugu cabo. Ako kamo yagateye kw’igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2018, inyuma y’aho yari ahejeje gutanga intererano igira kabiri ingana n’imiriyoni zine (4000000) z’amafaranga y’amarundi, mw’ibanki nkuru y’igihgu y’i Ngozi (BRB).Nk’uko Prezida NKURUNZIZA yabimenyesheje, ngo ico gikorwa kijanye no gutanga intererano y’amatora yo mu 2020, kandi ngo n’abarundi bose baratewe akamo ko kuyaterera kugirango berekane umutima wo gukunda igihugu no kwerekana ko igihugu cabo cikukiye. Iyo ngingo ngo yafashwe kugira ngo amatora aze aranguke akoreshejwe uburyo buvuye mu barundi narirya igihugu ari icabo, iyo ntambwe ngo yatanguwe mu 2015 amatora atunganijwe aho abitwa ko bari gufata mu mugongo abarundi babateye akagere. Ariko rero ngo bamaze gutera akamo abanyagihugu bumvise gatanu ngo niko guca babona ko ico gikorwa camye citirirwa abanyamahanga abarundi bocishoborera. Ico gikorwa co guterera ubugira kabiri rero ngo ni uko Prezida NKURUNZIZA yari yiyemeje ko buri mwaka azotegerezwa guterera. Yaciye aboneraho akaryo ko gushimira Imana kuko ayo mafaranga yari avuye mu mwimbu baronse mu gatasi gaheze, rero ngo ijuru ryagenze neza kandi ngo basoromye mu gihugu c’Uburundi ciza Imana yatanze, ikongera igatanga n’umwimbu. Prezida NKURUNZIZA yaciye atera akamo abarundi bose yuko akamo batewe ko gutanga intererano bogafata nkama kugira batsimbataze intahe y’ukwikukira y’igihugu cabo, umwe wese agaterera ico ashoboye kuronka kugira baterere amatora bisunze amategeko.Twobamenyesha kandi ko kuri uwo munsi nyene, imbere yaho Prezida NKURUNZIZA yari yabanje kugendera imirima yiwe n’ibitungwa vyiwe biri ku musozi Rutanga, zone Ngoma, komine Gashikanwa, yongera kandi aja kuraba aho bagejeje kwubaka ikibuga c’umupira ca kijambere co ku gasaka. Inyuma yaho kandi Prezida NKURUNZIZA yaragiye kwifadikanya n’abanyagihugu bo mu vyerwa mu bikorwa vyo kwagura inyubakwa y’isoko ya kijambere yo mu Vyerwa zigizwe n’inzu z’ububiko bw’ibidandazwa n’izo gushiramwo insyo.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir