Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwaruka rusabwa kurangwa n’ubumwe, gushigikirana no kuja hamwe mu mashirahamwe yo kwiteza imbere

 

DZ2RPAMWAAErJhGUrwaruka rusabwa gukunda igihugu carwo, kugikorera, guteramira amahoro n’umutekano gutyo rukima amatwi inyosha mbi na basesankuyoze. Ruhamagarirwa kandi kurangwa n’ubumwe, urukundo, gushigikirana no kuja hamwe mu mashirahamwe yo kwiteza imbere. Izo ni zimwe mu mpanuro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahaye urwaruka mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura icese ibikorwa vy’ikoraniro rigira gatatu ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu ku civugo « Kuzirikana igihugu n’uruhara rw’urwaruka mu gutegura kubu, kazoza keza no kugikunda ». Urwaruka rusabwa gukunda igihugu carwo, kugikorera, guteramira amahoro n’umutekano gutyo rukima amatwi inyosha mbi na basesankuyoze. Ruhamagarirwa kandi kurangwa n’ubumwe, urukundo, gushigikirana no kuja hamwe mu mashirahamwe yo kwiteza imbere. Izo ni zimwe mu mpanuro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahaye urwaruka mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura icese ibikorwa vy’ikoraniro rigira gatatu ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu ku civugo « Kuzirikana igihugu n’uruhara rw’urwaruka mu gutegura kubu, kazoza keza no kugikunda ». Hari ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, ku wa 3 Ndamukiza 2018. Mw’ijambo ryiwe Prezida NKURUNZIZA, yarahaye ikaze urwaruka rwose rwari rwitavye iryo koraniro, yongera arabakeza nk’imboneza z’urwaruka aranabasaba ko iminsi bazomara muri iryo koraniro ryobabera kirumara mu buzima bwabo, ku miryango yabo n’igihugu cose. Ngo umwe wese azohave afise ico yungutse n’ico azokwungura abandi. Yaranababwiye ko bahiriwe bahishije kubona n’indongozi zitari nke bari baje kubafata mu mugongo, ngo ni ikimenyetso kigaragara y’uko mu nzego zose biyemeje gushigikira urwaruka kuko bategera ko ari umushinge w’iterambere rirama.  Yamara rero ngo bibuke ko atawuheka uwutisimbiza ngo n’Imana ifasha uwifashije rero ngo nibazirikane ko bafise uruhara ntangere mw’itunganywa ry’irangurwa ry’imigambi itandukanye yaba iyiraba urwaruka canke iyiraba igihugu muri rusangi. Yababwiye ko ico civugo kibahamagarira gukubitiza agatima mpembero bagatereza amaso inyuma bakazirikana ko Imana yabateye iteka ridasanzwe ryo kubaha igihugu ciza kimera imbuto zose kandi kirimwo ubutare bwinshi bw’agaciro ntangere. Ngo n’igihugu abanyagihugu baco bavuga ururimi rumwe, bafise imico imwe kandi bemera Imana imwe, acabasaba kwamirira kure no kudomako urutoke bampemuke ndamuke na basesankuyoze haba abarundi benewabo canke abanyamahanga baza babavangura no kubononera igihugu ku nyungu zabo. Ngo abababoneye izuba barayamaze ngo ijisho rigutuka inkuba n’irigutuka inkumi nturiyoberwa, niko guca ababwira ko uwubashakira ineza atari uwuzoza kubatesha amashure no kubaroha mu bintazi canke mu buhumbu ahubwo ko ari uwuzoza abigisha gukunda ibikorwa akabereka ingene bokwiteza imbere, uwubereka inzira nziza itazigura kandi itazimiza, akabigisha imibano myiza, akama abibutsa ko ari bene mugabo umwe. Ngo urwaruka rw’Uburundi rugizwe n’ibice birenga 60 kw’ijana vy’abenegihugu kandi rufise inguvu nyinshi, ivyo bigatuma abatovyi bashaka konona bama barugira ikiraro, kubw’ivyo yabasavye ko inguvu zabo bozikoresha mu kwiteza imbere no mu guteza imbere igihugu cabo, nayo ngo uwuzobararikira gukoresha izo nguvu mu kudurumbanya igihugu canke kugisambura ngo azoba ari umwansi wabo n’uwigihugu ngo baze bamwime amatwi mbere bamushengeze. Yabasavye kuvavanura n’ingeso z’ubunebwe ngo bakure amaboko mu mpuzu baje hamwe bagire urunani rw’intamenwa bashigikirane maze ngo ivy’umwe ashoboye avyigishe mugenziwe, barangwe no kuzuzanya kandi babere akarorero n’icitegererezo c’urundi rwaruka mu karere, muri afrika mbere no kw’isi yose gutyo ngo urwaruka rube ubutunzi aho kuba isoko ry’umutekano muke. Yaranabamenyesheje ko ibihe bagezemwo bibasaba kwitonda, kwihweza neza no kwitegereza bakibaza ntibajane nyabahururu  canke ngo bafate ingingo gihutihuti kuko bashobora kwibuka kuyora bamaze gusesa. Prezida NKURUNZIZA yaciye abasaba kuvavanura n’ingendo zimwe zimwe zibabuza gutera imbere ahubwo ngo barwize ibikorwa bibateza imbere kuko ngo nabasokuru barayamaze ngo uwuhana inzara arayirimana.

Yabasavye ko izo nyigisho bozifata nkama kuko zirimwo impanuro n’ubumenyi budasanzwe, bafatiye ku bihanze urwaruka n’intambamyi zitandukanye zibabuza gutera imbere kuko zizobafasha guteza imbere imico y’abarundi, gukunda igihugu haba mu kugikorera, mu kukivuga no kukivugira. Yaciye anabasaba ko zobafasha guhindura ingendo mu kwitegurira kazoza kabo, kandi ngo kazobabera n’akaryo keza ko kuzobaza neza aho bazoba batasobanukiwe. Yarabibukije ko Reta itazohengeshanya gushigikira imigambi yose iteza imbere urwaruka kugira ngo babatere intege. Prezida NKURUNZIZA yaranatanze impanuro kurwaruka no kubafise uruhara mu guteza imbere urwaruka, aho yamenyesheje urwaruka ko rwokwama rwumvira impanuro z’abavyeyi, abarezi n’ababakurira nakare ngo uwutayaze na se ntamenya umugani wa sekuru vyongeye ngo agashitsi ka kera kavumbika umuriro ; kandi ngo barangwe n’umwete, ubwira n’ubukerebutsi, ubushishozi, ubutwari n’ubuhizi kandi ngo barushirize kwitaho ivyigwa vy’imyuga.Rero ngo bategerezwa gufata mu minwe kazoza kabo,bakubaha ababakurira, bakabashikiriza ivyipfuzo vyabo bafatiye kuri kazoza bipfuza, kandi ngo baze bame bitwararika guhanuza abavyeyi, abarongozi n’ababakurira. Yarabahanuye no kwirinda ico cose giteye kubiri n’indero kavukire ishingiye ku mico, imigenzo n’akaranga k’abarundi. Yabasavye gukoresha ubuhinga bushasha bwo guhana amakuru n’inkuru mu kwiyubaka, kubaka abandi n’igihugu cabo gusa n’uko bokwijukira kuja mu mashirahamwe, bagahanahana ivyiyumviro, ubuhinga n’ubumenyi vyubaka kandi bagasangira imigambi. Yasavye abavyeyi n’abarezi kutadohoka kw’ibanga ryabo ryo kurera bose ngo bumve ko umwana ari uwa bose, barerere Uburundi, bategure kazoza keza k’igihugu babicishije mu kunagura indero kavukire yo kuziko no ku gicaniro. Abajejwe gutunganya inyigisho yabasavye kwisunga ibihe bagezemwo mu gutegura inyigisho z’akanovera zizofasha urwaruka gutunganya imigambi myiza ya kazoza ariko batibagiye gushimangira imico, imigenzo n’akaranga vyamye biranga abarundi vyo mushinge w’iterambere rirama. Abarongoye imigambwe, amashirahamwe, amadini n’amashengero yabasavye gushira imbere urwaruka mu migambi myiza yabo gutyo ngo urwaruka, abavyeyi, abarezi n’abarongozi bame bibuka ko Imana ari umuvyeyi w’abavyeyi bayisabe imurikire ivyiyumbviro n’ibikorwa vyabo.Yasavye urwaruka gukunda igihugu cabo, kugikorera, guteramira amahoro n’umutekano, gutyo ngo bime amatwi inyosha mbi na basesankuyoze kuko ngo nakare inyosha mbi ingana umurozi.  Ngo nibame bihata mugutorera inyishu ibibazo bimwe bimwe vyabo haguhanga amaso Reta muri vyose ahubwo ngo bayisabe kubunganira no kubasahiriza. Yaheraheje ahamagarira urwaruka kurangwa n’ubumwe, urukundo no gushigikirana ngo baje hamwe mu mashirahamwe yo kwiteza imbere yongera abahamagarira kwifatanya n’abandi barundi mu gikorwa co kwerekana aho bahagaze mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. Yarangije anakengurukira abatunganije iryo huriro, n’abagize uruhara kugira ngo ico gikorwa kigende neza. Umushikiranganji w’urwaruka nawe mw’ijambo ryiwe, Jean Bosco Hitimana yamenyesheje ko intumbero y’iryo koraniro ari uguha akaryo keza urwaruka ko guhanahana ivyiyumviro mu nzira irashe yotuma ruba koko umushinge w’iterammbere ry’igihugu cabo. Yasavye urwaruka gukomeza urwo runani mu migambi yose y’iterambere, bongere bakeburane kandi bazibire ngo umwansi ntaronke aho amenera. Nayo iryo huriro ngo rizobagirira akamaro ari uko abaryitavye bazoshira imbere ivyiyumviro n’intererano bazoba baronse kugira batere intambwe ntibame hahandi. 

Evelyne Niyonzima

Ouvrir