Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umugambi wo gufungurira abana ku mashure amwe amwe urabandanya

 

xdterzaAmashure 780 ari mu ntara indwi z’igihugu c’Uburundi niyo akoreramwo umugambi wo gufugurira abana  ku mashure « cantine scolaire ». Ivyo vyashikirijwe mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’indero aho bariko basigura akamaro k’umugambi wo gufungurira abana ku mashure n’ingene uwo mugambi wo shigikirwa n’abavyeyi hamwe n’abanyagihugu. Aho hari kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018. Iyo nama ikaba yatumiwemwo abashingamateka, abakenguzamateka, ababuramatari bamwe bamwe hamwe n’abakozi bakora mu bisata bitandukanye vy’indero. Umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha hamwe n’uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu ry’itaho imfungurwa bose baremeje ko uwo mugambi ufise akamaro ntangere haba kubijanye n’indero, haba mugutuma abana baza kw’iga ari benshi n’ibindi. Ngo warateje imbere kandi abarimyi boshora ifungurwa kuri ayo mashure. 

Umuyobozi w’igihugu ajejwe gufungurira abanyeshure Liboire Bigirimana yamenyesheje ko amashure 780 ari mu ntara indwi z’igihugu c’Uburundi arizo Bujumbura, Cibitoke, Bubanza, Ngozi, Muyinga, Kirundo hamwe na Gitega ariho bagaburira abana ariko akaba harayandi mashure ari muri izo ntara batagaburira . Abana bafungurirwa n’abo mu mashure yo kwimenyereza hamwe n’abo mu mashure shingiro. Abarabwa n’uwo mugambi wo gufungurirwa bashika ibihumbi 520. Yaravuze ko asaba abo batumiye ko bomenya akamaro kuwo mugambi bagaca babafasha bagashikiriza abanyagihugu mu ntara bavamwo bakabasigurira ko kugaburira abana ari akaryo keza kugirango bashobore kwiga banonokewe kandi bamerewe neza. Umugambi wo gufungurira abana ku mashure mu ntara urimwo ngo watumye abana baheba amashure kubera inzara bava ku bice 30 kw’ijana bakaja kubice 5 kw’ijana kandi ukaba waratumye n’abigeme bagumizwa kumashure. Yarongeye aravuga ko uwo mugambi ari mwiza kuko abana bize baguma kumashure usanga biga bakamenya neza . Yarasavye n’abanyagihugu ko barimye boheza bagashorera muri uwo mugambi ujejwe kugaburira abana kuko bobaha kukiguzi kibereye. Ngo n’aho uwo mu mugambi ari mwiza ntihambuze intambamyi nko kubura uburyo bwo gufugurira abana bari mu mashure yose indwi ari muri izo ntara,kubura aho barima, ubusuma bw’ibifungurwa bugirwa n’abayobozi bamashure n’ibindi. Yaramenyesheje kandi ko uwo mugambi watanguye mu mwaka w’2008 ushigikiwe n’ishirahamwe PAM. Reta y’Uburundi ikaba itanga uburyo bwo kurangura uwo mugambi bungana n’imiriyaridi 2 n’imiriyoni 600.  Amashure 780 ari mu ntara indwi z’igihugu c’Uburundi niyo akoreramwo umugambi wo gufugurira abana  ku mashure « cantine scolaire ». Ivyo vyashikirijwe mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’indero aho bariko basigura akamaro k’umugambi wo gufungurira abana ku mashure n’ingene uwo mugambi wo shigikirwa n’abavyeyi hamwe n’abanyagihugu. Aho hari kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018. Iyo nama ikaba yatumiwemwo abashingamateka, abakenguzamateka, ababuramatari bamwe bamwe hamwe n’abakozi bakora mu bisata bitandukanye vy’indero. Umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha hamwe n’uwurongoye ishirahamwe mpuzamakungu ry’itaho imfungurwa bose baremeje ko uwo mugambi ufise akamaro ntangere haba kubijanye n’indero, haba mugutuma abana baza kw’iga ari benshi n’ibindi. Ngo warateje imbere kandi abarimyi boshora ifungurwa kuri ayo mashure.  Umuyobozi w’igihugu ajejwe gufungurira abanyeshure Liboire Bigirimana yamenyesheje ko amashure 780 ari mu ntara indwi z’igihugu c’Uburundi arizo Bujumbura, Cibitoke, Bubanza, Ngozi, Muyinga, Kirundo hamwe na Gitega ariho bagaburira abana ariko akaba harayandi mashure ari muri izo ntara batagaburira . Abana bafungurirwa n’abo mu mashure yo kwimenyereza hamwe n’abo mu mashure shingiro. Abarabwa n’uwo mugambi wo gufungurirwa bashika ibihumbi 520. Yaravuze ko asaba abo batumiye ko bomenya akamaro kuwo mugambi bagaca babafasha bagashikiriza abanyagihugu mu ntara bavamwo bakabasigurira ko kugaburira abana ari akaryo keza kugirango bashobore kwiga banonokewe kandi bamerewe neza. Umugambi wo gufungurira abana ku mashure mu ntara urimwo ngo watumye abana baheba amashure kubera inzara bava ku bice 30 kw’ijana bakaja kubice 5 kw’ijana kandi ukaba waratumye n’abigeme bagumizwa kumashure. Yarongeye aravuga ko uwo mugambi ari mwiza kuko abana bize baguma kumashure usanga biga bakamenya neza . Yarasavye n’abanyagihugu ko barimye boheza bagashorera muri uwo mugambi ujejwe kugaburira abana kuko bobaha kukiguzi kibereye. Ngo n’aho uwo mu mugambi ari mwiza ntihambuze intambamyi nko kubura uburyo bwo gufugurira abana bari mu mashure yose indwi ari muri izo ntara,kubura aho barima, ubusuma bw’ibifungurwa bugirwa n’abayobozi bamashure n’ibindi. Yaramenyesheje kandi ko uwo mugambi watanguye mu mwaka w’2008 ushigikiwe n’ishirahamwe PAM. Reta y’Uburundi ikaba itanga uburyo bwo kurangura uwo mugambi bungana n’imiriyaridi 2 n’imiriyoni 600.                                                                                  Thérèse Niyonkuru

Ouvrir