Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abavyeyi ba Chantal Bikorimana bafise ukwizera ko umwana wabo azovurwa neza indwara y’umutima mu gihugu c’Ubufaransa

DSC 0vfg933Ishirahamwe ry’abakenyezi INTWARI ryarafashije mu guterera mu gikorwa co kurungika umwana arwaye indwara y’umutima kwivuza hanze y’igihugu c’Uburundi. Iryo shirahamwe ngo rikaba ryaguze itike y’indege kuko ibijanye no kuvura uwo mwana be n’aho bazorara n’umuvyeyi wiwe amurwaje ivyo bazobibagirira ata mafaranga barize kubasaba.Ishirahamwe ry’abakenyezi INTWARI ryarafashije mu guterera mu gikorwa co kurungika umwana arwaye indwara y’umutima kwivuza hanze y’igihugu c’Uburundi. Iryo shirahamwe ngo rikaba ryaguze itike y’indege kuko ibijanye no kuvura uwo mwana be n’aho bazorara n’umuvyeyi wiwe amurwaje ivyo bazobibagirira ata mafaranga barize kubasaba.Uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ry’umunyasamariya w’imbabazi, Alexis Butoyi yamenyesheje ko muri iryo shirahamwe haheze imyaka 6 bafasha abana bakeneye kuvurirwa mu bihugu vyo hanze cane cane barwaye indwara y’umutima. Ngo yaranezerejwe n’igikorwa cakozwe n’ishirahamwe ry’abakenyezi INTWARI mu kumugurira itike y’indege kugirango uwo mwana ashobore gushika mu Bufaransa kwivuza kugirango amagara yiwe ashobore kumera neza. Ngo mu guhimbaza umunsi mukuru wabahariwe uba ku 8 Ntwarante uko umwaka utashe ngo bashimye kutiraba baraheza biyumvira guterera kugirango umuryango w’uwo mwana ugarukane akanyamuneza. Alexis Butoyi yasavye ayandi mashirahamwe kubafatirako akarorero keza mu gufasha abatishoboye.Uwurongoye ishirahamwe ry’abakenyezi INTWARI, Angéline Ndayubaha  yamenyesheje ko umuvyeyi na cane cane umukenyezi yamana impuhwe igihe umwana adafise amagara meza.

Ngo ni muri iyo ntumbero rero bagiye hamwe muri iryo shirahamwe ku munsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi bakiyumvira ico bokora ngo niho havuye ico ciyumviro c’iteka co kugira ico baterereye kugirango Chantal Bikorimana ashobore kwivuza. Angéline Ndayubaha  yamenyesheje ko itike y’indege yaguzwe 2 183500F mu mafaranga y’amarundi kandi ko afise ukwizera rero ko uwo mwana bazomuvura neza agakira.Gérard Nkurunziza umwe mu bavyeyi b’uwo mwana yamenyesheje ko afise akanyamuneza ntangere kubona umwana wabo ashoboye kuronka abamufasha kugirango aje kwivuza iyo ndwara y’umutima imubangamiye. Amenyesha ko uwo mwana yitwa  Chantal Bikorimana afise imyaka itanu kandi iyo ndwara ashobora kuba yarayivukanye kubera yaguma arwara cane kuva akiri muto cane ariko ngo batanguye kuyimenya neza haheze umwaka umwe. Ku bwiwe ngo nta mafaranga boronse yo kuja kumuvuza. Yaciye asaba n’ayandi mashirahamwe gukora nkuko akaza arafasha abavyeyi bafise ingorane nka bene izo.

Estella Niyongere

 

Ouvrir