Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi bwarahimbaje imyaka 24 iheze Prezida Ntaryamira yitavye Imana

 

DSC 0gfrtt068Kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2018, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise NKURUNZIZA hamwe n’abandi banyacubahiro benshi baritavye ibirori vy’inkuka y’imisa yo kwibuka imyaka 24 iheze uwahoze ari Umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira agandaguwe mw’isanganya ryabereye mu gihugu c’Urwanda avuye m’urugendo rw’akazi bongera bamusabira kugirango Imana imwakire mu bwami bwayo. Ivyo birori vy’inkuka y’imisa bikaba vyabereye muri Cathédrale Regina Mundi.Kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2018, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise NKURUNZIZA hamwe n’abandi banyacubahiro benshi baritavye ibirori vy’inkuka y’imisa yo kwibuka imyaka 24 iheze uwahoze ari Umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira agandaguwe mw’isanganya ryabereye mu gihugu c’Urwanda avuye m’urugendo rw’akazi bongera bamusabira kugirango Imana imwakire mu bwami bwayo. Ivyo birori vy’inkuka y’imisa bikaba vyabereye muri Cathédrale Regina Mundi.Nk’uko Musenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura  Evaritse Ngoyagoye ari nawe yari arongoye igisabisho co gusabira uwahoze ari Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Cyprien Ntaryamira yabimenyesheje,  ngo izuka rya Yezu niry’abantu ngo n’umugambi w’Imana wateguwe nayo kuva kera. Abantu benshi rero ngo naho bigishwa ivy’izuka rya Yezu ngo vyarabagora gutahura, bikabagora kwakira mu kwemera kwabo. Evaritse Ngoyagoye yamenyesheje ko mu Nkuru nziza yandistwe na Yohani biboneka ko no muri ba batumwa 11 bari bamaze gusubira i Bugarire, basubiye mu bikorwa vyabo, ko atawuzi ko kwari ukwihebura canke ibindi ariko ngo bariko bararoba baramaze ijoro ryose ata na kimwe baronse, ata fi n’imwe kuko batari kumwe na Yezu. Ariko bukeye basubiyeyo, Yezu amaze kuza akabwira Petero ngo aterere urusenga i buryo bw’ubwato ngo baciye baronka ifi nyinshi. Ngo bisigura ko iyo turi kumwe na Yezu imigambi yose dukora igenda neza. Ikindi naco ngo Yezu yarahejeje arabegeranya atako aranabazimana aho yakira umukate akawubagaburira. Uko niko ngo yiyeretse abigishwa biwe ubugira gatatu amaze kuzuka mu bapfuye kugirango abereke ko yasubiye kuba muzima. Kugira n’abo babe ivyabona vy’izuka ryiwe. Mu gisomwa ca mbere co mu gitabu c’ibikorwa vy’abatumwa, ngo haravugwa ingene Petero na Yohani bakijije umuntu yagendana ubumuga, abantu baraheza ntibavyumva kuko ngo baciye bashwabaduka batangaye. Petero na Yohani ngo barababwira ko batotangara kuko ivyakoretse atari ukubera inguvu zabo ariko ico bizeye ngo ari uko izina rya Yezu rikomeye. Iryo zina nyene ngo rikaba ariryo ryakijije uwo muntu biboneye.Musenyeri Evaritse Ngoyagoye yarongeye amenyesha ko Yezu amaze gusubira mw’ijuru yasigaranye abantu Mutima Mweranda, ijambo ryiwe, amasakramentu yiwe, abagenzi eka ngo na Ekleziya yiwe, ivyo vyose rero ngo kwari ukugirango bifashe abantu guhinduka kugirango rya zuka ryiwe ntiripfe ubusa, aho naho ngo niho abantu bafatira akarorero kugirango basabire ababo bitavye Imana. Ikindi naco ngo baraheza bakongera gusaba kugirango abantu bavavanure n’ikibi icari co cose, ntihagire ibara risubira kuba mu gihugu. Ivyo navyo ngo biva ahanini kuri politike y’igihugu mu gutunganya ibijanye n’intwaro , n’imibano, itunga n’ibindi.  Inkuka y’imisa iheze, ibirori vyo kwibuka imyaka 24 iheze Prezida, Cyprien Ntaryamira agandaguwe vyabandanirije ku ngoro y’uwa mbere Munyonyo ahari intatemwa z’abarongozi batandukanye bari kumwe n’Umukuru w’igihugu, muri ico kibanza,  hakaba haciye habandaya ibirori vyo gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’uwo muhisi yahoze atwara igihugu c’Uburundi Cyprien Ntaryamira hamwe n’abashikiranganji babiri bagiranye. Inyuma yo guca ku mayange ubuzima bwa Prezida, Cyprien Ntaryamira, Umukuru w’igihugu ari kumwe n’umutambukanyi wiwe baciye bashira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa yiwe, aho hakurikiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umuryango w’Umuhisi, Cyprien Ntaryamira hamwe n’abaserukiye imigambwe yemewe n’amategeko. Umukuru w’igihugu, Cyprien Ntaryamira yari yavutse kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante 1955, ku mutumba Gitwe, zone Mageyo, komine ya Mubimbi, mu ntara ya Bujumbura, akaba yitavye Imana ku wa 6 Ndamukiza 1994, mw’isanganya ry’indege, i Kigali, mu Rwanda afise imyaka 39.

Estella Niyongere    

Ouvrir